Inyigisho ishikirijwe n’inama y’Abepiskopi Katorika b’i Burundi ku musi w’Imana wa mbere w’igihe c’Ubushikiro mu mwaka w’2022
Itariki: 28/11/2022Ababisomye 1873 Vyamenyekanishijwe na : NIBITANGA Michel
Nituzigame ukwemera kwacu kandi tuguhagararirekuko gusumvya igiciro inzahabu (1P 1,7)

Bavukanyi dusangiye ukwemera, eka na mwese Imana ikunda mukayikundira.

1.   Twebwe abungere banyu b’Ekleziya gatorika tubanje kubaramutsa amahoro ya Kristu yaje ari Umwami w’amahoro ngo atumenyeshe Imana y’ukuri yongere atunywanishe na yo kandi atwungire ubumwe.

2.    Tubashikirije iyi nyigisho mu gihe dutanguye ubushikiro ca kiringo kiroranye kiduha akaryo keza ko kwitegurira guhimbaza umunsi mukuru wa Noheli. Uwo musi mukuru na wo murazi ko utwibutsa iteka twatewe n’uko Umwana w’Imana yigize umuntu akabana natwe ngo uwumubonye abe abonye Imana y’ukuri.

Nitwame dukenguruka iryo teka Imana yaduteye kuko yatumaze inambu na basokuru bari bafise yo kumenya Imana, uguhura na Yo no  kwibanira na Yo. Iyo Umwana w’Imana atigira umuntu, ntitwari kurenga urugero basokuru bacu bashoboye kugerako mu vy’Imana. Nkako, nk’uko inyigisho y’inama nkuru ya Vatikano ibivuga babikora nk’abazimagirika, nka kurya k’umuntu arondera ikintu  mu mwijima.

3.    Yezu Kristu Umwana w’Imana rero ni we yatumye tumenya neza Imana nka Serukundo, Umuremyi n’Umuvyeyi wa twese abantu, atuma tumenya n’uko iyo Mana yaturemanye agashusho kayo. Ni we cane cane yaturonkeye iteka ba sokuru bacu batashobora kwiyumvira, ry’uko «agapfuye katabazwa ivu» canke uwupfuye ahinduke «umuzimu» ahubwo ko uwupfuye apfuye yemera Imana akayikundira, azukira kuba muzima mu buhirwe kandi adasubira gupfa.

Aho ni na ho ukwemera kwacu gushingiye nk’uko Paulo mweranda avyigisha igihe agira ati : Kristu niyaba atazutse, ukwemera kwanyu ntikugira ishingiro. Ntihakagire rero uwucambirwa gusubira mu vya kera ngo hari akunguko yoba aronse. Ahubwo kwoba ari nko gusubira mu mwijima yaramaze kubona ahari umuco, kuko nk’uko Yohani mwera abitwigisha : Jambo yigize umuntu ni we ari «Umuco w’ukuri uboneshereza zina muntu wese».

4.    Igihambaye muri uku kwemera kwacu tugaragariza mu muryango w’Ekleziya gatorika, ni uko kwagenewe bose ; kutiharijwe n’igihugu kanaka canke ubwoko bunaka. Yezu we nyene yaratomoye kuva  mu ntango ko uku kwemera kugenewe bose. Ni vyo dusanga mw’itegeko yahaye abigishwa biwe igihe yabikebanura agira ati: «kwire isi yose mushikirize Inkuru nziza ikiremwa cose uwuzokwemera akabatizwa azorokoka, uwutazokwemera azocibwa».

Muri iyo si yabarungitsemwo na twebwe turimwo. Turi ba samuragwa ba mbere b’uko kwemera. Boba bahuvye rero abokwibwira ko ukwemera kw’abakristu ari ukwemera kw’abazungu n’abanyamahanga.

Ni ivy’ukuri ko kwadushikiriye  kuzanywe n’abamisionari b’abanyamahanga  mu gihe abazungu  bariko baragabangana ibihugu vy’isi. Ariko ntitukitiranye ibintu n’ibindi. Na bo nyene bari bakwakiriye nk’ingabire  bahawe, bagukuye kubakuronse kuri ya Pentekoti y’abatumwa ubonako kuri uyo munsi « hari hakoraniye abantu bo mu ntara zose ziri munsi y’ijuru ». Ni dushire amazinda rero, uku kwemera si ukw’abanyamahanga.

5.    Ko ubushikiro tubutanguye mu gihe duheruka kwinjira muri YUBILE y’imyaka 125 twakiriye Inkuru Nziza yatumye tugabana  uko kwemera , nibutubere igihe kiroranye kidufasha kurimbura aho tugeze mu kukugendera. Ubuzima bwacu bwa misi yose butegerezwa  kumurikirwa n’ukwemera kw’Ekleziya gatorika, kugira natwe dushobore kubera abandi umuco uberekeza kuri Kristu Mucunguzi w’abantu bose.

6.   Erega ukwemera kwacu twakiriye mu muryango w’Ekleziya ni intabonwa duhamagariwe kubungabunga no guhagararira tukirinda kukubangikanya n’imigenzo canke ingendo ziteye kubiri n’ishaka ry’Imana. Na none Yezu atubwira ati: «ntawushobora gukorera ba shebuja babiri kuko yohava yanka umwe agakunda uwundi».

      Paulo mweranda na we yongerako ati: «Mutegerezwa kwikurako wa muntu wa kera yama atituka kubera ivyifuzo vy’uruhendo». Ni ikizira kikaziririzwa rero ko umukristu abangikanya kuyoboka Imana no kuyoboka abantu n’ibindi biremwa, na none abarundi barayamaze bati:" amayira abiri yananiye imfyisi". 

7.    Mu  kugaragaza ukwemera kwacu tuvuga tuti: «Nemera Imana imwe rudende, Data Mushobora vyose, yaremye ijuru n’isi ibiboneka n’ibitaboneka». Ayo majambo y’ukwemera kwacu aratwereka ko icubahiro Imana ifise itagihabwa n’abantu, kuko ariyo mushobora vyose yaremye ijuru n’isi ibiboneka n’ibitaboneka. Aha ni ho hava rya bwirizwa rya mbere ridutegereza gusenga Imana yo nsa no kuyikunda kuruta vyose: «uzosenga Umukama Imana yawe , uyikorere yo nsa».

8.  Nidutegere rero ko igihe cose Imana tuyirutishije  umuntu, ubutegetsi, akaryoheramubiri, amaronko, ubumenyi n’ubuhinga, n’ibindi vyose vyaremwe na YO tuba turiko turasenga ibigirwamana gurtyo tukaba turenze iryo bwirizwa rya mbere. Vyongeye ukuja gusenga canke ukwitaba igisabisho catunganijwe na Ekleziya canke n’abandi kugira gusa duheze itegeko ariko ata kwemera n’urukundo tubigiranye, bisa no guhenda Imana iduhamagarira kuyisenga  mu kuri n’umutima wacu wose.

9.    Ibwirizwa ryo gusenga no gukorera IMANA Yo nsa ritwerekeza ku rya kabiri; ridutegereza gusonera izina ry’Imana:  «ntuze urahirire ubusa izina ry’Imana yawe kuko Umukama atazoreka guhana uwurahirira ubusa izina ryiwe».  N’igihe cose dukoresha izina ry’Imana mu makoraniro yo gusenga canke mu yandi manama tugomba gushika ku nyungu zacu canke z’imirwi duhurikiyemwo; zihushanye n’ishaka ry’Imana tuba turiko turatyoza Imana n’ukwemera kwacu.

N’abo bose bakoresha izina ry’IMANA ngo bahishe ubugizi bwa nabi, ikinyoma canke kugira ngo basinzirize abantu, babagumize mu bujuju canke babatwaze urwenge gushika n’aho babagira abaja, na bo nyene baba bariko baratuka Imana, gurtyo bakaba bikwegera umuvumo.

10.  Iyo Mana imwe rudende, Yezu  yayiduhishuriye nk’umuvyeyi yasezeranye na twebwe abantu urukundo n’ubuvyeyi vyayo vyigaragaje ku buryo budasanzwe muri Yezu Kristu nyene Umwana wayo w’ikinege, yapfuye ku musaraba hanyuma akizura mu bapfuye umusi wa mbere w’indwi.

Ku bigishwa ba Yezu KRISTU uyo musi w’izuka ryiwe  mu bapfuye wabaye umunsi wa mbere ukura iyi ndi misi yose, uba n’umusi mukuru w’ agakura, umusi w’Umukama. Ni co gituma Ekleziya yisunze ibwirizwa rya gatatu ridutegereza guhimbaza umunsi w’Imana ; ibwiriza abakristu twibuka ukubabara,  ugupfa n’ukuzuka kw’ Umukama wacu Yezu Kristu mu kwifatanya n’umusaserdoti mu guhereza inkuka y’imisa ku musi w’Imana n’imisi mikuru itegerezwa. Na none Ekleziya ibeshwaho na Ukaristiya.

11.  Mbega none inkuka ya misa yo ku munsi w’Imana yoshobora gusubirirwa n’ ibindi bisabisho ? Haba na mba. Ivy’uko haba igihimbazo ku musi w’Imana, Ekleziya yabirekuye  mu ntango kuberako amaparuwase yari akiri kure na kure.

N’ubu irabirekura kugira ngo ihe abakristu barwaye canke bageze mu za bukuru badashobora gushika aho baherereza inkuka ya misa akaryo ko kuzirikana Ijambo ry’Imana no gusangira ku mubiri wa Kristu. Na ho nyene ico gihimbazo bategerezwa kukigira basangiye umutima n’abari mu nkuka ya misa.

Uwa Kristu wese akomeye kandi abishoboye  ategerezwa kuja gusangira n’umuryango w’abemera inkuka y’Imisa. Ivyo bisigura ko uwugiye mu gihimbazo kubera ubunebwe aba arenze ibwirizwa ry’uguhimbaza umusi w’Imana. Nimutegere kandi ko ata kindi gisabisho na kimwe canke amakoraniro yo gusenga atunganijwe na Ekleziya canke n’ iyindi migwi, vyoshobora gutezura  itegeko ryo guhimbaza inkuka ya misa  yo ku musi w’Imana.

12. Kubera iteka ryayo, ukaristiya ishobora guherezwa gusa mu kibanza categuwe kandi gikwije ibisabwa n’amategeko y’Ekleziya na Liturgiya. Ni co gituma inkuka ya misa idashobora kubera  mu bibanza vy’amakoraniro ivyo ari vyo vyose, hadatanzwe uruhusha n’uwubirekuriwe. Ahandi ho twosanga twatituye iteka n’ubweranda bw’iryo sakramentu ry’urukundo mu kwitiranya urubanza rusanzwe n’inkuka ya misa canke igacika igisabisho gisanzwe bakora mu kurindira ko abandi bashika ngo urubanza  nyezina  rutangure.

13.  Kubera ko inkuka ya misa atari urubanza canke igikorwa gisanzwe  c’abantu turasubiriye kubibutsa ko  ijambo ryonyene rivugwa icese mu nkuka ya misa  ari inyigisho y’umusaserdoti canke y’umudiyakoni asigura ijambo ry’Imana ryategekanijwe kuri uyo musi. Inkuka ya misa rero si ikibanza c’iyagiro canke co kuvugirwamwo amajambo atandukanye n’aho yoba akenewe gute.

14. Ukwemera n’inyigisho vy’Ekleziya bifise akarangamutima vyisangije. Muri kino gihe amashengero mashasha yagwiriye kandi afise intumbero zitanduknye canke mbere zinyuranye  uravye ukuntu bamwe bamwe bahangana n’abandi ; uwovuga ko kuba muri Ekleziya gatorika  ari co kimwe no kuba mu yandi mashengero  yoba ahuvye.

Ivy’uko  ingingo ya mbere  y’ibwirizwa nshingiro ivuga ko Uburundi ari Republika   itegamiye idini na rimwe, bisigurako amadini canke amashengero yose angana imbere y’amategeko y’igihugu. Ariko ntibisigura ko ayo madini canke amashengero yose yemera bimwe, ku buryo ivyo Ekleziya  gatorika yigisha kandi ishingirako vyoba co kimwe n’ivyayo yandi madini canke amashengero.

Ukwemera n’inyigisho vy’Ekliziya  birafise ico vyisangije bituma ata mukristu yovanga  ukugendera ukwemera kwiwe  n’ugusengera mu yandi madini canke ayandi mashengero tudasangiye ukwemera. Ni co gituma nk’uko twigeze kubibahako umuco «uguhatirwa gusengera mw ‘idini utarimwo canke mu buryo utemera, biciye kubiri n’uburenganzira bwa zina muntu bwemejwe n’iryo Bwirizwa nshingiro nyene».

Ariko no mu gihe vyoshika mwebwe dusangiye ukwemera, turabahimirije dushimitse  ngo muhagararire ukwemera kwanyu mwoye kujuragirika kubera «uguhahamira amaronko canke gutinya uruhamo»

15. Twashimye gusubira kubibutsa  ukwemera kw’ Ekleziya dushimikiye kuri ukaristiya yo «soko n’ iherezo ry’ ubuzima rukristu».  Nk’uko Inama Nkuru ya Vatikano ya  kabiri ibiduhimiriza, ni vyiza ko twitwararika igisabisho mpuzamashengero yemera Kristu kugira ngo abakristu dusubire mu bumwe kandi turangwe n’umwumvikano.

Ni vyiza kandi ko hama hatunganywa igisabisho mpuzamadini kugira ngo dukomeze umuvukano wugurukiye bose, dushire hamwe inguvu mu gusaba amahoro ashingiye ku kuri, ku butungane, ku mwidegemvyo n’urukundo.

Ariko ivyo bisabisho ntibisubirira na gatoyi Inkuka ya misa. Vyoba vyiza ivyo bisabisho bitunganijwe n’abarongoye amadini n’amashengero. Vyongeye  nk’uko igisabisho mpuzamashengero yemera Kristu co mu kwezi kwa mbere gitunganywa n’amashengero cega, vyoba vyiza n’ibindi bisabisho vyose bihuza amadini n’amashengero bitunganijwe n’abayarongoye.

16. Turangije  tubifuriza mwese ubushikiro bwiza . Nibubabere akaryo  keza ko kuvavanura  n’igicumuro n’ingeso mbi, ngo Jambo w’Imana yigize umuntu mu mbanyi ya Bikira Mariya muze mumwakirane urukundo n’akanyamuneza ku musi mukuru wa Noheli. Tubaye turabifuriza na Noheli  nziza hamwe n’umwaka mushasha muhire.

Bigiriwe i Kibeho , igenekerezo rya 13 Munyonyo 2022

Abepiskopi bagize inama y’ abepiskopi Katorika b’ i Burundi

Ivyiyumviro

Urakaninahazwa, Kristu, wewe Muco wamaho w’Imana nzima. Umukama yavuze ati: «Ndabahaye itegeko rishasha: nk’uko ndabakunda, nimukundane namwe.» Urakaninahazwa, Kristu, wewe Muco wamaho w’Imana nzima.

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (13, 1-15)

Yezu yarabakunze urutiziganya

Imbere y’umusi mukuru wa Pasika, Yezu kuko yari azi ko ubutigu bwiwe bwo kuva kuri iyi si ngo asubire kwa Se bwashitse, kandi kuko yari yakunze abiwe bo kuri iyi si, yarabakunze urutiziganya.

Uwo musi bariko barafungura, Shetani yari imaze gushira mu mutima wa Yuda Isikariyoti mwene Simoni imigambi yo kumugurisha, Yezu na We yari azi ko Se yamugabiye ibintu vyose, ko yakomotse ku Mana kandi agira ngo asubire ku Mana.

Mu gihe bariko barafungura rero, Yezu yavuye ku meza, akūra umutamana wiwe, yakira igitambara, aragikanyera. Hanyuma asuka amazi mu mubehe, atangura kwoza ibirenge vy’abigishwa biwe no kubihanaguza nya gitambara akenyeye.

Ashikiriye Simoni Patero, Patero amubwira ati: «Mukama, ari Wewe unyoza ibirenge!» Yezu aramwishura ati: «Ico ngira nturi bugitegere ubu, uzogitegera hanyuma.» Petero aramubwira ati: «Ntirikabe, ntuzokwigera unyoza ibirenge!» Yezu asubizayo ati: «Nintakwoza, nta co uzoba ugisangiye nanje.» Simoni Petero amubwira ati: «Mukama, nivyaba ari ivyo, ntunyoze ibirenge bisa, nyoza n’umutwe n’iminwe!» Yezu amubwira ati: «Uwamaze kwiyuhagira ntaba agikeneye kwozwa, kuko ata mwanda aba afise; namwe nyene muri beranda ariko si mwese.» Na none yari azi uwuza kumugurisha; ni ko kuvuga ati: «Ntimuri beranda mwese.»

Ahejeje kuboza ibirenge, yambara umutamana wiwe, asubira ku meza, ababwira ati: «Mwategereye ico nabagiriye? Munyita Mwigisha na Mukama, kandi muvuga ukuri, kuko ndi we. Ko rero jewe Mukama Mwigisha nabogeje ibirenge, mubwirizwa namwe kwozanya ibirenge. Nabahaye akarorero, ngo namwe mwigenze nk’uko nabagiriye.»

Rondera
Urutonde rw'Imisa
I. VICARIAT DE SAINT MICHEL
1. PAROISSE CATHÉDRALE REGINA MUNDI
A. Messes
Samedi : 17h00 (en Français)
Dimanche : 6h00 (en Kirundi),  7h00 (en Kirundi),  8h15 (en Français),  10h00 (en Kirundi),  12h00 (parfois, possibilité d'une messe circonstancielle, en Kirundi), 17h00 (en Français)
B. Adoration
Mardi : toute la journée, à la Chapelle
Jeudi : toute la journée, à la Chapelle
Samedi : 6h45 à 8h00
2. PAROISSE SAINT MICHEL
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 06h15, 08h00, 10h00, 12h00 Kiswahili, 17h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
3. PAROISSE BUYENZI
A. Messes
6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h30 (en Kirundi), 16h30 (en Kirundi)
B. Adoration
Mercredi : 17h30
4. PAROISSE KANYOSHA
A. Messes
6h00, 7h45, 9h30 (Français), 11h15 et 16h00
B. Adoration
Jeudi : 18h00
Dimanche : 13h00 à 16h00
Premier vendredi du mois : toute la journée
5. PAROISSE KININDO
A. Messes
6h00, 7h30, 8h45, 10h30, 17h30
B. Adoration
Jeudi, toute la journée
6. PAROISSE MUSAGA
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 6h10, 08h00, 10h30, 16h30
B. Adoration
Mardi : 12h00 à 16h00
Jeudi : 15h00 à 16h00
Vendredi : 12h00 à 14h00
7. PAROISSE NYAKABIGA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 17h00 (en Kirundi)
B. Adoration
Du lundi à vendredi : 7h00 à 16h45
8. PAROISSE RUZIBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 16h30
B. Adoration
Jeudi 15h et le 1er vendredi du mois
9. PAROISSE MUTANGA SUD
A. Messes
6h15, 08h15, 10h30, 17h00
Campus Mutanga : messe à 11h (en kirundi et en français alternativement)
B. Adoration
Mardi : toute la journée après la messe de 6h00
II. VICARIAT DE GIHOSHA
1. PAROISSE GIHOSHA
Messes de la semaine
Lundi - Samedi : 06h30
Dimanche : 6h00, 10h30, 16h00 ( en Kirundi) 08h15 en Français
Lundi à 18h00, messe en Français, suivie de l'adoration, jusqu'à 19h00.
Vendredi : Adoration à 17h30, suivie de l'Eucharistie en Français, à 18h30
2. PAROISSE BUTERERE
A. Messes
6h00, 8h00, 10h00, 16h30
B. Adoration
Jeudi : 15h00 à 17h15
Samedi : 5h30 à 6h20
3. PAROISSE GATUMBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : 7h00 à 8h00
Deuxième lundi du mois : 17h30 à 19h00
4. PAROISSE KAMENGE
Messes
6h, 7h30, 9h00 (swahili),10h30,16h30
Gatunguru : 9h30
Nyabagere : 9h30
Muberure : 8h00, 10h00
Nyambuye : 8h00, 10h00
Gishingano : 8h00, 10h00
Buhayira : 9h30
Mbirira : 8h00
Adoration à la Paroisse
Jeudi 16h30 un jour par mois
5. PAROISSE KINAMA
A. Messes
06h00 (en Kirundi), 08h00(en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 16h00 (en Kirundi)
Gahahe-Carama (en Kirundi) : 07h00 et 09h30
Gasenyi (en Kirundi) : 09h00
B. Adoration
Lundi à samedi de 7h00 à 19h00
6. PAROISSE NGAGARA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00, 08h00, 10h00, 17h00
B. Adoration
Jeudi : 17h00 à 17h30
AUMONERIES ET CHAPELLES
1. PAROISSE CHRIST-ROI (AUMONERIE MILITAIRE)
A. Messes
8h15, 10h30
B. Adoration
-
2. AUMONERIE DE LA POLICE
A. Messes
API : 7h30 et 10h30
Socarti : 7h30, 10h30
Ex ENAPO : 8H30
1er GMIR (Buyenzi) : 10h30
2ème GMIR (Kanyosha) : 10h30
Socarti : Adoration, 1er mercredi du mois
3. CENTRE JEUNES KAMENGE
Messe
10h30 en français
4. SANCTUAIRE MONT SION GIKUNGU
Messes
6h00, 8h00,10h00 et 16h00
Adoration
Lundi à vendredi à partir de 7h00 jusqu'à 21h30
Dimanche de 13h00 à 18h00
4. PETIT SEMINAIRE KANYOSHA
Messe
Messe des séminaristes : 6h45
1ère Messe des fidèles : 8h30
2ème Messe des fidèles : 10h15
Adoration
Adoration du Saint Sacrement par les séminaristes et autres fidèles qui veulent : Dimanche à 18h15 à 19h00
III. VICARIAT DE BUHONGA
1. PAROISSE BUHONGA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 à 8h30
Jeudi de la troisième semaine du mois : toute la journée
2. PAROISSE JENDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche, 7h45, 10h00, 16h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée après la messe de 7h15
3. PAROISSE KARINZI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Du lundi au samedi : 6h00 à 6h30
4. PAROISSE MAGARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Dimanche : 7h00 à 7h30
5. PAROISSE MATARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 15h00
6. PAROISSE MAYUYU
A. Messes
8h00, 11h00
B. Adoration
Vendredi : 8h00 à 17h00
7. PAROISSE MUBIMBI
A. Messe
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00 à 10h00
8. PAROISSE MUTUMBA
Messes
7h30 et 10h00
Adoration
Jeudi à 14h00 sauf le 1er vendredi du mois (7h30)
9. PAROISSE RUGAZI
A. Messes
7h30, 10h30
Jeudi : 15h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
10. PAROISSE RUSHUBI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
11. PAROISSE RUTONGO
A. Messes
7h30; 10h00
B. Adoration
-
IV. VICARIAT DE MURAMVYA
1. PAROISSE BUKEYE
A. Messes
Samedi : 16h00
Dimanche : 6h00 , 7h40, 9h30, 11h30
B. Adoration
Jeudi : 7h10 à 19h00
2. PAROISSE BUKWAVU
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 14h00 à 15h00
3. PAROISSE BUZIRACANDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
Mercredi : 17h30 (Messe en Français)
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5.PAROISSE GASURA
4. PAROISSE KIGANDA
A. Messes
Samedi : 11h00
 Lycee: 16h00
Dimanche : 7h00, 9h00, 11h00
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5. PAROISSE KIVOGA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 12h30
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
6. PAROISSE MUNANIRA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h15, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 à 18h00
Premier vendredi du mois : 7h30 à 12h00
7. PAROISSE MURAMVYA
A. Messes
7h00, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
8. PAROISSE RYARUSERA
A. Messes
8h00, 10h15
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
Mwoba mufise ico mubaza?
Tanga
Twite za CEDICOM
Twite za Papa
Facebook ya CEDICOM
Abari kumurongo : 83
Centre Diocésain de Communication CEDICOM
Uburyo bwokutwakura
Bld Patrice Lumumba, 21, Bujumbura, Burundi
+257 22 22 05 00
+257 65 19 52 50
B.P. 690 BUJUMBURA BURUNDI
cedicom.buja@gmail.com
Kwiyandikisha kukurontswa inkuru
Baza ikibazo
©2024. CEDICOM Archidiocèse de Bujumbura Designed by : DS COMPANY
Tanga * Karitas (abatishoboye)* Ugufasha abaseminari n'abamenyeshamana* Ukwubaka amasengero kumashure* Ugushigikira abasaserdotiUburyo bwo gufashaKoresha konte za DiyosezeMu marundi : Interbank Burundi : 701-02790-0152(Diocèse de Bujumbura)Mu ma dolari : BRB : 3302/493 (Archidiocèse BUJA/USD) Swift Code : BRBUBIBIMu ma Euro : BRB : 3320/368 (Archidiocèse de Buja/EURO) Swift Code : BRBUBIBI