Hari ku muhingamo wo ku wa gatanu igenekerezo rya 21 Nzero 2021, aho abanyamashengero atandukanye agwiriyemwo ayaherereye mu gisagara ca Bujumbura bahurira kw’isengero ya Methodiste Unie, ububwiriza bwa Rohero, ngo bahimbarize hamwe umusi mpuzamashengero wo mu mwaka w’2022 w’ugusabira ubumwe bw’abemera Yezu Kristu.
Mu gusabira ubwo bumwe, babanje kuvugira hamwe ivyo bemera (Credo), baraheza bahuza amajwi
n’imitima mu gukurakuranwa gushikiriza ibisabisho bitandukanye vy’ugusabira
ubwo bumwe no gusaba ikigongwe Imana kubera ko batosekaje imigenderanire na bene wabo bemera Kristu, bivuye
ku bitobatandukanije. Baranazirikaniye hamwe n'Ijambo ry’Imana ryamurikiye
inyigisho y'uwo musi, bongera baranatazira Imana mu ndirimbo.
Mu kwerekana na ho igisharara bari bafise c’ubwo bumwe bw’abemera Kristu, baragiriye hamwe ikimenyetso c’umuco wa Kristu biciye mu kudomeka amashashara (bougies) n’ukuyafata mu minwe kw’abarongozi b’amadini baserukiye abandi mu mashengero yari aho.
Igisabisho cabo cari gishimikiye ku gusaba ibintu bitandukanye biganisha kuri ubwo bumwe: Abo mw’ishengero ry’abagenzi ni bo barongoye abandi mu gusaba ubumwe bw’abemera n’amahoro, aba Orthodoxes na bo bafasha mu vy’ugusabira igihugu n’abari mu marushwa atewe n’intambara canke ibindi vyago. Muri ico gisabisho baranasabiye n’impunzi, babifashijwemwo n’ishengero rya Methodiste Libre. Muri rusangi na ho, abari aho, barongowe n’Ekleziya Katolika, barisabiye ngo Imana ibamurikire n’inyenyeri, bahinduke, bashobore gukora ivyiza.
Harabayeho kandi n’ukuvugira hamwe igisabisho ca «Dawe wa twese» c’ukwerekana ko n’ubwo vyabashikiye bagatosekaza ubumwe bafitaniye, uko biri kwose basangiye Umuvyeyi. Igisabisho casozereye vyose kikaba cabaye ic’ugusaba umuhezagiro w’Imana, cashikirijwe na Nyenicubahiro Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa, Umwepiskopi wa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, mw’izina ry’abungere b’amashengero bari aho.
Nk’uko ahari abemera Yezu
Kristu, igisabisho cama kijana n’ukuzirikana Ijambo ry’Imana rirongora
inyigisho y’uwo musi, ibisomwa vyeranda vyazirikanweko ni ivyasomwe na Pasteur
Nazaire Barutwanayo wo mw’ishengero rya Méthodiste Unie, yasomye mu gitabu
c’umuhanuzi Izaya (Izaya 9:2-7) no mw’Izaburi 8:1-9; ivyasomwe na Patiri Betu
Bertin Hemedy wo muri Ekleziya Katolika, mw’ikete Umutumwa Paulo yandikiye
Abanyefezi (Efezi 5:8-14), be n’Inkuru nziza ya Yezu Kristu yanditswe na Matayo
(Mat.2:1-12), yasomwe na Pasteur Alexandre Sinzinkayo wo mw’ishengero rya
Anglikani.
Inyigisho imurikiwe n’iryo Jambo
ry’Imana yatanzwe na Nyenicubahiro Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa. Mu
nsiguro yiwe, akaba yashimikiye ku vyiyumviro bitatu yashimye ko abari aho
bosabikanya: ishingiro ry’ubumwe bw’abemera (kuko ngo bamwe n’abandi bashobora
kurondera ubwo bumwe, ariko ngo batazi ishingiro ryabwo), ivyahungabanije
ubumwe bw’abemera, be n’ingene mu Burundi, abemera Kristu boshobora kunyarutsa gushira
mu ngiro ngo ibikenewe bishikirwe.
Yagize ati: «Ni vyiza ko
tumenya [ivyahungabanije ubumwe bw’abemera], mbere tukamenya yuko n’ubwo
bwahungabanye, vyavuye ku tuntu duto cane, mugabo bikaba vyahavuye biba ibintu
birebire, ariko mu ntango vyari ibintu bito cane, ku buryo twoshobora - Imana idufashije
– kugira urwo rugendo, ngo ubumwe bwacu bubandanye bwuzura.»
Mu kwibutsa ko ubwo bumwe bari
baje gusaba ari iragi abemera Kristu basigiwe na Yezu, kandi ko babwirijwe
kwama babusaba, uwo muserukizi w’Ekleziya Katolika y’i Bujumbura yaribukije
igisabisho Yezu yasize agiriye abiwe igihe yagira asubire kwa Mana Se, aho
yagize ati: «Dawe mweranda, nugumye mw’izina ryawe abo wampaye, kugira ngo babe
umwe nkatwe!» (Yoh.17:11).
Yarongeye ati: «Ubumwe bw’abemera,
be n’urukundo rubukomokako, ni ryo ragi rikuru Umwana w’Imana yasize araze
abiwe!» Ku bwiwe mbere, ubumwe si iragi ngirakamaro ku bitwa abakristu gusa,
ahubwo ni na ngirakamaro no kw’isi yose, kuko ngo Yezu yongerako ati: «Ese bose
boba umwe, kugira ngo isi yose yemere ko ari Wewe [Imana] wantumye!»
Ikibazo c’uguhungabana kw’ubumwe
bw’abemera, Nyenicubahiro Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa yaragishimitseko
cane, mu kuvuga ko iyo abemera Kristu batabaye umwe, babuza isi ko yemera
Umwana w’Imana, Yezu Kristu. Uwo Mwepiskopi araheza arabaza ati: «Murumva izo
nshingano dufise? Murumva n’ukwo kuntu ukutemera Imana bituma abantu batemera
Imana nk’uko Yezu yayimenyesheje?»
Uwo muserukizi w’Ekleziya
Katolika y’i Bujumbura, mw’ikoraniro ry’abo bemera Yezu Kristu, yarafashe
umwanya ukwiye, aramenyesha ibitari bike mu vyaranze kahise k’ihungabana ry’ubwo
bumwe, ariko mu vy’ukuri katari gakwiye kuba inyanduruko ry’ukwo guhungabana,
kuko ngo vyinshi muri vyo ataco bisa bisana n’ivy’ukwemera. Ibikuru bikuru
yagarutseko bikaba ari nk’ivy’abatandukanijwe n’uguhiga ubukuru mu vy’ugutwara
intara z’ubutumwa (Monastères), ukudategera kumwe ivyanditswe vyeranda (Doctrines),
be n’ivy’abiyita ko bakurikira Yezu, ariko mu vy’ukuri batamuronderako urukiza,
ahubwo bamuronderako «umukate», abandi bagashinga amadini ngo bapfukapfuke
ububegito bwabo buba bwatumye biyonkora ku bo bahora basangiye ishengero, canke
bataramurwa na bo.
Uwo Mwepiskopi yasozereye yemeza
ko ubwo bumwe bishoboka ko bunagurwa. Ngo ntibisaba ko abemera Kristu borinda
gukora ishengero rimwe; kukaba nka ko ngo ubu vyogorana ko vyoba bigishoboka,
ariko ngo hari ibintu bimwe bimwe vyokorwa, kandi bitagoye na mba, ku mu gihe
bobishiramwo ubushake n’ingoga: ubwo bumwe ngo bwotangurira ku bari mw’ishengero
rimwe mu kwumva ko igihe cose habaye ico batumvikanyeko, umuti utari uw’ugucanamwo.
Ukurondera kunagura ubwo bumwe ngo vyobandanya no mu mashengero yegeranye mu
myemerere, bikabandanya no ku yandi yose.
Aha rero akaba yahanuye
ibintu bine: ukubandanya bene utwo turyo tw’ugusengera ubwo bumwe, mbere abantu
bakatwigorera kuruta be n’ugutegekanya ibiganiro bitumiriwemwo amashengero
yose, umwe wese agashikiriza iciyumviro ciwe ku kuntu ategera ivy’ugutandukana,
be n’ukuntu abona ubumwe bwonagurwa; ukubandanya imigenderanire myiza hagati y’abarongoye
amashengero; kubandanya mu mashengero atandukanye bakorera hamwe ibikorwa vy’iterambere
n’ukuronderera hamwe amahoro, bisunze intumbero y’igihugu itanyuranye n’ishaka
ry’Imana, bakabikorera mu mashirahamwe ahari, asanzwe abahuza, canke ayo
boshiraho; be n’ugutunga Bibiliya Nyeranda yoba ikoresha ikirundi mpuzamashengero.
Imbere y’uko ibikorwa
bisozererwa kw’ijambo ry’ugukenguruka ry’uwaserukiye ishengero rya Methodiste
Unie ryakiriye ivyo bikorwa, mu bubwiriza bwa Bujumbura, ijambo ry’ukwitsa ryashikirijwe
Nyenicubahiro Musenyeri Eraste Bigirimana wo mw'ishengero ry'aba Anglikani,
akaba Umwepiskopi Mukuru Diyoseze y'i Bujumbura, uwo Mwepiskopi yasavye abari
aho ko bofata nka nkama impanuro zatanzwe n’uwashikirije inyigisho nyamukuru y’uwo
musi, kuko ngo ukubikurikiza n’ukubigendera vyobafasha muri vyinshi. Na we
nyene yaremeje ko ubwo bumwe bushoboka, kuko ngo vyinshi bahurirako biruta kure
n’iyo ibibatandukanya.
Tubibutse ko igisabisho nk’ico
cama catunganijwe buri mwaka. Ico ku mwaka uheze w’2021 cari caherejwe muri
Ekleziya Katolika, kuri Paruwase Katedrale Regina Mundi, ku ciyumviro
ngenderwako c’umwaka kigira kiti: «Nimugume mu rukundo rwanje, ni ho muzokwama
vyinshi». Ico gihe, abari baje muri ico gisabisho bakaba bahuriza ku kintu c’uko
ukubona ko no muri rindi dini hariyo mwene wabo vyonyene vyari bikwiye kubatuma
bugurukiranirana bamwe ku bandi, gutyo bagasangira igisabisho bumva ko ari
bamwe.
Michel Nibitanga, CEDICOM
Urakaninahazwa, Kristu, wewe Muco wamaho w’Imana nzima. Ku bwacu twese, Yezu Kristu yarigize umugamburutsi gushika yemere urupfu, kandi urupfu rwo ku musaraba. Ni co catumye Imana imushira hejuru ya vyose, ikamugabira Izina rirengeye amazina yose. Urakaninahazwa, Kristu, wewe Muco wamaho w’Imana nzima.
Ukubabara kw’Umukama wacu Yezu Kristu kwashikirijwe na Yohani (18, 1-19, 42)
Yezu mw’itongo ryo hakurya ya Kedroni
S: Bahejeje gufungura, Yezu ajana n’abigishwa biwe hakurya y’umugezi witwa Kedroni;
hari umurima, aba ari ho yinjira n’abigishwa biwe.
Yuda wa muhemu yari azi neza aho hantu,
kuko Yezu yahora ahaja kenshi n’abigishwa biwe.
Yuda rero azanye umugwi w’abasirikare n’abarinzi
barungitswe n’abaherezankuka bakuru be n’Abafarizayo,
arashika n’amatara n’ibimuri n’ibirwanisho.
Yezu rero yari azi ibiza kumushikira vyose;
arabasanganira, ababwira ati:
Y: «Murondera nde?»
S:
Bamwishura bati:
Ab: «Yezu w’i Nazareti.»
S:
Ababwira ati:
Y: «Ni Jewe.»
S: Yuda wa muhemu yari kumwe na bo.
Aho Yezu ababwiriye rero ati: «Ni Jewe»,
Basogeza baja inyuma bagwa hasi.
Yezu asubira kubabaza ati:
Y: «Murondera nde?»
S: Bishura bati:
Ab: «Yezu w’i Nazareti.»
S: Yezu abishura ati:
Y: «Nababwiye ko ari Jewe.
Usangwa ari Je murondera, reke abo
bigire.»
S: Uko niko ijambo yavuze ryarangutse, ngo:
«Sinatakaje n’umwe mu bo wampaye.»
Simoni Petero yari afise inkota;
arayisokorora, ayikubita umusuku w’umuherezankuka mukuru,
amuca ugutwi kw’iburyo.
Uwo musuku yitwa Malikusi.
Yezu yamara abwira Petero ati:
Y:
«Subiza inkota mu rwubati.
Bite! Ndeke kunywa ikalisi Data yampaye!»
S: Wa
mugwi w’abasirikare, uwuwurongoye n’abarinzi b’Abayuda
Bafata Yezu baramuboha.
Yezu kwa Hana na Kayifa
Babanza kumujana kwa Hana,
ari we sebukwe wa Kayifa,
yari umuherezankuka mukuru uyo mwaka.
Kayifa ni umwe yari yahanuye Abayuda ati:
«Vyobabera vyo umuntu umwe apfiriye
igihugu.»
Simoni Petero n’uwundi mwigishwa barakurikira Yezu.
Uwo mwigishwa umuherezankuka mukuru
yari amuzi,
yinjirana rero na Yezu mu ngoro y’umuherezankuka mukuru,
Petero we asigara hanze hambavu y’irembo.
Wa mwigishwa umuherezankuka mukuru yari azi, arasohoka,
avugana n’incoreke yarinda irembo, yinjiza Petero.
Iyo ncoreke yarinda irembo ibwira Petero iti:
Ab: «Aho uri aho,
weho nturi mu bigishwa b’uwo muntu?»
S: Ayishura ati:
Ab: «Sindi muri bo.»
S: Abasuku n’abarinzi bari
bacanye umuriro, kuko hari imbeho,
bari aho bota.
Petero na we yari kumwe na bo yota.
Umuherezankuka mukuru arabaza Yezu
Ibirora ku bigishwa biwe no ku nyigisho ziwe.
Yezu amwishura ati:
Y:
« Nǐgishije abantu icese;
nǎmye nigishiriza mu masinagoga no mu gisengero,
aho Abayuda bakoraniye;
nta co navugiye mu mpisho.
Umbariza iki?
Baza abavyumvise; ico navuze bo barakizi.»
S: Ngo avuge iryo,
umwe mu barinzi bari aho, akubita urushi Yezu, ati:
Ab: «Uko ni ko wishura umuherezankuka mukuru!»
S:
Yezu amwishura ati:
Y:
«Ninaba mvuze nabi, erekana ikibi aho kiri;
na ho ninaba mvuze ukuri, unkubitiye iki?»
S:
Hana amurungika uko yakaboshwe
ku muherezankuka mukuru Kayifa.
Simoni Petero we yari akiri aho yota umucanwa.
Bamubwira bati:
Ab: «Weho ntiwoba uri uwo mu
bigishwa biwe?»
S: Arabihakana ati:
Ab: «Sindi muri bo.»
S:
Umwe mu basuku b’umuherezankuka mukuru,
incuti y’uwo Petero yari yaciye ugutwi,
Amubwira ati:
Ab: «Sinakubonye muri kumwe
mw’itongo?»
S:
Petero yamara asubira kubihakana,
ubwo nyene inkoko irabika.
Yezu kwa Pilato
Bavana rero Yezu kwa Kayifa, bamujana mw’iburaniro.
Hari mu gitondo.
Ariko bo ntibinjra mw’iburaniro ku kwanka guhumana,
ngo bashobore kurya Pasika.
Pilato arasohoka rero imbere yabo, ababwira ati:
Ab: «Uwo muntu mumurega iki?»
S:
Baramwishura bati:
Ab: «Iyo ataba yari inkozi
y’ikibi,
ntitwari kumukuzanira.»
S:
Pilato ababwira ati:
Ab: «Mujane mwebwe nyene mumucire urubanza,
mukurikize itegeko ryanyu.»
S: Abayuda baramwishura bati:
Ab: «Ntitwarekuriwe kugira uwo twica.»
S: Kwari ukugira ngo ijambo Yezu yavuze
Hamwe yari yabuye ururpfu azopfa, ritahe.
Pilato rero asubira mw’iburaniro,
atumako Yezu, amubwira ati:
Ab: «Uri umwami w’Abayuda?»
S: Yezu aramwishura ati:
Y:
«Ivyo ni wewe uvyivugiye,
canke ni ivyo wumva ku bandi bamvuga?»
S: Pilato amwishura ati:
Ab: «Mbega jewe ndi Umuyuda?
Abo mu gihugu cawe n’abaherezankuka bakuru ni bo bakunzaniye.
Wakoze iki?»
S: Yezu asubiza ati:
Y: «Ubwami bwanje si ubwo kuri iyi si.
Iyo Ubwami bwanje buba ari ubwo kuri iyi
si,
Abantu banje bari kundwanira,
Singwe mu minwe y’Abayuda;
Eka noneho, Ubwami bwanje si ubw’aha
kw’isi.»
S: Pilato
amubwira ati:
Ab: «None ga, uri umwami?»
S:
Yezu aramwishura ati:
Y:
«Uvuze ko, ndi Umwami,
kandi ni co navukiye kikantuma nza kw’isi:
ni ukugira ngo nshingire ingingo ukuri;
uwukunda ukuri wese yumva ijwi ryanje.»
S: Pilato aramubwira ati:
Ab: «Ukuri ni iki?»
S:
Avuze ayo majambo, asubira gusohoka, agana Abayuda,
araheza arababwira ati:
Ab: «Nta co namusanzeko comwica.
Ariko ni akamenyero
Ko ndabarekurira umwe ku musi wa Pasika.
None mushaka ko ndabarekurira umwami w’Abayuda?»
S:
Biha induru rero bati:
Ab: «Ntumuduhe, duhe Baraba!»
S:
Uwo Baraba yari umwambuzi.
Pilato rero afata Yezu aramukubitisha.
Hanyuma abasirikare bajisha urugori rw’amahwa,
barumwambika ku mutwe,
bongera bamwambika umutamana utukura.
Baramwegera bavuga bati:
Ab: «Mwaramutse, ga mwami w’Abayuda!»
S:
Bongera baramukubita amakofe.
Pilato aragaruka, abwira Abayuda ati:
Ab: «Ehe ndamubazaniye,
mumenye ko ata gicumuro ndamubonyeko co kumwica.»
S: Yezu arasohoka rero uko yakambaye
rwa rugori rw’amahwa na wa mutamana utukura;
araheza Pilato ababwira ati:
Ab: «Ng’uwo wa muntu!»
S:
Ngo bamubone, abakuru n’abarinzi biha induru bati:
Ab: «Ku musaraba! Ku musaraba!»
S:
Pilato ababwira ati:
Ab: «Ng’uwo nimumwibambire
mwebwe nyene,
jewe nta co namusanzeko gikwiye guhanwa.»
S: Abayuda baramwishura
bati:
Ab: «Turi n’itegeko,
kandi turikurikije ni uwo gupfa,
kuko yigize Umwana w’Imana.»
S:
Pilato ngo yumve ayo majambo, atinya ukuruta.
Asubira mw’iburaniro, araheza abwira Yezu ati:
Ab: «Uva he?»
S: Yezu yamara ntiyamwishura namba.
Pilato rero niko kumubwira ati:
Ab: «Ntunyishura jewe!
Ntuzi ko mfise ububasha bwo kukurekura
N’ubwo kukubamba?»
S:
Yezu aramwishura ati:
Y:
«Nta bubasha wari umfiseko,
iyo utabuhabwa n’Uwo mw’ijuru.
Ni co gituma uwakumpaye
Yakoze igicumuro kiruta icawe.»
S:
Kuva ubwo, Pilato yarondera ingene yomurekura;
Abayuda yamara baja mu vyo kuyogora bati:
Ab: «Niwamurekura, ntuzoba ukunda Sezari;
kuko uwigira umwami wese aba agararije Sezari.»
S: Pilato ngo avyumve,
asohora Yezu,
amwicarika ku ntebe y’imanza,
ahitwa Litositorotosi, mu gihebereyi na ho Gabata.
Hari ku musi w’ukwitegurira Pasika,
ahashira isaha ya gatandatu.
Pilato abwira Abayuda ati :
Ab: «Ng’uwo umwami wanyu!»
S: Bo bavuza induru bati:
Ab: «N’apfe! N’apfe! Mubambe!»
S: Pilato ababwira ati:
Ab: «Mbambe umwami wanyu!»
S:
Abaherezankuka bakuru basubizayo bati:
Ab: «Atari Sezari, nta wundi mwami dufise.»
S:
Araheza aramubaha ngo bamubambe.
Yezu ku gasozi ka
Kalvariyo
Yezu ava aho yikoreye umusaraba wiwe,
agana ahantu hitwa Kalvariyo, mu gihebereyi Gologota.
Ni ho bamubambiye hamwe n’abandi babiri,
umwe ku ruhande uwundi ku rundi,
Yezu na we hagati.
Pilato kandi arandikisha urwandiko,
araheza arumanika hejuru ku musaraba.
Amajambo yarwo yari aya:
«Yezu w’i Nazareti, umwami w’Abayuda.»
Abayuda benshi barasoma urwo rwandiko,
kuko aho Yezu yari yabambiwe hari hafi y’igisagara
kandi rwari rwanditswe mu gihebereyi, mu kilatini no mu kigereki.
Abaherezankuka bakuru n’Abayuda babwira rero Pilato bati:
Ab: «Ntiwandike ngo: Umwami w’Abayuda, andika uti:
Uwo muntu yavuze ati: Ndi umwami w’Abayuda.»
S:
Pilato arabishura ati:
Ab: «Ico nanditse canditswe.»
S:
Abasirikare bamaze kumubamba,
bafata ivyambarwa vyiwe, babicamwo imyanya ine,
umwe w’umwe umwe muri bo.
Bafata ikanzu yiwe, ariko iyo kanzu ntiyagira umubariro;
yari yajishwe urunani kuva hejuru gushika hepfo.
Bavuga rero bati:
Ab: «Ntituyitabure, nimuze dutere ubupfindo bw’uwuyironka.»
S:
Kwari ukugira ngo Inyandiko itahe ngo:
«Baragabanganye ivyambarwa vyanje,
na yo ikanzu yanje bayiterako ubupfindo.»
Ng’ivyo ivyo abasirikare bagize.
Iruhande y’umusaraba wa Yezu hari hahagaze nyina wiwe,
na nyinabo, Mariya muka Klopasi,
na Mariya Madalena.
Yezu ngo abone nyina wiwe
iruhande yiwe na ho hari wa mwigishwa yakunda,
abarira nyina wiwe rero ati:
Y: «Wa mukenyezi we, ng’uwo umwana wawe.»
S: Abwira wa mwigishwa na we ati:
Y: «Ng’uwo nyoko wawe.»
S: Kuva ubwo, nya mwigishwa aca ajana Mariya iwe.
Ivyo biheze,
kuko yari azi ko vyose vyamaze kurangira,
Kugira ngo Inyandiko iranguke rwose,
Yezu avuga ati:
Y:
«Ndanyotewe.»
S:
Aho hari agakono kuzuye isiki.
Bashinga rero kw’icumu akamamara bakojeje mw’isiki,
baramuhereza ngo anunuze.
Yezu amaze kunywa nya siki, ati:
Y: «Vyose birarangiye.»
S:
Araheza ajondamika umutwe, aracikana.
Aha barapfukama, bakavuga
agasabisho gatoyi banumye
Kubera ko wari umusi w’ukwitegurira Pasika,
- nkako isabato wari umusi mukuru uhambaye,
-
Abayuda rero basaba Pilato
ngo bavune amaguru y’abari babambwe, baheze
babakureho
boye kurekera imivyimba ku musaraba ku musi
w’isabato.
Abasirikare rero baraza bavuna amaguru
y’uwa mbere n’ay’uwa kabiri
muri bamwe babambwe hamwe na Yezu.
Bashikiriye Yezu, basanga yamaze gucikana,
ntibamuvuna amaguru,
ariko umwe wo muri nya basirikare amusogota
icumu mu rubavu,
haca hisuka amaraso n’amazi.
Uwabibonye ni we yabishingiye intahe,
kandi intahe yiwe ni iy’ukuri,
kandi urya azi ko avuga ukuri ngo namwe
mwemere.
Ivyo rero vyagenze gutyo ngo inyandiko
itahe:
«Nta gufa ryiwe bazovuna» ;
ahandi na ho ngo:
«Bazokwihweza uwo
basogose.»
Itongo
bahamvyemwo Yezu
Ivyo biheze, Yozefu w’i Arimateya,
umwigishwa wa Yezu,
ariko mu mpisho kuko yatinya Abayuda,
asaba Pilato kubambura ikiziga ca Yezu.
Nikodemu na we araza,
umwe mu ntango yari yagiye gukebukana na
Yezu mw’ijoro;
azana ikivange c’imira na alowe c’ingero
nk’ijana.
Bafata ikiziga ca Yezu,
bakizingira mu mpuzu hamwe n’ibimoga neza,
nk’uko Abayuda babigenza mu guhamba.
Aho bari bahamvye Yezu hari umurima;
muri uwo murima, hakaba uruhafu rushasha,
ata muntu n’umwe yari bwahambwemwo.
Kandi wari umusi w’ukwitegura kw’Abayuda,
uruhafu na rwo rwari hafi,
haba ariho bahamba Yezu.