Paruwase yitiriwe abamaratiri b'i Buganda yo mu Gasura, inyuma ya
Paruwase za Kivoga na Muramvya mu gikorwa c’ukwubaka ikibano ciza biciye mu
kwibuka no gusabira abahitanywe n’indyane n’intambara Uburundi bwaciyemwo kuva
bwikukiye, abakristu bo muri iyo Paruwase, ku w’Imana igenekerezo rya 26
Ruheshi 2022, na bo nyene barafashe akanya ko kwibuka no gusabira mu Nkuka
y’imisa ababo bagandaguwe bo ku mitumba itandukanye yo mu gace iyo Paruwase
ishikanako imbibe.
Uwo musi wahimbajwe ku
busabe bw’abakristu bo muri iyo Paruwase yo mu gasura, babicishije kuri Patiri
mukuru wabo, inkuka y’imisa be n’iyindi migirwa yayiherekeje bikaba vyari
bihagarariwe na Musenyeri Anatole Ruberinyange, afadikanije n’abasaserdoti
barangurira ubutumwa mu gisata ca Diyoseze kijejwe ubutungane n’amahoro, CDJP-Bujumbura.
Mu batumire harimwo kandi
n’Umunyamabanga w’ico gisata mu nama y’Abepiskopi Katolika b’i Burundi, Patiri
Charles Karorero, kumwe n’umushingantahe Philippe Nzobonariba, imvukira y’iyo
Paruwase akaba n’umwe mu bacikacumu bo mu Gasura, be na Aimé-Pascal Nduwimana,
umuprotestanti na we nyene w’imvukira y’iyo zone, ayoboye ishirahamwe ryiwa MAC
ry’ukubabarana, «Ministère Africaine de la Compassion» mu gifaransa.
Indirimbo zuzuye impanuro
nyinshi, ivyese n’utundi dukino birimwo amajambo y’ubutumwa bw’ukurekuriranira
n’ugusubiza hamwe ni zo zaranga ihimbazwa ry’uwo musi, zishikirijwe n’imboneza
z’amahoro zigizwe n’abakristu bo muri iyo Paruwase na zone ya Gasura, inyuma
y’inkuka y’ugusabira ababo. Baririmba bati: «Nimube abanyakigongwe, nk’uko So
wanyu wo mw’ijuru ari Umunyakigongwe!»
Umunyamabanga w’igisata CDJP-Bujumbura,
Patiri Anicet Shumbusho, mw’ijambo yashikirije, ni we yamenyesheje ko uwo musi
watunganijwe ku busabe bw’abanya-Gasura ubwabo. Yavuze ko Patiri mukuru wa
Paruwase Gasura, kuva hahimbajwe umusi nk’uwo muri Paruwase ya Kivoga, mu nyuma
na ho ugahimbazwa muri Paruwase ya Muramvya, yagumanye inyota, kandi iyo nyota
yarayivuze, ko iyo Paruwase yagumye ifise inyota yo guhimbaza na yo umusi nk’uwo,
kugira ngo abanya Gasura baronke na bo akaryo ko gusabira ababo.
Patiri Anicet Shumbusho yagiriyeko
amenyesha n’icivugo abakristu bo nyene bishingiye. Yagize ati: «Iki civugo ngo
"Twibuke, dusabire abahitanywe n’intambara, turengere ivyatubabaje,
turekurire abatugiriye nabi, kugira ngo twubake ikibano ciza", ni icivugo
catorewe hano.» Araheza amenyesha ko mu gisata c’Ubutungane n’Amahoro bobo baje
baherekeza paruwase, ariko iba ari yo ivyitunganyiriza.
Ubwo busabe bwaremejwe kandi
na Patiri mukuru wa Paruwase Gasura, Patiri Pierre Claver Ntahondereye, mbere
akaba yaranagiriyeko amenyesha n’ico ico ciyumviro cavuyeko. Yavuze ko icatumye
biyumvira uwo musi ari uko ngaho muri zone gasura haciye indyane nyinshi guhera
Uburundi bucikukira, mbere n’ubu ngo amatati akaba akiriho. Ngo harapfuye
abantu besnhi cane. Yamenyesheje ko abasabiwe ari abahisi bashika ku 1025. Ngo
ni abo amazina yabo yashoboye kumenyekana, kuko ngo hari n’iyindi miryango
itashimye kumenyesha abayo, kubera ko yoyo itarakira igikomere.
Ku mitumba itandatu na yo
igize iyo zone Gasura, uwo musaserdoti, afatiye hamwe iyasinzikajwe n’urwimo
rwo mu myaka ya za 1972 be n’iyahungabanijwe n’intambara n’ubwicanyi bw’ihorihori
bwabaye mu myaka ya za 1993, yamenyesheje ko imitumba yasinzikaye cane ari itatu,
benshi mu bishwe bakaba ngo bazize ihorihori rivuye ku bari barabuze ababo mu
mwaka w’1972 bataye ishavu ku bo mu bwoko bagiriza ko ari bwo bwabiciye. Kuri
iyo mitumba, abatapfuye ngo barataye baromoka, barahunga. Mu guhamagarira
ababuze kugira umutima wuzuye ikigongwe nk’uwa Yezu, akaba yagiriyeko ahoza
ababuze.
Mu gihe na ho urwo rubanza
ruhuriranye n’uko muri iyo Paruwase basanzwe bafise umugambi w’ukwubaka ingoro
nshasha yagutse y’Imana, kuko iyo Paruwase ikiri nshasha, uwo musaserdoti
yavuze ko bagiye n’inama nshingwabutumwa bagasanga batokwihutira kwubaka
isengero igizwe n’impome batabanje kwubaka iy’imitima. Kukaba nka ko ngo ananya-gasura
batari bake barasanzaye: uri abahunze, uri n’abari mu Gasura ariko bakomeretse,
bakomerekejwe na bagenzi babo kandi bari abakristu, hatibagiwe n’abagiriye nabi
abandi, ubu na bo bagumanye igikomere, kuko bakeneye kubohoka.
Haranashinzwe n’intahe za
bamwe mu bacikacumu, nka Philippe Nzobonariba. Yabanje kuvuga ukuntu yahatswe
kwicwa kane kose, Imana ikamurokora. Intahe yiwe ariko yari ishingiye ahanini ku
gihe yarokorwa n’uwo batari basangiye ubwoko. Aribuka mu mwaka w’1974 (aho
icuka kibi ngo cari camaze kuza), ngo yari ahejeje umwaka w’12 w’amashure
yisumbuye, maze umusi umwe ngo aja abona abantu bamusumiriye, bakamunyuruza,
bakamujana i Mbuye kumupfungirayo.
Umutama yitwa Bigumaguma, umucamanza, yahora aza akamara ngaho indwi yose aje gushikiriza imaza, ngo ni we yabonye apfunzwe, maze akamurekuza, kuko ngo atumva icamuzanye aho, ubona ko ngo yari azinanye cane n’abavyeyi biwe. Mbere ngo yaranamutekereye n’agafaranga yahavuye yifashisha mu kubandanya kwiga. Ubu Philippe Nzobonariba ngo afitaniye imigenderanire myiza n’abasigwa b’uwo mutama.
Mu ntahe yiwe aheraheza agira
ati: «Murumva rero ko nk’uwo ari inkingi y’ubuntu. Ivyo iri mu vyantumvye bingora kuvuga
ngo "buriya bwoko ni bubi".» Ku bwiwe ngo umuntu aba mubi ku gatwe
kiwe, kuko nk’uwaramutse akora ikibi adatinya kujaniranya na mwenewabo, mu gihe
akimubujije.
Ku boba bibaza ko igikorwa nk’ico c’ukwibuka n’ugusabira abahitanywe n’izo ndyane ari ukuzura akaboze, Musenyeri Anatole Ruberinyange yarasiguye ahubwo igituma ari ica nkenerwa. Yagize ati: «Dushaka kwubaka ikibano ciza, umuvukano; twibuke ivyabaye, turekurire abatugiriye nabi, abafise ibikomere bitandukanye tubakande bakire, hanyuma dushire imbere ikibano ciza!»
Mbere Musenyeri Anatole Ruberinyange yaranasavye ko bene ico gikorwa ngo cari
gikwiye ahubwo gushigikirwa na bose, ata n’umwe avuyemwo, abantu bakibuka
barondera kwiyubaka no gusangira inzira y’iterambere ahandi ho ngo utwo twigoro
twohava tuba imfagusa.
Iyo nsiguro yaranashigikiwe n’uwuyoboye
ishirahamwe MAC ry’ukubabarana, umushingantahe Aimé-Pascal Nduwimana,
umukristu w'umuprotestanti. Nk’imvukira yo mu Gasura, yarakengurutse ico gikorwa caranguwe
na Ekleziya Katolika muri zone avukamwo, yongera aratekerera abari aho impanuro.
Yaremeje ko ibikorwa nk’ivyo vy’ukwibuka amabi yabaye muri kahise bifise ico vyofasha
urunganwe rw’ubu n’uruzoza.
Ku bwiwe ngo n’ubwo ubwo
butumwa butangwa n’Ekleziya wogira ngo buriko bubwirwa abamaze imyaka myinshi
cane, ariko ngo mu vy’ukuri buranakenewe n’abacaruka, batazi ivyabaye,
batabonye intambara. Ati: «Ni ngombwa ko tubasomeza inkongoro y’amahoro, y’ukwumvikana,
y’urukundo!»
Mwomenya ko mw’ihimbazwa
ry’uwo musi hanamenyeshejwe ko no mu gisata CEJP kijejwe ubutungane n’amahoro
mu Nama y’Abepiskopi Katolika b’i Burundi, umusi nk’uwo uzotunganywa no ku
rwego rw’igihugu, kuko ngo baterwa intege n’imboneza z’amahoro zimaze
gutera iyo ntambwe y’ukurekuriranira ziyemeje gufasha n’abandi mu kububahura
ngo na bo batere intambwe y’ugukira ku mutima.
Michel Nibitanga, CEDICOM
Aleluya. Kristu yategerezwa kubabara no kuzuka mu bapfuye, kugira ngo yinjire mu buninahazwa. Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (6, 44-51)
Muri irya misi, Yezu yabariye Abayuda ati: «Nta wushobora kunyegera Data yantumye atamukwegakweze; nanje nzomuzura ku musi w’imperuka. Mu bahanuzi handitswe ngo: ‘Bose bazokwigishwa n’Imana.’ Uwumvise Data wese akakira inyigisho ziwe, ni we aza iwanje. Ni ko, nta n’umwe yabonye Data atari umwe yavuye hafi y’Imana; uyo ni we yabonye Data. Ni ukuri ni ukuri ndabibabwiye: uwemera arafise ubuzima budahera. Jewe ndi wa mukate w’ubuzima. Basokuru banyu barariye mana mu gahinga, bahava barapfa. Uyu ni wo mukate umanuka uva mw’ijuru, maze uwuwuriye ntazopfa. Jewe ndi wa mukate muzima wamanutse uva mw’ijuru uwuriye uwo mukate azokwamaho imyaka yose. Vyongeye umukate nzotanga ni umubiri wanje uzanira isi ubuzima.»