Ku muhingamo wo kuri uyu wa Gatanu igenekerezo 10
Ntwarante 2023 ni ho hasozerwa indwi yahariwe kumenyesha Inkuru Nziza muri Paruwase
Ruziba, inyuma y’inyigisho zari zimaze imisi ine, ku magenekerezo ya 7, 8, 9 na
10 Ntwarante 2023, ku civugo kigira kiti: «Humura ntugire ubwoba naratsinze isi».
Ni indwi itunganyijwe ku ncuro igira iya gatatu mu
ndwi iyo Paruwase yama yatunganyije ku mwaka ku mwaka zariwe kumenyesha Inkuru,
ikaba yasozerewe ku nkuka y'imisa yo gukengurukira Imana ku vyiza umuryango
w'abakristu bo muri iyo Paruwase bagabanye muri iyo misi, hamwe no ku gusabira
abagwaye.
Iyo nkuka y’imisa yo gusozera ibikorwa vyo muri iyo
ndwi yari irongowe na Patiri mukuru wa Paruwase ya Muyaga, akaba n'umuyobozi w'ikirimba citiriwe Umushaha wa Yezu kiri
muri iyo Paruwase ya Muyaga, Patiri Aloys Cambara ari kumwe na Patiri mukuru wa
Paroisse Ruziba Patiri Pierre Claver Gacumu, kumwe na Patiri Deus Nzambimana na
Patiri Jean Marie Nahimana.
Muri iyo nkuka y'imisa, imitwaro itandukanye yo mu
buryo bw’inyandiko ya bamwe mu bakurikiranye ibikorwa vyo muri iyo ndwi n’inyigisho
na yo nyene yaragizwe ishikanwa, iraheza iraturirwa, nk’uko bimenyerewe ko bene
iyo mitwaro ibigirirwa.
Uwo mugirwa wasozereye ku gushengerera Yezu mw’Ukaristiya,
ku gutembereza iryo Sakramentu ryeranda mu bibanza abakristu bari baherereyemwo
mw’isengero, hakaba harakoretse ibitangaro ku bakristu benshi bari aho, mbere bamwe
muri bo bakaba barashingiye intahe Umukama ku vyiza bagabanye.
Patiri mukuru wa Paruwase Ruziba, Patiri Pierre Claver Gacumu, kw'izina ry'abakristu ba paruwase yose, yakengurukiye abasaserdoti babiri, Patiri Aloys Cambara na Patiri Aimé Irakoze, ku kuntu bitanze mu kuza gishikiriza inyigisho abakristu bo mu Ruziba, be no ku nyigisho bashikirije.
Abandi Patiri Pierre Claver Gacumu yakengurukiye ni abantu bose bitanze ngo iyo ndwi yahariwe kumenyesha Inkuru Nziza muri Paruwase Ruziba igende neza.
Noël Buntubwimana, Paruwase Ruziba
Aleluya. Yezu Kristu, Wewe cabona c’intahemuka, ari Wewe mfura y’abazuka mu bapfuye, uradukunda ukadukiza ibicumuro mu maraso yawe. Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (6, 60-69)
Muri irya misi,
Bumvise aya majambo Yezu yavuze ati: «Uwurya umubiri wanje akanywa
n’amaraso yanje arafise ubuzima budahera.», benshi mu bigishwa biwe bavuga
bati: «lyo mvugo iratugumiye, ni nde yoyemera?» Yezu yamara aca aramenya mu
mutima wiwe ko abigishwa biwe bavyidogera, arababwira ati: «Ivyo
birabatirimutsa? Hari akantu nimwabona Umwana w’umuntu aduze iyo ahora… Umutima
ni wo ubeshaho, umubiri nta co umara. Amajambo nababwiye ni umutima n’ubuzima.
Yamara muri mwebwe, harimwo bamwe batemera.» Na none Yezu kuva mu ntango yari
azi abatemera n’uwari kumugusrisha. Arongera ati: «Ni co gituma ndababwiye ko
ata woza iwanje, Data atabimuhaye.» Kuva ubwo, benshi mu bigishwa biwe baciye
biyonjorora, ntibaba bakimugendanira.
Yezu rero abwira bamwe cumi na babiri ati: «Namwe, mushaka kwigira?» Simoni
Petero aramwishura ati: «Mukama, turi bwirukire nde wundi? Ko ari wewe ufise
amajambo y’ubuzima budahera. Tweho twaremeye kandi turazi ko uri Umweranda
w’Imana.»
Â