
Ururimbo «Turirimbe amahoro» rwo guhayagiza no kuremesha amahoro rwatunganyijwe n’ikigo CEDICOM ca Diyoseze Nkuru ya Bujumbura c’ukumenyesha amakuru rwarafashwe amajwi n'amasanamu ku w’Imana igenekerezo rya 23 gitugutu, mu gihe rwariko rurashirwa mu gahogo n’imigwi ibiri y’abaririmbiramana, mu ntumbero y’ubutumwa bw’Ekleziya bwo kuremesha amahoro.
Ico gikorwa cabereye mu kigo c’urwaruka co mu Kamenge, inyuma y’umutaga, bihagarariwe na Patiri Olivier Ndayisaba, umwunganizi w’umuyobozi w’ikigo CEDICOM. Na yo iyo migwi ibiri y‘abaririmbiramana yasamirije urwo rurimbo ni umugwi witiriwe Benedicto mweranda wo muri Paruwase Kamenge be n’umugwi Jucunda Laudatio wo muri paruwase Ngagara.
Abo baririmbiramana bakaba bashize mu gahogo urwo
rurimbo ku majwi yatunganijwe n’abahinga b’umuziki bo migwi y'abaririmbiramana irangurira ubutumwa muri Paruwase Kinama na Paruwase Mikaheli mweranda,
rukosorwa na Patiri Olivier Ndayisaba nyene.

Twaregereye uwo musaserdoti araheza atwiganira icatumye mu kigo ca CEDICOM batunganya ico gikorwa. Yabanje kwibutsa ko Ekleziya, mu butumwa bwayo harimwo ukuremesha amahoro, ugutuma abantu basubiza hamwe n'Imana, bagasubiza hamwe hagati yabo.
Akabirya kari muri izo ndirimbo na ko ngo ni uko abazihinguye bavomye mw'ijambo ry'Imana, iryo jambo na ryo ngo rikaba ari ryo riheza rigatuma imitima itekana. Abo baririmbiramana ngo barafise amajambo bisunze muri Bibiliya, n'inyigisho z'Ekleziya zihamagarira abantu kubana neza.
Ku bwiwe ngo ukuririmba amahoro biri mu vyotuma Abarundi basubira kwumva agaciro k'amahoro, bagasubira kwumve yuko ata coza kibacanishamwo, mbere na vya bikomere bitarakira neza mu mitima y'abantu bigakira rwose, ntihagire uwusubira kwinubana n'uwundi, ntihagire uwusubira kwisunga ivy'amacakubiri ashingiye ku moko. Na none ngo ayo moko nta n'umwe ayiha, ngo umuntu wese abona avuka uko ameze. Ahubwo ngo abantu bobandanya kwakirana, bagafashanya, bagashigikirana.
Yasozereye ashikiriza umwizero ko ukwo kuririmba amahoro bizogira akamaro kanini ku bazoba bariko barumviriza izo ndirimbo, kuko ngo zizobaremesha, zigatuma ya mitima yasambuwe n'intambara isubira kwiyunga, ikegerana, maze ahari umuryano hakaba umubano mwiza, ahari ukwinubana n'ukwiyorobekanako bogahera, abantu bagasubira bakanywana, ata «Wandya! Wangura!»

Twaregereye umwe mu bashize mu gahogo urwo rurimbo aratubwira ico rwamufashije nico atumirira abandi. Yavuze ko kimwe muri vyinshi rwamwigishije ari uko ico ari cose ari co kimwe n'abandi. Akaba yatumiriye n'aboba bagifise ivyiyumviro bibi vy'amacakubiri ko bovyikuramwo, bagakundana n'abandi kandi bakiyumvanamwo, kuko bose ari bamwe. Yagize ati: «Turemwa n'Imana imwe twese!».
Ururirimbo «Turirimbe amahoro» ni ururirimbo ruri mu butumwa bw’ekleziya bw’amahoro n’ugusubiza hamwe, vy’umwihariko ubutumwa bwa Diyoseze nkuru ya Bujumbura.
Amwe amwe mu majambo ari muri urwo ruririmbo agira ati: «Amahoro n'urukundo nibiturange twese, ishari n'inzigo bitsindwe, dusubize hamwe, ahari urwanko n'umuryano harangwe ugusubiza hamwe n'ugusabikanya muri vyose, maze tube intumwa z'ubumwe n'amahoro vy'Imana!» (Icitabirizo).

Tubamenyeshe ko urwo ruririmbo ruzofatwa kandi amasanamu kandi no muri Paruwase Kamenge. Ikindi, nirwatungana neza ruzofasha mu butumwa bwo kunywanisha abantu no kuremesha amahoro. Ruzoja kandi rurakoreshwa no mu biganiro bizoremeshwa n'ico kigo CEDICOM, rwongere ruje kandi no ku mbuga hwaniro za Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, kugira ngo abarwipfuza bose bashaka kuzirikana amajambo ari muri rwo, bazoronke aho barwumviririza.
Mama Yvonne wa Yezu Miburo, CEDICOM
Aleluya.
Nimugende, mwigishe abantu bose!
Nanje nzokwamana namwe imisi yose
gushika ku muhero w’isi.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (16, 29-33)
Muri irya misi,
Abigishwa babwiye Yezu bati: «Ugiye rero wabirangura kandi nturinze guca imigani. Ubu ni ho tukibona ko uzi vyose, ata wurinze kukubaza. Ni co gituma twemeye ko waje uva mu nda y’Imana.» Yezu abishura ati: «Mbega noneho muremeye? Ng’ico igihe kirageze, kiramaze mbere gushika, aho muza gushwiragira umwe umwe, munsige ndi umwe. Nako sindi jenyene, Data ari kumwe nanje. Nababwiye ivyo, ngo muri jewe mugire amahoro. Kw’isi muzobona amagorwa, yamara mugumye umutima! Natsinze isi.»