
Ku w'Imana igenekerezo rya
26 Rusama 2024, aho muri Ekleziya hari haramutse hahimbazwa umusi mukuru
w'ubutatu bweranda, imwe mu mibano mito mito yo muri Paruwase Kamenge yarahimbaje
isabukuru y'imyaka 26 imaze mu butumwa, mu nkuka y'imisa yaherejwe ku gihe
c'isaha zitanu, irongowe na Patiri Mukuru w’iyo Paruwase, Patiri Philbert
Ntahimpera.

Uwo musaserdoti yabwiye
abari muri iyo mibano n’abakristu bose ko mu guhimbaza Ubutatu Bweranda ari ukuraba
ubumwe buhari hagati yabo. Kukaba nka kwo, ngo mu Butatu Bweranda nta shari rihari
kandi nta nzigo, ahubwo hari ubumwe, urukundo n’amahoro. Ati: «Abantu bose bari
bakwiye kumera nk'Ubutatu Bweranda, bakabaho ata nzigo, ata nsaku, ahubwo
hakaba ubumwe mu buzima bwabo.»
Yaciye abaza abari mu mibano
mito mito bari baje guhimbaza iyo sabukuru y'imyaka 26 ko mu mibano ata nzigo
iriyo canke urwanko, aca abasaba ko bokwama bari mu bumwe, kandi bakarangura neza
ubutumwa bajejwe mu kwirinda gusaba ibi na biriya abagiye kubasaba ko
babandikira impapuro n'ibindi. Akaba yaraboneyeho gutumirira abari aho kwijukira
kuja mu mibano mito mito.
Yaragarutse kandi no ku bari
mu muhari w'Ingendanyi bo kw'ishure kaminuza nderabigisha ENS bari baje
guhimbaza isabukuru y’imyaka 25 bamaze batanguye ubutumwa kuri iryo shure,
hakaba harimwo n'abagira bace baronka indagano za mbere n'iza kabiri ku bari
baravyiteguriye. Yabasavye ashimitse ko bokwirinda kwiyemeza ivyo batazoshobora;
ngo bopfuma babireka. Aca abasaba kuzorangura ivyo biyemeje mu kwigora kandi
bakaba abatumwa babushitse.

Mu mwanya w'ugukenguruka,
abari mu mibano mito mito yari iramutse ihimbaza isabukuru barakengurukiye
Imana cane mu kuyishikanira, aho bashikanye ibintu bitandukanye bizofashishwa
ba ntahonikora, bongera baratanga n'imifuko y'isima yo kwubaka inzu y'amanama
y'akarorero abakristu bo muri Paruwase Kamenge bariko bariyubakira bo nyene.
Inkuka y'imisa irangiye, abo
bari mu mibano mito mito yari iramukanye umusi mukuru w'isabukuru baciye babandaniriza umusi mukuru wabo mu nyubakwa
y'imisi mikuru yitiriwe Umweranda Fransisko Xaveri iri mu kigo ca Paruwase,
baraheza bariginana mu kanyamuneza nta ngere, batamba batarika.

Tubamenyeshe ko ubu muri iyo
Paruwase ya Kamenge bageze ku mibano mito mito 94. Patiri Mukuru, mw'ijambo yashikirije, akaba
yavuze ko yipfuza ko uyu mwaka uzorangira iyo mibano yose bayigendeye, kandi
bakayihererezamwo inkuka z'imisa.
Aleluya.
Ko mwazukanye na Kristu, rondere ivyiza vy’ijuru,
aho Kristu avyagiye iburyo bw’Imana.
Aleluya.
Â
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (17, 20-26)
Muri irya misi,
Yezu yariko arasenga, ahanga ijuru. Avuga ati: «Si abigishwa banje basa
nsabiye, nsabiye n’abazonyemera kubera ijambo ryabo, ngo babe bose umwe, nk’uko
wewe Dawe uri muri jewe nanje muri wewe, nibabe muri twebwe na bo nyene, isi
yemere ko wantumye. Narabahaye ubuninahazwa wampaye, ngo babe umwe nk’uko turi
umwe: jewe mbe muri bo nawe muri jewe, maze babe umwe rwose, ubumwe bwabo
bwuzure, kandi isi imenye ko wantumye kandi ko wabakunze nk’uko wankunze. Dawe,
abo wampaye, nshaka ko aho ndi, na bo bohabana nanje, maze barabe ubuninahazwa
wampaye kuko wankunze isi itararemwa.
Dawe utunganye, isi ntiyakumenye, jeho yamara narakumenye, aba na bo
baramenye ko wantumye. Narabamenyesheje izina ryawe kandi nzoribahishuka. Maze
urukundo wankunze rube muri bo, nanje nyene mbe muri bo.»