Ukwunguka abasaserdoti bashasha muri Diyoseze Nkuru ya Bujumbura bizofasha gushika ku gitigiri c’amaparuwase 50 cipfuzwa
Itariki: 12/07/2022Ababisomye 3608 Vyamenyekanishijwe na : NIBITANGA Michel
Nyenicubahiro Musenyeri Gerevazi, aho yariko yatira abasaserdoti 11 bashasha muri Paruwase Musaga, yaribukije ukuntu abakristu baguma bamusaba ku bwinshi gushinga paruwase nshasha iwabo, ivyo na vyo ngo bikaba bisaba ko haboneka abasaserdoti benshi, mu gihe Ekleziya y'i Bujumbura ikibakenye

Akanyamuneza kari kose ku bakristu bo muri Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, ku wa Gatandatu igenekerezo rya 9 Mukakaro 2022, aho Nyenicubahiro Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa, Umwepiskopi Mukuru w’iyo Diyoseze, yari aramutse yatira ku rwego rwa Diyoseze abasaserdoti 11 bashasha, mu nkuka y'imisa yabereye muri paruwase yitiriwe Anna Mweranda, mu kigo c’abapatiri b’Abadominikano kiri muri karitiye Kinanira-IV.

Mu kwigina abo basaserdoti bashasha ni na ho uwo Mwepiskopi yaheza akamenyesha ko ukwunguka abasaserdoti bashasha muri iyo Diyoseze bizofasha gushika ku gitigiri c’amaparuwase 50 cipfuzwa. Muri ivyo birori, uwo Mwepiskopi yaratiye kandi n’abadiyakoni 11 bashasha, yongera aratanga n’ibice vy’ubusomyi n’ubuhereji bugana ubusaserdoti-busuku ku baseminari bari bashikiriye iyo ntambwe.

Abasaserdoti ba Diyoseze be n’abamisiyonari barangurira ubutumwa muri iyo Diyoseze bari bahashitse ku bwinshi kuza kwifatanya n’abavyeyi n’imiryango y’abo bari baramutse batirwa muri ayo mabanga. Eka mbere n’abihebeye Imana n’abakristu basanzwe bari baje ku bwinshi kubashigikira.


Inyigisho y'Umwepiskopi Mukuru yashimikiye kuri iri jambo ngo: «Ivyimburwa ni vyinshi, yamara abakozi ni bake; sabe rero nyen'umurima  arungike abakozi benshi mu vyimburwa vyiwe.» Umwepiskopi yatanguye  amenyesha ko inkomoko y'ubusaserdoti iva ku mpuhwe Imana ifitiye abantu.

Yagize ati: «Umwungere mwiza yarihweje intama zitagira umwungere, zirushe kandi zijonjogoye.» Yarongeye ati: «Umusaserdoti aza nk'inyishu kuri izo mpuhwe z'Imana, ivyo rero bigaca bituma aronka ubutumwa budasanzwe kuri bamwe n'abandi, kugira ngo igihugu c'Imana kibandanye gitunganyirizwa nk'uko Imana ibishaka.»

Yasozereye ahamagarira igihugu c’Imana cari aho gusenga basaba abasaderdoti, kuko ngo Nyen’ivyimburwa ari we amenya abakozi bakenewe, kandi babereye ico gikorwa.

Mu wundi mwanya w’ibirori ni ho Nyenicubahiro Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa yaheza agashikiriza icipfuzo ciwe, ko ari ic’ukubona Diyoseze arongoye ishitse ku gitigiri c’amaparuwase 50 akenewe, bivanye n’ubwinshi bw’abasaba ko Paruwase zokwongerezwa.

Yamenyesheje ko hakenewe amaparuwase menshi, kanatsinda ngo aho aca hose baguma bamusaba paruwase. Yasavye abari aho kugenda mu bakristu kurondera aboba abasaserdoti, kugira ngo haboneke benshi kandi beranda, kuko ngo Ekleziya iracabakenye. Yagize ati: «N'imiburiburi habe paruwase 50 muri Diyoseze yose ya Bujumbura.»


Na we uwaserukiye abatiwe mu busaserdoti, Patiri Dieudonné Bizimungu, imvukira yo muri Paruwase Musaga, yarakengurukiye Imana yabateye iryo teka ridasanzwe ryo kubatora mu bandi, yongera arakengurukira n’Umwepiskopi Mukuru yababaye hafi, akabitwararika muri vyose, be n’abasaserdoti bakuru babo bababereye akarorero keza bakongera bakabafasha mu vyo bari bakeneye vyose.

Yarakengurutse kandi ibikorwa vyo mu biro kwa Papa bisabira abari mu nzira y'itorwa. Yarashimiye kandi n’abavyeyi babo babibarutse bakongera bakabafata mu mugongo, bakanabasabira. Eka n'abakristu bagize ico baterera bose yarabashimiye, umwe wese ku ntererano yiwe.

Irindi jambo ryashikirijwe ni iry’umuvyeyi yaserukiye abandi. Yarakeje cane Ekleziya ku ngabire yari ihejeje kuronka kuri uyo musi. Yarakengurukiye Imana ku vyo yakoze vyose, akengurukira n’Umwepiskopi ku buvyeyi bwiwe bwashigikiye abana babo. Abavyeyi na bo bagenzi biwe yarabakengurukiye ku ndero runtu na rukristu bahaye abana babo. Na Leta yarayishimiye ku kuntu ishigikira Ekleziya Katolika.

Uwo muvyeyi yasozereye ijambo ryiwe yipfuriza amagara meza abo basaserdoti bashasha bakomere kw'ibanga ibashinze, gukurikirwa no kuremeshwa n’ababakurira muri iryo banga. Ariko kandi yaranasavye na Leta ngo ibashigikire mu kubaha umwidegemvyo mu butumwa bashinzwe.

Umusaserdoti yaserukiye abapatiri bera b’abamisiyonari ba Afrika na we, mw’ijambo yashikirije yarashimiye cane Imana kubona baronse umusaserdoti mushasha mu muryango wabo. Yarakengurukiye Umwepiskopi Mukuru ku nyigisho yatanze mu nkuka ya misa, mbere aca ashikiriza n’igisabo ciwe c’uko iyo nyigisho yohanahanwa ku mbuga ngurukanabumenyi ngo abakristu baje barayizirikanako kenshi. Uwundi yakengurukiye ni Patiri Mukuru wa Paroisse Anna Mweranda ku kuntu yafashe mu mugongo patiri mushasha Landry mu muhamagaro wiwe.


Mu gihe Umwepiskopi Mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura amenyesha ko hakenewe abasaserdoti bokwira amaparuwase 50, mwomenya ko gushika ubu iyo Diyoseze ikigizwe n’amaparuwase 39 gusa.

Mbere mu ntango z’uyu mwaka nyene w’2022, hari ku wa Gatatu mweranda muri Ndamukiza, uwo Mwepiskopi Mukuru akaba yari yagaragaje agahimbare yatewe n’abasaserdoti bashoboye kugendera neza ibanga ryabo ry’ubusaserdoti mu kiringo c’imyaka myinshi cane, mbere n’ubu bageze mu za bukuru, ngo bakaba babisazanye.

Mu bo yari yakeje ico gihe harimwo abari barumije imyaka 80 bavutse, be n’abari bakwije iyirenga 50 bari mw’ibanga ry’ubusaserdoti, n’abandi batari bake bayababa. Ico gihe ntiyibagiye no gutera intege n’izindi zinganwe z’abasaserdoti zikiri nto, gushika ku batiwe vuba gusumba abandi.

Ubu na ho mu kwatira abo bashasha 11 akaba yasavye abakristu kwama na ntaryo bitwararike kuja barasaba ngo Umukama ashishikare kwitorera abasaserdoti benshi arungika mu muriman wiwe, abo baronkejwe na bo bakabasabira ubweranda, kuko ngo barinze bamera nabi, n’abakristu vyotuma bafutana.

Caritas Kamelo, Paruwase Musaga

Ivyiyumviro

Aleluya, aleluya.Akirane ubwitonzi rya jambo ryatewe muri mwebwe, ni ryo rizokiza imitima yanyu. Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (11, 28-30)

Muri irya misi, Yezu yavuze aya majambo ati: «Nimuze mwebwe mwese murushe kandi muremerewe, nzobaruhurira. Nimwemere inganji yanje, mukunde n’ivyo nigisha, kuko ndi umwitonzi kandi nkicisha bugufi bivuye ku mutima; ni ho muzoronkera akoyoko k’imitima yanyu. Ni ivy’ukuri, inganji yanje ntiremereye, na vyo ivyo nzobashinga ntibizobavuna.»

Rondera
Urutonde rw'Imisa
I. VICARIAT DE SAINT MICHEL
1. PAROISSE CATHÉDRALE REGINA MUNDI
A. Messes
Samedi : 17h00 (en Français)
Dimanche : 6h00 (en Kirundi),  7h00 (en Kirundi),  8h15 (en Français),  10h00 (en Kirundi),  12h00 (parfois, possibilitĂ© d'une messe circonstancielle, en Kirundi), 17h00 (en Français)
B. Adoration
Mardi : toute la journée, à la Chapelle
Jeudi : toute la journée, à la Chapelle
Samedi : 6h45 Ă  8h00
2. PAROISSE SAINT MICHEL
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 06h15, 08h00, 10h00, 12h00 Kiswahili, 17h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
3. PAROISSE BUYENZI
A. Messes
6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h30 (en Kirundi), 16h30 (en Kirundi)
B. Adoration
Mercredi : 17h30
4. PAROISSE KANYOSHA
A. Messes
6h00, 7h45, 9h30 (Français), 11h15 et 16h00
B. Adoration
Jeudi : 18h00
Dimanche : 13h00 Ă  16h00
Premier vendredi du mois : toute la journée
5. PAROISSE KININDO
A. Messes
6h00, 7h30, 8h45, 10h30, 17h30
B. Adoration
Jeudi, toute la journée
6. PAROISSE MUSAGA
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 6h10, 08h00, 10h30, 16h30
B. Adoration
Mardi : 12h00 Ă  16h00
Jeudi : 15h00 Ă  16h00
Vendredi : 12h00 Ă  14h00
7. PAROISSE NYAKABIGA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 17h00 (en Kirundi)
B. Adoration
Du lundi Ă  vendredi : 7h00 Ă  16h45
8. PAROISSE RUZIBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 16h30
B. Adoration
Jeudi 15h et le 1er vendredi du mois
9. PAROISSE MUTANGA SUD
A. Messes
6h15, 08h15, 10h30, 17h00
Campus Mutanga : messe à 11h (en kirundi et en français alternativement)
B. Adoration
Mardi : toute la journée après la messe de 6h00
II. VICARIAT DE GIHOSHA
1. PAROISSE GIHOSHA
Messes de la semaine
Lundi - Samedi : 06h30
Dimanche : 6h00, 10h30, 16h00 ( en Kirundi) 08h15 en Français
Lundi à 18h00, messe en Français, suivie de l'adoration, jusqu'à 19h00.
Vendredi : Adoration à 17h30, suivie de l'Eucharistie en Français, à 18h30
2. PAROISSE BUTERERE
A. Messes
6h00, 8h00, 10h00, 16h30
B. Adoration
Jeudi : 15h00 Ă  17h15
Samedi : 5h30 Ă  6h20
3. PAROISSE GATUMBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : 7h00 Ă  8h00
Deuxième lundi du mois : 17h30 à 19h00
4. PAROISSE KAMENGE
Messes
6h, 7h30, 9h00 (swahili),10h30,16h30
Gatunguru : 9h30
Nyabagere : 9h30
Muberure : 8h00, 10h00
Nyambuye : 8h00, 10h00
Gishingano : 8h00, 10h00
Buhayira : 9h30
Mbirira : 8h00
Adoration Ă  la Paroisse
Jeudi 16h30 un jour par mois
5. PAROISSE KINAMA
A. Messes
06h00 (en Kirundi), 08h00(en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 16h00 (en Kirundi)
Gahahe-Carama (en Kirundi) : 07h00 et 09h30
Gasenyi (en Kirundi) : 09h00
B. Adoration
Lundi Ă  samedi de 7h00 Ă  19h00
6. PAROISSE NGAGARA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00, 08h00, 10h00, 17h00
B. Adoration
Jeudi : 17h00 Ă  17h30
AUMONERIES ET CHAPELLES
1. PAROISSE CHRIST-ROI (AUMONERIE MILITAIRE)
A. Messes
8h15, 10h30
B. Adoration
-
2. AUMONERIE DE LA POLICE
A. Messes
API : 7h30 et 10h30
Socarti : 7h30, 10h30
Ex ENAPO : 8H30
1er GMIR (Buyenzi) : 10h30
2ème GMIR (Kanyosha) : 10h30
Socarti : Adoration, 1er mercredi du mois
3. CENTRE JEUNES KAMENGE
Messe
10h30 en français
4. SANCTUAIRE MONT SION GIKUNGU
Messes
6h00, 8h00,10h00 et 16h00
Adoration
Lundi Ă  vendredi Ă  partir de 7h00 jusqu'Ă  21h30
Dimanche de 13h00 Ă  18h00
4. PETIT SEMINAIRE KANYOSHA
Messe
Messe des séminaristes : 6h45
1ère Messe des fidèles : 8h30
2ème Messe des fidèles : 10h15
Adoration
Adoration du Saint Sacrement par les séminaristes et autres fidèles qui veulent : Dimanche à 18h15 à 19h00
III. VICARIAT DE BUHONGA
1. PAROISSE BUHONGA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  8h30
Jeudi de la troisième semaine du mois : toute la journée
2. PAROISSE JENDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche, 7h45, 10h00, 16h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée après la messe de 7h15
3. PAROISSE KARINZI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Du lundi au samedi : 6h00 Ă  6h30
4. PAROISSE MAGARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Dimanche : 7h00 Ă  7h30
5. PAROISSE MATARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 15h00
6. PAROISSE MAYUYU
A. Messes
8h00, 11h00
B. Adoration
Vendredi : 8h00 Ă  17h00
7. PAROISSE MUBIMBI
A. Messe
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00 Ă  10h00
8. PAROISSE MUTUMBA
Messes
7h30 et 10h00
Adoration
Jeudi Ă  14h00 sauf le 1er vendredi du mois (7h30)
9. PAROISSE RUGAZI
A. Messes
7h30, 10h30
Jeudi : 15h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
10. PAROISSE RUSHUBI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
11. PAROISSE RUTONGO
A. Messes
7h30; 10h00
B. Adoration
-
IV. VICARIAT DE MURAMVYA
1. PAROISSE BUKEYE
A. Messes
Samedi : 16h00
Dimanche : 6h00 , 7h40, 9h30, 11h30
B. Adoration
Jeudi : 7h10 Ă  19h00
2. PAROISSE BUKWAVU
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 14h00 Ă  15h00
3. PAROISSE BUZIRACANDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
Mercredi : 17h30 (Messe en Français)
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5.PAROISSE GASURA
4. PAROISSE KIGANDA
A. Messes
Samedi : 11h00
 Lycee: 16h00
Dimanche : 7h00, 9h00, 11h00
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5. PAROISSE KIVOGA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 12h30
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
6. PAROISSE MUNANIRA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h15, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  18h00
Premier vendredi du mois : 7h30 Ă  12h00
7. PAROISSE MURAMVYA
A. Messes
7h00, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
8. PAROISSE RYARUSERA
A. Messes
8h00, 10h15
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
Mwoba mufise ico mubaza?
Tanga
Twite za CEDICOM
Twite za Papa
Facebook ya CEDICOM
Abari kumurongo : 132
Centre Diocésain de Communication CEDICOM
Uburyo bwokutwakura
Bld Patrice Lumumba, 21, Bujumbura, Burundi
+257 22 22 05 00
+257 65 19 52 50
B.P. 690 BUJUMBURA BURUNDI
cedicom.buja@gmail.com
Kwiyandikisha kukurontswa inkuru
Baza ikibazo
©2026. CEDICOM Archidiocèse de Bujumbura Designed by : DS COMPANY
Tanga * Karitas (abatishoboye)* Ugufasha abaseminari n'abamenyeshamana* Ukwubaka amasengero kumashure* Ugushigikira abasaserdotiUburyo bwo gufashaKoresha konte za DiyosezeMu marundi : Interbank Burundi : 701-02790-0152(Diocèse de Bujumbura)Mu ma dolari : BRB : 3302/493 (Archidiocèse BUJA/USD) Swift Code : BRBUBIBIMu ma Euro : BRB : 3320/368 (Archidiocèse de Buja/EURO) Swift Code : BRBUBIBI