
Muri rwa rukurikirane rw’ibikorwa vy’ugutororokanya ivyiyumviro bizoshikirizwa mu nama nsangizangendo igira iya 16 y’Abepiskopi Katolika yimirije, Patiri mukuru wa Paruwase Bukeye, Patiri Clovis Nduwimana, kuri uyu wa Gatatu igenekerezo rya 26 Nzero 2022, yaratunganije inama mu nyubakwa y’amanama ya Paruwase, inama yagiranye n’abaserukira abandi mu madini y’aho paruwase igarukiriza imbibe.
Iyo nama yari iy’ukwihwereza hamwe ikigabane c’ivyo inama nsangizangeno y’uyu mwaka itegekaniriza abari mu yandi madini. Yamaze amasaha hafi atanu, ikaba yitabwe n’aba Islamu bari mu barongoye ishirahamwe COMIBU mu Bukeye, abaserukira amashengero ry’aba Emmanueli, FECABU, Umwungere Mwiza (Bon Berger), Iriba Ryiza, be n’abaserukiye ayandi mashengero atandukanye yo mu Bukeye.
Patiri Clovis Nduwimana, amaze gusigura intumbero y’iyo nama, mu vyo bayaze harabayemwo uguca hirya no hino ukuntu imigenderanire hagati y’abadasangiye amadini yifashe, na cane cane ibibahuza.
Ku bw’agahimbare k’ukwo gusangira ikiyago, mbere no mu gushikiriza Umukama ibisabisho vyabo barakurakuranwa. Uwo musaserdoti aserukira Ekleziya Katolika mu Bukeye ni we yashikirije igisabisho c’ugutura Imana ico kiganiro bagira bagiriranire, hanyuma umwe mu baprotestanti na we nyene arasenga ashimira Imana, mu gusozera na ho hasenga umu Islamu n’umuprotestanti wo mw’ishengero Umwungere Mwiza (Bon Berger).
Na vyo ibikorwa nyezina vy’iyo nama nsangizangendo ku badasangiye amadini uko vyagenze, Patiri Clovis Nduwimana ni we yafashe igikorwa c’ubunyamabanga, akaja arabasomera ibibazo bitegekanijwe mu gatabu kisungwa mu gutororokanya ivyo vyiyumviro bizoshikirizwa muri iyo nama nsangizangendo y’Abepiskopi Katolika yimirije, abatumire na bo bakishura, na we akandika inyishu.
Abo baserukiye abandi mu madini n’amashengero yo mu Bukeye barerekanye ko bahimbawe cane n’ukuntu iyo nama yagenze, bongera barakenguruka agaciro n’ubutumire bahawe, ivyo bobo ngo babonye ko ari imboneka rimwe. Icabahimbaye cane ngo ni ukubona harabayeho abiyumvira ico kintu c’ugusangizanya ingendo ku bemera Imana ngo bigire hamwe ukuntu bosangira urugendo bubakana kandi buzuzanya, bagana ku Muremyi wabo, ata n’umwe akumiriwe.
Na co icabakoze ku mutima gusumba ngo ni uko ata rindi shengero na rimwe ryo mu Bukeye ryari bwigere ryiyumvira gutunganya igikorwa nk’ico c’ukuyagira hamwe ijambo nk’iryo. Bagize bati: «Iki ni co twari twiteze, kandi dukeneye rwose, c’uko twese twoshobora gusangira urugendo tugana urukiza rw’Imana, tuja turatahurana, twengengana!»
Eka n’ivyo bayaze ngo vyarabubatse cane, ku buryo mbere n’inyandiko zimwe zimwe mu zo bariko barakoresha muri iyo nama bahavuye basaba ko bokwemererwa kuzitahana, kuko ngo babona ko zogira ico zobafasha mu gihe na bo bokwiyumvira gutunganya ikiyago nsangizangendo nk’ico no mu mashengero iwabo.
Basozereye basaba ko ibihe nk'ivyo, Paruwase Bukeye, yo yabaye irafata iya mbere, yoja irabitunganya idacishijemwo iminsi myinshi. Ikindi basavye ni uguhananana ibitabu vyeranda vy’ijambo ry’Imana, ari vyo Bibiliya Nyeranda be n’Ikoroani, biri mu rurimi rw’ikirundi, kugira ngo baje barazisoma, ubona ko ngo mu banyamadini harimwo abaja baravuga ukutari kwo ivy’ayandi madini, ku kutamenya ko hariho ibitari bike bahurizako, ariko ngo bagiye barayaga, bakaba ngo boronka umuco ku vyo badahurizako, gutyo ngo bagashobora gufata intumbero imeze neza mu vy’ugusangira urugendo rugana kwa Mana Data.
Tubibutse ko inama nsangizangendo yama iba uko imyaka itatu iheze, aho abaserukira abepiskopi muri Ekleziya bahura mu nama y’Abepiskopi ku rwego rwo kw’isi yose ngo bayage kuri kimwe mu bibazo bikuru bikuru biba vyibonekeza muri Ekleziya ikwiye kw’isi yose.
N’ubu nyene inama nk’iyo iriko irategurwa irya n'ino mu madiyoseze, ariko iy’ubu ico yisangije kikaba ari uko yugururiye bose, ngo hamwe n’Abungere babo basangire urugendo, basangizanye ingene bogenda bagana Kristu, bongere bajane hagati yabo (synode sur la synodalité). Iciyumviro ngenderwako c'ubu kikaba kigira kiti: «Kugira ngo habe Ekleziya irangwa n’ukuja Inama nsangizangendo: isangiramutima, ukugira uruhara mu muryango n’ubutumwa».
Michel Nibitanga, CEDICOM
Aleluya, aleluya.
Umukama yavuze ati: «Ewe Toma, wemeye kuko umbonye.
Hahiriwe abazokwemera ata co barinze kubona.»
Aleluya.
Â
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (20, 19-31)
Imisi umunani iheze, Yezu araza
Ku mugoroba w’uyo musi ari wo mubarwa wa mbere w’indwi, mu nzu yarimwo abigishwa, bari bakinze inzugi ku gutinya Abayuda. Niho rero Yezu yaza, ahagarara hagati muri bo, ababwira ati: «Nimugire amahoro!» Avuze atyo, abereka ibiganza vyiwe n’urubavu rwiwe. Abatumwa ngo babone Umukama, barahimbarwa.
Yongera ababwira ati: «Nimugire amahoro! Kumwe Data yantuma, nanje ni ko
ndabatumye.» Ababwiye ivyo, arabahuha ati : « Nimuronke Mutima Mweranda. Abo
muzorekurira ibicumuro, bazoba babirekuriwe, abo muzobigumizako na bo,
bizobagumako.»
Aho Yezu yaza, Toma, umwe wo muri bamwe Cumi na babiri, ari we bita Didimo,
ntiyari muri bo. Abandi bigishwa bamubwiye bati: «Twabonye Umukama», abishura
ati: «Ntiboneye mu biganza vyiwe intoboro za ya misumari, ngo nshire urutoke mu
ntoboro zayo, n’urushi mu rubavu rwiwe, sinzokwemera.»
Imisi umunani iheze, abigishwa basubira guteranira muri ya nzu, na Toma bari
kumwe. Yezu araza, inzugi zugaye, ahagarara hagati muri bo ati: «Nimugire
amahoro!» Hanyuma abwira Toma ati: «Shira urutoke ngaha: ng’ibi ibiganza vyanje;
zana urushi rwawe kandi urushire mu rubavu rwanje: ureke rero kuba ikigaba, ariko
wemere.»
Toma amwishura ati: «Mukama wanje, Mana yanje!» Yezu na We amwishura ati:
«Ewe Toma, wemeye kuko umbonye: hahiriwe abazokwemera ata co barinze kubona.»
Hari n’ibindi bimenyetso vyinshi bitanditswe muri iki gitabu Yezu yagiriye imbere y’abigishwa biwe. Ivyo rero vyanditswe ngo mwemere ko Yezu ari Kristu Umwana w’Imana, kugira kandi ngo muvyemeye, muronke ubuzima kw’izina ryiwe.