Bose: Yezu
Mukama mucunguzi,
Wewe ugaba abantu bose,
Ganza sabwa, ganza sabwa,
Ganza sabwa tuguhe impundu.
1. Hinge
nkuninahaze Mana yanje,
Mpezagire izina ryawe imisi yose
ntahengeshanya.
2. Eka
nshaka kukuninahaza imisi yose,
Izina ryawe ntirizomva mu kanwa.
3. Abantu
bazokwibuka Ubuntu bwawe ntangere,
Maze bakomere amashi ubutungane bwawe.
4. Eka
nibahaye Ubwami bwawe,
Bigure ubutwari bwawe.
5. Ubwami
bwawe ni intahava,
Ingoma yawe ni iyo imyaka yose.
6. Umukama
aratunganye mu vyiyumviro vyiwe vyose,
Ni Mweranda mu bikorwa vyiwe vyose.
7. Agirira
neza abamwubaha bose,
Arabatega amatwi kand´akabakiza.
8. Umukama
arazigama abamukunda,
Nabo abamuzira azobazura inzara.
9. Eka
akanwa kanje ni kamuhaye,
Abantu bose bamuhezagire mu myaka yose.
Aleluya, aleluya.
Umukama yavuze ati: «Ewe Toma, wemeye kuko umbonye.
Hahiriwe abazokwemera ata co barinze kubona.»
Aleluya.
Â
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (20, 19-31)
Imisi umunani iheze, Yezu araza
Ku mugoroba w’uyo musi ari wo mubarwa wa mbere w’indwi, mu nzu yarimwo abigishwa, bari bakinze inzugi ku gutinya Abayuda. Niho rero Yezu yaza, ahagarara hagati muri bo, ababwira ati: «Nimugire amahoro!» Avuze atyo, abereka ibiganza vyiwe n’urubavu rwiwe. Abatumwa ngo babone Umukama, barahimbarwa.
Yongera ababwira ati: «Nimugire amahoro! Kumwe Data yantuma, nanje ni ko
ndabatumye.» Ababwiye ivyo, arabahuha ati : « Nimuronke Mutima Mweranda. Abo
muzorekurira ibicumuro, bazoba babirekuriwe, abo muzobigumizako na bo,
bizobagumako.»
Aho Yezu yaza, Toma, umwe wo muri bamwe Cumi na babiri, ari we bita Didimo,
ntiyari muri bo. Abandi bigishwa bamubwiye bati: «Twabonye Umukama», abishura
ati: «Ntiboneye mu biganza vyiwe intoboro za ya misumari, ngo nshire urutoke mu
ntoboro zayo, n’urushi mu rubavu rwiwe, sinzokwemera.»
Imisi umunani iheze, abigishwa basubira guteranira muri ya nzu, na Toma bari
kumwe. Yezu araza, inzugi zugaye, ahagarara hagati muri bo ati: «Nimugire
amahoro!» Hanyuma abwira Toma ati: «Shira urutoke ngaha: ng’ibi ibiganza vyanje;
zana urushi rwawe kandi urushire mu rubavu rwanje: ureke rero kuba ikigaba, ariko
wemere.»
Toma amwishura ati: «Mukama wanje, Mana yanje!» Yezu na We amwishura ati:
«Ewe Toma, wemeye kuko umbonye: hahiriwe abazokwemera ata co barinze kubona.»
Hari n’ibindi bimenyetso vyinshi bitanditswe muri iki gitabu Yezu yagiriye imbere y’abigishwa biwe. Ivyo rero vyanditswe ngo mwemere ko Yezu ari Kristu Umwana w’Imana, kugira kandi ngo muvyemeye, muronke ubuzima kw’izina ryiwe.