Ku musi wa gatandatu igenekerezo
rya 15 Nzero2022, abakristu bari mu mugwi w'abanaguwe muri Mutima Mweranda bo
muri Paruwase Kanyosha baragize urugendo rweranda bagana ku kirimba ca Bikira
Mariya Umutabazi w'abakristu co ku Buterere. Ni mu ntumbero yo kwishikana ku
muvyeyi Bikira Mariya ngo bamuture ubutumwa bazorangura mu mwaka w'2022.
Urwo rugendo rweranda rwatangujwe n’umuhezagiro
baronkeye kuri Paruwase yabo, bawushikirijwe na Patiri mukuru wa Paruwase
Kanyosha, Patiri Dieudonné Ntamavukiro, maze babona gufata inzira.
Aho bashikiye muri ico kibanza,
bakiriwe n'umuyobozi w'ico kirimba, patiri Gabriel Ngendakuriyo, aho yababwiye mu majambo make
ingene ico kirimba cabonetse, kuva ku ciyumviro gushika cubakwe.
Ku rutonde rw’ivyari bitegekanijwe,
harimwo ugushengerera Yezu mw'Ukaristiya, ukuninahaza Imana, hamwe n'Inkuka
y'imisa. Iyo nkuka y'imisa yarongowe na Patiri Lambert Chrysostome
Nishimagizwe, umwe mu basaseredoti barangurira ubutumwa muri Paruwase Kanyosha,
akaba ari na we yari yaje abaherekeje.
Mu mwanya wo kuzirikana Ijambo ry'Imana,
uwo musaseredoti yarabahaye inyigisho ku civugo yise: «Ukuba uwa Kristu na
Bikira Mariya» Muri iyo nyigisho, Patiri Lambert Chrysostome Nishimagizwe yashimikiye
kuri Bikira Mariya mu nyandiko Nyeranda, hamwe n'ico ari co ukwishikana kuri
Bikira Mariya.
Ku bw’uwo musaserdoti, ngo ugukunda
Umuvyeyi Bikira Mariya n’ukumukundisha abandi, ngo ubwo butumwa buranditswe
neza muri Bibliya Nyeranda. Ikimenyamenya yafatiyeko ni ahavuga ko inyuma
y'urupfu rwa Yezu, umutumwa Yohani yaciye ajana Nyina wa Yezu iwe.
Patiri Lambert Chrysostome
Nishimagizwe akaba rero yahamagariye abo banaguwe muri Mutima Mweranda bo mu
Kanyosha kujana Bikira Mariya iwabo mu ngo, mu buzima bwabo no mu bikorwa vyabo,
bakamwegurira vyose, kandi ngo bakamureka akabarera nk'umuvyeyi.
Na ho ku bijanye n’ukumwishikanako,
uwo musaserdoti yaramenyesheje ko ngo bizana umugisha n'umuhezagiro, bikazana
inema, kandi bikananagura ubunywanyi bw'uwa Kristu n'Imana.
Umwe mu banaguwe muri Mutima
Mweranda bo mu Kanyosha yaravuze ku kuntu urwo rugendo rwateguwe. Ni umukristu GĂ©rard
Manitanga, akaba n’umusuku w'uwo mugwi.
Yavuze ko urwo rugendo rweranda
baruteguye mu ntango z'umwaka, ngo baje kuvoma izindi nema zizobafasha
kurangura ubutumwa, kandi ngo bamwereke ubutumwa bazorangurwa muri uyu mwaka w’2022,
maze na we azoheze abasabire, baburangure neza. Akaba yarabahamagariye kuzigama
ivyo bagabaniye muri ico kibanza cerenda, maze bikabafasha kwitabira
ubutumwa bwose butunganywa n'umugwi
wabo.
Gonzalve Ntashimikiro, Paruwase
Kanyosha
Aleluya. Yezu Kristu, Wewe cabona c’intahemuka, ari Wewe mfura y’abazuka mu bapfuye, uradukunda ukadukiza ibicumuro mu maraso yawe. Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (6, 60-69)
Muri irya misi,
Bumvise aya majambo Yezu yavuze ati: «Uwurya umubiri wanje akanywa
n’amaraso yanje arafise ubuzima budahera.», benshi mu bigishwa biwe bavuga
bati: «lyo mvugo iratugumiye, ni nde yoyemera?» Yezu yamara aca aramenya mu
mutima wiwe ko abigishwa biwe bavyidogera, arababwira ati: «Ivyo
birabatirimutsa? Hari akantu nimwabona Umwana w’umuntu aduze iyo ahora… Umutima
ni wo ubeshaho, umubiri nta co umara. Amajambo nababwiye ni umutima n’ubuzima.
Yamara muri mwebwe, harimwo bamwe batemera.» Na none Yezu kuva mu ntango yari
azi abatemera n’uwari kumugusrisha. Arongera ati: «Ni co gituma ndababwiye ko
ata woza iwanje, Data atabimuhaye.» Kuva ubwo, benshi mu bigishwa biwe baciye
biyonjorora, ntibaba bakimugendanira.
Yezu rero abwira bamwe cumi na babiri ati: «Namwe, mushaka kwigira?» Simoni
Petero aramwishura ati: «Mukama, turi bwirukire nde wundi? Ko ari wewe ufise
amajambo y’ubuzima budahera. Tweho twaremeye kandi turazi ko uri Umweranda
w’Imana.»
Â