
Abakristu bo muri Paruwase Kanyosha
bari mu mugwi ujejjwe ubutumwa bw’ubutungane n’amahoro, bari kumwe n’abajejjwe ubwo butumwa mu mibano
rukristu yose yo muri iyo Paruwase, baragize
uruganda rw’inyigisho ku musi wa Gatandatu igenekerezo rya 20 Nzero 2024, mu nyubakwa za Paruwase, ku gihe
c’isaha zitatu zo mu gitondo, mu ntumbero yo
kwungura ubumenyi mu butumwa bashinzwe.
Urwo ruganda rwitabwe n’abaserukira
abandi mu mibano mito mito bajejwe ivy’ubutungane n’amahoro hamwe n’abagize
umugwi wa Paruwase ujejwe ubutumwa bw’ubutungane n’amahoro, rukaba rwatangujwe
n’igisabisho cari kirongowe na Patiri Lambert Chrysostome Nishimagizwe, umwe mu
basaseredoti barangurira ubutumwa muri iyo Paruwase, akaba kandi mu butumwa
ajejwe harimwo n’ubw’ubw’imibano rukristu.

Ikiyago c’izo nyigisho
caremeshejwe n’umupfasoni Concilie Ngendahayo, arangurira ubutumwa mu gisata CDJP
ca Diyoseze Nkuru ya Bujumbura c’ubutumwa bw’ubutungane n’amahoro, ajejwe gukurikirana
imigwi y’ubutumwa bw’ubutungane n’amahoro mu maparuwase yo muri Diyoseze Nkuru
ya Bujumbura. Inyigisho yatanze yari igamije gufasha abo bakristu ukumenya
ubutumwa bajejwe ubwo ari bwo n’ingene bobukora neza.
Uwo mupfasoni yamenyesheje ko inyigisho
zabo zishingiye ku kumenya ubutungane bw’Imana ubwo ari bwo, ubwo na bwo. Kukaba
nka ko, ubutungane bw’Imana ngo butegekanya ko umuntu wese ategerezwa kuronka
iteka ryiwe, harimwo n’uko ubuzima bwiwe bubungabungwa. Nk’ubu ngo ntihogira uwica
uwundi. Ahubwo ngo umuntu ategerezwa kuronka uburenganzira bwiwe bwose, kugira ngo
yumve ko ari umuntu nk’abandi: kuronka aho aba, ico afungura n’ico yambara, kuvurwa,
kwiga no kuronka ico akora, n’ibindi. Kandi ivyo ngo ni ibintu vyabwirizwa
kudahara mu buzima bwa muntu.
Ubutungane bw’Imana, nk’uko uwo
mupfasoni yabandanije abimenyesha, ngo buhamagarira umuntu wese gukunda mugenzi
we, kwumvikana no gufashanya, gutyo abantu bagashobora kubana neza bafise
amahoro yo ku mutima n’ayo ku mubiri. Ivyo rero ngo si ivyo kuvuga gusa, ahubwo
ngo ni ivyo gushira mu ngiro, nk’uko n’Ijambo ry’Imana ribivuga: ukwemera kubonekerwa
mu bikorwa.

Ku vy’ubutumwa bw’ubutungane n’amahoro,
umupfasoni Concilie Ngendahayo yamenyesheje ko igisata CDJP gifasha abakristu, eka
mbere n’abatari abakristu, kubana neza batunganiwe kandi bumvikana, bigaca
bivyara amahoro mu mibano, nk’uko abari muri ubwo butuma baramukanya bati: «Sangwa
ubutungane» abitabira na bo bati: «buvyara amahoro».
Uwo mwigisha ati: «Ico gisata c’ubutungane
n’amahoro kijejwe kunywanisha no kwumvikanisha ababitura.» Ariko n’aho bakira
ababitura, ngo hariho igihe babarungika mu butungane bw’igihugu, bivanye n’uko
haba igihe usanga baba bakoreraniye amakosa akomeye, ahanwa n’ubucamaza, nk’abakomeretsanya
canke abagiriranira ayandi mabi (ivyaha bita «ibihanwa mu mategeko y’igihugu».
Uwuserukira umugwi w’ubutumwa bw’ubutungane
n’amahoro muri Paruwase Kanyosha, Hermenegilde Bizimungu, yarashimye cane izo
nyigisho baronse. Yamenyesheje ko ngo yizeye ko zizobafasha kuronka ubumenyi
bukwiye babzokenera mu gutunganyiriza neza ababituye. Ivyo akaba yavyemeje
yisunze ukuntu izindi nyigisho zimaze gutangwa n’igisata CDJP ngo zabafashije
kumenya neza ubutumwa bajejwe n’ingene bobukora neza.

Tubamenyeshe ko Bizimungu
Hermenegilde aserukira uwo mugwi ku
rwego rwa Paruwase Kanyosha
yamenyesheje ko mu mugwi wabo
bategekanya kugendera umugwi nk’uwo wo
mu yindi Paruwase kugira ngo barahure ubwenge.
Linette Sindimwo, Paruwase
Kanyosha
Aleluya, aleluya.
Yeruzalemu, igine Umukama,
ni we arungikira isi ijambo ryiwe.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (17, 11-19)
Muri irya misi, Yezu yariko aragenda i Yeruzalemu, aca ku rubibe rwa Samariya n’Ubugalile. Ariko araca mu mihana yaho, hakaba abantu cumi barwaye imibembe baza bagana iyo yari ari. Bashira ijwi hejuru bakiri kure, bati: «Yezu, Mwigisha, tugirire ikigongwe!» Na we ngo ababone, arababwira ati: Nimugende mwiyereke abaherezankuka.» Na bo bashitse mu nzira, babona bakize.
Umwe muri bo rero ngo abone yakize, aca asubira inyuma, aza arishongora aninahaza Imana; ashitse imbere ya Yezu; akubita ibipfukamiro hasi amukurira ubwatsi. Kandi uno yari Umunyasamariya. Yezu rero arabaza ati: «Mbega, ntibakize bose uko bari icumi? Nta wundi yoboneka ngo agaruke aninahaze Imana, atari uwo munyankiko! Araheza amubarira ati: «Va hasi, ugende; ukwemera kwawe kuragukijije.»