Dufashe Abepiskopi bacu gutegura inama nsangizangendo igira iya 16 y’Ekleziya
Itariki: 12/01/2022Ababisomye 909 Vyamenyekanishijwe na : NIBITANGA Michel
Imigwi 10 y’ibibazo dusabwa gutererako ivyiyumviro ku kuntu twosangizanya urugendo tugana Kristu, twongera tujana hagati yacu (synode sur la synodalité)

Uko imyaka itatu iheze, abaserukira abepiskopi muri Ekleziya  bama bahura mu nama y’Abepiskopi ku rwego rwo kw’isi yose  ngo bayage kuri kimwe mu bibazo bikuru bikuru biba vyibonekeza muri Ekleziya ikwiye kw’isi yose. N’ubu nyene inama nk’iyo iriko irategurwa irya n'ino mu madiyoseze, inama nsangizangendo igira iya 16. Ku rwego rwa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, integuro y'iyo nama ikaba yaratanguye kw’itariki 10 Gitutugu 2021, ngo yegeranye ivyiyumviro bikenewe.

Nyenubweranda Papa Fransisko  yarahamagariye abakristu bo kw’isi yose kuja hamwe n’Abungere babo ngo bafashanye gutegura iyo nama nsangizangendo, kugira ngo basangire urugendo, basangizanye ingene bogenda bagana Kristu, bongera bajana hagati yabo (synode sur la synodalité). Ni aho iciyumviro ngenderwako c'iyo nama kigira kiti: «Kugira ngo habe Ekleziya irangwa n’ukuja Inama nsangizangendo: isangiramutima, ukugira uruhara mu muryango n’ubutumwa». 

Muri Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, urwego rw’Ubunyamabanga Bukuru bw’Inama nsangizangendo rwarashinzwe, rurongowe na Patiri Dieudonné Niyibizi. Ibikorwa vy'urwo rwego bishimikiye ahanini ku gutororokanya ivyiyumviro bizoshikirizwa muri iyo nama nama nsangizangendo, bishingiye ku mwihwezo w’ubuzima bw’Ekleziya mu muryango: ukuntu ubutumwa bwayo bwo kumenyesha Inkuru Nziza burangurwa, ukuntu Ekleziza igenda nk’umuryango, be n'ukuntu ukwo kujana kwiserura uyu musi muri Diyoseze-muryango yacu.

Kugira ngo uguhanuza n’ukugira uruhara kuri bose vyorohe, urwo rwego rwarategekanije ukuntu ivyiyumviro vy’abanyamuryango vyokwegeranywa. Bizoca mw'itunganywa ry’amahuriro mu migwi itandukanye, yaba iy'abasaserdoti, iy'abihebeye Imana, iy’imihari n’imigwi y’ubutumwa bw’abalayike, abakristu muri rusangi, be n'abatari abakristu, hatibagiwe n’ubundi buryo bwoboneka ko bubereye, kugira ngo ico gikorwa kibe nyaco, kandi kiranguke neza.

Na twebwe nyene mu ruganda rw’amakuru y’ikigo ca Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, mu kwifatanya n’abungere bacu mu gutegura iyo nama nsangizangendo, twashimye kugaruka ku migwi 10 y’ibibazo dusabwa gutererako ivyiyumviro. Mu kwishura, dusabwa kugirako tuvuga bike bikenewe, kandi tuvugisha ukuri, tutarinze gusigura.

1. Ivyiyumviro vyanyu ku kuntu dutegera ugusangira urugendo

Ibibazo: Iyo tuvuze «Ekleziya yacu», ni ba nde tuba tuvuze? Turetse barya twegeranye, abandi dusangiye urugendo ni ba nde? Imigwi y’abantu twibagiye canke twirengagije ni iyihe?

2. Ivyiyumviro vyanyu ku vy’ukwumvirizanya

Ibibazo: Mbega abalayike (cane cane urwaruka n’abapfasoni) turabumviriza? Intererano y’abihebeye Imana ni iyihe? Imigwi mito mito (inkehwa) ifise ikihe kibanza? Ni ikihe cigwa dukura mw’ihindagurika ry’ibihe n’imibano y’abantu (icigwa ku kuntu dushira imbere uguhana ijambo, ku kuntu tubaza abantu ico bipfuza, ku kuntu turinganiriza amatora y’abarongozi, ku kuntu dushikiriza abo dukorera icegeranyo…).

3. Ivyiyumviro vyanyu ku vy’uguhana ijambo

Ibibazo: Ubwo nta gatima ko kwiyorobeka dusanga muri paruwase iwacu (mu mibano yacu), mu mvugo zacu, canke ku bijanye n’ubuzima bw’igihugu? Ni ryari duserura ikiri ku mutima? Tubiha akahe gaciro? Bikora gute? Abaduserukira mu nzego bashirwaho gute? Mbe ibimenyeshamakuru bifise ikihe kibanza mu buzima bwacu?

4. Ivyiyumviro vyanyu ku vy’ugusenga

Ibibazo: Igisabisho gifise akahe kamaro mu muryango wacu w’abemera? Mu ngingo zifatwa? Abakristu biyumvamwo gute igisabisho c’Inkuka y’Imisa? Abasomyi n’abakorezi, abatambiramana n’abiyerekeramana bafise uruhe ruhara?

5. Ivyiyumviro vyanyu kw’isangirabutumwa

Ibibazo: Ni igiki kibuza abakristu kwitangira ubutumwa bwo kumenyesha Inkuru Nziza? Ni ibihe bisata (ibibanza) tumenyeshamwo Inkuru Nziza? Gute? Dushigikira gute abakristu bakora ibikorwa bitandukanye mu bisata vy’ubuzima bw’igihugu? Ekleziya yobafasha gute ngo bashingire intahe Kristu muri ivyo bisata?

6. Ivyiyumviro vyanyu ku vy’ikiganiro hagati y’Ekleziya n’ibindi bisata vy’ubuzima bw’igihugu

Ibibazo: None abarundi barayaga? Muri Ekleziya turayaga? Gute? Tuyagira he? Mbe amadiyoseze yegeranye arayaga? Afashanya gute? Imihari, imigwi y’ubutumwa, imiryango y’abihebeye Imana, yo bite? Mbe iyo habaye ukudahuza, tuvyifatamwo gute? Ni ibihe bibazo nyamukuru vyategerezwa kwigwa cane muri Ekleziya? Mbe itunganya ry’ivy’igihugu tworikuramwo ikihe cigwa? Abakene bacu bo batwigisha iki?

7. Ivyiyumviro vyanyu ku vy’imigenderanire n’ayandi madini

Ibibazo: Ni izihe ntambamyi nyamukuru dusanga hagati yacu n’ayandi madini? Hokorwa iki ngo dukomeze imigenderanire hagati yacu na yo?

8. ivyiyumviro vyanyu ku bukuru mw’Isangirabutumwa

Ibibazo: Ni uruhe ruhara rwacu mu gushinga imigambi irangurwa mu muryango? Inzego zabwirizwa kujaho zitariho ni izihe? Turimbura ryari ivyaranguwe? gute?

9. ivyiyumviro vyanyu ku vy’ukwihweza no gushinga ikibereye

Ibibazo: Kugira ingingo ifatwe, bica mu yihe nzira? Vyogenda gute kugira ingingo zifatwa mu muryango w’Abemera zize zubaka umuryango gusumba?

10. Ivyiyumviro vyanyu ku kwamizako mu kwiga gusangira urugendo

Ibibazo: Tanga indinganizo y’inyigisho (ivyigwa canke ibikorwa) zotegurwa kugira twamizeko mu kwiga kubana no gusangira urugendo.

Uburyo bw’ukwegeranya ivyiyumviro

Kubera ko bitoshoboka ko Amadiyoseze agira uruhara nyarwo mu gihe inzego Abepiskopi bacako mu nama nsangizangendo na zo nyene zitabigizemwo uruhara, igikorwa c’uguhanuza (consultations) mu madiyoseze kizogirwa biciye mu nzego mpanuzwajambo zisanzwe zitegekanijwe n’amategeko y’Ekleziya.

Igikorwa co guhanuza Igihugu c’Imana muri Diyoseze kizosozerwa n’inama itegura Inama nsangizangendo (session pré-synodale). Hamaze gusozerwa intambwe yo ku rwego rwa Diyoseze, icegeranyo kizoca kirungikwa mu nama y’Abepiskopi. Abazoba batowe kuja gusasa mu Nama nsangizangendo kw’isi yose i Roma bazogira kandi uruhara mu kwandika icegeranyo kizorungikwa mu bindi vyavuye mu Madiyoseze yose.

Tubibutse ko ku rwego rwo kw’isi yose, iyo nama nsangizangendo igira iya 16 y’Abepiskopi izoba muri Gitugutu 2023. Si inama y’abepiskopi gusa, ni iyacu twese. Si iy’abitanga mu butumwa bw’Ekleziya gusa, si kandi iy’incabwenge zotegura neza urwandiko, ahubwo ishaka kwegeranya bose, ngo basangizanye urugendo. Ntigarukira ku mbibe z’Ekleziya gusa, ahubwo ishaka gushikira umuntu wese. Si inama-kiyago gusa, ni inama-gisabisho, inama-buzima, aho twese twumviriza Mutima. Ni iy’uguhinduka.

Nimuze rero twese twinjire icese muri ubu buzima bw’isangiramutima n’abantu bose, bw’isangirabutumwa muri paruwase yacu, mu mubano iwacu, be no mu muryango iwacu, maze dusangire urugendo tugana Kristu, twongera tujana hagati yacu.

Michel Nibitanga, CEDICOM

Ivyiyumviro

Aleluya, aleluya.

Umukama yavuze ati: «Ewe Toma, wemeye kuko umbonye.

Hahiriwe abazokwemera ata co barinze kubona.»

Aleluya.

 

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (20, 19-31)

Imisi umunani iheze, Yezu araza

Ku mugoroba w’uyo musi ari wo mubarwa wa mbere w’indwi, mu nzu yarimwo abigishwa, bari bakinze inzugi ku gutinya Abayuda. Niho rero Yezu yaza, ahagarara hagati muri bo, ababwira ati: «Nimugire amahoro!» Avuze atyo, abereka ibiganza vyiwe n’urubavu rwiwe. Abatumwa ngo babone Umukama, barahimbarwa.

Yongera ababwira ati: «Nimugire amahoro! Kumwe Data yantuma, nanje ni ko ndabatumye.» Ababwiye ivyo, arabahuha ati : « Nimuronke Mutima Mweranda. Abo muzorekurira ibicumuro, bazoba babirekuriwe, abo muzobigumizako na bo, bizobagumako.»

Aho Yezu yaza, Toma, umwe wo muri bamwe Cumi na babiri, ari we bita Didimo, ntiyari muri bo. Abandi bigishwa bamubwiye bati: «Twabonye Umukama», abishura ati: «Ntiboneye mu biganza vyiwe intoboro za ya misumari, ngo nshire urutoke mu ntoboro zayo, n’urushi mu rubavu rwiwe, sinzokwemera.»

Imisi umunani iheze, abigishwa basubira guteranira muri ya nzu, na Toma bari kumwe. Yezu araza, inzugi zugaye, ahagarara hagati muri bo ati: «Nimugire amahoro!» Hanyuma abwira Toma ati: «Shira urutoke ngaha: ng’ibi ibiganza vyanje; zana urushi rwawe kandi urushire mu rubavu rwanje: ureke rero kuba ikigaba, ariko wemere.»

Toma amwishura ati: «Mukama wanje, Mana yanje!» Yezu na We amwishura ati: «Ewe Toma, wemeye kuko umbonye: hahiriwe abazokwemera ata co barinze kubona.»

Hari n’ibindi bimenyetso vyinshi bitanditswe muri iki gitabu Yezu yagiriye imbere y’abigishwa biwe. Ivyo rero vyanditswe ngo mwemere ko Yezu ari Kristu Umwana w’Imana, kugira kandi ngo muvyemeye, muronke ubuzima kw’izina ryiwe.

Rondera
Urutonde rw'Imisa
I. VICARIAT DE SAINT MICHEL
1. PAROISSE CATHÉDRALE REGINA MUNDI
A. Messes
Samedi : 17h00 (en Français)
Dimanche : 6h00 (en Kirundi),  7h00 (en Kirundi),  8h15 (en Français),  10h00 (en Kirundi),  12h00 (parfois, possibilitĂ© d'une messe circonstancielle, en Kirundi), 17h00 (en Français)
B. Adoration
Mardi : toute la journée, à la Chapelle
Jeudi : toute la journée, à la Chapelle
Samedi : 6h45 Ă  8h00
2. PAROISSE SAINT MICHEL
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 06h15, 08h00, 10h00, 12h00 Kiswahili, 17h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
3. PAROISSE BUYENZI
A. Messes
6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h30 (en Kirundi), 16h30 (en Kirundi)
B. Adoration
Mercredi : 17h30
4. PAROISSE KANYOSHA
A. Messes
6h00, 7h45, 9h30 (Français), 11h15 et 16h00
B. Adoration
Jeudi : 18h00
Dimanche : 13h00 Ă  16h00
Premier vendredi du mois : toute la journée
5. PAROISSE KININDO
A. Messes
6h00, 7h30, 8h45, 10h30, 17h30
B. Adoration
Jeudi, toute la journée
6. PAROISSE MUSAGA
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 6h10, 08h00, 10h30, 16h30
B. Adoration
Mardi : 12h00 Ă  16h00
Jeudi : 15h00 Ă  16h00
Vendredi : 12h00 Ă  14h00
7. PAROISSE NYAKABIGA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 17h00 (en Kirundi)
B. Adoration
Du lundi Ă  vendredi : 7h00 Ă  16h45
8. PAROISSE RUZIBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 16h30
B. Adoration
Jeudi 15h et le 1er vendredi du mois
9. PAROISSE MUTANGA SUD
A. Messes
6h15, 08h15, 10h30, 17h00
Campus Mutanga : messe à 11h (en kirundi et en français alternativement)
B. Adoration
Mardi : toute la journée après la messe de 6h00
II. VICARIAT DE GIHOSHA
1. PAROISSE GIHOSHA
Messes de la semaine
Lundi - Samedi : 06h30
Dimanche : 6h00, 10h30, 16h00 ( en Kirundi) 08h15 en Français
Lundi à 18h00, messe en Français, suivie de l'adoration, jusqu'à 19h00.
Vendredi : Adoration à 17h30, suivie de l'Eucharistie en Français, à 18h30
2. PAROISSE BUTERERE
A. Messes
6h00, 8h00, 10h00, 16h30
B. Adoration
Jeudi : 15h00 Ă  17h15
Samedi : 5h30 Ă  6h20
3. PAROISSE GATUMBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : 7h00 Ă  8h00
Deuxième lundi du mois : 17h30 à 19h00
4. PAROISSE KAMENGE
Messes
6h, 7h30, 9h00 (swahili),10h30,16h30
Gatunguru : 9h30
Nyabagere : 9h30
Muberure : 8h00, 10h00
Nyambuye : 8h00, 10h00
Gishingano : 8h00, 10h00
Buhayira : 9h30
Mbirira : 8h00
Adoration Ă  la Paroisse
Jeudi 16h30 un jour par mois
5. PAROISSE KINAMA
A. Messes
06h00 (en Kirundi), 08h00(en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 16h00 (en Kirundi)
Gahahe-Carama (en Kirundi) : 07h00 et 09h30
Gasenyi (en Kirundi) : 09h00
B. Adoration
Lundi Ă  samedi de 7h00 Ă  19h00
6. PAROISSE NGAGARA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00, 08h00, 10h00, 17h00
B. Adoration
Jeudi : 17h00 Ă  17h30
AUMONERIES ET CHAPELLES
1. PAROISSE CHRIST-ROI (AUMONERIE MILITAIRE)
A. Messes
8h15, 10h30
B. Adoration
-
2. AUMONERIE DE LA POLICE
A. Messes
API : 7h30 et 10h30
Socarti : 7h30, 10h30
Ex ENAPO : 8H30
1er GMIR (Buyenzi) : 10h30
2ème GMIR (Kanyosha) : 10h30
Socarti : Adoration, 1er mercredi du mois
3. CENTRE JEUNES KAMENGE
Messe
10h30 en français
4. SANCTUAIRE MONT SION GIKUNGU
Messes
6h00, 8h00,10h00 et 16h00
Adoration
Lundi Ă  vendredi Ă  partir de 7h00 jusqu'Ă  21h30
Dimanche de 13h00 Ă  18h00
4. PETIT SEMINAIRE KANYOSHA
Messe
Messe des séminaristes : 6h45
1ère Messe des fidèles : 8h30
2ème Messe des fidèles : 10h15
Adoration
Adoration du Saint Sacrement par les séminaristes et autres fidèles qui veulent : Dimanche à 18h15 à 19h00
III. VICARIAT DE BUHONGA
1. PAROISSE BUHONGA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  8h30
Jeudi de la troisième semaine du mois : toute la journée
2. PAROISSE JENDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche, 7h45, 10h00, 16h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée après la messe de 7h15
3. PAROISSE KARINZI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Du lundi au samedi : 6h00 Ă  6h30
4. PAROISSE MAGARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Dimanche : 7h00 Ă  7h30
5. PAROISSE MATARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 15h00
6. PAROISSE MAYUYU
A. Messes
8h00, 11h00
B. Adoration
Vendredi : 8h00 Ă  17h00
7. PAROISSE MUBIMBI
A. Messe
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00 Ă  10h00
8. PAROISSE MUTUMBA
Messes
7h30 et 10h00
Adoration
Jeudi Ă  14h00 sauf le 1er vendredi du mois (7h30)
9. PAROISSE RUGAZI
A. Messes
7h30, 10h30
Jeudi : 15h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
10. PAROISSE RUSHUBI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
11. PAROISSE RUTONGO
A. Messes
7h30; 10h00
B. Adoration
-
IV. VICARIAT DE MURAMVYA
1. PAROISSE BUKEYE
A. Messes
Samedi : 16h00
Dimanche : 6h00 , 7h40, 9h30, 11h30
B. Adoration
Jeudi : 7h10 Ă  19h00
2. PAROISSE BUKWAVU
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 14h00 Ă  15h00
3. PAROISSE BUZIRACANDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
Mercredi : 17h30 (Messe en Français)
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5.PAROISSE GASURA
4. PAROISSE KIGANDA
A. Messes
Samedi : 11h00
 Lycee: 16h00
Dimanche : 7h00, 9h00, 11h00
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5. PAROISSE KIVOGA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 12h30
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
6. PAROISSE MUNANIRA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h15, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  18h00
Premier vendredi du mois : 7h30 Ă  12h00
7. PAROISSE MURAMVYA
A. Messes
7h00, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
8. PAROISSE RYARUSERA
A. Messes
8h00, 10h15
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
Mwoba mufise ico mubaza?
Tanga
Twite za CEDICOM
Twite za Papa
Facebook ya CEDICOM
Abari kumurongo : 77
Centre Diocésain de Communication CEDICOM
Uburyo bwokutwakura
Bld Patrice Lumumba, 21, Bujumbura, Burundi
+257 22 22 05 00
+257 65 19 52 50
B.P. 690 BUJUMBURA BURUNDI
cedicom.buja@gmail.com
Kwiyandikisha kukurontswa inkuru
Baza ikibazo
©2026. CEDICOM Archidiocèse de Bujumbura Designed by : DS COMPANY
Tanga * Karitas (abatishoboye)* Ugufasha abaseminari n'abamenyeshamana* Ukwubaka amasengero kumashure* Ugushigikira abasaserdotiUburyo bwo gufashaKoresha konte za DiyosezeMu marundi : Interbank Burundi : 701-02790-0152(Diocèse de Bujumbura)Mu ma dolari : BRB : 3302/493 (Archidiocèse BUJA/USD) Swift Code : BRBUBIBIMu ma Euro : BRB : 3320/368 (Archidiocèse de Buja/EURO) Swift Code : BRBUBIBI