
Ku musi wa Gatatu igenekerezo rya 5
Ruheshi 2024, abakristu bo muri Paruwase Mubimbi, bari kumwe na Patiri Mukuru
wa Paruwase yabo, Patiri Laurent Nkurabanka, baragiye kugarukira ku banyagihugu
bene wabo bo mu Gatumba, ubu begeranirijwe ku mutumba wa Gisagara muri zone
Mubimbi na Paruwase Mubimbi nyene.
Agakemanyi abo bakristu babashiriye ni ako bashoboye kwegeranya, bunganiwe n’uwundi musaserdoti wo muri Diyoseze ya Rutana muri iki gihe asanzwe ari mu butumwa mu gihugu ca Espagne, Patiri Augustin Ndayishimiye.
Ivyashoboye kwegeranywa
bigashikirizwa abo banyagihugu ni: ibiharage, ibigori, umuceri be n’ibindi
bifungurwa bitandukanye, vyose hamwe bifise agaciro k'amafaranga angana n’imiliyoni 11. Muri ico gitigiri c’ayo
mafaranga, uwo musaserdoti asanzwe ari mu gihugu ca Espagne akaba yatanzemwo
intererano ingana n'amafaranga yababa umuliyoni n’igice, ni ukuvuga ibice 9%
vy’ayegeranijwe yose hamwe.

Patiri mukuru wa Paruwase Mubimbi
yarakengurukiye cane uwo musaserdoti, yongera aramusabira ku Mana ngo
imusubirize aho yakuye, kumwe n'abakristu bo muri Paruwase Mubimbi,
n'umusaserdoti asanzwe arongoye iyo Paruwase yabaherekeje.
Abo banyagihugu na bo bari
baramutse bagendererwa yabasavye kwakira no gushimira ivyabonetse uko bingana kwose,
kuko ngo vyavuye ku mutima ubakunda. Vyongeye, ngo abakristu b’i Mubimbi barababajwe
cane n’ivyashikiye abo bene wabo!
Yaheraheje abasaba kubandanya
bigenza runtu, bagasonera amabwirizwa
y'Imana, kandi bakirinda ubuhumbu, abavyeyi na bo bagafashanya kureranira. Ikindi
yabasavye ni ugusonera amategeko y'igihugu be no kugira isuku ngo bashobore kurwanya
indwara z'ivyaduka ziva kw’isuku rike, nka Choléra n'izindi.

Tubibutse ko abo banyagihugu bo mu
Gatumba bagendewe aho ku mutumba wa Gisagara begeranirijwe muri zone Mubimbi
ari abahimuriwe biturutse ku mwuzure w'amazi uturutse ku ruzi Rusizi n’ikiyaga
Tanganyika wagiye urabatera incuro nyinshi, uko igihe c’imvura kigeze.
Yezu ati: «Nari nshonje
murangaburira, nari kavantara murantora, nagenda gusa muranyambika, nari
mw'ibohehero murandaba; ico cose mwagiriye umwe muri abo bato bato ni jewe
mwakigiriye.»
Patiri
Laurent Nkurabanka, Paruwase Mubimbi
Aleluya, aleluya. Nyumvisha amabwirizwa yawe, Mukama, maze ndayazigame, ndayarangure n’umutima wanje wose. Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (12, 1-8)
Muri irya misi, Yezu aca mu mirima y’ingano ku musi w’isabato. Abigishwa biwe bashonje bamyoza uduhundo tw’ingano, bagirako baraturya. Abafarizayo ngo babibone, baramubwira bati: «Abigishwa bawe bagira ikizira ku musi w’isabato!» Na we arababwira ati: «Ntimwasomye ico Dawudi yagize aho yasonza be n’abo bari kumwe, ingene yinjiye mu ngoro y’Imana akarya imikate y’imperezwa carazira ko barya, nta we nta n’abo barikumwe kiretse abaherezankuka gusa? Canke ntimwasomye mu Gitabu c’Amategeko ko abasherezankuka bakora ikizira kw’isabato ariko ntibacumure? Nanje ndababwiye ko ngaha hari uwuruta Igisengero. Iyo muba mwategereye ico bivuga: Sinshaka inkuka mugabo imbabazi, ntimwociriye rubi izo ntungane. Na none, Umwana w’umuntu aragaba n’isabato.»