Ku w'Imana igenekerezo rya 26 Ruheshi 2022, mu nkuka ya misa y'isaha zine yabereye muri Paruwase Katedrale Regina Mundi, Nyenicubahiro Umwungere mukuru wa Diyoseze nkuru ya Bujumbura, Gerevasi Banshimiyubusa ari kumwe n'abasaseredoti bajejwe ubutumwa bw'ingo n'imiryango yararungitse mu butumwa bwo kwigisha uburyo ntohozabimenyetso bw'irondoka ingo 64Â n'abunganirango 22 bo muri ico gisata, bo mu ma paruwase atandukanye.
Mu nkuka y’imisa y’isaha zine muri paruwase katedrale regina
mundi yaherejwe na Nyenicubahiro Umwungere mukuru wa diyoseze nkuru ya
bujumbura  arikumwe n’abasaseredoti
bajejwe ubutumwa bw’ingo n’imiryango hamwe n’abandi basaseredoti yararungitseÂ
mu butumwa ingo 64,hamwe n’abunganirango 22 bo mu ma paruwase
atandukanye mu butumwa bwo kwigisha ingo uburyo ntohozabimenyetso bw’irondoka
mu mibano.
Mu nyigisho yatanze Nyenicubahiro umwungere mukuru wa
Diyoseze nkuru ya Bujumbura yaremeje
icese ubwo butumwa ko bashaka kuburangura muri Ekleziya, yaramenyesheje kandi
ko izo ngo nabo bunganirango  bokwama
baja inama n'abarongoye ama paruwase yabo, ko bogendera ivyo bigisha, mu
gufasha ingo kuba Ekleziya nyayo yo ha ziko, bakibutsa abubatse ko urugo
rw'ukuri rwubakira Ku Mana rwishimikije Ijambo ry'Imana, kandi bagakomeza
ubukristu mu rugo,yarabasavye gufasha ingo zigoyagoya, no gufasha abubatse
gukomeza umubano mu rugo kugira urwaruka rukurane Ubuntu n'umutima wubaha Imana.
Ivyo biheze,yarabashikirije Ijambo ry'Imana rizobafasha
kurangura neza ubwo butumwa, ababwirako bokwakira Igitabu c'Ijambo ry'Imana.
Iryo Jambo bokwama barisoma,bakarizirikana rikabanyura, bagaheza bakarikundisha
n’abandi ngo ribabere umuco mu butumwa bwa Ekleziya ibashinzwe Yaciye kandi abahezagira,
abarungika icese kw'Izina ry'Umukama.
Umwe mu barungitswe mu butumwa bw'abunganirango, Damiyano
Ciza be n’umukenyezi wiwe,barakenguruka ku butumwa bahawe, ko bazogerageza
kuburangura bafashijwe n'Umukama kandi ko bwamugiriye akamaro kanini mu rugo
iwe; agatumirira igihugu c'Imana kitarabumenya kuzobwakira nkama kandi bakabushira mu ngiro.
Twobamenyesha kandi ko izo ngo n'abo bunganirango
barangirije ku mw'iherero bagiraniye n'ababajejwe ubwo butumwa mu gisata c'ingo
n'imiryango.
Didace Ndayizeye, Mu Gisata C'ingo N'imiryango
Aleluya. Yezu Kristu, Wewe cabona c’intahemuka, ari Wewe mfura y’abazuka mu bapfuye, uradukunda ukadukiza ibicumuro mu maraso yawe. Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (6, 60-69)
Muri irya misi,
Bumvise aya majambo Yezu yavuze ati: «Uwurya umubiri wanje akanywa
n’amaraso yanje arafise ubuzima budahera.», benshi mu bigishwa biwe bavuga
bati: «lyo mvugo iratugumiye, ni nde yoyemera?» Yezu yamara aca aramenya mu
mutima wiwe ko abigishwa biwe bavyidogera, arababwira ati: «Ivyo
birabatirimutsa? Hari akantu nimwabona Umwana w’umuntu aduze iyo ahora… Umutima
ni wo ubeshaho, umubiri nta co umara. Amajambo nababwiye ni umutima n’ubuzima.
Yamara muri mwebwe, harimwo bamwe batemera.» Na none Yezu kuva mu ntango yari
azi abatemera n’uwari kumugusrisha. Arongera ati: «Ni co gituma ndababwiye ko
ata woza iwanje, Data atabimuhaye.» Kuva ubwo, benshi mu bigishwa biwe baciye
biyonjorora, ntibaba bakimugendanira.
Yezu rero abwira bamwe cumi na babiri ati: «Namwe, mushaka kwigira?» Simoni
Petero aramwishura ati: «Mukama, turi bwirukire nde wundi? Ko ari wewe ufise
amajambo y’ubuzima budahera. Tweho twaremeye kandi turazi ko uri Umweranda
w’Imana.»
Â