
Inyuma y'imisi
yababa 10 yari iheze umwunganizi mushasha w'Umuyobozi w'ikigo CEDICOM ca
Diyoseze Nkuru ya Bujumbura c'ukumenyesha amakuru, Patiri Davy Christophe Niyomuhoza,
atanguye ubutumwa muri ico kigo, Ubuyobozi bw'ico kigo bwarifatanije n'abakozi
baco be n'abagenzi b'ikinyamakuru «Kw'Isoko ry'ubuzima» candikwa n'ico kigo,
aho batunganije umugoroba w'ukwakira icese mu butumwa uwo musaserdoti, ku wa
Kabiri igenekerezo rya 12 Nyakanga 2023.
Karabaye n'akaryo ko
gusezera uwo yakoreye mu ngata, Patiri Olivier Ndayisaba, yarungitswe
kubandanya ivyigwa mu gihugu c'Ubutaliyano. Ibirori bikaba vyabereye Mu kigo
«Marana Tha» kiri muri Karitiye Rohero, i Bujumbura.

Patiri Dieudonné Niyibizi aramutswa ikigo CEDICOM ni we yari ahagarariye ico gikorwa. Yagize ati: «Uyu musi twaje duhuriye kw’ijambo ryo gusezera Patiri Olivier Ndayisaba, tumwipfuriza ubutumwa bushasha bwiza […]; Umwepiskopi mukuru yashimye ko yoja kubandanya ubutumwa bwo kw’ishure.» Yabandanyije avuga ukuntu Imana yabikoze, ikaba yari yarategekanije uwo wundi, Patiri Davy Christophe Niyomuhoza, wo kumusubirira.
Umuyobozi w’ikigo
CEDICOM yaragarutse kuri vyinshi basangiye mu butumwa na Patiri Olivier Ndayisaba, araheza aramukengurukira
ku vyo yaterereye vyose ngo ubutumwa bugene neza, be no ku kuntu bakoranye neza.
Araheza amwipfuriza ivyigwa vyiza, iyo agiye kuri kaminuza na we ngo yizemwo y’umuryango
w’abamisiyonari b’abasaleziyano, mbere yashingiye intahe ko itanga ubumenyi bw’akanovera,
ari na co gituma amwitezeko ivyamwa vyiza.
Uwo muyobozi w'ikigo
CEDICOM yabandanije ijambo ryiwe ashikiriza ukwipfuriza ikaze ryiza Patiri Davy
Christophe Niyomuhoza, Umwunganizi wiwe mushasha. Yagize ati: «Ni iteka ko muri CEDICOM turonse uwuje
yarize ibijanye n’ubuhinga dusanzwe dukenera, atakiri umunyeshure!» Arongera
ati: «Jewe ndamaze kubona ko afise umwete
mwinshi, arashaka kwitanga koko mu butumwa […], numva umenga hariho ikintu
tugiye kwunguka, tugatera imbere gusumba!»

Nguyo Patiri Davy Christophe Niyomuhoza arahejeje
kwakirwa icese. Mbega
wewe agona iki kuri ubwo butumwa agenwemwo?
Mu nyishu yiwe agira ati: «Ku mwete
numva mfise, icipfuzo kiri muri jewe ni uko ikigo CEDICOM cobandanya gitera
imbere.» Yarakengurutse ku butumwa Umwepiskopi Mukuru yamuhaye,
arakenguruka ko muri iyo misi amaze yakiriwe neza, akinjizwa mu kigo CEDICOM, akerekwa
ibiharangurirwa, arumva nyene ko yisanze.
Patiri Davy Christophe Niyomuhoza aripfuza ko ikigo CEDICOM
cotera imbere. Aripfuza ko ikinyamakuru «Kw’isoko
ry’Ubuzima» cohurumbirwa n’abantu benshi, kigafasha abakristu kubandanya
bazirikana ijambo ry’Imana mu gusoma ico kinyamakuru. Atera akamo amaparuwase
ko yoja aritura ikigo CEDICOM mu bikorwa kirangura, gutyo bikazoheza
bikagifasha gutera imbere, eka n’ibirangurirwa mu maparuwase bikamenyekana
biciye muri ico kigo.
Na we Patiri Olivier Ndayisaba, wewe ngo Ubukengurutsi
afise ni uko muri CEDICOM yahamenyeye vyinshi atari yarigeze agira ahandi
ahurira na vyo akiri mw'iseminari. Ngo ibikorerwa muri ico kigo yagiye guhurira
na vyo aho yiga muri kaminuza, maze agaheza akabizana mu butumwa, ngo abishire
mu ngiro.
Yarakengurukiye Umuyobozi n’abakozi b’ico kigo, eka
mbere n’abagenzi b’ikinyamakuru «Kw’isoko
ry’Ubuzima» ku kuntu bakoranye neza be no ku mutima wo gufashanya mu
butumwa. Akaba yarabasezeraniye ko aho agiye mu vyigwa kwongererezwa ubumenyi, ico
azobona yofasha cose azogikora ngo ubutumwa bwa CEDICOM bubandanye butera
imbere.

Tubibutse ko uwo Patiri Olivier Ndayisaba yahora ari
umwunganizi w'Umuyobozi w'ikigo CEDICOM yari yakiriwe muri ico kigo mu kwezi
kwa Nyakanga mu mwaka w'2020, abo muri ico kigo bakaba ico gihe bavuga ko aje
hageze, kuko uwo yari yaje kwunganira yayobora ico kigo ari umwe, kuva cuguruwe
muri Munyonyo 2017, kandi akabibangikanya n'ubundi butumwa mu bisata bitandukanye
vya Diyoseze, ugasanga amabanga amubana umurengera.
Eka na Patiri
Davy Christophe Niyomuhoza, na we nyene aje asanga n'ubu ibintu ari uko bikiri:
uwo yunganira asanganzwe ari na Patiri mukuri w’iparuwase, akongera akaba
n’umuyobozi mu bisata bitandukanye vy’ubuzima bwa Diyoseze, vyumvikana ko uwo
mwunganizi mushasha wiwe ari we azomarana umwanya munini n’abakozi n’abagenzi
b’ikigo CEDICOM.
Michel NIBITANGA, CEDICOM
Aleluya.
Ko mwazukanye na Kristu, rondere ivyiza vy’ijuru,
aho Kristu avyagiye iburyo bw’Imana.
Aleluya.
Â
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (17, 20-26)
Muri irya misi,
Yezu yariko arasenga, ahanga ijuru. Avuga ati: «Si abigishwa banje basa
nsabiye, nsabiye n’abazonyemera kubera ijambo ryabo, ngo babe bose umwe, nk’uko
wewe Dawe uri muri jewe nanje muri wewe, nibabe muri twebwe na bo nyene, isi
yemere ko wantumye. Narabahaye ubuninahazwa wampaye, ngo babe umwe nk’uko turi
umwe: jewe mbe muri bo nawe muri jewe, maze babe umwe rwose, ubumwe bwabo
bwuzure, kandi isi imenye ko wantumye kandi ko wabakunze nk’uko wankunze. Dawe,
abo wampaye, nshaka ko aho ndi, na bo bohabana nanje, maze barabe ubuninahazwa
wampaye kuko wankunze isi itararemwa.
Dawe utunganye, isi ntiyakumenye, jeho yamara narakumenye, aba na bo
baramenye ko wantumye. Narabamenyesheje izina ryawe kandi nzoribahishuka. Maze
urukundo wankunze rube muri bo, nanje nyene mbe muri bo.»