
Umusi mpuzamakungu wahariwe umukenyezi warahimbajwe
na bamwe mu bakenyezi bo muri Paruwase Kamenge, abo bakenyezi bakaba bawuhimbaje
rukristu ku w'Imana igenekerezo rya 10 Ntwarante 2024, bakengurukira Imana mu
kuka y’imisa, kw’iteka ibatera mu bikorwa basanzwe barangura mu mashirahamwe yo
kwiteza imbere. Ni mu gihe ku rwego rw’isi wari wahimbajwe imisi ibiri imbere,
ku wa Gatanu igenekerezo rya 08 Ntwarante.

Abo bakenyezi batanguriye guhimbaza uwo musi mukuru mu nkuka y'imisa yaherejwe ku gihe c'isaha zitanu irongowe na Patiri mukuru w'iyo Paruwase, Patiri Philbert Ntahimpera, uwo musaserdoti, yisunze ibisoma vyeranda, akaba yahanuye abo bakenyezi abibutsa ko umugore w'ubwenge yubaka urugo rwiwe akoresheje amaboko yiwe, umugore w'ikijuju na we agasambura urugo rwiwe akoresheje akarimi.
Yaciye asaba bano bakenyezi bo mu Kamenge kwama birinda kwisamburirako, ahubwo barangwe n'ibikorwa vyiza mu muryango. Yisunze amajambo y’ijambo ry’Imana ari mu gitabu ca mwene Siraki, aca abahanura kuba riho abapfasoni bicisha bugufi, ntibabe abashira isoni.
Mu mwanya w'ugukenguruka mu misa, abo bakenyezi
barashikaniye Imana mu vyo yabahezagije, aho bashikanye ibintu vyinshi kandi
bitandukanye. Inkuka y'imisa irangiye, baciye baja kwiginana, nk'uko bari
baravyiteguriye, bakaba bakoraniye mu nyubakwa ya paruwase Kamenge yahariwe imisi
mikuru yitiriwe Umweranda Guido Maria Conforti, aho bari batewe iteka na Patiri
Mukuru ari kumwe na Diyakoni Jean Paul Majambere asanzwe arongoye imihari
n'imigwi muri iyo Paruwase, eka mbere n'abandi batumire batandukanye.

Abo bakenyezi barakengurukiye Imana kubona
yarabateye iteka ikabashira hamwe ngo baje bariteza imbere. Barakengurukiye
kandi na Patiri mukuru wabo ingene adahengeshanya kubitwararika. Eka na Patiri
Mukuru yarabakengurukiye cane ku ntambwe bagezeko, aca agirako anabamenyesha ko
azobandikira ikete ry'ukubaha uruhusha rwo gukorera mu nyubakwa ya Paruwase,
nk'uko bari barabimusavye, kugira ngo n'uwoza mu nyuma kubabaza bazobe bafise icanditse
bamwereka.
Twobamenyesha ko abo bakenyezi basanzwe bama
bahuzwa n'ugushira hamwe mu kwiteza imbere, bakongera bakaronswa na paruwase inyigisho
zibafasha ku mutima no ku mubiri. Ariko kandi si abakenyezi gusa, harimwo n'abigeme, mbere n'abo mu yandi
madini.
Pierre Nduwayezu, Paruwase
Kamenge
Aleluya.
Ko mwazukanye na Kristu, rondere ivyiza vy’ijuru,
aho Kristu avyagiye iburyo bw’Imana.
Aleluya.
Â
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (17, 20-26)
Muri irya misi,
Yezu yariko arasenga, ahanga ijuru. Avuga ati: «Si abigishwa banje basa
nsabiye, nsabiye n’abazonyemera kubera ijambo ryabo, ngo babe bose umwe, nk’uko
wewe Dawe uri muri jewe nanje muri wewe, nibabe muri twebwe na bo nyene, isi
yemere ko wantumye. Narabahaye ubuninahazwa wampaye, ngo babe umwe nk’uko turi
umwe: jewe mbe muri bo nawe muri jewe, maze babe umwe rwose, ubumwe bwabo
bwuzure, kandi isi imenye ko wantumye kandi ko wabakunze nk’uko wankunze. Dawe,
abo wampaye, nshaka ko aho ndi, na bo bohabana nanje, maze barabe ubuninahazwa
wampaye kuko wankunze isi itararemwa.
Dawe utunganye, isi ntiyakumenye, jeho yamara narakumenye, aba na bo
baramenye ko wantumye. Narabamenyesheje izina ryawe kandi nzoribahishuka. Maze
urukundo wankunze rube muri bo, nanje nyene mbe muri bo.»