
Ca gikorwa «Turirimbe amahoro» co guhayagiza no kuremesha amahoro catunganyijwe n’ikigo ca Diyoseze Nkuru ya Bujumbura c’ukumenyesha amakuru CEDICOM, kw'isango ryo kurufata amasanamu ryo ku mugoroba wo ku w'Imana igenekerezo rya 30 Gitugutu, umugwi w’abaririmbiramana bo muri Paruwase Kanyosha ni wo wari uramukiwe.
Muri Paruwase kanyosha, ico gikorwa kikaba cabereye mu kigo c'iseminari ntoyi yo mu Kanyosha. Ururiribo rwaririmbwe rukaba rwiswe «Dutsimbataze ubumwe n’amahoro».
Umigwi w’abaririmbiramana washize mu gahogo urwo rurimbo ni uwitiriwe «Regina Caeli» wo muri Paruwase Kanyosha, ku majambo n’amajwi vyatunganijwe n’abahinga b’umuziki bo mu mugwi w'abaririmbiramana urangurira ubutumwa muri Paruwase yitiriwe Mikaheli mweranda.

Nk’uko vyumvikana, abo baririmbiramana bari bavyiteguriye mu kuririmba urwo ruririmbo mu buhinga bakoresheje amajwi yumvikana neza amajambo agize ururirimbo agasohoka. Abarorerezi n’aho batari benshi, warabona ko batamariwe n’ubuhinga abo baririmbiramana bakoresheje muri ico gikorwa.
Umusuku w’uwo mugwi w’abaririmbiramana witiriwe «Regina Caeli», Faustin Bigirimana, yaratumenyesheje ko yahimbawe kwakira ico gikorwa co kumenyesha Inkuru Nziza y’amahoro biciye mu kuririmba imigwi y’abaririmbiramana atari mike muri vikariya yitiriwe Mikaheli mweranda. Yagize ati: «Ni iteka twatewe, ahandi ho ntaco dusumbije abandi.»
Uwo musuku w’uwo mugwi w’abaririmbiramana witiriwe «Regina Caeli» yaravuze kandi ko Paruwase imaze kubahitamwo, bakiriye ishaka ry’Imana, baravyishimira cane, kandi barabikenguruka. Faustin Bigirimana yagize ati: «Tumaze kwakira ico gikorwa twarihaye intumbero n’ihangiro, yabandanije atumenyesha.»
Uwo musuku w’abo baririmbiramana yabandanije amenyesha ko iyo ntumbero bayishitseko, iyo na yo ikaba ngo ari iy’ukuririmba amahoro, kandi mu majwi yumvikana, mbere n’amajambo agize urwo ruririmbo akaba yarashobore gusohoka neza. Akaba yarashimye ko baterereye mu kunywanisha abarundi, kuko nk’amajambo yari agize urwo ruririmbo ngo yari ay’inkoramutima.

Faustin Bigirimana ntiyibagiye gukengurukira ikigo CEDICOM ca Diyoseze Nkuru ya Bujumbura c’ukumenyesha amakuru kuri ico gikorwa co kunywanisha abarundi biciye mu masanamu y’indirimbo. Yagateye intege abakiyoboye mu kubasaba kugwiza ibikorwa nk’ivyo, ubonako ari ngira kamaro mu Burundi.
Uwo musuku w’abo baririmbiramana yasozereye yipfuriza abazumviriza urwo ruririmbo bose baba abafise imitima yakomeretse canke abatakomeretse, kudakomantaza imitima yabo, ahubwo nyabuna ngo baze barwumvirize n’imitima yipfuza kuronka urukiza. Akaba ngo yizera ko urwo ruririmbo ruzobagirira akamaro, ku bubasha bwa Mutima-Mweranda.
Ku ruhande rw’ikigo CEDICOM ca Diyoseze Nkuru ya Bujumbura c’ukumenyesha amakuru, no kuri iri sango nyene ry’ugufata amajwi n’amasanamu y’urwo ruririmbo ku baririmbiramana bo mu Kanyosha, na ho nyene Patiri Olivier Ndayisaba, umwunganizi w’umuyobozi w’ikigo CEDICOM, ni we yatwiganiye ukuntu urwo ruririmbo rwatunganyijwe, yongere atwibutse ico urwo ruririmbo ruzofasha abazorwumviriza.
Patiri Olivier Ndayisaba yavuze ko ico gikorwa kiri mu ntumbero y’ubutumwa bw’Ekleziya bwo gutuma abantu basubiza hamwe n’Imana, abantu bose baba baracanyemwo na bo nyene bagasubiza hamwe.
Kuri we, urwo ruririmbo ruzofasha abarundi gusubira kubona agaciro k’amahoro n’ugusubiza hamwe, rwongere rufashe gukira imitima yakomerekejwe n’amabi yahitiye mu gihugu, ubona ko inkurikizi mbi zayo zigihari, kandi zicibonekeza.
Uwo mwunganizi w’umuyobozi w’ikigo CEDICOM yarakengurukiye uwo mugwi ingene witanze mu gutunganya ico gikorwa, yongera arakengurukira n’abaririmbisha b’uwo mugwi ingene babagiye imbere. Muri rusangi akaba yarashimye ubuhinga abo baririmbiramana bakoresheje mu kuririmba n’amajwi meza kandi yumvikana, arongoroye.
Yagize ati: «Iyi ndirimbo amajambo, arimwo arakora ku mitima; iyo biciye mu majwi arongoroye na ho, arashika mu ntimatima y’umutima». Akaba yaciye yongera kubatera intege, abipfuriza no gutera baja imbere.
Tubibutse ko ico kigo CEDICOM caheruka kurangura igikorwa nk'ico ku yindi migwi ibiri y'abaririmbiramana yo muri Paruwase za Ngagara na Kamenge. Inyuma y’ugufata amasanamu y’urwo ruririmbo hakaba hazoca hakurikira ukurusohora mu majwi atosoye neza, hazotorwe bake bagize uwo mugwi, bafatwe amajwi na yo muri studio za CEDICOM.
Odrade Kaze, CEDICOM
Aleluya.
Ko mwazukanye na Kristu, rondere ivyiza vy’ijuru,
aho Kristu avyagiye iburyo bw’Imana.
Aleluya.
Â
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (17, 20-26)
Muri irya misi,
Yezu yariko arasenga, ahanga ijuru. Avuga ati: «Si abigishwa banje basa
nsabiye, nsabiye n’abazonyemera kubera ijambo ryabo, ngo babe bose umwe, nk’uko
wewe Dawe uri muri jewe nanje muri wewe, nibabe muri twebwe na bo nyene, isi
yemere ko wantumye. Narabahaye ubuninahazwa wampaye, ngo babe umwe nk’uko turi
umwe: jewe mbe muri bo nawe muri jewe, maze babe umwe rwose, ubumwe bwabo
bwuzure, kandi isi imenye ko wantumye kandi ko wabakunze nk’uko wankunze. Dawe,
abo wampaye, nshaka ko aho ndi, na bo bohabana nanje, maze barabe ubuninahazwa
wampaye kuko wankunze isi itararemwa.
Dawe utunganye, isi ntiyakumenye, jeho yamara narakumenye, aba na bo
baramenye ko wantumye. Narabamenyesheje izina ryawe kandi nzoribahishuka. Maze
urukundo wankunze rube muri bo, nanje nyene mbe muri bo.»