Urwaruka Katolika rw’i Bujumbura rwarahagurukiye kumenyesha Inkuru Nziza rukoresheje imbuga ngurukanabumenyi
Itariki: 07/11/2023Ababisomye 1577 Vyamenyekanishijwe na : NIBITANGA Michel
Amajambo n’inyigisho vyarashikirijwe n'abasaserdoti bakurikiraniye hafi ishirwaho ry'imigwi nk'iyo mu bindi bihugu, eka n'intahe mu buryo bwa vidéo zarashinzwe n'urwaruka rwo muri ivyo bihugu, be n'amajambo yo gutera intege yarungitswe n'abahagarariye ubwo butumwa kw'isi

Urwaruka Katolika rwo muri Diyoseze Nkuru ya Bujumbura rukoresha imbuga ngurukanabumenyi rwaritavye ubutumire bw’ikigo CEDICOM, mw’ihwaniro ryabaye ku w’Imana igenekerezo rya 05 Munyonyo 2023, kugira ngo hatanguzwe icese ubutumwa bushasha bw’Ekleziya bw’ukumenyesha Inkuru Nziza umugabane mushasha w’isi, ugizwe n’abantu bakoresha imbuga ngurukanabumenyi (Continent digital mu gifaransa).

Iryo hwaniro ryabereye muri imwe mu nyubakwa z’amahwaniro za Paruwase yitiriwe Mikaheli mweranda y’i Bujumbura, «Cercle Saint Michel», urwaruka Katolika rwababa 100 rukaba ari rwo rwitavye iryo hwaniro, urundi na rwo mu rushika 1700 rurikurikiranira ikibiriraho ku muhora ngurukanabumenyi Facebook wa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura.


Ubwo butumwa bushasha, amamuko yabwo muri Ekleziya

Umusaserdoti ajejwe igisata c’ukumenyesha amakuru muri Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, akaba n’umuyobozi w’ikigo CEDICOM, Patiri Dieudonné Niyibizi, yasiguye ubwo butumwa, igituma ari nkenerwa mw’isi ya none, be n’ukuntu bwinjijwe muri Ekleziya kw’isi.

Ubwo butumwa ngo bufise amamuko muri ya nama nsangizangendo igira iya 16 y'Abepiskopi i Roma, yatanguye mu mwaka w'2021. Iyo nama yahamagarira abakristu bose kuja hamwe n'abungere babo ngo bafashanye kuyitegura, basangizanye ingene bogenda bagana Kristu bongera bagendana hagati yabo (synode sur la synodalité), nk’uko vyasabwe na Nyenubweranda Papa Fransisko.

Intumbero y'iyo nama yari iy'ukwihweza ukuntu Ekleziya igenda nk'umuryango, be n'ukuntu ukwo kujana kwiserura mu buzima mu bantu bose, aba-Katolika n'abatari aba-Katolika, «Kugira ngo habe Ekleziya irangwa n'ukuja inama nsangizangendo: Isangiramutima, ukugira uruhara mu muryango n'ubutumwa».

Ibikorwa vyatanguriye mu maparuwase, ivyegeranyo bishirwa hamwe ku rwego rw’amadiyoseze, hanyuma ku rwego rw’ibihugu, ivy’imigabane, ubu bikaba bigeze ku rwego rw’isi yose (Gitugutu 2023). Ni ho rero i Vatikano ngo basanga hari uwundi mugabane wibagiwe, umugabane w’abakoresha imbuga ngurukanabumenyi bagwiriyemwo urwaruka. Haba rero hiyumviriwe ubwo butumwa. Mu bindi bihugu bumaze umwaka.

Patiri Dieudonné Niyibizi, amaze gusigura ukuntu ubutumwa buzoba butunganijwe (gushiraho inzego, gutunganya amahwaniro n’inyigisho, gushiraho imihora y’umugwi ikoresha imbuga zihurumbirwa n’urwaruka rw’i Burundi nka WhatsApp, Facebook, YouTube, Tiktok, blogs, na Instagram, rushireko amajwi, amasanamu, vidéos n’ibisomwa bigufi, bimenyesha Inkuru Nziza), yarunganiwe na Patiri Léonidas Nayuburundi, umusaserdoti wo mu muryango w’abamisiyonari b’Abasaveriyano, yibukije urwo rwaruka ko, nk’abatijwe, bose ari abatumwa.


Ubumwa burashoboka: intahe zivuye mu bindi bihugu

Urwaruka rwari rwaje muri iryo hwaniro, hejuru y’intahe zo mu buryo bwa vidéo rwatungikiwe ku muhora WhatsApp n’urundi rwaruka rwamaze kwinjira muri ubwo butumwa irya n’ino kw’isi (Malawi, Congo Brazzaville na Cameroun), be n’akamo k’abihebeye Imana bakurikirana ubutumwa bw’urwo rwaruka muri Afrika, Mama Leonida Katunge na Patiri Pascal Mwambi, bo mu gihugu ca Kenya.

Rwarashoboye no kwumviriza kandi n’utundi tu-video tw’abahagarariye ubwo butumwa muri Ekleziya baruteye intege, umwe wo mu gisata c’amakuru i Vatikano, uwundi wo mu runani Katolika PACTPAN rwo kumenyesha Inkuru Nziza n’inyigisho ndoramana biciye ku mbuga ngurukanabumenyi.

Nyenicubahiro Musenyeri Lucio Adrian Ruiz, Umuyobozi w’iyandikiro ry’amakuru mu gisata c’ukumenyesha amakuru i Vatikano, yavuze ko ari mu kanyamuneza ntangere yakiranye ukumenya iryo hwaniro, igikorwa yise ica Mutima-Mweranda, ko ari co gituma ata wogisha ako karyo Mutima-Mweranda atanze kuri Ekleziya.

Yagize ati: Â«Ndabatumiriye kugira umwete mu kurangura ubu butumwa. Zaba intambamyi z’ubutunzi, iz’ubuhinga canke iz’ukwitunganya, ntimuze muzireke ngo zibakure ku rukundo mufitiye Umukama na Ekleziya, na cane cane urwo mufitiye urunganwe rwanyu rurindiranye igishika ijambo ry’ihumure rya Yezu, rwiteze ko murugororera ukuboko kwanyu ngo murukirurutse, ruriko rurondera umugenzi yorwumviriza, mbere usanga rukeneye rutanabizi umwizero wo kubaho ubuzima bw’umwuzurira.» Araheza abaha ikaze mu muryango wagutse w’abamisiyonari Katolika bo ku mbuga ngurukanabumenyi.

Furera Stan Ilo Chu, Umuhuzabikorwa mu runani Katolika PACTPAN, wewe yabanje kwibutsa amajambo ya Nyenubweranda Papa Fransisko yibutsa urwaruka ko ari Ekleziya y’ubu, y’uyu musi, ko atari gusa iy’ejo, iyo muri kazoza. Ati: «Ekleziya iri mu minwe yanyu, na Afrika nyene iri mu minwe yanyu, kandi n’Imana iri kumwe namwe; mugiye hamwe murashobora guterera mu kugira Uburundi na Afrika ahantu heza, mu kwubaka Ekleziya ijana igana ejo heza!» Araheza abipfuriza ihwaniro ryiza no kugira ibihe vyiza vy’akanyamuneza.


Mwomenya ko muri Ekleziya yo mu Burundi, Diyoseze Nkuru ya Bujumbura ari yo ibaye iya mbere mu gutanguza ico gisata c’ubutumwa. Ikigo CEDICOM caburahuye ahandi buri kw’isi, kimaze kubwiyumvira mu ntango y’uyu mwaka w’ubutumwa w’2023-2024, caciye gitanguza umugwi WhatsApp w’urwaruka rwo muri iyo Diyoseze, haraheze ukwezi. Ihwaniro ryasozerewe ku Nkuka y’imisa.

Michel Nibitanga, CEDICOM

Ivyiyumviro

Aleluya.

Ko mwazukanye na Kristu, rondere ivyiza vy’ijuru,

aho Kristu avyagiye iburyo bw’Imana.

Aleluya.

 

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (17, 20-26)

Muri irya misi,

Yezu yariko arasenga, ahanga ijuru. Avuga ati: «Si abigishwa banje basa nsabiye, nsabiye n’abazonyemera kubera ijambo ryabo, ngo babe bose umwe, nk’uko wewe Dawe uri muri jewe nanje muri wewe, nibabe muri twebwe na bo nyene, isi yemere ko wantumye. Narabahaye ubuninahazwa wampaye, ngo babe umwe nk’uko turi umwe: jewe mbe muri bo nawe muri jewe, maze babe umwe rwose, ubumwe bwabo bwuzure, kandi isi imenye ko wantumye kandi ko wabakunze nk’uko wankunze. Dawe, abo wampaye, nshaka ko aho ndi, na bo bohabana nanje, maze barabe ubuninahazwa wampaye kuko wankunze isi itararemwa.

Dawe utunganye, isi ntiyakumenye, jeho yamara narakumenye, aba na bo baramenye ko wantumye. Narabamenyesheje izina ryawe kandi nzoribahishuka. Maze urukundo wankunze rube muri bo, nanje nyene mbe muri bo.»


Rondera
Urutonde rw'Imisa
I. VICARIAT DE SAINT MICHEL
1. PAROISSE CATHÉDRALE REGINA MUNDI
A. Messes
Samedi : 17h00 (en Français)
Dimanche : 6h00 (en Kirundi),  7h00 (en Kirundi),  8h15 (en Français),  10h00 (en Kirundi),  12h00 (parfois, possibilitĂ© d'une messe circonstancielle, en Kirundi), 17h00 (en Français)
B. Adoration
Mardi : toute la journée, à la Chapelle
Jeudi : toute la journée, à la Chapelle
Samedi : 6h45 Ă  8h00
2. PAROISSE SAINT MICHEL
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 06h15, 08h00, 10h00, 12h00 Kiswahili, 17h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
3. PAROISSE BUYENZI
A. Messes
6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h30 (en Kirundi), 16h30 (en Kirundi)
B. Adoration
Mercredi : 17h30
4. PAROISSE KANYOSHA
A. Messes
6h00, 7h45, 9h30 (Français), 11h15 et 16h00
B. Adoration
Jeudi : 18h00
Dimanche : 13h00 Ă  16h00
Premier vendredi du mois : toute la journée
5. PAROISSE KININDO
A. Messes
6h00, 7h30, 8h45, 10h30, 17h30
B. Adoration
Jeudi, toute la journée
6. PAROISSE MUSAGA
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 6h10, 08h00, 10h30, 16h30
B. Adoration
Mardi : 12h00 Ă  16h00
Jeudi : 15h00 Ă  16h00
Vendredi : 12h00 Ă  14h00
7. PAROISSE NYAKABIGA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 17h00 (en Kirundi)
B. Adoration
Du lundi Ă  vendredi : 7h00 Ă  16h45
8. PAROISSE RUZIBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 16h30
B. Adoration
Jeudi 15h et le 1er vendredi du mois
9. PAROISSE MUTANGA SUD
A. Messes
6h15, 08h15, 10h30, 17h00
Campus Mutanga : messe à 11h (en kirundi et en français alternativement)
B. Adoration
Mardi : toute la journée après la messe de 6h00
II. VICARIAT DE GIHOSHA
1. PAROISSE GIHOSHA
Messes de la semaine
Lundi - Samedi : 06h30
Dimanche : 6h00, 10h30, 16h00 ( en Kirundi) 08h15 en Français
Lundi à 18h00, messe en Français, suivie de l'adoration, jusqu'à 19h00.
Vendredi : Adoration à 17h30, suivie de l'Eucharistie en Français, à 18h30
2. PAROISSE BUTERERE
A. Messes
6h00, 8h00, 10h00, 16h30
B. Adoration
Jeudi : 15h00 Ă  17h15
Samedi : 5h30 Ă  6h20
3. PAROISSE GATUMBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : 7h00 Ă  8h00
Deuxième lundi du mois : 17h30 à 19h00
4. PAROISSE KAMENGE
Messes
6h, 7h30, 9h00 (swahili),10h30,16h30
Gatunguru : 9h30
Nyabagere : 9h30
Muberure : 8h00, 10h00
Nyambuye : 8h00, 10h00
Gishingano : 8h00, 10h00
Buhayira : 9h30
Mbirira : 8h00
Adoration Ă  la Paroisse
Jeudi 16h30 un jour par mois
5. PAROISSE KINAMA
A. Messes
06h00 (en Kirundi), 08h00(en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 16h00 (en Kirundi)
Gahahe-Carama (en Kirundi) : 07h00 et 09h30
Gasenyi (en Kirundi) : 09h00
B. Adoration
Lundi Ă  samedi de 7h00 Ă  19h00
6. PAROISSE NGAGARA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00, 08h00, 10h00, 17h00
B. Adoration
Jeudi : 17h00 Ă  17h30
AUMONERIES ET CHAPELLES
1. PAROISSE CHRIST-ROI (AUMONERIE MILITAIRE)
A. Messes
8h15, 10h30
B. Adoration
-
2. AUMONERIE DE LA POLICE
A. Messes
API : 7h30 et 10h30
Socarti : 7h30, 10h30
Ex ENAPO : 8H30
1er GMIR (Buyenzi) : 10h30
2ème GMIR (Kanyosha) : 10h30
Socarti : Adoration, 1er mercredi du mois
3. CENTRE JEUNES KAMENGE
Messe
10h30 en français
4. SANCTUAIRE MONT SION GIKUNGU
Messes
6h00, 8h00,10h00 et 16h00
Adoration
Lundi Ă  vendredi Ă  partir de 7h00 jusqu'Ă  21h30
Dimanche de 13h00 Ă  18h00
4. PETIT SEMINAIRE KANYOSHA
Messe
Messe des séminaristes : 6h45
1ère Messe des fidèles : 8h30
2ème Messe des fidèles : 10h15
Adoration
Adoration du Saint Sacrement par les séminaristes et autres fidèles qui veulent : Dimanche à 18h15 à 19h00
III. VICARIAT DE BUHONGA
1. PAROISSE BUHONGA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  8h30
Jeudi de la troisième semaine du mois : toute la journée
2. PAROISSE JENDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche, 7h45, 10h00, 16h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée après la messe de 7h15
3. PAROISSE KARINZI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Du lundi au samedi : 6h00 Ă  6h30
4. PAROISSE MAGARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Dimanche : 7h00 Ă  7h30
5. PAROISSE MATARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 15h00
6. PAROISSE MAYUYU
A. Messes
8h00, 11h00
B. Adoration
Vendredi : 8h00 Ă  17h00
7. PAROISSE MUBIMBI
A. Messe
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00 Ă  10h00
8. PAROISSE MUTUMBA
Messes
7h30 et 10h00
Adoration
Jeudi Ă  14h00 sauf le 1er vendredi du mois (7h30)
9. PAROISSE RUGAZI
A. Messes
7h30, 10h30
Jeudi : 15h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
10. PAROISSE RUSHUBI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
11. PAROISSE RUTONGO
A. Messes
7h30; 10h00
B. Adoration
-
IV. VICARIAT DE MURAMVYA
1. PAROISSE BUKEYE
A. Messes
Samedi : 16h00
Dimanche : 6h00 , 7h40, 9h30, 11h30
B. Adoration
Jeudi : 7h10 Ă  19h00
2. PAROISSE BUKWAVU
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 14h00 Ă  15h00
3. PAROISSE BUZIRACANDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
Mercredi : 17h30 (Messe en Français)
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5.PAROISSE GASURA
4. PAROISSE KIGANDA
A. Messes
Samedi : 11h00
 Lycee: 16h00
Dimanche : 7h00, 9h00, 11h00
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5. PAROISSE KIVOGA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 12h30
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
6. PAROISSE MUNANIRA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h15, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  18h00
Premier vendredi du mois : 7h30 Ă  12h00
7. PAROISSE MURAMVYA
A. Messes
7h00, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
8. PAROISSE RYARUSERA
A. Messes
8h00, 10h15
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
Mwoba mufise ico mubaza?
Tanga
Twite za CEDICOM
Twite za Papa
Facebook ya CEDICOM
Abari kumurongo : 176
Centre Diocésain de Communication CEDICOM
Uburyo bwokutwakura
Bld Patrice Lumumba, 21, Bujumbura, Burundi
+257 22 22 05 00
+257 65 19 52 50
B.P. 690 BUJUMBURA BURUNDI
cedicom.buja@gmail.com
Kwiyandikisha kukurontswa inkuru
Baza ikibazo
©2026. CEDICOM Archidiocèse de Bujumbura Designed by : DS COMPANY
Tanga * Karitas (abatishoboye)* Ugufasha abaseminari n'abamenyeshamana* Ukwubaka amasengero kumashure* Ugushigikira abasaserdotiUburyo bwo gufashaKoresha konte za DiyosezeMu marundi : Interbank Burundi : 701-02790-0152(Diocèse de Bujumbura)Mu ma dolari : BRB : 3302/493 (Archidiocèse BUJA/USD) Swift Code : BRBUBIBIMu ma Euro : BRB : 3320/368 (Archidiocèse de Buja/EURO) Swift Code : BRBUBIBI