Bose: Mariya Mugabekazi,
Ntore Rugira yagomwe agasharizwa,
Bungabunga abana bawe,
Baguhanze amaso bakwizigiye,
Ngo ubabere mu ngoro.
1.
Uri indanga y’Umukama, urengeye ivyiza vyose vya rugira,
Uruta inteko z’ijuru, ni co gituma yezu
yagutoye,
Ngo umuhe amaraso.
2. Na
twebwe watwibarutse, mu gusama inda ya Yezu akubeshaho,
Urongera utugorerwa, kuri wa musozi wa
kalvariyo,
Hamwe Kristu yiheba.
3. Ca
kivume c’ishetani cama gitera abantu benshi uruhumyi,
Kuri umuvyeyi atatsinzwe, gihonyore umutwe,
udukize,
Twiyonkore ubugome.
4.
Ntidukunda cane Yezu, turibagira ayo yatugorewe,
Ntidusiba kumutuka, none tubasavye ikigongwe
cinshi,
Turashaka guhaha.
5.
Turacari abana bato, turaciga gutambuka mu bweranda,
Dufate ukuboko twese, utugaburire
dutere imbere,
Mu rukundo rushitse.
6.
Turakenye vyinshi cane, dutabaze urukundo rw’umusarara,
Tunyotewe gusa Yezu, tumubangukire
tutiziganya,
Dukore nk’abatoni.
7.
Ninahazwa Mana Data, na wewe Mukama, sengwa n’abantu bose,
Hamwe na wewe Muhoza, muri bwa bumwe
bwamanye na kera,
vyameko imyaka yose.
Aleluya, aleluya.
Umukama yavuze ati: «Natoye iki kibanza ndakigira ceranda,
kugira ngo izina ryanje rivyagiremwo imyaka n’imyaka.»
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (2, 13-22)
Yezu avuga igisengero c’umubiri wiwe
Ipasika y’Abayuda yari yegereje, Yezu rero aduga i Yeruzalemu. Araheza asanga mu Ngoro y’Imana abadandaza ibimasa, intama n’inuma, hamwe n’abavunja amahera bicaye. Araheza azingazinga imigozi, ayigira nk’ikimǒko, arabirukana bose abakura mu Ngoro y’Imana, co kimwe n’intama n’ibimasa vyabo. Asanzaza amahera y’abavunja, acuranguza n’amameza yabo. Abadandaza inuma na bo ababwira ati: «Kure ivyo ngaha, ingoro ya Data ntimuyigire inzu y’akaguriro.» Abigishwa biwe rero bibuka ko handitse ngo: «Umwitwarariko w’Ingoro yawe uzombagata.»
Abayuda rero
baramwishura bamubwira bati: «Ko ubigenjeje utyo, ikimenyetso utweretse ni
ikihe?» Yezu abishura ati: «Sambura iyi sengero, nanje nze ndayihagarike mu
misi itatu.» Abayuda rero baramwishura bati: «Iyi sengero bayimazeko imyaka
mirongo ine n’itandatu bayubaka, nawe ngo woyihagarika mu misi itatu?» We
yamara isengero yavuga, wari umubiri wiwe. Aho rero amariye kuzuka ava mu
bapfuye, abigishwa biwe bibuka ko yari yarabivuze, barahava bemera Ivyanditse,
bemera n’ijambo Yezu yari yaravuze.