
Abadiyakoni 11 ni bo
bimirije kwatirwa mw’ibanga ry’ubusaserdoti, ku wa Gatandatu igenekerezo rya 08
Mukakaro 2023, muri Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, inkuka y’imisa izoberamwo iryo
yatirwa ikaba izoherezwa muri Paruwase Karinzi.
Abiteguriye kwatirwa mw’ibanga
ry’ubusaserdoti ni aba:
1) Diyakoni Pascal Bukuru
avuka mu Rugembe muri Paruwase Karinzi, mwene Emmanuel Barakabereka na Lydwine
Hakizimana;
2) Diyakoni Apollinaire
Havyarimana avuka mu Kibuye muri Paruwase Rushubi, mwene Venant Ndikuburundi na
Vénérande Ndarengeje;
3) Diyakoni Richard Irakoze
avuka mu Kamesa muri Paruwase Musaga, mwene Protais Hashimimana na Gisèle
Nahimana;
4) Diyakoni Bernard
Maniragarura avuka i Buhanda muri Paruwase Matara, mwene Fécond Maniragarura na
Calinie Bukuru;
5) Diyakoni Liévin
Ndayishimiye avuka i Buhina muri Paruwase Buhonga, mwene Anatole Mpawenimana na
Calinie Ntahomvukiye;
6) Diyakoni Tanguy Chrétien
Nikezwe avuka muri quartier Gikungu-1 muri Paruwase Gihosha, mwene Daniel
Buhanza na Olive Ndabubaha;
7) Diyakoni Egide Nimubona wo
ku Mugoboka muri Paruwase Mutima w’Ubwitonzi yo ku Mutanga Sud, mwene Daniel
Bamporumukeko na Petronie Ndabacekure;
8) Diyakoni Siméon Niragira wo
mu Gashishima muri Paruwase Bukeye, mwene Pantaléon Nizigiyimana na Céline
Nsabimana;
9) Diyakoni Davy Christophe
Niyomuhoza wo muri Quartier 6 Ngagara muri Paruwase Ngagara, mwene Christophe
Biharira na Dorothée Kamikazi;
10) Diyakoni Etienne
Nshimirimana wo mu Kanyinya muri Paruwase Mubimbi, mwene Marcel Ncahonankwa na
Marguerite Ndahiro;
11) Diyakoni Firmat
Ntirampeba wo ku Mutanga Sud muri Paruwase Mutima w’Ubwitonzi yo ku Mutanga Sud,
mwene nabor Bantega na Marie Kigeme.
Diyoseze Nkuru ya Bujumbura
itumiriye abakristu bose gusabira abo batowe, kugira ngo Umukama ashishikare
kubafasha kwitegurira neza iryo banga, bazobe abatumwa beza kandi beranda.
Iyo Diyoseze kandi, yisunze
amateka y’Ekleziya, ikaba isaba uwoba azi ikintu kuri abo bazokwatirwa cotuma
Umwepiskopi mukuru abanza kubangira imbere yo kubatira, ko yobimenyesha hakiri
kare Umwepiskopi Mukuru canke Patiri mukuru wa Paruwase akukira.
Biri mw’itangazo ryasinywe na Musenyeri Gabriel Baregensabe,
Umunyamabanga wa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura
Aleluya, aleluya.
Ese Imana, Yo Muvyeyi w’Umukama wacu Yezu Kristu
yomurikira imishaha
yacu,
kugira ngo
turimbure ukwizigira kumwe rudende
yaduhamagariye.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (18, 15-20)
Muri irya misi, Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: «Mugenzawe agucumuyeko, genda umuhanure muri umwe n’umwe: agukundiye, uzoba umurokoye. Akwankiye, jana n’uwundi umwe canke babiri, kugira ngo ijambo rivugirwe imbere y’ivyabona bibiri canke bitatu. Akaramuka atabumviye naho, ubibwire umuryango. Niyanka kwumvira umuryango, uramuraba nk’umupagani canke nk’umutozakori.
Ni ivy’ukuri ndabibabwiye:
ico muzoboha kw’isi cose kizoba
kiboshwe no mw’ijuru, ico muzobohora kw’isi cose kizoba
kibohowe no mw’ijuru.
Ndabibabwiye kandi:
abantu babiri hano kw’isi bashize hamwe bagasaba, ico basavye cose Dawe wo
mw’ijuru azokibaha. Kuko aho babiri canke batatu bakoraniye ku bw’izina ryanje,
mba ndi hagati yabo.»