1.
Ndagukengurukiye, Mana y´ingabo.
Kubera ivyiza vyawe, Mana y´ingabo.
Kubera iteka ryawe, Mana y´ingabo.
Izira guhemuka, Mana y´ingabo.
Urukundo rwawe, Mukama
Ndaruririmbir´ubudahengeshanya.
(Amazina)
Niko
uruvyino rw´Imana ndarurirmbira ubudahengeshanya,
Iryo mvuga
ryemeza imyaka yose yuko uzira guhemuka.
Erega,
navuze nti:”Urukundo rwawe rwavyigiye ubutakihava;
Mw´ijuru
niho washinze ingingo izira guhemuka."
2. Ijuru ni
ryawe, Mana y´ingabo.
N´isi ni ryawe, Mana y´ingabo.
Ibiboneka vyose, Mana y´ingabo.
Ni wewe wabigize, Mana y´ingabo.
Urukundo rwawe, Mukama,
Ndaruririmbir´ubudahengeshanya.
(Amazina)
Ijuru
riragukengurukira, Mukama kuber´ivyiza vyawe,
Riraguhaya
mu materaniro y´aberanda, ku berera ingingo yawe
Izira
guhemuka.
Mukama Mana
y´ingabo ninde ameze nka we?
Mukama
nyen´ingabo, ukikijwe n´ingoma yawe izira guhemuka.
3. Nkako
Mukama, Mana y´ingabo.
Ni wewe Mana yanje, Mana y´ingabo.
Nayo ingoma yawe, Mana y´ingabo.
Niyo imyaka yose, Mana y´ingabo.
Urukundo rwawe, Mukama,
Ndaruririmbira ubudahengeshanya.
(Amazina)
Niko Mukama
wewe uri Dawe, Imana yanje;
Ukongera
ukaba ikinja rinkiza.
Nzokwama
ndagukengurukira imyaka yose,
Umuryango
wawe wawugize kuva kera na rindi;
Nayo ingoma
yawe yarashinzwe ngo yameho
nk´ijuru.
4. Umukam
wacu, Mana y´ingabo.
Ni ahezagirwe Mana y´ingabo.
Ni ahezagirwe Mana y´ingabo.
Imyaka yose, Mana y´ingabo.
Urukundo rwawe, Mukama,
Ndaruririmbir´ubudahengeshanya.
Aleluya. Yezu Kristu, Wewe cabona c’intahemuka, ari Wewe mfura y’abazuka mu bapfuye, uradukunda ukadukiza ibicumuro mu maraso yawe. Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (6, 60-69)
Muri irya misi,
Bumvise aya majambo Yezu yavuze ati: «Uwurya umubiri wanje akanywa
n’amaraso yanje arafise ubuzima budahera.», benshi mu bigishwa biwe bavuga
bati: «lyo mvugo iratugumiye, ni nde yoyemera?» Yezu yamara aca aramenya mu
mutima wiwe ko abigishwa biwe bavyidogera, arababwira ati: «Ivyo
birabatirimutsa? Hari akantu nimwabona Umwana w’umuntu aduze iyo ahora… Umutima
ni wo ubeshaho, umubiri nta co umara. Amajambo nababwiye ni umutima n’ubuzima.
Yamara muri mwebwe, harimwo bamwe batemera.» Na none Yezu kuva mu ntango yari
azi abatemera n’uwari kumugusrisha. Arongera ati: «Ni co gituma ndababwiye ko
ata woza iwanje, Data atabimuhaye.» Kuva ubwo, benshi mu bigishwa biwe baciye
biyonjorora, ntibaba bakimugendanira.
Yezu rero abwira bamwe cumi na babiri ati: «Namwe, mushaka kwigira?» Simoni
Petero aramwishura ati: «Mukama, turi bwirukire nde wundi? Ko ari wewe ufise
amajambo y’ubuzima budahera. Tweho twaremeye kandi turazi ko uri Umweranda
w’Imana.»