Ku w'Imana igenekerezo rya 26 Ruheshi
2022, abakristu bo kw'ishure tabariro rya Winterekwa rikukira paruwase Kamenge,
barifadikanije n'abandi bakristu bo kw-isi yose mu guhimbaza umusi mukuru w'umushaha Mweranda
wa Yezu. Inkuka ya misa ikaba yaherejwe na patiri mukuru wa
paroisse Kamenge, patiri Philbert Ntahimpera.
Mu
nsiguro yatanze yagize ati: « Imana yacu ntigira nkunzi, ikunda abantu bose ata
n'umwe ikuyemwo. Igihe ca Ezéchiel bari bataye ubusho bw'Imana, niho Imana
yavuga iti nzokwigira ndazironderere jewe nyene.»  Yabandanije agira ati: «Imana niyo iturondera
natwe tukaguma twinyegeza. Nituyegere tureke kwivayanga mu bicumuro. Dusabe
Imana tworoshe imitima yacu, ivure iyakomeretse. » Arasubira ati :«Aho
kugendera urwo rukundo, abantu baba beranda mw'isengero ariko hanze aribo
babanye nabi n'abandi». Yasavye kubera abandi inzira y'urukiza mu guhitamwo
kuvukana na Yezu Kristu, mu gukora ibigororotse mu buzima bwacu.
Patiri
mukuru kandi yaribukije ko uwo musi ari umusi w'ugusozera umwaka wuguruwe
w'ingo n'imiryango, aca asaba ko boyisabira kuko ibiyihanze ari vyinshi,
yasavyeko umwe wese yomenya ico ajejwe mu rugo kuko bituma mu rugo ibintu
bigenda neza. Umukama asaba ko urukundo abubakanye batorubangikanya
n'ibindi aho bamwe basigaye bitwaza
imigani iraba ibikoko kandi ari abantu. Abana ntiyabibagiye mu kubaha impanuro
zo kubafasha kudatuma abavyeyi batuntura ,aho yaciye asaba abavyeyi ko
bofatanya indero yabo kuko ari ababo bose.
Kabaye
n'akaryo ko kurungika mu butumwa abakristu indwi n'umufurera wo mu muryango
w'abagenzi b'umusalaba bari bamaze imisi
bavyitegurira, yanabamenyeshejo ko ubutumwa baronse bukomeye cane, buturoshe,
yabasavye ko bokwitwaza inkuru nziza mu matati ahanze ingo. Yasozereye
asabira abakristu kubandanya bavoma mu
mushaha wa Yezu ivyiza vy'agatangaza Umukama adasiba kubagirira.
Spès
HAVYARIMANA, ishure tabariro Winterekwa
Urakaninahazwa, Kristu, wewe Muco wamaho w’Imana nzima. Umukama yavuze ati: «Ndabahaye itegeko rishasha: nk’uko ndabakunda, nimukundane namwe.» Urakaninahazwa, Kristu, wewe Muco wamaho w’Imana nzima.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (13, 1-15)
Yezu yarabakunze urutiziganya
Imbere y’umusi mukuru wa Pasika, Yezu kuko yari azi ko ubutigu bwiwe bwo kuva kuri iyi si ngo asubire kwa Se bwashitse, kandi kuko yari yakunze abiwe bo kuri iyi si, yarabakunze urutiziganya.
Uwo musi bariko barafungura, Shetani yari imaze gushira mu mutima wa
Yuda Isikariyoti mwene Simoni imigambi yo kumugurisha, Yezu na We yari azi ko
Se yamugabiye ibintu vyose, ko yakomotse ku Mana kandi agira ngo asubire ku
Mana.
Mu gihe bariko barafungura rero, Yezu yavuye ku meza, akūra umutamana wiwe, yakira igitambara, aragikanyera. Hanyuma asuka amazi
mu mubehe, atangura kwoza ibirenge vy’abigishwa biwe no kubihanaguza nya
gitambara akenyeye.
Ashikiriye Simoni Patero, Patero amubwira ati: «Mukama, ari Wewe unyoza
ibirenge!» Yezu aramwishura ati: «Ico ngira nturi bugitegere ubu, uzogitegera
hanyuma.» Petero aramubwira ati: «Ntirikabe, ntuzokwigera unyoza ibirenge!»
Yezu asubizayo ati: «Nintakwoza, nta co uzoba ugisangiye nanje.» Simoni Petero
amubwira ati: «Mukama, nivyaba ari ivyo, ntunyoze ibirenge bisa, nyoza n’umutwe
n’iminwe!» Yezu amubwira ati: «Uwamaze kwiyuhagira ntaba agikeneye kwozwa, kuko
ata mwanda aba afise; namwe nyene muri beranda ariko si mwese.» Na none yari
azi uwuza kumugurisha; ni ko kuvuga ati: «Ntimuri beranda mwese.»
Ahejeje kuboza ibirenge, yambara umutamana wiwe, asubira ku meza, ababwira
ati: «Mwategereye ico nabagiriye? Munyita Mwigisha na Mukama, kandi muvuga
ukuri, kuko ndi we. Ko rero jewe Mukama Mwigisha nabogeje ibirenge, mubwirizwa
namwe kwozanya ibirenge. Nabahaye akarorero, ngo namwe mwigenze nk’uko
nabagiriye.»