Ku w'Imana igenekerezo
rya 20 Munyonyo 2022, abakristu bo muri Paruwase Munanira barifatikanije
n'abandi bakristu bo kw'isi yose mu guhimbaza umusi mukuru wa Kristu Umwami.
Ibirori vyatangujwe n'urugendo rubereye ijisho, rwahereye aho bita ku Musaraba,
kw'ibarabara rikuru rija ku murwa mukuru i Gitega.
Patiri mukuru wa Paruwase Munanira, Patiri DĂ©ogratias Nitunga, yaribukije isinzi ry'abakristu bari baje muri urwo rugendo ko Yezu Kristu ari Umwami w'abami bose. Ngo ni Umwami w'amahoro, Umwami w'urukundo n'ikigorwe.
Yaribukije ko ubwo bwami bwagaragariye ku Musaraba, igihe yitanga, akitangira abantu bose. Mbere ngo na Pirato yaravyemeje atazi ko avyemeje, aho yandika ku musaraba Yezu yari abambweko, ati: «Uyu ni Umwami w'abayahudi.»
Patiri DĂ©ogratias Nitunga yaciye
asaba abari aho ko icobaranga coba ukugira ibikorwa vy'urukundo n'ikigongwe, be
no kwitanga.
Inyuma y'Inkuka ya misa, ibirori vyabandanyirije ku kibuga c'inkino ca Paruwase, aho abagize imihari n'imigwi y'ubutumwa berekanye udukino dutandukanye.
Patiri mwibutsamana
w'imihari n'imigwi y'ubutumwa, Patiri Jean Marie Vyukusenge, yavuze ko bene uwo
musi abanyamihari n'imigwi y'ubutumwa bakorana bambaye ibimenyetso bibaranga,
bakanashikiriza ivyivugo vyabo (nk'uko babikoze kuri uwo musi). Kukaba nka ko,
ngo ni n'ikimenyetso c'ubumwe, nk'uko Kristu abishaka.
Yasozereye asaba
abanyamihari n'imigwi y'ubutumwa kugendera ivyo vyivugo aho bari hose, gutyo
bashingire intahe Yezu Kristu, na nyarirya benshi muri bo bakiri bato. Akaba
yabasavye gukunda ibikorwa, kuko ari yo nzira irashe yo guteze imbere igihugu
na Ekleziya.
Inyuma y'ivyo birori
vyo ku kibuga, haviye hakurikira ugufata agatutu kari kateguwe, aho abakristu
barenga 500 bitavye ako gatutu, harimwo na musitanteri wa Komine Rutegama, na
bamwe bamwe mu bamwunganira, nk'uko twabishikirijwe n'umusuku w'abanaguwe muri Mutima-Mweranda
muri Paruwase Mubanira, RĂ©novat Nsabiyumva, ari mu bateguye ako gatutu.
Abafashe amajabo nka
bose baragarutse ku ruhara rwa Ekleziya Katorika mu kurera urwaruka, na rirya
ari rwo Burundi bw'ejo. Basavye abakristu guhurumbira ibikorwa biteza imbere
Paruwase, be no gutera imbere mu bijanye n'ukwemera. Abavyeyi na bo bakaba
babasavye kurerera abana babo mu mihari
n'imigwi y'ubutumwa.
Ezéchiel Nimbona,
Paruwase Munanira
Aleluya. Yezu Kristu, Wewe cabona c’intahemuka, ari Wewe mfura y’abazuka mu bapfuye, uradukunda ukadukiza ibicumuro mu maraso yawe. Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (6, 60-69)
Muri irya misi,
Bumvise aya majambo Yezu yavuze ati: «Uwurya umubiri wanje akanywa
n’amaraso yanje arafise ubuzima budahera.», benshi mu bigishwa biwe bavuga
bati: «lyo mvugo iratugumiye, ni nde yoyemera?» Yezu yamara aca aramenya mu
mutima wiwe ko abigishwa biwe bavyidogera, arababwira ati: «Ivyo
birabatirimutsa? Hari akantu nimwabona Umwana w’umuntu aduze iyo ahora… Umutima
ni wo ubeshaho, umubiri nta co umara. Amajambo nababwiye ni umutima n’ubuzima.
Yamara muri mwebwe, harimwo bamwe batemera.» Na none Yezu kuva mu ntango yari
azi abatemera n’uwari kumugusrisha. Arongera ati: «Ni co gituma ndababwiye ko
ata woza iwanje, Data atabimuhaye.» Kuva ubwo, benshi mu bigishwa biwe baciye
biyonjorora, ntibaba bakimugendanira.
Yezu rero abwira bamwe cumi na babiri ati: «Namwe, mushaka kwigira?» Simoni
Petero aramwishura ati: «Mukama, turi bwirukire nde wundi? Ko ari wewe ufise
amajambo y’ubuzima budahera. Tweho twaremeye kandi turazi ko uri Umweranda
w’Imana.»
Â