Kuruyu w’imana igenekerezo rya 26 Ruheshi 2022, muri Paruwase
Buyenzi abahurikiye mu murwi wo kuririmbira Imana witiriwe umweranda Anwarita barahuriye
hamwe mu gusangira akanyamuneza.
Ibirori vyatanguriye
ku nkuka y’imisa yaherejwe igihe c’isaha zibiri (8hoo) zo mu gatondo,inyuma y’inkuka
y’imisa baciye bahurira munyubakwa yagenewe imanza ya paruwase bongera barasangira
inzimano bari bateguye,ibirori vyatewe iteka na patiri mukuru wa paruwase,
patiri Rimo Ferederiko hamwe n’umushingantahe Emmanuel arongoye umubano witiriwe umweranda Anwarita ari
naho uwo murwi wo kuririmbira Imana witiriwe umweranda Anwarita watanguriye.
Mw’ijambo ryashikirijwe n’umusuku w’uyo murwi wo kuririmbira
Imana umushingantahe Kapere Kapwe yarakengurukiye patiri mukuru wa paruwase
hamwe n’indongozi z’umubano witiriwe uwo mweranda Anwarita. Yamenyesheje ko uyo
murwi wo kuririmbira Imana ukiri mu ntango ko bashimye gukoranira hamwe kugira bazokwigire hamwe amategeko yogenga uwo
murwi yabandanyije asaba ko bobafata mu mugongo mu kubaterera ibikoresho bimwe bimwe
batararonka vyobafasha kuririmba neza mw’isengero mu nkuka y’imisa.
Patiri mukuru wiyo paruwase Rimo Ferederiko yarakengurukiye uwo murwi kukungene baririmba neza kandi bakaririmba mu nkuka z’imisa zitandukanye no mu ndimi zitandukanye,bakaririmba mu ikirundi iyo inkuka ya misa yaherejwe mu kirundi,no mu giswahiri iyo inkuka ya misa yaherejwe mu giswahiri.yarashimiye kandi umusuku w’umubano witiriwe mweranda Anwarita ku kungene bitanga mu butumwa bwa karitasi ahuwo mubano ufasha abataribake,yaremereye kandi umurwi wo kuririmbira Imana witiriwe Anwarita kwazobaronsa ibikoresho bimwe bimwe bizobafasha murubwo butumwa bwo kuririmbir’Imana.
Mw’ijambo ry’umusuku w’umubano witiriwe umweranda
Anwarita,umushingantahe Emannuel yarashimiye uwo murwi wo kuririmbira Imana kukungene
baririmba mu ndimi zibiri,kandi kw’igikorwa
ca karitasi ko bagifashe muminwe,acagirako yemerera uwo murwi ibikoresho ukeneye
ko bazobibaha acagenda anabatekereye impanuro yuko bokwicisha bugufi bakama
bumviriza abarongozi babo.
Alexis Niyonkuru,Paruwase Buyenzi
Aleluya. Kristu yarazutse; umuco wiwe waratuboneshereje, twebwe yacunguje atnaraso yiwe. Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (6, 52-59)
Muri irya misi,
Abayuda baja mu gaharira, bavuga bati: «Uwo ashobora ate kuduha umubiri
wiwe ngo tuwufungure?» Yezu arababwira rero ati: «Ni ukuri ni ukuri
ndabibabwiye: mudafunguye umubiri w’Umwana w’umuntu, ntimunywe n’amaraso yiwe,
nta buzima muzogira. Uwufungura umubiri wanje akanywa n’amaraso yanje, arafise
ubuzima budahera. Nanje rero nzomuzura ku musi w’imperuka. Na none umubiri
wanje ni imfungurwa y’ukuri, amaraso yanje na yo ni inyobwa y’ukuri. Uwufungura
umubiri wanje akanywa n’amaraso yanje, aba muri jewe, nanje nkaba muri we.
Nk’uko Data Nyenubuzima yantumye ari we ambeshaho, ni ko n’uwumfunguye ndamuha
ubuzima. Uyo rero ni wo mukate wamanutse uva mw’ijuru. Ntumeze nk’umwe basokuru
banyu bafunguye, hanyuma bagapfa. Uwuzofungura uyo mukate azoramba mu myaka
yose.»
Ivyo Yezu yabivuze yigishiriza mw’isinagoga i Kafaranawumi. Â