
Akanyamuneza ni ko kibonekeza ku maso y'abaririmbiramana ba Paruwase
Kamenge bari mu mugwi witiriwe Umweranda Benedigito, ku w’Imana igenekerezo rya
21 Ndamukiza 2024, aho bari baramutse bakira bagenzi babo bo mu mugwi witiriwe
Tereziya w'Umwana Yezu Mweranda wo kw’ishure tabariro rya Winterekwa.

Iyo migwi ibiri yahereye ku gusangira akanyamuneza k’inkuka y'imisa ya kane yaherejwe na Patiri Isaac Ninahazimana.
Inyuma y'inkuka y'imisa, abaririmbiramana bari bagendewe baciye baja kwakirira bagenzi babo muri imwe mu munyubakwa za Paruwase Kamenge, ari na ho bayagiye amajambo nyamukuru, n’intumbero y'urwo rugendo.
Umusuku w’umugwi witiriwe Tereziya w'Umwana Yezu Mweranda, Jean Marie
Ndarurinze, ni we yashikirije iyo ntumbero y’urwo rugendo, ko kwari ugukomeza
ubucuti.
Ikindi yamenyesheje ni uko bari baje no gukenguruka ku kuntu umugwi w’abaririmbiramana
witiriwe Umweranda Benedigito wababaye hafi igihe bari bakiri mu ntango.

Twobamenyesha ko iryo shure tabariro rya Winterekwa umugwi witiriweTereziya
w'Umwana Yezu Mweranda wari waje uzananyemwo na ryo rikukira paruwase Kamenge,
bivuze ko iyo mugwi yose isangiye Paruwase iranguriramwo ubutumwa.
Aleluya.
Ko mwazukanye na Kristu, rondere ivyiza vy’ijuru,
aho Kristu avyagiye iburyo bw’Imana.
Aleluya.
Â
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (17, 20-26)
Muri irya misi,
Yezu yariko arasenga, ahanga ijuru. Avuga ati: «Si abigishwa banje basa
nsabiye, nsabiye n’abazonyemera kubera ijambo ryabo, ngo babe bose umwe, nk’uko
wewe Dawe uri muri jewe nanje muri wewe, nibabe muri twebwe na bo nyene, isi
yemere ko wantumye. Narabahaye ubuninahazwa wampaye, ngo babe umwe nk’uko turi
umwe: jewe mbe muri bo nawe muri jewe, maze babe umwe rwose, ubumwe bwabo
bwuzure, kandi isi imenye ko wantumye kandi ko wabakunze nk’uko wankunze. Dawe,
abo wampaye, nshaka ko aho ndi, na bo bohabana nanje, maze barabe ubuninahazwa
wampaye kuko wankunze isi itararemwa.
Dawe utunganye, isi ntiyakumenye, jeho yamara narakumenye, aba na bo
baramenye ko wantumye. Narabamenyesheje izina ryawe kandi nzoribahishuka. Maze
urukundo wankunze rube muri bo, nanje nyene mbe muri bo.»