
Ku musi wa Gatandatu igenekerezo
rya 27 Nzero 2024, muri Paruwase Mukiza Mweranda yo mu Nyakabiga, abakristu 421
baranaguwe muri Mutima Mweranda. Uwo mugirwa wabereye mu nkuka y’imisa yaherejwe
ku gihe c'isaha zitanu z’umusase (11h00), iherejwe na Patiri Venuste Niyontore,
umwibutsamana w'abanaguwe muri Mutima-Mweranda.

Abanaguwe muri Mutima-Mweranda ni abari
bamaze igihe bavyitegurira, muri bo 28 bakaba ari abanyeshure bo kw’ishure
ryisumbuye Lycée Scheppers, abandi 118 na bo bakaba abavuga ururimi rw'ikirundi
bo muri iyo Paruwase, n’abandi 129 bo mu mubano w’abavuga igiswahili, na 146 bavuye
mu yandi maparuwase.
Patiri Venuste Niyontore yabwiye abo
bagira banagurwe muri Mutima Mweranda ko igikorwa ca Mutima Mweranda ari ugusubiza
ubuzima abariho, abapfuye bagenda, eka mbere n'abapfuye bagashika.
Ni ukuvuga ko ico gikorwa ngo akirangura
ku muntu wese, haba mu muryango w'Ekleziya canke mu miryango yabo. Vyongeye, ico
gikorwa, Mutima-Mweranda ngo ashaka kukirangura aciye ku banaguwe, ngo
bakirangure mu bandi.

Patiri Venuste Niyontore, mu
gusigura ivyo vy’ukubura ubuzima na vyo, yavuze ko bivuze ukutama ivyamwa vya
Mutima Mweranda, haba muri bo nyene canke mu miryango yabo, canke mu butumwa
bajejwe, eka aho bagendera hose n’aho bakorera.
Ku bwiwe rero ngo ukunagurwa muri Mutima
Mweranda ni ugukabura Mutima Mweranda ari muri bo. Kukaba nka ko, ngo baja
baramuhawe mw'ibatisimu no mw’isakramentu ry’ugukomezwa. Ikibazo ngo ni ukugira
ingabirano ya Mutima Mweranda ntibamenye ko bayifise, canke ntibamenye n'ingene
boyikoresha, n'aho boba bazi kubona, ntibayikoreshe.
Uwo musaserdoti akaba rero
yaramenyesheje ko ukwo kunagurwa muri Mutima Mweranda bagira bagirirwe ari ugukabura
muri bo ingabirano za Mutima Mweranda baronse igihe bubikwako ibiganza bakomezwa
muri Mutima Mweranda, gutyo rero ngo bazoheza basubire bagire ubuzima muri bo.

Akaba yarangije abipfuriza kugira
ubuzima bwuzuye Mutima Mweranda, kugira ngo babufise na bo bazoshobore kuja kubuha
abandi, kubutanga ahandi, mu kurangura ibikorwa Umukama ashaka guha umuryango, waba
umuryango wa Paruwase canke imiryango babamwo.
Marie Chantal Nzeyimana, Paruwase
Nyakabiga
Aleluya, aleluya.Akirane ubwitonzi rya jambo ryatewe muri mwebwe, ni ryo rizokiza imitima yanyu. Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (11, 28-30)
Muri irya misi, Yezu yavuze aya majambo ati: «Nimuze mwebwe mwese murushe kandi muremerewe, nzobaruhurira. Nimwemere inganji yanje, mukunde n’ivyo nigisha, kuko ndi umwitonzi kandi nkicisha bugufi bivuye ku mutima; ni ho muzoronkera akoyoko k’imitima yanyu. Ni ivy’ukuri, inganji yanje ntiremereye, na vyo ivyo nzobashinga ntibizobavuna.»