Bose: Yezu
Mukama mucunguzi,
Wewe ugaba abantu bose,
Ganza sabwa, ganza sabwa,
Ganza sabwa tuguhe impundu.
1. Hinge
nkuninahaze Mana yanje,
Mpezagire izina ryawe imisi yose
ntahengeshanya.
2. Eka
nshaka kukuninahaza imisi yose,
Izina ryawe ntirizomva mu kanwa.
3. Abantu
bazokwibuka Ubuntu bwawe ntangere,
Maze bakomere amashi ubutungane bwawe.
4. Eka
nibahaye Ubwami bwawe,
Bigure ubutwari bwawe.
5. Ubwami
bwawe ni intahava,
Ingoma yawe ni iyo imyaka yose.
6. Umukama
aratunganye mu vyiyumviro vyiwe vyose,
Ni Mweranda mu bikorwa vyiwe vyose.
7. Agirira
neza abamwubaha bose,
Arabatega amatwi kand´akabakiza.
8. Umukama
arazigama abamukunda,
Nabo abamuzira azobazura inzara.
9. Eka
akanwa kanje ni kamuhaye,
Abantu bose bamuhezagire mu myaka yose.
Aleluya, aleluya,
Nyumvisha amabwirizwa yawe, Mukama, maze ndayazigame,
ndayarangure n’umutima wanje wose.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (11, 27-28)
Muri irya misi ,Yezu yariko arayagira ishengero ry’abantu, hanyuma umugore ava muri rya shengero atereza akamo hejuru ati: «Irahiriwe inda yagutwaye, eka n’amabere wonse arahiriwe!» Yezu aramwishura ati: «Hahiriwe nyabuna abumviriza Ijambo ry’Imana kandi bakarirangura!»