
Ku musi w'Imana igenekerezo rya 25
Ruhuhuma 2024, kw'ishure-tabariro rya Nyambuye harabaye inyigisho ku banyamihari irangurira ubutumwa kuri iryo
shure, ariyo Chiro, Xaveri, Scout na Schonestatt, ku civugo kivuga ngo: «Kuba
mw'isi ya none nk'umukristu.»
Hatanguye inkuka y'imisa yinjiye kw’isaha
zine n'igice, iherejwe na Patiri mukuru wa Paruwase Kamenge iryo shure rikukira,
Patiri Philbert Ntahimpera.

Inyuma y'iyo nkuka y'imisa ni ho haciye
hakurikira izo nyigisho nyezina zatanzwe n'umushingantahe Richard Nijimbere
yarungitswe na Paruwase Kamenge.
Mu gutanga iyo nyigisho, uwo
mushingantahe, yisunze Ijambo ry'Imana ryo mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu yanditswe
na Yohani rivuga aho Yezu yasabira abigishwa biwe n’abazomwemera bose, ngo
Imana ibazigamire kw’isi mw’izina ryayo, ngo ntibazotakare, kandi ngo babe umwe
(Yoh.17;1-26).
Muri iyo nyigisho, uwo
mushingantahe yaratanze impanuro zitari nke zerekeye uko abakristu bobaho muri
iyi si ya none, na rirya ibihungabanya abantu ari vyinshi.

Mu gusozera, abari aho barashimye
cane iyo nyigisho, basaba ko
inyigisho nk'izo zogwizwa kuri iryo shure kubera ko ngo abanyamihari ari
bo ahanini bagize umuryango w'Ekleziya yo ha ziko.
Aleluya, aleluya.
Yeruzalemu, igine Umukama,
ni we arungikira isi ijambo ryiwe.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (17, 11-19)
Muri irya misi, Yezu yariko aragenda i Yeruzalemu, aca ku rubibe rwa Samariya n’Ubugalile. Ariko araca mu mihana yaho, hakaba abantu cumi barwaye imibembe baza bagana iyo yari ari. Bashira ijwi hejuru bakiri kure, bati: «Yezu, Mwigisha, tugirire ikigongwe!» Na we ngo ababone, arababwira ati: Nimugende mwiyereke abaherezankuka.»  Na bo bashitse mu nzira, babona bakize.
Umwe muri bo rero ngo abone yakize, aca asubira inyuma, aza arishongora aninahaza Imana; ashitse imbere ya Yezu; akubita ibipfukamiro hasi amukurira ubwatsi. Kandi uno yari Umunyasamariya. Yezu rero arabaza ati: «Mbega, ntibakize bose uko bari icumi? Nta wundi yoboneka ngo agaruke aninahaze Imana, atari uwo munyankiko! Araheza amubarira ati: «Va hasi, ugende; ukwemera kwawe kuragukijije.»