
Mu muvukano w'abakozi ba Leta
n'abikorera ivyabo baba muri Paruwase Kamenge yitiriwe Umweranda Guido Maria
Conforti, ku w'Imana igenekerezo rya 12 Rusama 2024, kw'idominika y'indwi ya
Pasika, kari akanyamuneza kadasanzwe, aho abagize uwo muvukano bari baramukanye
isabukuru y'imyaka icumi n'ibiri bamaze barangurira ubutumwa muri iyo Paruwase.

Uwo muvukano wari ufise n'abashitsi
basanzwe bahurikiye muri uwo muvukano nyene, ariko barangurira ubutumwa mu yindi
paruwase, iyo muri Diyoseze ya Ngozi, Paruwase Gatara yitiriwe Tereziya
w'umwana Yezu no mu maso heranda, ibirori bikaba vyatangujwe n'inkuka y'imisa y’ubukengurutsi
yaherejwe na Patiri mukuru w’iyo Paruwase Gatara, Patiri Emmanuel Nzeyimana.
Muri iyo nkuka y'imisa, uwo
musaserdoti w’umushitsi yatumiriwe abari aho kuba umwe nk'uko Yezu Kristu na Se
bari umwe, nk'uko vyasomwe mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu, aho Yezu We nyene
yashikirije igisabisho asaba Imana ati: «Dawe,
nugumye mw'izina ryawe abo wampaye, kugira ngo babe umwe nkatwe!»

Muri iyo nkuka y'imisa nyene, abari
muri uwo mubano barahereje amashikanwa yabo y'ugukengurukira Imana ku myaka
cumi n'ibiri bamaze barangurira ubutumwa muri Paruwase yitiriwe umweranda Guido
Maria Conforti, ndetse n'abaje bava muri Paruwase Gatara.
Inyuma y'iyo nkuka y'imisa, ibirori
vyabandanirije mu kigo c'iyo Paruwase mu nyubakwa yitiriwe Umweranda Fransisko
Xaveri, aho babandanije bipfurizanya isabukuru nziza, banakira abashitsi
babagendeye, aho mbere banerekanye abasuku bashasha ndetse n'abo bagiye
gufashanya gusukurira uwo muvukano w'abakozi ba Reta n'abasanzwe bikorera ivyabo
bo muri Paruwase Kamenge.

Ivyo birori bikaba vyarangiye
baririmba indirimbo z'ugukengurukira Imana mu kanyamuneza ntangere, hanyuma
Patiri Mukuru wo muri Paruwase Gatara aca arabashikiriza umuhezagiro w'Imana wo
kwikebanurana.
Aleluya.
Nimugende, mwigishe abantu bose!
Nanje nzokwamana namwe imisi yose
gushika ku muhero w’isi.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (16, 29-33)
Muri irya misi,
Abigishwa babwiye Yezu bati: «Ugiye rero wabirangura kandi nturinze guca imigani. Ubu ni ho tukibona ko uzi vyose, ata wurinze kukubaza. Ni co gituma twemeye ko waje uva mu nda y’Imana.» Yezu abishura ati: «Mbega noneho muremeye? Ng’ico igihe kirageze, kiramaze mbere gushika, aho muza gushwiragira umwe umwe, munsige ndi umwe. Nako sindi jenyene, Data ari kumwe nanje. Nababwiye ivyo, ngo muri jewe mugire amahoro. Kw’isi muzobona amagorwa, yamara mugumye umutima! Natsinze isi.»