Bavukanyi dusangiye ukwemera, eka
na mwese Imana ikunda mukayikundira.
1.  Twebwe abungere banyu b’Ekleziya gatorika tubanje kubaramutsa amahoro ya Kristu yaje ari Umwami w’amahoro ngo atumenyeshe Imana y’ukuri yongere atunywanishe na yo kandi atwungire ubumwe.
2.   Tubashikirije iyi nyigisho mu gihe dutanguye ubushikiro ca kiringo kiroranye kiduha akaryo keza ko kwitegurira guhimbaza umunsi mukuru wa Noheli. Uwo musi mukuru na wo murazi ko utwibutsa iteka twatewe n’uko Umwana w’Imana yigize umuntu akabana natwe ngo uwumubonye abe abonye Imana y’ukuri.
Nitwame dukenguruka iryo teka Imana yaduteye kuko yatumaze inambu na basokuru bari bafise yo kumenya Imana, uguhura na Yo no kwibanira na Yo. Iyo Umwana w’Imana atigira umuntu, ntitwari kurenga urugero basokuru bacu bashoboye kugerako mu vy’Imana. Nkako, nk’uko inyigisho y’inama nkuru ya Vatikano ibivuga babikora nk’abazimagirika, nka kurya k’umuntu arondera ikintu mu mwijima.
3.   Yezu Kristu Umwana w’Imana rero ni we yatumye tumenya neza Imana nka Serukundo, Umuremyi n’Umuvyeyi wa twese abantu, atuma tumenya n’uko iyo Mana yaturemanye agashusho kayo. Ni we cane cane yaturonkeye iteka ba sokuru bacu batashobora kwiyumvira, ry’uko «agapfuye katabazwa ivu» canke uwupfuye ahinduke «umuzimu» ahubwo ko uwupfuye apfuye yemera Imana akayikundira, azukira kuba muzima mu buhirwe kandi adasubira gupfa.
Aho ni na ho ukwemera kwacu gushingiye nk’uko Paulo mweranda avyigisha igihe agira ati : Kristu niyaba atazutse, ukwemera kwanyu ntikugira ishingiro. Ntihakagire rero uwucambirwa gusubira mu vya kera ngo hari akunguko yoba aronse. Ahubwo kwoba ari nko gusubira mu mwijima yaramaze kubona ahari umuco, kuko nk’uko Yohani mwera abitwigisha : Jambo yigize umuntu ni we ari «Umuco w’ukuri uboneshereza zina muntu wese».
4.   Igihambaye muri uku kwemera kwacu tugaragariza mu muryango w’Ekleziya gatorika, ni uko kwagenewe bose ; kutiharijwe n’igihugu kanaka canke ubwoko bunaka. Yezu we nyene yaratomoye kuva mu ntango ko uku kwemera kugenewe bose. Ni vyo dusanga mw’itegeko yahaye abigishwa biwe igihe yabikebanura agira ati: «kwire isi yose mushikirize Inkuru nziza ikiremwa cose uwuzokwemera akabatizwa azorokoka, uwutazokwemera azocibwa».
Muri iyo si
yabarungitsemwo na twebwe turimwo. Turi ba samuragwa ba mbere b’uko kwemera.
Boba bahuvye rero abokwibwira ko ukwemera kw’abakristu ari ukwemera kw’abazungu
n’abanyamahanga.
Ni ivy’ukuri ko kwadushikiriye kuzanywe n’abamisionari b’abanyamahanga  mu gihe abazungu  bariko baragabangana ibihugu vy’isi. Ariko ntitukitiranye ibintu n’ibindi. Na bo nyene bari bakwakiriye nk’ingabire bahawe, bagukuye kubakuronse kuri ya Pentekoti y’abatumwa ubonako kuri uyo munsi « hari hakoraniye abantu bo mu ntara zose ziri munsi y’ijuru ». Ni dushire amazinda rero, uku kwemera si ukw’abanyamahanga.
5.   Ko ubushikiro tubutanguye mu gihe duheruka kwinjira muri YUBILE y’imyaka 125 twakiriye Inkuru Nziza yatumye tugabana uko kwemera , nibutubere igihe kiroranye kidufasha kurimbura aho tugeze mu kukugendera. Ubuzima bwacu bwa misi yose butegerezwa kumurikirwa n’ukwemera kw’Ekleziya gatorika, kugira natwe dushobore kubera abandi umuco uberekeza kuri Kristu Mucunguzi w’abantu bose.
6.  Erega ukwemera kwacu twakiriye mu muryango w’Ekleziya ni intabonwa duhamagariwe kubungabunga no guhagararira tukirinda kukubangikanya n’imigenzo canke ingendo ziteye kubiri n’ishaka ry’Imana. Na none Yezu atubwira ati: «ntawushobora gukorera ba shebuja babiri kuko yohava yanka umwe agakunda uwundi».
   Paulo mweranda na we yongerako ati: «Mutegerezwa kwikurako wa muntu wa kera yama atituka kubera ivyifuzo vy’uruhendo». Ni ikizira kikaziririzwa rero ko umukristu abangikanya kuyoboka Imana no kuyoboka abantu n’ibindi biremwa, na none abarundi barayamaze bati:" amayira abiri yananiye imfyisi".Â
7.   Mu  kugaragaza ukwemera kwacu tuvuga tuti: «Nemera Imana imwe rudende, Data Mushobora vyose, yaremye ijuru n’isi ibiboneka n’ibitaboneka». Ayo majambo y’ukwemera kwacu aratwereka ko icubahiro Imana ifise itagihabwa n’abantu, kuko ariyo mushobora vyose yaremye ijuru n’isi ibiboneka n’ibitaboneka. Aha ni ho hava rya bwirizwa rya mbere ridutegereza gusenga Imana yo nsa no kuyikunda kuruta vyose: «uzosenga Umukama Imana yawe , uyikorere yo nsa».
8.  Nidutegere rero ko igihe cose Imana tuyirutishije umuntu, ubutegetsi, akaryoheramubiri, amaronko, ubumenyi n’ubuhinga, n’ibindi vyose vyaremwe na YO tuba turiko turasenga ibigirwamana gurtyo tukaba turenze iryo bwirizwa rya mbere. Vyongeye ukuja gusenga canke ukwitaba igisabisho catunganijwe na Ekleziya canke n’abandi kugira gusa duheze itegeko ariko ata kwemera n’urukundo tubigiranye, bisa no guhenda Imana iduhamagarira kuyisenga mu kuri n’umutima wacu wose.
9.   Ibwirizwa ryo gusenga no gukorera IMANA Yo nsa ritwerekeza ku rya kabiri; ridutegereza gusonera izina ry’Imana: «ntuze urahirire ubusa izina ry’Imana yawe kuko Umukama atazoreka guhana uwurahirira ubusa izina ryiwe». N’igihe cose dukoresha izina ry’Imana mu makoraniro yo gusenga canke mu yandi manama tugomba gushika ku nyungu zacu canke z’imirwi duhurikiyemwo; zihushanye n’ishaka ry’Imana tuba turiko turatyoza Imana n’ukwemera kwacu.
N’abo bose bakoresha izina ry’IMANA ngo bahishe ubugizi bwa nabi, ikinyoma canke kugira ngo basinzirize abantu, babagumize mu bujuju canke babatwaze urwenge gushika n’aho babagira abaja, na bo nyene baba bariko baratuka Imana, gurtyo bakaba bikwegera umuvumo.
10.  Iyo Mana imwe rudende, Yezu yayiduhishuriye nk’umuvyeyi yasezeranye na twebwe abantu urukundo n’ubuvyeyi vyayo vyigaragaje ku buryo budasanzwe muri Yezu Kristu nyene Umwana wayo w’ikinege, yapfuye ku musaraba hanyuma akizura mu bapfuye umusi wa mbere w’indwi.
Ku bigishwa ba Yezu KRISTU uyo musi w’izuka ryiwe  mu bapfuye wabaye umunsi wa mbere ukura iyi ndi misi yose, uba n’umusi mukuru w’ agakura, umusi w’Umukama. Ni co gituma Ekleziya yisunze ibwirizwa rya gatatu ridutegereza guhimbaza umunsi w’Imana ; ibwiriza abakristu twibuka ukubabara, ugupfa n’ukuzuka kw’ Umukama wacu Yezu Kristu mu kwifatanya n’umusaserdoti mu guhereza inkuka y’imisa ku musi w’Imana n’imisi mikuru itegerezwa. Na none Ekleziya ibeshwaho na Ukaristiya.
11.  Mbega none inkuka ya misa yo ku munsi w’Imana yoshobora gusubirirwa n’ ibindi bisabisho ? Haba na mba. Ivy’uko haba igihimbazo ku musi w’Imana, Ekleziya yabirekuye mu ntango kuberako amaparuwase yari akiri kure na kure.
N’ubu irabirekura kugira ngo ihe abakristu barwaye canke bageze mu za bukuru badashobora gushika aho baherereza inkuka ya misa akaryo ko kuzirikana Ijambo ry’Imana no gusangira ku mubiri wa Kristu. Na ho nyene ico gihimbazo bategerezwa kukigira basangiye umutima n’abari mu nkuka ya misa.
Uwa Kristu wese akomeye kandi abishoboye ategerezwa kuja gusangira n’umuryango w’abemera inkuka y’Imisa. Ivyo bisigura ko uwugiye mu gihimbazo kubera ubunebwe aba arenze ibwirizwa ry’uguhimbaza umusi w’Imana. Nimutegere kandi ko ata kindi gisabisho na kimwe canke amakoraniro yo gusenga atunganijwe na Ekleziya canke n’ iyindi migwi, vyoshobora gutezura itegeko ryo guhimbaza inkuka ya misa yo ku musi w’Imana.
12. Kubera iteka ryayo, ukaristiya ishobora guherezwa gusa mu kibanza categuwe kandi gikwije ibisabwa n’amategeko y’Ekleziya na Liturgiya. Ni co gituma inkuka ya misa idashobora kubera mu bibanza vy’amakoraniro ivyo ari vyo vyose, hadatanzwe uruhusha n’uwubirekuriwe. Ahandi ho twosanga twatituye iteka n’ubweranda bw’iryo sakramentu ry’urukundo mu kwitiranya urubanza rusanzwe n’inkuka ya misa canke igacika igisabisho gisanzwe bakora mu kurindira ko abandi bashika ngo urubanza nyezina rutangure.
13.  Kubera ko inkuka ya misa atari urubanza canke igikorwa gisanzwe c’abantu turasubiriye kubibutsa ko ijambo ryonyene rivugwa icese mu nkuka ya misa ari inyigisho y’umusaserdoti canke y’umudiyakoni asigura ijambo ry’Imana ryategekanijwe kuri uyo musi. Inkuka ya misa rero si ikibanza c’iyagiro canke co kuvugirwamwo amajambo atandukanye n’aho yoba akenewe gute.
14. Ukwemera n’inyigisho vy’Ekleziya bifise akarangamutima vyisangije. Muri kino gihe amashengero mashasha yagwiriye kandi afise intumbero zitanduknye canke mbere zinyuranye uravye ukuntu bamwe bamwe bahangana n’abandi ; uwovuga ko kuba muri Ekleziya gatorika ari co kimwe no kuba mu yandi mashengero yoba ahuvye.
Ivy’uko ingingo ya mbere y’ibwirizwa nshingiro ivuga ko Uburundi ari Republika  itegamiye idini na rimwe, bisigurako amadini canke amashengero yose angana imbere y’amategeko y’igihugu. Ariko ntibisigura ko ayo madini canke amashengero yose yemera bimwe, ku buryo ivyo Ekleziya gatorika yigisha kandi ishingirako vyoba co kimwe n’ivyayo yandi madini canke amashengero.
Ukwemera n’inyigisho vy’Ekliziya birafise ico vyisangije bituma ata mukristu yovanga ukugendera ukwemera kwiwe n’ugusengera mu yandi madini canke ayandi mashengero tudasangiye ukwemera. Ni co gituma nk’uko twigeze kubibahako umuco «uguhatirwa gusengera mw ‘idini utarimwo canke mu buryo utemera, biciye kubiri n’uburenganzira bwa zina muntu bwemejwe n’iryo Bwirizwa nshingiro nyene».
Ariko no mu gihe vyoshika mwebwe dusangiye ukwemera, turabahimirije dushimitse  ngo muhagararire ukwemera kwanyu mwoye kujuragirika kubera «uguhahamira amaronko canke gutinya uruhamo»
15. Twashimye gusubira kubibutsa ukwemera kw’ Ekleziya dushimikiye kuri ukaristiya yo «soko n’ iherezo ry’ ubuzima rukristu». Nk’uko Inama Nkuru ya Vatikano ya kabiri ibiduhimiriza, ni vyiza ko twitwararika igisabisho mpuzamashengero yemera Kristu kugira ngo abakristu dusubire mu bumwe kandi turangwe n’umwumvikano.
Ni vyiza kandi ko hama hatunganywa igisabisho mpuzamadini kugira ngo dukomeze umuvukano wugurukiye bose, dushire hamwe inguvu mu gusaba amahoro ashingiye ku kuri, ku butungane, ku mwidegemvyo n’urukundo.
Ariko ivyo bisabisho ntibisubirira na gatoyi Inkuka ya misa. Vyoba vyiza ivyo bisabisho bitunganijwe n’abarongoye amadini n’amashengero. Vyongeye nk’uko igisabisho mpuzamashengero yemera Kristu co mu kwezi kwa mbere gitunganywa n’amashengero cega, vyoba vyiza n’ibindi bisabisho vyose bihuza amadini n’amashengero bitunganijwe n’abayarongoye.
16. TurangijeÂ
tubifuriza mwese ubushikiro bwiza . Nibubabere akaryo keza ko kuvavanura n’igicumuro n’ingeso mbi, ngo Jambo w’Imana yigize
umuntu mu mbanyi ya Bikira Mariya muze mumwakirane urukundo n’akanyamuneza ku
musi mukuru wa Noheli. Tubaye turabifuriza na Noheli nziza hamwe n’umwaka mushasha muhire.
Bigiriwe i Kibeho , igenekerezo rya 13 Munyonyo 2022
Abepiskopi bagize inama y’ abepiskopi Katorika b’ i Burundi
Urakaninahazwa, Kristu, wewe Muco wamaho w’Imana nzima. Umukama yavuze ati: «Ndabahaye itegeko rishasha: nk’uko ndabakunda, nimukundane namwe.» Urakaninahazwa, Kristu, wewe Muco wamaho w’Imana nzima.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (13, 1-15)
Yezu yarabakunze urutiziganya
Imbere y’umusi mukuru wa Pasika, Yezu kuko yari azi ko ubutigu bwiwe bwo kuva kuri iyi si ngo asubire kwa Se bwashitse, kandi kuko yari yakunze abiwe bo kuri iyi si, yarabakunze urutiziganya.
Uwo musi bariko barafungura, Shetani yari imaze gushira mu mutima wa
Yuda Isikariyoti mwene Simoni imigambi yo kumugurisha, Yezu na We yari azi ko
Se yamugabiye ibintu vyose, ko yakomotse ku Mana kandi agira ngo asubire ku
Mana.
Mu gihe bariko barafungura rero, Yezu yavuye ku meza, akūra umutamana wiwe, yakira igitambara, aragikanyera. Hanyuma asuka amazi
mu mubehe, atangura kwoza ibirenge vy’abigishwa biwe no kubihanaguza nya
gitambara akenyeye.
Ashikiriye Simoni Patero, Patero amubwira ati: «Mukama, ari Wewe unyoza
ibirenge!» Yezu aramwishura ati: «Ico ngira nturi bugitegere ubu, uzogitegera
hanyuma.» Petero aramubwira ati: «Ntirikabe, ntuzokwigera unyoza ibirenge!»
Yezu asubizayo ati: «Nintakwoza, nta co uzoba ugisangiye nanje.» Simoni Petero
amubwira ati: «Mukama, nivyaba ari ivyo, ntunyoze ibirenge bisa, nyoza n’umutwe
n’iminwe!» Yezu amubwira ati: «Uwamaze kwiyuhagira ntaba agikeneye kwozwa, kuko
ata mwanda aba afise; namwe nyene muri beranda ariko si mwese.» Na none yari
azi uwuza kumugurisha; ni ko kuvuga ati: «Ntimuri beranda mwese.»
Ahejeje kuboza ibirenge, yambara umutamana wiwe, asubira ku meza, ababwira
ati: «Mwategereye ico nabagiriye? Munyita Mwigisha na Mukama, kandi muvuga
ukuri, kuko ndi we. Ko rero jewe Mukama Mwigisha nabogeje ibirenge, mubwirizwa
namwe kwozanya ibirenge. Nabahaye akarorero, ngo namwe mwigenze nk’uko
nabagiriye.»