
Ku
wa Gatandatu igenekerezo rya 21 Rusama 2022 ni ho hasozerwa indwi yahariwe
inyigisho n’ugusenga ku bw’umwigeme Paulina Maria Jaricot bwaca aterwa iteka na
Ekleziya ry’ukumushira mu mugwi w’abahimbazwa. Ibikorwa vyo muri iyo ndwi
bikaba vyabereye ku musozi Siyoni wo mu Gikungu.
Umwigeme
Paulina Maria Jaricot, ari na we yatanguje igikorwa ca Papa co gukwiza hose Inkuru
Nziza, ku w’Imana igenekerezo rya 23 Rusama 2022 ni ho yashizwe mu murwi w’abahimbazwa,
mu birori vyabereye mu gihugu c’ubufaransa, mu gisagara ca Lyon.

Ni
muri iyo ntumbero y’ukwifatanya n’abakristu b’i Lyon Ekleziya y’i Burundi yatunganije
iyo ndwi yahariwe inyigisho n’ugusenga ku bw’uwo mwigeme yagira aterwe iteka ry’ugushirwa
mu mugwi w’abahimbazwa.
Iyo
ndwi yari yatanguye ku musi wa mbere igenekerezo rya 16 Rusama 2022, kuva ku gihe
c’isaha icumi na zibiri n’igice (18h30), ku nyigisho zama zitanguzwa n’igisabisho
c’ukuninahaza Imana be n’ic’ishapule y’abamisiyonari.
Umusi
wose wari ufise icivugo cawo, ariko vyose bikaba vyavuga kuri Paulina Mariya
Jaricot kandi kuva ku musi wa mbere gushika ku munsi wa gatandatu inyigisho
yaza yuzuza iy’ubwa mbere.

Inyigisho
zatanzwe muri iyo ndwi zose hamwe zari zishimikiye ku buzima bwa Mariya Paulina
Jaricot kuva akivuka gushika yiyumvemwo umuhamagaro wo kumenyesha Inkuru Nziza,
ku muhamagaro w’uwo mwigeme, be no ku gikorwa ca Papa co gukwiza hose ukwemera.
Izo
nyigisho kandi zarashimikiye no ku buzima nderamutima bw’umwigeme Paulina
Mariya Jaricot, ku vyamwa vy’umuhamagaro wiwe, kuri Paulina Mariya Jaricot nk’umwigema
w’Ekleziya, be no ku nyota y’ugukwiza hose urukundo rw’Imana nk’igikorwa ngobwa ca Paulina Mariya Jaricot.

Umwe
mu bakristu bakurikiranye izo nyigisho yaratwiganiye ico yungutse muri iyo
ndwi. Yavuze ko kimwe mu vyamukoze ku mutima ari ukuntu uwo mwigeme Paulina
Mariya Jaricot.
Ku
bw’uwo mukristu, ngo n’ubwo umwigeme Paulina Mariya Jaricot yavuka mu muryango ukize,
atabiravye, ko ahubwo yemeye guca bugufi, agakena, akemera guheba vyose ngo yihebere
Yezu mu vyiza yakoze vyo gukunda abandi, kumwe n’umutima w’ikigongwe yari afise.
Uwo mukristu akaba adakekeranya ko ivyo ari vyo vyatumye uwo mwigeme aja mu mugwi w’abahimbazwa.
Bonté
Divine Mugisha, OPM-Bujumbura
Aleluya, aleluya.
Umukama yavuze ati: «Ewe Toma, wemeye kuko umbonye.
Hahiriwe abazokwemera ata co barinze kubona.»
Aleluya.
Â
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (20, 19-31)
Imisi umunani iheze, Yezu araza
Ku mugoroba w’uyo musi ari wo mubarwa wa mbere w’indwi, mu nzu yarimwo abigishwa, bari bakinze inzugi ku gutinya Abayuda. Niho rero Yezu yaza, ahagarara hagati muri bo, ababwira ati: «Nimugire amahoro!» Avuze atyo, abereka ibiganza vyiwe n’urubavu rwiwe. Abatumwa ngo babone Umukama, barahimbarwa.
Yongera ababwira ati: «Nimugire amahoro! Kumwe Data yantuma, nanje ni ko
ndabatumye.» Ababwiye ivyo, arabahuha ati : « Nimuronke Mutima Mweranda. Abo
muzorekurira ibicumuro, bazoba babirekuriwe, abo muzobigumizako na bo,
bizobagumako.»
Aho Yezu yaza, Toma, umwe wo muri bamwe Cumi na babiri, ari we bita Didimo,
ntiyari muri bo. Abandi bigishwa bamubwiye bati: «Twabonye Umukama», abishura
ati: «Ntiboneye mu biganza vyiwe intoboro za ya misumari, ngo nshire urutoke mu
ntoboro zayo, n’urushi mu rubavu rwiwe, sinzokwemera.»
Imisi umunani iheze, abigishwa basubira guteranira muri ya nzu, na Toma bari
kumwe. Yezu araza, inzugi zugaye, ahagarara hagati muri bo ati: «Nimugire
amahoro!» Hanyuma abwira Toma ati: «Shira urutoke ngaha: ng’ibi ibiganza vyanje;
zana urushi rwawe kandi urushire mu rubavu rwanje: ureke rero kuba ikigaba, ariko
wemere.»
Toma amwishura ati: «Mukama wanje, Mana yanje!» Yezu na We amwishura ati:
«Ewe Toma, wemeye kuko umbonye: hahiriwe abazokwemera ata co barinze kubona.»
Hari n’ibindi bimenyetso vyinshi bitanditswe muri iki gitabu Yezu yagiriye imbere y’abigishwa biwe. Ivyo rero vyanditswe ngo mwemere ko Yezu ari Kristu Umwana w’Imana, kugira kandi ngo muvyemeye, muronke ubuzima kw’izina ryiwe.