Abakristu bo muri Paruwase Kinama baritanze bishimishije mu ndwi y’urukundo
Itariki: 19/03/2024Ababisomye 3288 Vyamenyekanishijwe na : NIBITANGA Michel
Ivyo abo bakristu begeranije mu ndwi y’urukundo ni ibitari bike, bakaba babishikanye mu nkuka y’imisa yo ku ndwi y’urukundo; bizoca birungikwa mu gisata Caritas Burundi c’Ekleziya y’i Burundi c’urukundo n’ukubabarana, igice gihabwe abakeneye gufashwa

Mu kiringo Ekleziya yegereje guhimbaza umusi mukuru wa Pasika, abakristu bo muri Paruwase yitiriwe Umuryango mweranda yo mu Kinama baritavye akamo bama baterwa na Ekleziya ko gushira mu ngiro imwe mu ngingo nkuru zitatu abakristu bagirako mu gihe c’Ikarema, yo kugendera urukundo no kubabarana. Ni na ho ku w’Imana igenekerezo rya 17 Ntwarante 2024 bifatikanije na Ekleziya yose mu gushikana mu nkuka y’imisa ivyo begeranije mu ndwi y’urukundo.

Ico gikorwa c’urukundo no kubabarana co gushikana mu nkuka y’imisa iyo mfashanyo yo mu ndwi y’urukundo cabereye mu nkuka y’imisa igira iya gatatu mu zisanzwe ziherezwa buri ku musi w’Imana, iy’uwo musi w’Imana ugira uwa 5 wo mu gihe c’ikarema ikaba yaherejwe na Patiri mukuru w’iyo Paruwase, Patiri Jean Martin Nzirubusa. Ico gikorwa cararanguwe kandi no ku mashure tabariro ya Gasenyi na Carama-Gahahe-Gatunguru. Muri rusangi abakristu bitabiriye ubwo butumwa ari benshi muri izo nkuka z’imisa

Patiri Jean Martin Nzirubusa, mu mwanya w’insiguru y’ijambo ry’Imana, yaribukije izo ngingo zitatu z’inyifato abakristu baba bakwiye kurushirizaho gukomeza ko mu kiringo c’Ikarema, ko ari igihe co kurushirizaho gusenga, kwipfunga ndetse no kubabarana.



Ivyegeranijwe mu ndwi y’urukundo vyaherejwe nk'ishikanwa

Ivyegeranijwe mu ndwi y’urukundo vyashikirijwe Paruwase mu mwanya w’ihereza, aho abakristu isinzi babicana imbere ya Altari ngo bihezagirwe, bigaheza bigashirwa ahari hateguriwe ubwo butumwa. Baja baraza batonze umurongo, bagashikana ivyo begeranije mu mice itandukanye: imibano mito mito rukristu, imihari n’iyindi migwi y’ubutumwa, amashure akukira Ekleziya Katolika, ndetse n’abandi bakristu muri rusangi. Na vyo ivyo bashikanye vyari bigizwe n’impuzu, ibipfungurwa, ibirato, amahera n’ibindi.

Ivyashirikirijwe vyose bizoca vyegeranyirizwa hamwe, birungikwe mu gisata Caritas Burundi c’Ekleziya y’i Burundi c’urukundo n’ukubabarana, ngo igice kimwe kigaburirwe amaparuwase, kizokoreshwe mu kugarukira no gufasha abantu bakeneye guhabwa imfashanyo kuruta abandi.


Urukundo n’ukubabarana, ubutumwa bugamburukwa n’Ekleziya kuko bwashinzwe na Kristu we nyene

Kuva mu ntango z’Ekleziya ya mbere y’abatumwa, abakristu bari basangiye umutima n’ubuzima mu kumenyesha Inkuru Nziza. Icabaranga ni isangiramutima mw’isangirabutumwa, bijanye n’ugusangira ivyo bari bafise vyose, ukubabarana n’ukwitwararikana, kuko ni co ibwirizwa ry’Urukundo barazwe n’Umukama wabo Yezu Kristu ryabategereza.

Iyo ngendo nziza na Ekleziya yarayibandanije gushika n’ubu: gusukurira abandi ku mubiri, mu vy’ukubafungurira, kubuhagira, kuvura abarwaye no kuremesha abababaye. Ivyo turabisanga muri kahise k’Ekleziya, aho n’imbere y’uko habaho amaparuwase, hari hasanzweho ibimeze nk’imibano mito mito rukristu, Ekleziya yo mu kibano yubakiye ku gusukuriranira («diaconies» mu gifaransa – ijambo rivuye mu kigiriki «Diakonia», risigura «ubusuku».

Iyo Ekleziya yo mu kibano yari itunganije ku buryo ibikorwa vy’urukundo vyari vyarabaye umuco, na cane cane ku bakeneye gufashwa gusumba abandi mu kibano (aboro, abarwaye, abageze mu za bukuru, abapfakazi batagira aho bikora, bigafatwa nk’uburyo bwo gushira mu ngiro ubutumwa bwa Kristu ku bakene, nk’ico umukristu yokora ubwo nyene akibona uwukeneye ubufasha, nk’intahe abakristu n’Ekleziya bashingira bagenzi babo mu kibano.

Ekleziya yo mu kibano ifashanya yatanguye kwiyubaka mu gihugu ca Misiri amaja hagati mu kinjana ca IV, mu nyuma ibaho mu buryo butunganijwe neza i  Roma no mu Butaliyano imbere y’ikinjana ca VII. Ni yo yaba ijejwe ivy’ugutabarana mu gisata cayo c’urukundo. Gusa n’imbere yaho, uwo muco wowo wari usanzwe uriho muri Ekleziya nk’uko tuwuzi mu vyanditswe vyeranda vy’ibikorwa vy’abatumwa, ariko ata ndinganizo itomoye neza iwuranga.

Uwo ni na wo muco abakristu bo muri Paruwase Kinama baja baramaze kumenyera: ntibabigira mu ndwi y’urukundo gusa, barabigira n’ikindi gihe cose baba batewe akamo n’abarongoye Ekleziya iyo basabwe guterera agacumu k’ubumwe, nko ku musi mpuzamakungu wahariwe aboro canke uwahariwe abarwayi, no mu buzima bwo mu kibano, biciye mu mibano rukristu.

Alexis Niyonzima/Paruwase Kinama

Ivyiyumviro

Aleluya.

Nimugende, mwigishe abantu bose!

Nanje nzokwamana namwe imisi yose

gushika ku muhero w’isi.

Aleluya.

Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (16, 29-33)

Muri irya misi,

Abigishwa babwiye Yezu bati: «Ugiye rero wabirangura kandi nturinze guca imigani. Ubu ni ho tukibona ko uzi vyose, ata wurinze kukubaza. Ni co gituma twemeye ko waje uva mu nda y’Imana.» Yezu abishura ati: «Mbega noneho muremeye? Ng’ico igihe kirageze, kiramaze mbere gushika, aho muza gushwiragira umwe umwe, munsige ndi umwe. Nako sindi jenyene, Data ari kumwe nanje. Nababwiye ivyo, ngo muri jewe mugire amahoro. Kw’isi muzobona amagorwa, yamara mugumye umutima! Natsinze isi.»

Rondera
Urutonde rw'Imisa
I. VICARIAT DE SAINT MICHEL
1. PAROISSE CATHÉDRALE REGINA MUNDI
A. Messes
Samedi : 17h00 (en Français)
Dimanche : 6h00 (en Kirundi),  7h00 (en Kirundi),  8h15 (en Français),  10h00 (en Kirundi),  12h00 (parfois, possibilitĂ© d'une messe circonstancielle, en Kirundi), 17h00 (en Français)
B. Adoration
Mardi : toute la journée, à la Chapelle
Jeudi : toute la journée, à la Chapelle
Samedi : 6h45 Ă  8h00
2. PAROISSE SAINT MICHEL
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 06h15, 08h00, 10h00, 12h00 Kiswahili, 17h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
3. PAROISSE BUYENZI
A. Messes
6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h30 (en Kirundi), 16h30 (en Kirundi)
B. Adoration
Mercredi : 17h30
4. PAROISSE KANYOSHA
A. Messes
6h00, 7h45, 9h30 (Français), 11h15 et 16h00
B. Adoration
Jeudi : 18h00
Dimanche : 13h00 Ă  16h00
Premier vendredi du mois : toute la journée
5. PAROISSE KININDO
A. Messes
6h00, 7h30, 8h45, 10h30, 17h30
B. Adoration
Jeudi, toute la journée
6. PAROISSE MUSAGA
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 6h10, 08h00, 10h30, 16h30
B. Adoration
Mardi : 12h00 Ă  16h00
Jeudi : 15h00 Ă  16h00
Vendredi : 12h00 Ă  14h00
7. PAROISSE NYAKABIGA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 17h00 (en Kirundi)
B. Adoration
Du lundi Ă  vendredi : 7h00 Ă  16h45
8. PAROISSE RUZIBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 16h30
B. Adoration
Jeudi 15h et le 1er vendredi du mois
9. PAROISSE MUTANGA SUD
A. Messes
6h15, 08h15, 10h30, 17h00
Campus Mutanga : messe à 11h (en kirundi et en français alternativement)
B. Adoration
Mardi : toute la journée après la messe de 6h00
II. VICARIAT DE GIHOSHA
1. PAROISSE GIHOSHA
Messes de la semaine
Lundi - Samedi : 06h30
Dimanche : 6h00, 10h30, 16h00 ( en Kirundi) 08h15 en Français
Lundi à 18h00, messe en Français, suivie de l'adoration, jusqu'à 19h00.
Vendredi : Adoration à 17h30, suivie de l'Eucharistie en Français, à 18h30
2. PAROISSE BUTERERE
A. Messes
6h00, 8h00, 10h00, 16h30
B. Adoration
Jeudi : 15h00 Ă  17h15
Samedi : 5h30 Ă  6h20
3. PAROISSE GATUMBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : 7h00 Ă  8h00
Deuxième lundi du mois : 17h30 à 19h00
4. PAROISSE KAMENGE
Messes
6h, 7h30, 9h00 (swahili),10h30,16h30
Gatunguru : 9h30
Nyabagere : 9h30
Muberure : 8h00, 10h00
Nyambuye : 8h00, 10h00
Gishingano : 8h00, 10h00
Buhayira : 9h30
Mbirira : 8h00
Adoration Ă  la Paroisse
Jeudi 16h30 un jour par mois
5. PAROISSE KINAMA
A. Messes
06h00 (en Kirundi), 08h00(en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 16h00 (en Kirundi)
Gahahe-Carama (en Kirundi) : 07h00 et 09h30
Gasenyi (en Kirundi) : 09h00
B. Adoration
Lundi Ă  samedi de 7h00 Ă  19h00
6. PAROISSE NGAGARA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00, 08h00, 10h00, 17h00
B. Adoration
Jeudi : 17h00 Ă  17h30
AUMONERIES ET CHAPELLES
1. PAROISSE CHRIST-ROI (AUMONERIE MILITAIRE)
A. Messes
8h15, 10h30
B. Adoration
-
2. AUMONERIE DE LA POLICE
A. Messes
API : 7h30 et 10h30
Socarti : 7h30, 10h30
Ex ENAPO : 8H30
1er GMIR (Buyenzi) : 10h30
2ème GMIR (Kanyosha) : 10h30
Socarti : Adoration, 1er mercredi du mois
3. CENTRE JEUNES KAMENGE
Messe
10h30 en français
4. SANCTUAIRE MONT SION GIKUNGU
Messes
6h00, 8h00,10h00 et 16h00
Adoration
Lundi Ă  vendredi Ă  partir de 7h00 jusqu'Ă  21h30
Dimanche de 13h00 Ă  18h00
4. PETIT SEMINAIRE KANYOSHA
Messe
Messe des séminaristes : 6h45
1ère Messe des fidèles : 8h30
2ème Messe des fidèles : 10h15
Adoration
Adoration du Saint Sacrement par les séminaristes et autres fidèles qui veulent : Dimanche à 18h15 à 19h00
III. VICARIAT DE BUHONGA
1. PAROISSE BUHONGA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  8h30
Jeudi de la troisième semaine du mois : toute la journée
2. PAROISSE JENDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche, 7h45, 10h00, 16h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée après la messe de 7h15
3. PAROISSE KARINZI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Du lundi au samedi : 6h00 Ă  6h30
4. PAROISSE MAGARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Dimanche : 7h00 Ă  7h30
5. PAROISSE MATARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 15h00
6. PAROISSE MAYUYU
A. Messes
8h00, 11h00
B. Adoration
Vendredi : 8h00 Ă  17h00
7. PAROISSE MUBIMBI
A. Messe
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00 Ă  10h00
8. PAROISSE MUTUMBA
Messes
7h30 et 10h00
Adoration
Jeudi Ă  14h00 sauf le 1er vendredi du mois (7h30)
9. PAROISSE RUGAZI
A. Messes
7h30, 10h30
Jeudi : 15h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
10. PAROISSE RUSHUBI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
11. PAROISSE RUTONGO
A. Messes
7h30; 10h00
B. Adoration
-
IV. VICARIAT DE MURAMVYA
1. PAROISSE BUKEYE
A. Messes
Samedi : 16h00
Dimanche : 6h00 , 7h40, 9h30, 11h30
B. Adoration
Jeudi : 7h10 Ă  19h00
2. PAROISSE BUKWAVU
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 14h00 Ă  15h00
3. PAROISSE BUZIRACANDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
Mercredi : 17h30 (Messe en Français)
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5.PAROISSE GASURA
4. PAROISSE KIGANDA
A. Messes
Samedi : 11h00
 Lycee: 16h00
Dimanche : 7h00, 9h00, 11h00
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5. PAROISSE KIVOGA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 12h30
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
6. PAROISSE MUNANIRA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h15, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 Ă  18h00
Premier vendredi du mois : 7h30 Ă  12h00
7. PAROISSE MURAMVYA
A. Messes
7h00, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
8. PAROISSE RYARUSERA
A. Messes
8h00, 10h15
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
Mwoba mufise ico mubaza?
Tanga
Twite za CEDICOM
Twite za Papa
Facebook ya CEDICOM
Abari kumurongo : 119
Centre Diocésain de Communication CEDICOM
Uburyo bwokutwakura
Bld Patrice Lumumba, 21, Bujumbura, Burundi
+257 22 22 05 00
+257 65 19 52 50
B.P. 690 BUJUMBURA BURUNDI
cedicom.buja@gmail.com
Kwiyandikisha kukurontswa inkuru
Baza ikibazo
©2026. CEDICOM Archidiocèse de Bujumbura Designed by : DS COMPANY
Tanga * Karitas (abatishoboye)* Ugufasha abaseminari n'abamenyeshamana* Ukwubaka amasengero kumashure* Ugushigikira abasaserdotiUburyo bwo gufashaKoresha konte za DiyosezeMu marundi : Interbank Burundi : 701-02790-0152(Diocèse de Bujumbura)Mu ma dolari : BRB : 3302/493 (Archidiocèse BUJA/USD) Swift Code : BRBUBIBIMu ma Euro : BRB : 3320/368 (Archidiocèse de Buja/EURO) Swift Code : BRBUBIBI