
Umusi mpuzamakungu
wahariwe aboro warahimbajwe no muri Paruwase Mukiza Mweranda yo mu Nyakabiga, ku
musi w'Imana igenekerezo rya 13 Munyonyo, mu nkuka ya misa yaherejwe na patiri
mukuru w’iyo Paruwase, Patiri Désire Ninahazimana, ku gihe c'isaha zine n'igice
zo mu gitondo (10h30).
Patiri Désire
Ninahazimana yatanguye yibutsa uwo musi mukuru uko washinzwe. Yagize ati: «Papa
Fransisko, mu gushinga uwo musi wahariwe aboro, yashatse ko aboro na bo bagira
ikibanza mu kibano, bakibukwa, bagashirwa imbere!»

Yasavye
abakristu bo mu Nyakabiga ko mu kwifatanya n’aboro mu guhimbaza umusi
wabahaiwe, kitoba ikimenyetso gusa, ahubwo ko umuntu yobigira azi ko ari uburyo
bwo guha iteka ikiremwa c’Imana no kuyubaha. Yisunze amajambo ya Yezu Kristu,
aho agira ati: «Ico cose mwagiriye umwe umwe muri abo bato bato tuvukana, ni jewe
mwakigiriye!»
Uwo
musaserdoti yabandanije avuga ko umuntu yokwumva yuko ukwo kwubaha Imana ari kandi
n’ukwubaha n’abo Imana yaremye bose, abakuru n'abato.
Ku bwiwe
ariko, ngo muri abo bato bato ni ho usanga abantu basamarira, ntibabahe iteka ribakwiye.
Ngo ni na ho Nyenubweranda Papa aheza akibutsa ko Yezu Kristu, n’ubwo yari
umutunzi, yigize umworo ku bw’abantu, ngo abatungishe.
Patiri Désire
Ninahazimana yasozereye asaba abakristu bo mu Nyakabiga ko mu buzima bwabo no
mu mibano yabo boguma bakuza umutima wo gufasha aboro, kubitaho no kubaremesha.
Ngo ni ho bazoba bariko baraca mu makanda ya Yezu Kristu.
Ngo ntibokwumva
ko aboro ari abo gukurira impuzu zamaze kwambarwa, ahubwo riho ngo na bo nyene bakwiye
kwambara impuzu nshasha. Ywo musaserdoti akaba yatumiriye abakristu kuja baribuka
kubagurira impuzu nshasha no kuja barababatumira mu manza, bagasangira mu
miryango iwabo, mbere abo bikunda bagasangira n'igisabisho, kuko ngo babana mu
makaritiye iwabo.

Mwomenya ko aboro
bo muri Paruwase Nyakabiga, kuri uwo musi bahawe impuzu nshasha, bongera barasangira
n’infungurwa n’abandi banyamuryango ba Paruwase, ngo basubire bagaragarizwe ko na
bo nyene bazirikanwa ko ari abakristu mu bandi, basangiye iteka n’abandi ryo
kuba abana b’Imana n’ab’Ekleziya-muryango.
Marie
Chantal Nzeyimana, Paruwase Nyakabiga
Aleluya, aleluya.Akirane ubwitonzi rya jambo ryatewe muri mwebwe, ni ryo rizokiza imitima yanyu. Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (11, 28-30)
Muri irya misi, Yezu yavuze aya majambo ati: «Nimuze mwebwe mwese murushe kandi muremerewe, nzobaruhurira. Nimwemere inganji yanje, mukunde n’ivyo nigisha, kuko ndi umwitonzi kandi nkicisha bugufi bivuye ku mutima; ni ho muzoronkera akoyoko k’imitima yanyu. Ni ivy’ukuri, inganji yanje ntiremereye, na vyo ivyo nzobashinga ntibizobavuna.»