Bose: Mukama
ungirire ikigongwe.
1.
Mukama itegereze ingene ubwiza bwawe bungana.
Ungirire ikigongwe.
2.
Kubwo ikigongwe cawe kidakama,
Nzimanganiriza akabi nakoze.
3.
Nyuhagira umwanda wose mfise,
Uheze uhanagure ibicumuro vyanje vyose.
4. Emwe simpakanye ibicumuro,
Ububegito bw’umutima wanje,
Kubwo ibicumuro vyanje vyose vyama
binyagiriza.
5. Ni wewe
musa nacumuyeko,
Kandi nabikugiriye mu maso;
Urubanza uciye ruraroranye, ntaho
wigera uca ugwa ngonda gonde.
6. Erega
navukiye mugicumuro,
Na mawe yarakinsamanye.
7. Weho
wikundira intonganuke y’umushaha,
Nico gituma unshiramwo ubutungane ngo
bunyure.
8.
Ntotesha amatembarubingo, nce nkire umwanda wose,
Unyuhagire nce ndusha inyange kwera.
9.
Nyumvisha ijambo ryohumuriza ni ryo urweze;
Amagufa wari wajanjaguye cane yiyubure.
10.
Ibicumuro vyanje vyose vyikure mu maso
Ni bibi vyanje vyose ubizimanganye.
11. Mukama
nshiramwo umutima w’indanga;
Ugushaka kwanje nakwo, ukuremeshe,
Kwame kwihambiriyeko.
12.
Ntunshibure ngo nkuve mu maso,
Ntera iteka ariho ungumizemwo ubwiza
bwawe.
13. Ndabe
ryiza nka kera mpimbare,
Kandi ndokoza ugushaka gutegerera,
sinzokwiyokore
14. Ababi
nzobigisha ivyo ushaka,
Abacumuye baheze bakugarukire.
15. Mana
bukiriro bwanje, ngirira ikigongwe,
Ya maraso yaseswa ntabwo
akinsimvya umutima,
Ururimi rwanje ruzoshemeza imbabazi zawe.
16. Mukama
mfatanura umunwa,
Mbashe gushemeza ubuninahazwa bwawe.
17. Imperezwa ntuzibabaye,
Iyo ndaguha imbagwa y’iciru,
Ntiyari kugushika ku nyota.
18. Imperezwa ndagushikaniye, Mukama,
Ni umutima waduhiwe n’ibicumuro nakoze,
Umushaha wigaye kandi wicisha bugufi,
ntuwuzoshibura kure.
19. Ku
bwiza bwawe Mukama,
Hezagira Israeli ikwubahe,
Uyigirire ingoro igukwiye.
20. Niho
lero uzokenguruka inkuka zitegerezwa,
Imperezwa n’imbagwa niho uzoshikirizwa
ibimasa,
Kuri Altari yawe.
Aleluya, aleluya.
Umukama yavuze ati: «Ewe Toma, wemeye kuko umbonye.
Hahiriwe abazokwemera ata co barinze kubona.»
Aleluya.
Â
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (20, 19-31)
Imisi umunani iheze, Yezu araza
Ku mugoroba w’uyo musi ari wo mubarwa wa mbere w’indwi, mu nzu yarimwo abigishwa, bari bakinze inzugi ku gutinya Abayuda. Niho rero Yezu yaza, ahagarara hagati muri bo, ababwira ati: «Nimugire amahoro!» Avuze atyo, abereka ibiganza vyiwe n’urubavu rwiwe. Abatumwa ngo babone Umukama, barahimbarwa.
Yongera ababwira ati: «Nimugire amahoro! Kumwe Data yantuma, nanje ni ko
ndabatumye.» Ababwiye ivyo, arabahuha ati : « Nimuronke Mutima Mweranda. Abo
muzorekurira ibicumuro, bazoba babirekuriwe, abo muzobigumizako na bo,
bizobagumako.»
Aho Yezu yaza, Toma, umwe wo muri bamwe Cumi na babiri, ari we bita Didimo,
ntiyari muri bo. Abandi bigishwa bamubwiye bati: «Twabonye Umukama», abishura
ati: «Ntiboneye mu biganza vyiwe intoboro za ya misumari, ngo nshire urutoke mu
ntoboro zayo, n’urushi mu rubavu rwiwe, sinzokwemera.»
Imisi umunani iheze, abigishwa basubira guteranira muri ya nzu, na Toma bari
kumwe. Yezu araza, inzugi zugaye, ahagarara hagati muri bo ati: «Nimugire
amahoro!» Hanyuma abwira Toma ati: «Shira urutoke ngaha: ng’ibi ibiganza vyanje;
zana urushi rwawe kandi urushire mu rubavu rwanje: ureke rero kuba ikigaba, ariko
wemere.»
Toma amwishura ati: «Mukama wanje, Mana yanje!» Yezu na We amwishura ati:
«Ewe Toma, wemeye kuko umbonye: hahiriwe abazokwemera ata co barinze kubona.»
Hari n’ibindi bimenyetso vyinshi bitanditswe muri iki gitabu Yezu yagiriye imbere y’abigishwa biwe. Ivyo rero vyanditswe ngo mwemere ko Yezu ari Kristu Umwana w’Imana, kugira kandi ngo muvyemeye, muronke ubuzima kw’izina ryiwe.