Amashengero y’abemera Kristu yarazirikanye ko ihungabana ry’ubumwe bwayo ryashitse bitari bikwiye
Itariki: 25/01/2022Ababisomye 757 Vyamenyekanishijwe na : NIBITANGA Michel
Mu guhimbaza umusi mpuzamashengero wo mu mwaka w’2022 w’ugusabira ubumwe bw’abemera Kristu, igisabisho cari gishimikiye ku gusaba ubwo bumwe, ku kubana mu mahoro, ku gusabira igihugu n’abari mu marushwa atewe n’intambara canke ibindi vyago, be no ku gusabira abahunze igihugu

Hari ku muhingamo wo ku wa gatanu igenekerezo rya 21 Nzero 2021, aho abanyamashengero atandukanye agwiriyemwo ayaherereye mu gisagara ca Bujumbura bahurira kw’isengero ya Methodiste Unie, ububwiriza bwa Rohero, ngo bahimbarize hamwe umusi mpuzamashengero wo mu mwaka w’2022 w’ugusabira ubumwe bw’abemera Yezu Kristu.

Mu gusabira ubwo bumwe, babanje kuvugira hamwe ivyo bemera (Credo), baraheza bahuza amajwi n’imitima mu gukurakuranwa gushikiriza ibisabisho bitandukanye vy’ugusabira ubwo bumwe no gusaba ikigongwe Imana kubera ko batosekaje imigenderanire na bene wabo bemera Kristu, bivuye ku bitobatandukanije. Baranazirikaniye hamwe n'Ijambo ry’Imana ryamurikiye inyigisho y'uwo musi, bongera baranatazira Imana mu ndirimbo.

Mu kwerekana na ho igisharara bari bafise c’ubwo bumwe bw’abemera Kristu, baragiriye hamwe ikimenyetso c’umuco wa Kristu biciye mu kudomeka amashashara (bougies) n’ukuyafata mu minwe kw’abarongozi b’amadini baserukiye abandi mu mashengero yari aho.


Igisabisho cabo cari gishimikiye ku gusaba ibintu bitandukanye biganisha kuri ubwo bumwe: Abo mw’ishengero ry’abagenzi ni bo barongoye abandi mu gusaba ubumwe bw’abemera n’amahoro, aba Orthodoxes na bo bafasha mu vy’ugusabira igihugu n’abari mu marushwa atewe n’intambara canke ibindi vyago. Muri ico gisabisho baranasabiye n’impunzi, babifashijwemwo n’ishengero rya Methodiste Libre. Muri rusangi na ho, abari aho, barongowe n’Ekleziya Katolika, barisabiye ngo Imana ibamurikire n’inyenyeri, bahinduke, bashobore gukora ivyiza.

Harabayeho kandi n’ukuvugira hamwe igisabisho ca «Dawe wa twese» c’ukwerekana ko n’ubwo vyabashikiye bagatosekaza ubumwe bafitaniye, uko biri kwose basangiye Umuvyeyi. Igisabisho casozereye vyose kikaba cabaye ic’ugusaba umuhezagiro w’Imana, cashikirijwe na Nyenicubahiro Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa, Umwepiskopi wa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, mw’izina ry’abungere b’amashengero bari aho.

Nk’uko ahari abemera Yezu Kristu, igisabisho cama kijana n’ukuzirikana Ijambo ry’Imana rirongora inyigisho y’uwo musi, ibisomwa vyeranda vyazirikanweko ni ivyasomwe na Pasteur Nazaire Barutwanayo wo mw’ishengero rya Méthodiste Unie, yasomye mu gitabu c’umuhanuzi Izaya (Izaya 9:2-7) no mw’Izaburi 8:1-9; ivyasomwe na Patiri Betu Bertin Hemedy wo muri Ekleziya Katolika, mw’ikete Umutumwa Paulo yandikiye Abanyefezi (Efezi 5:8-14), be n’Inkuru nziza ya Yezu Kristu yanditswe na Matayo (Mat.2:1-12), yasomwe na Pasteur Alexandre Sinzinkayo wo mw’ishengero rya Anglikani.


Inyigisho imurikiwe n’iryo Jambo ry’Imana yatanzwe na Nyenicubahiro Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa. Mu nsiguro yiwe, akaba yashimikiye ku vyiyumviro bitatu yashimye ko abari aho bosabikanya: ishingiro ry’ubumwe bw’abemera (kuko ngo bamwe n’abandi bashobora kurondera ubwo bumwe, ariko ngo batazi ishingiro ryabwo), ivyahungabanije ubumwe bw’abemera, be n’ingene mu Burundi, abemera Kristu boshobora kunyarutsa gushira mu ngiro ngo ibikenewe bishikirwe.

Yagize ati: «Ni vyiza ko tumenya [ivyahungabanije ubumwe bw’abemera], mbere tukamenya yuko n’ubwo bwahungabanye, vyavuye ku tuntu duto cane, mugabo bikaba vyahavuye biba ibintu birebire, ariko mu ntango vyari ibintu bito cane, ku buryo twoshobora - Imana idufashije – kugira urwo rugendo, ngo ubumwe bwacu bubandanye bwuzura.»

Mu kwibutsa ko ubwo bumwe bari baje gusaba ari iragi abemera Kristu basigiwe na Yezu, kandi ko babwirijwe kwama babusaba, uwo muserukizi w’Ekleziya Katolika y’i Bujumbura yaribukije igisabisho Yezu yasize agiriye abiwe igihe yagira asubire kwa Mana Se, aho yagize ati: «Dawe mweranda, nugumye mw’izina ryawe abo wampaye, kugira ngo babe umwe nkatwe!» (Yoh.17:11).

Yarongeye ati: «Ubumwe bw’abemera, be n’urukundo rubukomokako, ni ryo ragi rikuru Umwana w’Imana yasize araze abiwe!» Ku bwiwe mbere, ubumwe si iragi ngirakamaro ku bitwa abakristu gusa, ahubwo ni na ngirakamaro no kw’isi yose, kuko ngo Yezu yongerako ati: «Ese bose boba umwe, kugira ngo isi yose yemere ko ari Wewe [Imana] wantumye!»

Ikibazo c’uguhungabana kw’ubumwe bw’abemera, Nyenicubahiro Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa yaragishimitseko cane, mu kuvuga ko iyo abemera Kristu batabaye umwe, babuza isi ko yemera Umwana w’Imana, Yezu Kristu. Uwo Mwepiskopi araheza arabaza ati: «Murumva izo nshingano dufise? Murumva n’ukwo kuntu ukutemera Imana bituma abantu batemera Imana nk’uko Yezu yayimenyesheje?»

Uwo muserukizi w’Ekleziya Katolika y’i Bujumbura, mw’ikoraniro ry’abo bemera Yezu Kristu, yarafashe umwanya ukwiye, aramenyesha ibitari bike mu vyaranze kahise k’ihungabana ry’ubwo bumwe, ariko mu vy’ukuri katari gakwiye kuba inyanduruko ry’ukwo guhungabana, kuko ngo vyinshi muri vyo ataco bisa bisana n’ivy’ukwemera. Ibikuru bikuru yagarutseko bikaba ari nk’ivy’abatandukanijwe n’uguhiga ubukuru mu vy’ugutwara intara z’ubutumwa (Monastères), ukudategera kumwe ivyanditswe vyeranda (Doctrines), be n’ivy’abiyita ko bakurikira Yezu, ariko mu vy’ukuri batamuronderako urukiza, ahubwo bamuronderako «umukate», abandi bagashinga amadini ngo bapfukapfuke ububegito bwabo buba bwatumye biyonkora ku bo bahora basangiye ishengero, canke bataramurwa na bo.

Uwo Mwepiskopi yasozereye yemeza ko ubwo bumwe bishoboka ko bunagurwa. Ngo ntibisaba ko abemera Kristu borinda gukora ishengero rimwe; kukaba nka ko ngo ubu vyogorana ko vyoba bigishoboka, ariko ngo hari ibintu bimwe bimwe vyokorwa, kandi bitagoye na mba, ku mu gihe bobishiramwo ubushake n’ingoga: ubwo bumwe ngo bwotangurira ku bari mw’ishengero rimwe mu kwumva ko igihe cose habaye ico batumvikanyeko, umuti utari uw’ugucanamwo. Ukurondera kunagura ubwo bumwe ngo vyobandanya no mu mashengero yegeranye mu myemerere, bikabandanya no ku yandi yose.

Aha rero akaba yahanuye ibintu bine: ukubandanya bene utwo turyo tw’ugusengera ubwo bumwe, mbere abantu bakatwigorera kuruta be n’ugutegekanya ibiganiro bitumiriwemwo amashengero yose, umwe wese agashikiriza iciyumviro ciwe ku kuntu ategera ivy’ugutandukana, be n’ukuntu abona ubumwe bwonagurwa; ukubandanya imigenderanire myiza hagati y’abarongoye amashengero; kubandanya mu mashengero atandukanye bakorera hamwe ibikorwa vy’iterambere n’ukuronderera hamwe amahoro, bisunze intumbero y’igihugu itanyuranye n’ishaka ry’Imana, bakabikorera mu mashirahamwe ahari, asanzwe abahuza, canke ayo boshiraho; be n’ugutunga Bibiliya Nyeranda yoba ikoresha ikirundi mpuzamashengero.


Imbere y’uko ibikorwa bisozererwa kw’ijambo ry’ugukenguruka ry’uwaserukiye ishengero rya Methodiste Unie ryakiriye ivyo bikorwa, mu bubwiriza bwa Bujumbura, ijambo ry’ukwitsa ryashikirijwe Nyenicubahiro Musenyeri Eraste Bigirimana wo mw'ishengero ry'aba Anglikani, akaba Umwepiskopi Mukuru Diyoseze y'i Bujumbura, uwo Mwepiskopi yasavye abari aho ko bofata nka nkama impanuro zatanzwe n’uwashikirije inyigisho nyamukuru y’uwo musi, kuko ngo ukubikurikiza n’ukubigendera vyobafasha muri vyinshi. Na we nyene yaremeje ko ubwo bumwe bushoboka, kuko ngo vyinshi bahurirako biruta kure n’iyo ibibatandukanya.

Tubibutse ko igisabisho nk’ico cama catunganijwe buri mwaka. Ico ku mwaka uheze w’2021 cari caherejwe muri Ekleziya Katolika, kuri Paruwase Katedrale Regina Mundi, ku ciyumviro ngenderwako c’umwaka kigira kiti: «Nimugume mu rukundo rwanje, ni ho muzokwama vyinshi». Ico gihe, abari baje muri ico gisabisho bakaba bahuriza ku kintu c’uko ukubona ko no muri rindi dini hariyo mwene wabo vyonyene vyari bikwiye kubatuma bugurukiranirana bamwe ku bandi, gutyo bagasangira igisabisho bumva ko ari bamwe.

Michel Nibitanga, CEDICOM 

Ivyiyumviro

Urakaninahazwa, Kristu, wewe Muco wamaho w’Imana nzima. Ku bwacu twese, Yezu Kristu yarigize umugamburutsi gushika yemere urupfu, kandi urupfu rwo ku musaraba. Ni co catumye Imana imushira hejuru ya vyose, ikamugabira Izina rirengeye amazina yose. Urakaninahazwa, Kristu, wewe Muco wamaho w’Imana nzima.

Ukubabara kw’Umukama wacu Yezu Kristu kwashikirijwe na Yohani (18, 1-19, 42)

Yezu mw’itongo ryo hakurya ya Kedroni

S: Bahejeje gufungura, Yezu ajana n’abigishwa biwe hakurya y’umugezi witwa Kedroni;

hari umurima, aba ari ho yinjira n’abigishwa biwe.

Yuda wa muhemu yari azi neza aho hantu,

kuko Yezu yahora ahaja kenshi n’abigishwa biwe.

 

Yuda rero azanye umugwi w’abasirikare n’abarinzi

barungitswe n’abaherezankuka bakuru be n’Abafarizayo,

arashika n’amatara n’ibimuri n’ibirwanisho.

Yezu rero yari azi ibiza kumushikira vyose;

arabasanganira, ababwira ati:

Y:  «Murondera nde?»

S: Bamwishura bati:

Ab: «Yezu w’i Nazareti.»

S: Ababwira ati:

Y: «Ni Jewe.»

S:  Yuda wa muhemu yari kumwe na bo.

Aho Yezu ababwiriye rero ati: «Ni Jewe»,

Basogeza baja inyuma bagwa hasi.

Yezu asubira kubabaza ati:

Y: «Murondera nde?»

S: Bishura bati:

Ab: «Yezu w’i Nazareti.»

S: Yezu abishura ati:

Y: «Nababwiye ko ari Jewe.

Usangwa ari Je murondera, reke abo bigire.»

S: Uko niko ijambo yavuze ryarangutse, ngo:

«Sinatakaje n’umwe mu bo wampaye.»

 

Simoni Petero yari afise inkota;

arayisokorora, ayikubita umusuku w’umuherezankuka mukuru,

amuca ugutwi kw’iburyo.

Uwo musuku yitwa Malikusi.

Yezu yamara abwira Petero ati:

Y: «Subiza inkota mu rwubati.

Bite! Ndeke kunywa ikalisi Data yampaye!»

S: Wa mugwi w’abasirikare, uwuwurongoye n’abarinzi b’Abayuda

Bafata Yezu baramuboha.

 

Yezu kwa Hana na Kayifa

 

Babanza kumujana kwa Hana,

ari we sebukwe wa Kayifa,

yari umuherezankuka mukuru uyo mwaka.

Kayifa ni umwe yari yahanuye Abayuda ati:

«Vyobabera vyo umuntu umwe apfiriye igihugu.»

 

Simoni Petero n’uwundi mwigishwa barakurikira Yezu.

Uwo mwigishwa  umuherezankuka mukuru yari amuzi,

yinjirana rero na Yezu mu ngoro y’umuherezankuka mukuru,

Petero we asigara hanze hambavu y’irembo.

Wa mwigishwa umuherezankuka mukuru yari azi, arasohoka,

avugana n’incoreke yarinda irembo, yinjiza Petero.

Iyo ncoreke yarinda irembo ibwira Petero iti:

Ab: «Aho uri aho,

weho nturi mu bigishwa b’uwo muntu?»

S: Ayishura ati:

Ab: «Sindi muri bo.»

S: Abasuku n’abarinzi bari bacanye umuriro, kuko hari imbeho,

bari aho bota.

Petero na we yari kumwe na bo yota.

 

Umuherezankuka mukuru arabaza Yezu

Ibirora ku bigishwa biwe no ku nyigisho ziwe.

Yezu amwishura ati:

Y: « Nǐgishije abantu icese;

nǎmye nigishiriza mu masinagoga no mu gisengero,

aho Abayuda bakoraniye;

nta co navugiye mu mpisho.

Umbariza iki?

Baza abavyumvise; ico navuze bo barakizi.»

S: Ngo avuge iryo,

umwe mu barinzi bari aho, akubita urushi Yezu, ati:

Ab: «Uko ni ko wishura umuherezankuka mukuru!»

S: Yezu amwishura ati:

Y: «Ninaba mvuze nabi, erekana ikibi aho kiri;

na ho ninaba mvuze ukuri, unkubitiye iki?»

S: Hana amurungika uko yakaboshwe

ku muherezankuka mukuru Kayifa.

Simoni Petero we yari akiri aho yota umucanwa.

Bamubwira bati:

Ab: «Weho ntiwoba uri uwo mu bigishwa biwe?»

S: Arabihakana ati:

Ab: «Sindi muri bo.»

S: Umwe mu basuku b’umuherezankuka mukuru,

incuti y’uwo Petero yari yaciye ugutwi,

Amubwira ati:

Ab: «Sinakubonye muri kumwe mw’itongo?»

S: Petero yamara asubira kubihakana,

ubwo nyene inkoko irabika.

 

Yezu kwa Pilato

 

Bavana rero Yezu kwa Kayifa, bamujana mw’iburaniro.

Hari mu gitondo.

Ariko bo ntibinjra mw’iburaniro ku kwanka guhumana,

ngo bashobore kurya Pasika.

 

Pilato arasohoka rero imbere yabo, ababwira ati:

Ab: «Uwo muntu mumurega iki?»

S: Baramwishura bati:

Ab: «Iyo ataba yari inkozi y’ikibi,

ntitwari kumukuzanira.»

S: Pilato ababwira ati:

Ab: «Mujane mwebwe nyene mumucire urubanza,

mukurikize itegeko ryanyu.»

S: Abayuda baramwishura bati:

Ab: «Ntitwarekuriwe kugira uwo twica.»

S: Kwari ukugira ngo ijambo Yezu yavuze

Hamwe yari yabuye ururpfu azopfa, ritahe.

Pilato rero asubira mw’iburaniro,

atumako Yezu, amubwira ati:

Ab: «Uri umwami w’Abayuda?»

S: Yezu aramwishura ati:

Y: «Ivyo ni wewe uvyivugiye,

canke ni ivyo wumva ku bandi bamvuga?»

S: Pilato amwishura ati:

Ab: «Mbega jewe ndi Umuyuda?

Abo mu gihugu cawe n’abaherezankuka bakuru ni bo bakunzaniye.

Wakoze iki?»

S: Yezu asubiza ati:

Y: «Ubwami bwanje si ubwo kuri iyi si.

Iyo Ubwami bwanje buba ari ubwo kuri iyi si,

Abantu banje bari kundwanira,

Singwe mu minwe y’Abayuda;

Eka noneho, Ubwami bwanje si ubw’aha kw’isi.»

S: Pilato amubwira ati:

Ab: «None ga, uri umwami?»

S: Yezu aramwishura ati:

Y: «Uvuze ko, ndi Umwami,

kandi ni co navukiye kikantuma nza kw’isi:

ni ukugira ngo nshingire ingingo ukuri;

uwukunda ukuri wese yumva ijwi ryanje.»

S: Pilato aramubwira ati:

Ab: «Ukuri ni iki?»

S: Avuze ayo majambo, asubira gusohoka, agana Abayuda,

araheza arababwira ati:

Ab: «Nta co namusanzeko comwica.

Ariko ni akamenyero

Ko ndabarekurira umwe ku musi wa Pasika.

None mushaka ko ndabarekurira umwami w’Abayuda?»

S: Biha induru rero bati:

Ab: «Ntumuduhe, duhe Baraba!»

S: Uwo Baraba yari umwambuzi.

Pilato rero afata Yezu aramukubitisha.

Hanyuma abasirikare bajisha urugori rw’amahwa,

barumwambika ku mutwe,

bongera bamwambika umutamana utukura.

Baramwegera bavuga bati:

Ab: «Mwaramutse, ga mwami w’Abayuda!»

S: Bongera baramukubita amakofe.

Pilato aragaruka, abwira Abayuda ati:

Ab: «Ehe ndamubazaniye,

mumenye ko ata gicumuro ndamubonyeko co kumwica.»

S: Yezu arasohoka rero uko yakambaye

rwa rugori rw’amahwa na wa mutamana utukura;

araheza Pilato ababwira ati:

Ab: «Ng’uwo wa muntu!»

S: Ngo bamubone, abakuru n’abarinzi biha induru bati:

Ab: «Ku musaraba! Ku musaraba!»

S: Pilato ababwira ati:

Ab: «Ng’uwo nimumwibambire mwebwe nyene,

jewe nta co namusanzeko gikwiye guhanwa.»

S: Abayuda baramwishura bati:

Ab: «Turi n’itegeko,

kandi turikurikije ni uwo gupfa,

kuko yigize Umwana w’Imana.»

S: Pilato ngo yumve ayo majambo, atinya ukuruta.

Asubira mw’iburaniro, araheza abwira Yezu ati:

Ab: «Uva he?»

S: Yezu yamara ntiyamwishura namba.

Pilato rero niko kumubwira ati:

Ab: «Ntunyishura jewe!

Ntuzi ko mfise ububasha bwo kukurekura

N’ubwo kukubamba?»

S: Yezu aramwishura ati:

Y: «Nta bubasha wari umfiseko,

iyo utabuhabwa n’Uwo mw’ijuru.

Ni co gituma uwakumpaye

Yakoze igicumuro kiruta icawe.»

S: Kuva ubwo, Pilato yarondera ingene yomurekura;

Abayuda yamara baja mu vyo kuyogora bati:

Ab: «Niwamurekura, ntuzoba ukunda Sezari;

kuko uwigira umwami wese aba agararije Sezari.»

S: Pilato ngo avyumve, asohora Yezu,

amwicarika ku ntebe y’imanza,

ahitwa Litositorotosi, mu gihebereyi na ho Gabata.

Hari ku musi w’ukwitegurira Pasika,

ahashira isaha ya gatandatu.

Pilato abwira Abayuda ati :

Ab: «Ng’uwo umwami wanyu!»

S: Bo bavuza induru bati:

Ab: «N’apfe! N’apfe! Mubambe!»

S: Pilato ababwira ati:

Ab: «Mbambe umwami wanyu!»

S: Abaherezankuka bakuru basubizayo bati:

Ab: «Atari Sezari, nta wundi mwami dufise.»

S: Araheza aramubaha ngo bamubambe.

 

Yezu ku gasozi ka Kalvariyo

 

Yezu ava aho yikoreye umusaraba wiwe,

agana ahantu hitwa Kalvariyo, mu gihebereyi Gologota.

Ni ho bamubambiye hamwe n’abandi babiri,

umwe ku ruhande uwundi ku rundi,

Yezu na we hagati.

 

Pilato kandi arandikisha urwandiko,

araheza arumanika hejuru ku musaraba.

Amajambo yarwo yari aya:

«Yezu w’i Nazareti, umwami w’Abayuda.»

Abayuda benshi barasoma urwo rwandiko,

kuko aho Yezu yari yabambiwe hari hafi y’igisagara

kandi rwari rwanditswe mu gihebereyi, mu kilatini no mu kigereki.

Abaherezankuka bakuru n’Abayuda babwira rero Pilato bati:

Ab: «Ntiwandike ngo: Umwami w’Abayuda, andika uti:

Uwo muntu yavuze ati: Ndi umwami w’Abayuda.»

S: Pilato arabishura ati:

Ab: «Ico nanditse canditswe.»

S: Abasirikare bamaze kumubamba,

bafata ivyambarwa vyiwe, babicamwo imyanya ine,

umwe w’umwe umwe muri bo.

Bafata ikanzu yiwe, ariko iyo kanzu ntiyagira umubariro;

yari yajishwe urunani kuva hejuru gushika hepfo.

Bavuga rero bati:

Ab: «Ntituyitabure, nimuze dutere ubupfindo bw’uwuyironka.»

S: Kwari ukugira ngo Inyandiko itahe ngo:

«Baragabanganye ivyambarwa vyanje,

na yo ikanzu yanje bayiterako ubupfindo.»

Ng’ivyo ivyo abasirikare bagize.

 

Iruhande y’umusaraba wa Yezu hari hahagaze nyina wiwe,

na nyinabo, Mariya muka Klopasi,

na Mariya Madalena.

Yezu ngo abone nyina wiwe

iruhande yiwe na ho hari wa mwigishwa yakunda,

abarira nyina wiwe rero ati:

Y: «Wa mukenyezi we, ng’uwo umwana wawe.»

S: Abwira wa mwigishwa na we ati:

Y: «Ng’uwo nyoko wawe.»

S: Kuva ubwo, nya mwigishwa aca ajana Mariya iwe.

Ivyo biheze,

kuko yari azi ko vyose vyamaze kurangira,

Kugira ngo Inyandiko iranguke rwose,

Yezu avuga ati:

Y: «Ndanyotewe.»

S: Aho hari agakono kuzuye isiki.

Bashinga rero kw’icumu akamamara bakojeje mw’isiki,

baramuhereza ngo anunuze.

Yezu amaze kunywa nya siki, ati:

Y: «Vyose birarangiye.»

S: Araheza ajondamika umutwe, aracikana.

 

Aha barapfukama, bakavuga agasabisho gatoyi banumye

 

Kubera ko wari umusi w’ukwitegurira Pasika,

- nkako isabato wari umusi mukuru uhambaye, -

Abayuda rero basaba Pilato

ngo bavune amaguru y’abari babambwe, baheze babakureho

boye kurekera imivyimba ku musaraba ku musi w’isabato.

Abasirikare rero baraza bavuna amaguru

y’uwa mbere n’ay’uwa kabiri

muri bamwe babambwe hamwe na Yezu.

Bashikiriye Yezu, basanga yamaze gucikana,

ntibamuvuna amaguru,

ariko umwe wo muri nya basirikare amusogota icumu mu rubavu,

haca hisuka amaraso n’amazi.

Uwabibonye ni we yabishingiye intahe,

kandi intahe yiwe ni iy’ukuri,

kandi urya azi ko avuga ukuri ngo namwe mwemere.

Ivyo rero vyagenze gutyo ngo inyandiko itahe:

«Nta gufa ryiwe bazovuna» ;

ahandi na ho ngo:

«Bazokwihweza uwo basogose.»

 

Itongo bahamvyemwo Yezu

 

Ivyo biheze, Yozefu w’i Arimateya, umwigishwa wa Yezu,

ariko mu mpisho kuko yatinya Abayuda,

asaba Pilato kubambura ikiziga ca Yezu.

Nikodemu na we araza,

umwe mu ntango yari yagiye gukebukana na Yezu mw’ijoro;

azana ikivange c’imira na alowe c’ingero nk’ijana.

Bafata ikiziga ca Yezu,

bakizingira mu mpuzu hamwe n’ibimoga neza,

nk’uko Abayuda babigenza mu guhamba.

Aho bari bahamvye Yezu hari umurima;

muri uwo murima, hakaba uruhafu rushasha,

ata muntu n’umwe yari bwahambwemwo.

Kandi wari umusi w’ukwitegura kw’Abayuda,

uruhafu na rwo rwari hafi,

haba ariho bahamba Yezu.

Rondera
Urutonde rw'Imisa
I. VICARIAT DE SAINT MICHEL
1. PAROISSE CATHÉDRALE REGINA MUNDI
A. Messes
Samedi : 17h00 (en Français)
Dimanche : 6h00 (en Kirundi),  7h00 (en Kirundi),  8h15 (en Français),  10h00 (en Kirundi),  12h00 (parfois, possibilité d'une messe circonstancielle, en Kirundi), 17h00 (en Français)
B. Adoration
Mardi : toute la journée, à la Chapelle
Jeudi : toute la journée, à la Chapelle
Samedi : 6h45 à 8h00
2. PAROISSE SAINT MICHEL
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 06h15, 08h00, 10h00, 12h00 Kiswahili, 17h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
3. PAROISSE BUYENZI
A. Messes
6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h30 (en Kirundi), 16h30 (en Kirundi)
B. Adoration
Mercredi : 17h30
4. PAROISSE KANYOSHA
A. Messes
6h00, 7h45, 9h30 (Français), 11h15 et 16h00
B. Adoration
Jeudi : 18h00
Dimanche : 13h00 à 16h00
Premier vendredi du mois : toute la journée
5. PAROISSE KININDO
A. Messes
6h00, 7h30, 8h45, 10h30, 17h30
B. Adoration
Jeudi, toute la journée
6. PAROISSE MUSAGA
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 6h10, 08h00, 10h30, 16h30
B. Adoration
Mardi : 12h00 à 16h00
Jeudi : 15h00 à 16h00
Vendredi : 12h00 à 14h00
7. PAROISSE NYAKABIGA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 17h00 (en Kirundi)
B. Adoration
Du lundi à vendredi : 7h00 à 16h45
8. PAROISSE RUZIBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 16h30
B. Adoration
Jeudi 15h et le 1er vendredi du mois
9. PAROISSE MUTANGA SUD
A. Messes
6h15, 08h15, 10h30, 17h00
Campus Mutanga : messe à 11h (en kirundi et en français alternativement)
B. Adoration
Mardi : toute la journée après la messe de 6h00
II. VICARIAT DE GIHOSHA
1. PAROISSE GIHOSHA
Messes de la semaine
Lundi - Samedi : 06h30
Dimanche : 6h00, 10h30, 16h00 ( en Kirundi) 08h15 en Français
Lundi à 18h00, messe en Français, suivie de l'adoration, jusqu'à 19h00.
Vendredi : Adoration à 17h30, suivie de l'Eucharistie en Français, à 18h30
2. PAROISSE BUTERERE
A. Messes
6h00, 8h00, 10h00, 16h30
B. Adoration
Jeudi : 15h00 à 17h15
Samedi : 5h30 à 6h20
3. PAROISSE GATUMBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : 7h00 à 8h00
Deuxième lundi du mois : 17h30 à 19h00
4. PAROISSE KAMENGE
Messes
6h, 7h30, 9h00 (swahili),10h30,16h30
Gatunguru : 9h30
Nyabagere : 9h30
Muberure : 8h00, 10h00
Nyambuye : 8h00, 10h00
Gishingano : 8h00, 10h00
Buhayira : 9h30
Mbirira : 8h00
Adoration à la Paroisse
Jeudi 16h30 un jour par mois
5. PAROISSE KINAMA
A. Messes
06h00 (en Kirundi), 08h00(en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 16h00 (en Kirundi)
Gahahe-Carama (en Kirundi) : 07h00 et 09h30
Gasenyi (en Kirundi) : 09h00
B. Adoration
Lundi à samedi de 7h00 à 19h00
6. PAROISSE NGAGARA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00, 08h00, 10h00, 17h00
B. Adoration
Jeudi : 17h00 à 17h30
AUMONERIES ET CHAPELLES
1. PAROISSE CHRIST-ROI (AUMONERIE MILITAIRE)
A. Messes
8h15, 10h30
B. Adoration
-
2. AUMONERIE DE LA POLICE
A. Messes
API : 7h30 et 10h30
Socarti : 7h30, 10h30
Ex ENAPO : 8H30
1er GMIR (Buyenzi) : 10h30
2ème GMIR (Kanyosha) : 10h30
Socarti : Adoration, 1er mercredi du mois
3. CENTRE JEUNES KAMENGE
Messe
10h30 en français
4. SANCTUAIRE MONT SION GIKUNGU
Messes
6h00, 8h00,10h00 et 16h00
Adoration
Lundi à vendredi à partir de 7h00 jusqu'à 21h30
Dimanche de 13h00 à 18h00
4. PETIT SEMINAIRE KANYOSHA
Messe
Messe des séminaristes : 6h45
1ère Messe des fidèles : 8h30
2ème Messe des fidèles : 10h15
Adoration
Adoration du Saint Sacrement par les séminaristes et autres fidèles qui veulent : Dimanche à 18h15 à 19h00
III. VICARIAT DE BUHONGA
1. PAROISSE BUHONGA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 à 8h30
Jeudi de la troisième semaine du mois : toute la journée
2. PAROISSE JENDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche, 7h45, 10h00, 16h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée après la messe de 7h15
3. PAROISSE KARINZI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Du lundi au samedi : 6h00 à 6h30
4. PAROISSE MAGARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Dimanche : 7h00 à 7h30
5. PAROISSE MATARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 15h00
6. PAROISSE MAYUYU
A. Messes
8h00, 11h00
B. Adoration
Vendredi : 8h00 à 17h00
7. PAROISSE MUBIMBI
A. Messe
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00 à 10h00
8. PAROISSE MUTUMBA
Messes
7h30 et 10h00
Adoration
Jeudi à 14h00 sauf le 1er vendredi du mois (7h30)
9. PAROISSE RUGAZI
A. Messes
7h30, 10h30
Jeudi : 15h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
10. PAROISSE RUSHUBI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
11. PAROISSE RUTONGO
A. Messes
7h30; 10h00
B. Adoration
-
IV. VICARIAT DE MURAMVYA
1. PAROISSE BUKEYE
A. Messes
Samedi : 16h00
Dimanche : 6h00 , 7h40, 9h30, 11h30
B. Adoration
Jeudi : 7h10 à 19h00
2. PAROISSE BUKWAVU
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 14h00 à 15h00
3. PAROISSE BUZIRACANDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
Mercredi : 17h30 (Messe en Français)
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5.PAROISSE GASURA
4. PAROISSE KIGANDA
A. Messes
Samedi : 11h00
 Lycee: 16h00
Dimanche : 7h00, 9h00, 11h00
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5. PAROISSE KIVOGA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 12h30
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
6. PAROISSE MUNANIRA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h15, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 à 18h00
Premier vendredi du mois : 7h30 à 12h00
7. PAROISSE MURAMVYA
A. Messes
7h00, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
8. PAROISSE RYARUSERA
A. Messes
8h00, 10h15
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
Mwoba mufise ico mubaza?
Tanga
Twite za CEDICOM
Twite za Papa
Facebook ya CEDICOM
Abari kumurongo : 257
Centre Diocésain de Communication CEDICOM
Uburyo bwokutwakura
Bld Patrice Lumumba, 21, Bujumbura, Burundi
+257 22 22 05 00
+257 65 19 52 50
B.P. 690 BUJUMBURA BURUNDI
cedicom.buja@gmail.com
Kwiyandikisha kukurontswa inkuru
Baza ikibazo
©2024. CEDICOM Archidiocèse de Bujumbura Designed by : DS COMPANY
Tanga * Karitas (abatishoboye)* Ugufasha abaseminari n'abamenyeshamana* Ukwubaka amasengero kumashure* Ugushigikira abasaserdotiUburyo bwo gufashaKoresha konte za DiyosezeMu marundi : Interbank Burundi : 701-02790-0152(Diocèse de Bujumbura)Mu ma dolari : BRB : 3302/493 (Archidiocèse BUJA/USD) Swift Code : BRBUBIBIMu ma Euro : BRB : 3320/368 (Archidiocèse de Buja/EURO) Swift Code : BRBUBIBI