
Ku w’Imana igenekerezo rya 03
Ntwarante 2024, kw’idominika ya 3 yo mu gihe c’ikarema mu mwaka-B w’amasabamana,
Umwepiskopi Mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, yararungikiye abakristu
ijambo ryasomwe mu nkuka z'imisa zaherejwe mu maparuwase agize iyo Diyoseze,
iryo jambo rikaba ryabahamagarira kwitegurira neza indwi y’urukundo bari
batanguye, akaba yabasavye kurushirizaho kwitanga muri uyu mwaka gusumba uko
vyahora.
Ido n’ido ry’ibiri muri iryo jambo,
fyonda ngaha:
Aleluya, aleluya.
Yeruzalemu, igine Umukama,
ni we arungikira isi ijambo ryiwe.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (17, 11-19)
Muri irya misi, Yezu yariko aragenda i Yeruzalemu, aca ku rubibe rwa Samariya n’Ubugalile. Ariko araca mu mihana yaho, hakaba abantu cumi barwaye imibembe baza bagana iyo yari ari. Bashira ijwi hejuru bakiri kure, bati: «Yezu, Mwigisha, tugirire ikigongwe!» Na we ngo ababone, arababwira ati: Nimugende mwiyereke abaherezankuka.» Na bo bashitse mu nzira, babona bakize.
Umwe muri bo rero ngo abone yakize, aca asubira inyuma, aza arishongora aninahaza Imana; ashitse imbere ya Yezu; akubita ibipfukamiro hasi amukurira ubwatsi. Kandi uno yari Umunyasamariya. Yezu rero arabaza ati: «Mbega, ntibakize bose uko bari icumi? Nta wundi yoboneka ngo agaruke aninahaze Imana, atari uwo munyankiko! Araheza amubarira ati: «Va hasi, ugende; ukwemera kwawe kuragukijije.»