Umusi
mukuru wa Petero na paulo Beranda abatumwa n’inkingi z’Ekleziya uw’ugusabira
Nyenubweranda Papa warahimbajwe muri uyu mwaka w’2022 nk’uko vyama buri mwaka.
Muri Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, uwo musi mukuru wahimbajwe ku wa Gatatu
igenekerezo rya 29 Ruheshi mu maparuwase, na ho ku rwego rwa Diyoseze uhimbazwa
bukeye bwaho ku wa Kane igenekerezo rya 30 Ruheshi, nk’uko vyari vyasabwe n’Umwepiskopi
Mukuru w’iyo Diyoseze, abigiye inama n’intumwa ya papa mu Burundi.
Ku
rwego rwa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, uwo musi mukuru wahirimbajwe mu
gisabisho c’inkuka y’imisa caherejwe kw’isengero ya paruwase-mvyeyi y’iyo
Diyoseze, paruwase Katedrale Regina Mundi, ku gihe c’isaha icumi n’imwe n’igice
(17h30), kirongowe n’iyo ntumwa ya Papa mu Burundi, Nyenicubahiro Musenyeri
Dieudonné Datonou.
Ico
gisabisho caherejwe mu bumwe bw’umuryango wa Diyoseze wari waje gushigikira abungere
bawo, abepiskopi bakuru b’iyo Diyoseze, ari bo uwusanzwe ari uwuyiramutswa, Nyenicubahiro
Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa, be n’uw’inararibonye, Nyenicubahiro
Musenyeri Evariste Ngoyagoye. Cari citabiriwe n’abakristu isinzi, baba
abasaserdoti, abihebeye Imana n’abalayike.
Mw’ijambo
ry’ikaze ryashikirijwe na Nyenicubahiro Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa, amaze kwibutsa abari aho ko baje kwiheka kuri abo
batumwa n’inkingi z’Ekleziya, Petero na paulo Beranda, ngo bashikirize
ibisabisho vyabo vy’ugusabira umusubirizi wabo na Ekleziya yose yaragijwe,
yaboneyeho kumenyesha ko haja kubaho n’umugirwa w’igisabisho c’umuhezagiro wa
indurjensiya, cashikirijwe n’iyo ntumwa ya Papa nyene.
Insiguro y’uwo musi mukuru n’ico wigisha abakristu yatanzwe n’uwo yari ayoboye inkuka y’imisa. Nyenicubahiro Musenyeri Dieudonné Datonou yavuze ko uguhimbaza umusi mukuru wa Petero na Paulo Beranda, abatumwa, biha akaryo abakristu Katolika ko gutangarira ubutwari bwabaranze mu gushingira intahe Kristu badatinya amakuba baja baracamwo, gushika n’aho baseserwa amaraso yabo ku bwa Kristu no ku bw’ukumenyekanisha inkuru nziza y’urukiza rw’Imana. Ngo ni n’akaryo kandi k’ugusabira mu buryo bw’umwihariko umusubirizi w’izo nkingi z’Ekleziya, ari we Papa, be n’igihugu ceranda c’Imana yaragijwe.
Yibutsa
ko abo batumwa baciye mu bitoroshe, ariko aho hose bakaja baratabarwa n’ijuru,
kuko nka Simoni Petero yari yararaganiwe ngo: «Ndabikubariye, uri Petero, no
kuri iryo buye nzokwubakako Ekleziya yanje, n’ingabo za shetani
ntizizoyisenyura», yaribukije ubuzima bugoye abo batumwa baciyemwo, be n’uko
aho hose baja baraherekezwa n’igisabisho c’abemera, Ekleziya ya mbere y’abatumwa,
n’ubwo ngo vyarangiye bishwe, bagapfira Umukama.
Petero
ngo yagiye arakubitwa n’abari abakuru, mbere no gupfungwa agapfungwa ku
kadenderezo, ariko ngo ntiyacika inkokora. Eka n’umutumwa Paulo ngo yarashira
ubuzima bwiwe mu kaga akatari gake, mu ngendo z’ubutumwa yaja arafata. Uri aho
yahakwa kuzama mu mazi agiye kumenyesha Inkuru Nziza mu ma Ekleziya yo mu ntara
zo hakurya y’ibahari, uri n’aho yahakwa kugwa mu minwe y’abagizi ba nabi mu
nzira yo mu bugaragwa. Aho hose abo batumwa ngo ntibahengeshanije gushingira intahe
Kristu badatinya, bashigikiwe n’igisabisho, gushika ku munota wabo wa nyuma.
Iyo
ntumwa ya Papa mu Burundi rero, n’ukwizera kwinshi yerekanye, yaravuze ko
ivyashikiye abo batumwa, ata wokekeranya ko n’Ekleziya y’ubu bija
birayishikira: ngo abungere bayo barahamwa akatari gake, mbere n’intama
baragijwe zigahungabanywa.
Araheza
agararagaza umwizero wiwe ati: «Nimba abatumwa n’abandi bungere b’Ekleziya bagiye
barashobora kumenyesha Inkuru Nziza y’urukiza rw’Imana uko ibihe vyagiye birakurikirana,
si uko batabuze ibibagora bagiye baracamwo; ahubwo ni uko bahabwa ubukomezi n’uwabatumye,
We atananirwa». Yarongeye ati: «Si petero gusa umumalayika w’Imana yabohoye mw’ibohero
ngo abandanye amenyesha Inkuru nziza, ahubwo ni Ekleziya yose yagiye iratabarwa
n’ijuru, mu myaka n’imyaka.»
Abakristu b’i Bujumbura, nk’uko bari bahejeje
kubisabwa na Nyenicubahiro Musenyeri Dieudonné Datonou, barashikirije
igisabisho cabo mu mwanya w’ibisabisho rusangi. Kuri Nyenbweranda Papa Fransisko,
baramusabiye ko amagara yiwe yosubira gukomera, ngo ashobore kubandanya ingendo
z’ubutumwa. Barasabiye n’abahevye ivyabo bose ngo baje gukora mu murima w’Umukama,
ngo Imana ibakomeze mw’ibanga yabatoreye. Intara zose z’isi bazisabiye amahoro,
abakuru bazo na bo babasabira kwama mu ngingo bafata babanza kwihweza ko
zizanira Imana ininahazwa.
Tubamenyeshe ko ihimbazwa ry’uwo musi mukuru
wa Petero na Paulo, abatumwa n’inkingi z’Ekleziya, ari umusi mukuru umaze
imyaka myinshi cane uhimbazwa, kuva mu kinjana ca kane. Ihimbazwa ryawo muri
uyu mwaka w’2022 MURI Diyoseze Nkuru ya Bujumbura rikaba ryabaye ku butumire bw’Umwepiskopi
wayo, agiye inama n’intumwa ya Papa mu Burundi.
Michel Nibitanga, CEDICOM
Aleluya. Kristu yarazutse; umuco wiwe waratuboneshereje, twebwe yacunguje atnaraso yiwe. Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (6, 52-59)
Muri irya misi,
Abayuda baja mu gaharira, bavuga bati: «Uwo ashobora ate kuduha umubiri
wiwe ngo tuwufungure?» Yezu arababwira rero ati: «Ni ukuri ni ukuri
ndabibabwiye: mudafunguye umubiri w’Umwana w’umuntu, ntimunywe n’amaraso yiwe,
nta buzima muzogira. Uwufungura umubiri wanje akanywa n’amaraso yanje, arafise
ubuzima budahera. Nanje rero nzomuzura ku musi w’imperuka. Na none umubiri
wanje ni imfungurwa y’ukuri, amaraso yanje na yo ni inyobwa y’ukuri. Uwufungura
umubiri wanje akanywa n’amaraso yanje, aba muri jewe, nanje nkaba muri we.
Nk’uko Data Nyenubuzima yantumye ari we ambeshaho, ni ko n’uwumfunguye ndamuha
ubuzima. Uyo rero ni wo mukate wamanutse uva mw’ijuru. Ntumeze nk’umwe basokuru
banyu bafunguye, hanyuma bagapfa. Uwuzofungura uyo mukate azoramba mu myaka
yose.»
Ivyo Yezu yabivuze yigishiriza mw’isinagoga i Kafaranawumi. Â