
Umunyamabanga
wa Diyoseze Nkuru ya bujumbura, Musenyeri Gabriel Baregensabe, ku wa Gatandatu
igenekerezo rya 18 Ruhuhuma 2023, yarahimbaje yubire y’imyaka 50 amaze
mw’ibanga ry’ubusaserdoti-busuku, uwo musi mukuru wiwe akaba yawuhimbarije muri
paruwase yitiriwe umwerenda Yohani Batista yo mu Gihosha, ahari umuryango
«Chemin Neuf» asanzwe ahurikiyemwo.
Ihimbazwa
ry’iyo yubile ryatanguriye mu nkuka y’imisa yo gukengurukira Imana yari
irongowe na Nyenicubahiro Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa, Umwepiskopi Mukuru
wa Diyosese Nkuru ya Bujumbura, ari kumwe na Nyenicubahiro Musenyeri Evariste
Ngoyagoye, Umwepiskopi Mukuru w’inararibonye w’iyo Diyosese.
Mu
bandi bari bateye iteka Musenyeri Gabriel Baregensabe mu guhimbaza uwo musi
mukuru harimwo na Musenyeri Anatole Ruberinyange, icariho gikuru c’Umwepiscopi
Mukuru, n’abasaserdoti batari bake, n’incuti n’abagenzi ba Musenyeri Gabriel
Baregensabe, hamwe n’abakristu, cane cane bo muri Paruwase Yohani Batista
Mwerandanda bari baje kumushigikira.

Musenyeri
Gerevazi Banshimiyubusa yarakeje Musenyeri Gabriel Baregensabe, yongera
aranakenguruka ku vyiza vyose Imana yagabiye igihugu cayo iciye kuri uwoÂ
musuku wayo. Yagize ati: «Iyo umuntu yiyumviriye gusa imyaka 50 ubwayo umuntu
akiri mw’ibanga kandi akirangura n’ubutumwa, ivyo vyonyene birakwiye
gukengurukwa, n’imbere yo kudondagura ibiba vyarangutse.»
Ku
bw’uwo Mwepiskopi wa Diyoseze Musenyeri Gabriel Baregensabe asanzwe akukira,
ngo nta muntu yodongura ivyiza bica mu bikorwa umusaserdoti aba yaranguye mu
myaka ingana ityo, ngo abiheze, na cane cane ko ivyiza bikuru Imana igira
usanga ari ibitabonwa n’amaso y’abantu.
Akarorero
Nyenicubahiro Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa yatanze ku muherezankuka nka
Musenyeri Gabriel Baregensabe ni ak’ivyiza bica mu nkuka z’imisa. Yavuze ko
umusaserdoti amaze imyaka 50 yose ahereza inkuka z’imisa, usanga ivyiza
yashikanye ku gihugu c’Imana ari vyinshi cane: uri ibica mu masakaramentu
ashikiriza, uri ibica mu nyigisho atanga, hatibagiwe n’ibikorwa vy’urukundo,
ndetse no mu bisabisho avuga asabira igihugu c’Imana ashinzwe, n’isi yose.
Uwo
mwepiskopi yagiriyeko yibutsa abari aho bumwe mu butumwa Musenyeri Gabriel
Baregensabe yagiye arashingwa, bwaba ubwo mu maparuwase yabayemwo, canke ubwo
mu gisata c’indero, nko mu maseminari mato mato na makuru, eka no mu butumwa
bwo kuba umunyamabanga mu nama y’Abepiscopi Katolika b’i Burundi (CECAB), ukuba
icariho gikuru c’Umwepiskopi wa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, n’ubundi butumwa
bwinshi, mbere gushika n’ubu akiriko, aho ari umunyamabanga mukuru wa Diyoseze.
Yarangije
agakenguruka cane umutima w’ukwemera, w’urukundo, n’ubwitonzi Musenyeri Gabriel
Baregensabe yaranguranye ubwo butumwa bwose yagiye arashingwa. Akaba yamusabiye
ku Mana ko yobandanya imuzigama kandi imukomeza, kugira ngo arambane iteka
n’ubukristu yamanye.

Na
we Musenyeri Gabriel Baregensabe, ari na we yashikirije insiguro y’ijambo ry’Imana
ryasomwe muri iyo nkuka y’imisa, yaboneyeho akaryo ko kugaragaza ubukengurutsi
afitiye Imana, yo ngo yamuteye iteka nta ngere mu kutorera ibanga
ry’umusaserdoti.
Musenyeri
Gabriel Baregensabe yarashinze intahe ko mu myaka 50 yose amaze muri iryo banga
yiboneye ubuntu bw’Imana, yo ngo itora uwo yishakiye, ikamurungika kuyiserukira
mu bana bayo no kubasangiza ivyiza vyayo. Ngo yarabonye kandi ko Imana ari
Umuvyeyi akunda abana biwe kandi adatana mu ndagano. Na co icamutumye yihebera
Imana, yavuze ko ari uko yabona ko iterambere ry’ukuri ry’Uburundi rikeneye
n’abafasha igihugu kumenya neza Imana n’imigambi yayo.
Abandi
Musenyeri Gabriel Baregensabe yashimiye ni abavyeyi biwe. Ngo itorwa ryiwe
bararigizemwo uruhara runini, kuko ngo mu kumusabira ibatisimu ata n’indwi
arakwiza avutse vyamwugururiye n’ayandi masakramentu yose amaze kuronka,
harimwo n’iryo ry’ubusaserdoti bwiwe yari aramutse yibuka kuri iyo yubile yiwe.
Hari ikintu yibuka bamuyagiye: ngo bama basaba Imana ko mu bana bibarutse
hovamwo uwuyihebera.
Iruhande
y’abavyeyi biwe, Musenyeri Gabriel Baregensabe yarashimiye n’abandi bamufashije
kwumvira ijwi ry’Umukama ryamuhamagarira kuyihebera. Ntiyibagiye n’abakuru
bagiye baramwizigira mu kumuha ubutumwa babona bubereye. Ku bwabo akaba
yarasubiriye gushimira Umukama yamuhumuye amaso akabona ivyiza arangura mu
muryango wiwe w’EZkleziya.
Ibirori
vyo kwiginana no gusangira inzimano vyabereye mu kigo c’umuryango «Chemin Neuf»,
aho Musenyeri Gabriel Baregensabe asanzwe aba muri kino kiringo. Ni na ho abatari
bake mu baje kumushigikira bashikiririje akari ku mutima, harimwo n’abo mu muryango
wiwe w’amaraso.

Abo
mu muryango w’amaraso wa Musenyeri Gabriel Baregensabe bagize ico bashikiriza
kuri we baremeje ko kuva mu buto bwiwe yarangwa n’ubwitonzi n’ubukerebutsi,
kugeza n’aho umwana wese akarebutse mu muryango baca bavuga ko azoba nka Gabriel.
Na bo
bakaba barakengurukiye Imana kw’iteka yateye umuryango wabo mu kuwutoramwo
uwuyihebera. Barayikengurukiye kandi no ku migisha n’imihezagiro baronse biciye
kuri uwo musavyi w’Umukama, bongera bayisaba ngo ibandanye ishoboza uwo musuku
wayo kugumya iryo banga.
Musenyeri
Gaburiyeri Baregensabe rero yatiwe mw’ibanga ry’ubusaserdoti kw’igenekerezo rya
6 Nzero 1973, na Nyenubweranda Papa Paulo-VI, mw’isengero nkuru y’i Roma
yitiriwe Petero mweranda.
Mu gihe
na ho muri kino kiringo ahimbaje yubile y’imyaka 50 y’ubusaserdoti-busuku aba
mu kigo c’umuryango «Chemin Neuf», kuko ku bwo gukunda ubutumwa buharangurirwa yari
yarabisavye Umwepiskopi Mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura asanzwe akukira, na
we akabimwemerera, Nyenicubahiro Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa akaba
yaramumenyesheje ariko ko akazoguma ari umusaserdoti akukira iyo Diyoseze.
Sélécous
Ndihokubwayo, CEDICOM
Aleluya, aleluya.
Umukama yavuze ati: «Ewe Toma, wemeye kuko umbonye.
Hahiriwe abazokwemera ata co barinze kubona.»
Aleluya.
Â
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (20, 19-31)
Imisi umunani iheze, Yezu araza
Ku mugoroba w’uyo musi ari wo mubarwa wa mbere w’indwi, mu nzu yarimwo abigishwa, bari bakinze inzugi ku gutinya Abayuda. Niho rero Yezu yaza, ahagarara hagati muri bo, ababwira ati: «Nimugire amahoro!» Avuze atyo, abereka ibiganza vyiwe n’urubavu rwiwe. Abatumwa ngo babone Umukama, barahimbarwa.
Yongera ababwira ati: «Nimugire amahoro! Kumwe Data yantuma, nanje ni ko
ndabatumye.» Ababwiye ivyo, arabahuha ati : « Nimuronke Mutima Mweranda. Abo
muzorekurira ibicumuro, bazoba babirekuriwe, abo muzobigumizako na bo,
bizobagumako.»
Aho Yezu yaza, Toma, umwe wo muri bamwe Cumi na babiri, ari we bita Didimo,
ntiyari muri bo. Abandi bigishwa bamubwiye bati: «Twabonye Umukama», abishura
ati: «Ntiboneye mu biganza vyiwe intoboro za ya misumari, ngo nshire urutoke mu
ntoboro zayo, n’urushi mu rubavu rwiwe, sinzokwemera.»
Imisi umunani iheze, abigishwa basubira guteranira muri ya nzu, na Toma bari
kumwe. Yezu araza, inzugi zugaye, ahagarara hagati muri bo ati: «Nimugire
amahoro!» Hanyuma abwira Toma ati: «Shira urutoke ngaha: ng’ibi ibiganza vyanje;
zana urushi rwawe kandi urushire mu rubavu rwanje: ureke rero kuba ikigaba, ariko
wemere.»
Toma amwishura ati: «Mukama wanje, Mana yanje!» Yezu na We amwishura ati:
«Ewe Toma, wemeye kuko umbonye: hahiriwe abazokwemera ata co barinze kubona.»
Hari n’ibindi bimenyetso vyinshi bitanditswe muri iki gitabu Yezu yagiriye imbere y’abigishwa biwe. Ivyo rero vyanditswe ngo mwemere ko Yezu ari Kristu Umwana w’Imana, kugira kandi ngo muvyemeye, muronke ubuzima kw’izina ryiwe.