
Ku musi wa gatandatu igenekerezo rya 1 Gitugutu ku musozi  wa Siyoni Gikungu  niho haba urubanza rwo gusozera umwaka w`amayubile
y`ibikorwa vya Papa vyo kumenyesha hose Inkuru Nziza ya Yezu Kristu
n`iyugurugwa ry`Umwaka wa Yubile y`Imyaka 125 Inkuru Nziza imenyekanye Mu gihugu c`Uburundi. Â
Urwo rubanza rukaba rwatangujwe n`inkuka ya misa yatanguye igihe c`isaha zine zo mu gatondo irongowe na Nyenicubahiro  Musenyeri Yohakimu Ntahondereye arongoye Inama y`Abepiscopi Katolika b`i Burundi  akongera akaba n`Umwungere wa Diyoseze ya Muyinga ari kumwe n`intumwa ya Papa mu Burundi kumwe n`abungere bagize Inama y`Abepiscopi basanzwe barongoye ayandi ma Diyoseze duhereye ku Mwungere Mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, Nyenicubahiro Musenyeri Gervais Banshimiyubusa .
Bari kumwe n`abungere b`inararibonye :
Nyenicubahiro Musenyeri Evariste Ngoyagoye, Musenyeri Simoni Ntamwana hamwe na
Musenyeri Stanislas Kaburungu. Hari haje   kandi n’ivyegera
  vy`abungere n`abanyamabanga babo, abasacerdoti
baje baserukira abandi, abihebeye Imana baserukira imiryango itandukanye
n`isinzi ry`abakristu  baje baserukira ama
Diyoseze  atandukanye agize Ekleziya
katolika y’i Burundi.

Mu banyacubahiro mu ndongozi  z`igihugu biteye iteka urwo rubanza, twovuga nk `Umushikiranganji wa mbere w`iGihugu c`Uburundi, Nyenicubahiro Gervais Ndirakobuca n`Umupfasoni wiwe, icegera c`Inama nshingamateka , Umupfasoni Sabine Ntakarutimana, abahoze barongoye igihugu c`Uburundi, Nyenicubahiro   Domitien Ndayizeye n`Umupfasoni wiwe hamwe na Nyenicubahiro Sylvestre Ntibantunganya.

NyenicubahiroÂ
Musenyeri Yohakimu Ntahondereye arongoye Inama y`Abepiscopi Katolika b`i
Burundi akongera akaba n`Umwungere wa Diyoseze ya Muyinga ,
yarashimye ingene iyo Nkuru Nziza yagiye iramenyekana kuva ku Bamisiyonari
bambere gushika uno musi. Uwo mwungere nyene  yarashize ahabona ivyamwa vyibonekeza bikomoka
kw’iryo menyakana ry’Inkuru Nziza ko atari agaseseshwa rumuri kuko mu gihe abamisiyonari bashika ata
na Diyoseze nimwe yari ihari .
Aca abandanya agira ati : « ubu Diyoseze  zigeze ku Munani, nta baserdoti b`imvukira
bari bahari ariko uno musi  muri rusangi Diyosese
imwe imwe abasacerdoti  bakaba bababa  ijana na mirongo ibiri, igitigiri c`aba Kristu
cagumye congerekana, Diyoseze imw’imwe  ikaba irimwo muri rusangi aba Kristu bababa
umuriyoni. » Uwo mwungere aca ashimangira ko ukwemera kw`aba Kristu
balayike kwagiye kurongerekana haba ku misore n`inkumi canke ku bubatse izabo,
imihari n`imigwi ikaba ari myinshi ku
rwaruka canke ku bakuze.Â
Mukwerekana ingendo bagiye kwisunga mugukomeza
ukwemera  yagize ati : « Ni ugushinga indinganizo zituma
abantu bava mu kivunga kugira ntihagire uwinyegeza mu kwaha kw`uwundi canke
inyuma y`uwundi , bubahuke baje ahabona bafate ingingo bo nyene bavuge bati
Yezu nanje ndamukundire  »,
 maze ukwemera kw`umukristu wese  ntiguherere mu kuja mw`isengero gusa kumwe
n`abandi, ariko kuje no mungingo afata mu
mirimo yiwe ya  misi yose,  azifate  nk`umukristu . Aca abandanya avuga ko arico gituma hagiye
gukomezwa cane  imibano mito mito
rukristu , kugirisha amanama imigwi mito mito, abasangiye imyuga bakigishirizwa
hamwe kugira wa mwambiro w`Inkuru Nziza ushike mu biranga ubuzima bw`abantu bose.
Père Fréderic Limo, Patiri mukuru wa Paruwase Buyenzi yaserukiye abamisiyonari bambere ba Afrika baje kumenyesha Inkuru Nziza mu Burundi yarashimye ibikorwa baranguye , arashima ukuntu Ekkeziya yagiye irakura mu mpande zose.  Uwo musacerdoti aca agirako asaba abakristu bose  , umwe wese ku giti ciwe  ko ahamagariwe  kubandanya ico gikorwa co kumesha Inkuru Nziza ahari kugira Yezu Kristu abandanye amenyekana mu mihingo yose y`isi.
Nyenicubahiro Sylvestre Ntibantunganya ,
yahoze arongoye igihugu c`Uburundi, yaserukiye
aba Krsitu bose, yarashimye uruhara abamisiyonari
bambere bagize rwo kumenyesha Inkuru Nziza. Uwo mwubahwa nyene yarashimye ingene
 Inkuru Nziza yahinduye Uburundi aca
agirako asaba abarongoye Ekkleziya y’i Burundi ko iyo ntambwe igezweko
itosubira inyuma ariko ko bobandanya boga kuri iyo ntambwe.
Mwomenya ko Inkuru Nziza  yatanguye gusamirizwa  mu Burundi mu mwaka w’i 1898  i Muyaga. Diyoseze yambere ikaba yatanguriye i Mugera mu mwaka w’i 1922 naho nyene ntiyari bwitwe diyoseze, yari icitwa intara y’ubutumwa igihe Musenyeri  Julien-Louis GORJU yagenwa agaca ashinga icicaro ciwe i Mugera muri Diyoseze Nkuru ya Gitega.Itariki 10 z’ukwezi Munyonyo 1959 akaba ariho yashizwe ku rugero  rwo kuka Diyoseze Nkuru n’icicaro gikuru c’Ekleziya y’i Burundi.
Aleluya, aleluya.
Umukama yavuze ati: «Ewe Toma, wemeye kuko umbonye.
Hahiriwe abazokwemera ata co barinze kubona.»
Aleluya.
Â
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (20, 19-31)
Imisi umunani iheze, Yezu araza
Ku mugoroba w’uyo musi ari wo mubarwa wa mbere w’indwi, mu nzu yarimwo abigishwa, bari bakinze inzugi ku gutinya Abayuda. Niho rero Yezu yaza, ahagarara hagati muri bo, ababwira ati: «Nimugire amahoro!» Avuze atyo, abereka ibiganza vyiwe n’urubavu rwiwe. Abatumwa ngo babone Umukama, barahimbarwa.
Yongera ababwira ati: «Nimugire amahoro! Kumwe Data yantuma, nanje ni ko
ndabatumye.» Ababwiye ivyo, arabahuha ati : « Nimuronke Mutima Mweranda. Abo
muzorekurira ibicumuro, bazoba babirekuriwe, abo muzobigumizako na bo,
bizobagumako.»
Aho Yezu yaza, Toma, umwe wo muri bamwe Cumi na babiri, ari we bita Didimo,
ntiyari muri bo. Abandi bigishwa bamubwiye bati: «Twabonye Umukama», abishura
ati: «Ntiboneye mu biganza vyiwe intoboro za ya misumari, ngo nshire urutoke mu
ntoboro zayo, n’urushi mu rubavu rwiwe, sinzokwemera.»
Imisi umunani iheze, abigishwa basubira guteranira muri ya nzu, na Toma bari
kumwe. Yezu araza, inzugi zugaye, ahagarara hagati muri bo ati: «Nimugire
amahoro!» Hanyuma abwira Toma ati: «Shira urutoke ngaha: ng’ibi ibiganza vyanje;
zana urushi rwawe kandi urushire mu rubavu rwanje: ureke rero kuba ikigaba, ariko
wemere.»
Toma amwishura ati: «Mukama wanje, Mana yanje!» Yezu na We amwishura ati:
«Ewe Toma, wemeye kuko umbonye: hahiriwe abazokwemera ata co barinze kubona.»
Hari n’ibindi bimenyetso vyinshi bitanditswe muri iki gitabu Yezu yagiriye imbere y’abigishwa biwe. Ivyo rero vyanditswe ngo mwemere ko Yezu ari Kristu Umwana w’Imana, kugira kandi ngo muvyemeye, muronke ubuzima kw’izina ryiwe.