1.
Ndagukengurukiye, Mana y´ingabo.
Kubera ivyiza vyawe, Mana y´ingabo.
Kubera iteka ryawe, Mana y´ingabo.
Izira guhemuka, Mana y´ingabo.
Urukundo rwawe, Mukama
Ndaruririmbir´ubudahengeshanya.
(Amazina)
Niko
uruvyino rw´Imana ndarurirmbira ubudahengeshanya,
Iryo mvuga
ryemeza imyaka yose yuko uzira guhemuka.
Erega,
navuze nti:”Urukundo rwawe rwavyigiye ubutakihava;
Mw´ijuru
niho washinze ingingo izira guhemuka."
2. Ijuru ni
ryawe, Mana y´ingabo.
N´isi ni ryawe, Mana y´ingabo.
Ibiboneka vyose, Mana y´ingabo.
Ni wewe wabigize, Mana y´ingabo.
Urukundo rwawe, Mukama,
Ndaruririmbir´ubudahengeshanya.
(Amazina)
Ijuru
riragukengurukira, Mukama kuber´ivyiza vyawe,
Riraguhaya
mu materaniro y´aberanda, ku berera ingingo yawe
Izira
guhemuka.
Mukama Mana
y´ingabo ninde ameze nka we?
Mukama
nyen´ingabo, ukikijwe n´ingoma yawe izira guhemuka.
3. Nkako
Mukama, Mana y´ingabo.
Ni wewe Mana yanje, Mana y´ingabo.
Nayo ingoma yawe, Mana y´ingabo.
Niyo imyaka yose, Mana y´ingabo.
Urukundo rwawe, Mukama,
Ndaruririmbira ubudahengeshanya.
(Amazina)
Niko Mukama
wewe uri Dawe, Imana yanje;
Ukongera
ukaba ikinja rinkiza.
Nzokwama
ndagukengurukira imyaka yose,
Umuryango
wawe wawugize kuva kera na rindi;
Nayo ingoma
yawe yarashinzwe ngo yameho
nk´ijuru.
4. Umukam
wacu, Mana y´ingabo.
Ni ahezagirwe Mana y´ingabo.
Ni ahezagirwe Mana y´ingabo.
Imyaka yose, Mana y´ingabo.
Urukundo rwawe, Mukama,
Ndaruririmbir´ubudahengeshanya.
Aleluya, aleluya.
Umukama yavuze ati: «Ewe Toma, wemeye kuko umbonye.
Hahiriwe abazokwemera ata co barinze kubona.»
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (20, 19-31)
Imisi umunani iheze, Yezu araza
Ku mugoroba w’uyo musi ari wo mubarwa wa mbere w’indwi, mu nzu yarimwo abigishwa, bari bakinze inzugi ku gutinya Abayuda. Niho rero Yezu yaza, ahagarara hagati muri bo, ababwira ati: «Nimugire amahoro!» Avuze atyo, abereka ibiganza vyiwe n’urubavu rwiwe. Abatumwa ngo babone Umukama, barahimbarwa.
Yongera ababwira ati: «Nimugire amahoro! Kumwe Data yantuma, nanje ni ko
ndabatumye.» Ababwiye ivyo, arabahuha ati : « Nimuronke Mutima Mweranda. Abo
muzorekurira ibicumuro, bazoba babirekuriwe, abo muzobigumizako na bo,
bizobagumako.»
Aho Yezu yaza, Toma, umwe wo muri bamwe Cumi na babiri, ari we bita Didimo,
ntiyari muri bo. Abandi bigishwa bamubwiye bati: «Twabonye Umukama», abishura
ati: «Ntiboneye mu biganza vyiwe intoboro za ya misumari, ngo nshire urutoke mu
ntoboro zayo, n’urushi mu rubavu rwiwe, sinzokwemera.»
Imisi umunani iheze, abigishwa basubira guteranira muri ya nzu, na Toma bari
kumwe. Yezu araza, inzugi zugaye, ahagarara hagati muri bo ati: «Nimugire
amahoro!» Hanyuma abwira Toma ati: «Shira urutoke ngaha: ng’ibi ibiganza vyanje;
zana urushi rwawe kandi urushire mu rubavu rwanje: ureke rero kuba ikigaba, ariko
wemere.»
Toma amwishura ati: «Mukama wanje, Mana yanje!» Yezu na We amwishura ati:
«Ewe Toma, wemeye kuko umbonye: hahiriwe abazokwemera ata co barinze kubona.»
Hari n’ibindi bimenyetso vyinshi bitanditswe muri iki gitabu Yezu yagiriye imbere y’abigishwa biwe. Ivyo rero vyanditswe ngo mwemere ko Yezu ari Kristu Umwana w’Imana, kugira kandi ngo muvyemeye, muronke ubuzima kw’izina ryiwe.