
Mw’ihwaniro ryagirishijwe abanyeshure biga mu gisata co gutohoza ivya kahise bo kw’ishure kaminuza nderabigisha ENS, ku wa Gatanu igenekerezo rya 12 Mukakaro 2024, umugwi CVR w’ugutohoza ukuri n’ukunywanisha abarundi ukaba wamenyesheje ko abanyeshure bo muri kaminuza nderabigisha bakeneye kumenya ukuri ku vyakomerekeje igihugu c’Uburundi ngo amakosa yakozwe n’abigisha-barezi muri kahise na bo ntibazoyagwemwo, kandi ngo bazigishe kahise k'igihugu gatohoje neza.

Kw'ishure Kaminuza nderabigisha ENS (École Normale supérieure) ryo mu Burundi, ikiyago cari catumiwemwo ahanini abanyeshure bo mu gisata co gutohoza ivya kahise n'abigisha babo, ngo uwo mugwi ubashikirize ivyo umaze gushikako mu kurondera ukuri ku ndyane zabaye muri kahise k'Uburundi, kahise ko kuva mu mwaka w'1885 gushika mu mwaka w'1973.
Umunyamabanga w'umugwi CVR, umupfasoni Léa Pascasie Nzigamasabo, yabanje kumenyesha ko igituma mu mugwi CVR batunganya bene ayo mahwaniro ari uko abantu benshi ngo bagiye barasaba ko ivyo bintu bikenenewe ko babimenya, kugira ngo inyifato zagiye ziraranga abantu muri kahise bazigireko, iciza bagikomeze, ikibi na co bacigize inyuma.

Na none kuri abo banyeshure bo kuri iyo Kaminuza nderabigisha ENS, nk'abatohoza ivya kahise k'Uburundi kandi bazoba abigisha, ngo vyari bibereye cane ko inyigisho bahabwa zobaye izishingiye kuri kahise nyako k'igihugu.
Umupfasoni Léa Pascasie Nzigamasabo yashimangiye agira ati: «Aba bari mu gisata nderabigisha, ni vyiza ko bamenya ukuri ku vyabaye mu Burundi, nk'abanyeshure, kugira ngo amakosa yakozwe n'abandi, bobo ntibaje bayagwemwo, ahubwo bazomenye aho bazokosora. Ikindi na co, ni nderabigisha nyene, bazorera abandi, bazomenye ivyo bakwiye kubareresha, urwaruka rukamenya kuba mu gihugu ruzi, rukibemwo rugikunda, kandi rugikorere neza, rudafatiye ku mpengamiro mbi yabaye muri kahise.»
Umuyobozi mukuru w'ishure ENS, Pr. Ir. Nusura Hassan, yarashimye cane ico kiyago cagirishijwe abanyeshure n'abigisha arongoye. Yagize ati: «Birakenewe ko umuntu amenya ukuri, kugira ngo amenye uko yifata, ngo ntatwarwe n'ivyo ari vyo vyose, ivyahitanye abantu bagakora inabi, na we ntibimuhitane.» Ngo aripfuza ko intumbero yo guhariranira yoshikwako umusi uri izina. Abanyeshure n'abigisha-barezi na bo akabipfuriza ko bobivomamwo ubumenyi bushasha n'isoko bagirako ubushakashatsi.Â
Eka n'abandi bagiye barafata amajambo, hejuru y'ibibazo bagiye barashikiriza vyo kurondera gutahura cane ikiyago bagiriwe n'ireresi beretswe, wasanga baja baragaruka ku kipfuzo c'uko kahise k'Uburundi kotohozwa neza, hagashirwa ahabona akemejwe n'imice yose y'abarundi, kandi impanuro z'umugwi CVR zikaza ari izinywanisha koko, nk'uko n'izina ryawo riri. Bakaba basavye ko ibiringo bisigaye mu bigize kahise uwo mugwi ukorerako, ari vyo vy'inyuma y'umwaka w'1972, na vyo nyene vyotandukirwa vuba, Abarundi bakaronka ukuri gukwiye, atari ukw'igihe kimwe gusa.

Mwomenya ko ico kiganiro cari catunganijwe mu rukurikirane rw'ibindi biganiro mu mugwi CVR bamaze imisi bagira, haba ku bakozi bakuru bakuru ba Leta n'abo mu ntara zitandukanye z'igihugu, eka mbere no mu mice imwe imwe y'abanyagihugu.
Abanyeshure bari muri iyo Kaminuza nderabigisha ENS bakaba batabaye aba mbere bashikirijwe ikiganiro nk'ico, kuko hari n'abandi bamaze kugihabwa, nk'abo kuri ITG-Gitega, abo kw'ishure nderabigisha ryo ku Mugara, abo kuri kaminuza yitiriwe ivyizogiro yo ku Mugara, abo kuri Kaminuza yitiriwe ibiyaga binini, n'abo no kuri Kaminuza y'Uburundi.
Michel NIBITANGA, CEDICOM
Urakaninahazwa, Kristu,
Wewe Bwitonzi bwamaho bw’Imana nzima.
Â
Umukama yavuze ati:
«Nimwamize yompi ibicumuro vyanyu;
maze mwigirire umushaha n’umutima mushasha.»
Â
Urakaninahazwa, Kristu,
Wewe Bwitonzi bwamaho bw’Imana nzima.
Â
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (11, 14-23)
Â
Muri irya misi,
Yezu yariko arirukana ishetani, nya shetani ikaba ikiragi. Isohotse, ca
kiragi gica kiravuga; ishengero na ryo rigwa mu gahundwe. Mugabo bamwe muri bo
bagira bati: «Yirukana amashetani kubwa Belizebuli, umwami w’amashetani.»
Abandi na bo, kugira ngo bamugeze, bamubwira bati: « Twereke ikimenyetso
kivuye mw’ijuru.»
We rero yari azi ico biyumvira, ababwira ati: «Ubwami bwose budashira hamwe
buzohona, amazu na yo agwaneko. Ko mugize ngo nirukana amashetani ku bwa
Belizebuli, none shetani niyaba iriko irirwanya, ubwami bwayo buzorama bute? Ngasangwa
nanje nirukana amashetani ku bwa Belizebuli, abana banyu bayirukanisha iki? Ni
co gituma bazobabera bo nyene abacamanza. Yamara ugasangwa nirukana amashetani
ku bubasha bw’Imana, Ubwami bw’Imana bwabashikiriye.
«lyo umugabo akomeye, ari n’umuheto, araririye urugo rwiwe, ivyiwe
ntakibikakaza. Ariko haramutse haje uwumurusha inguvu akamutsinda, aca amwaka
wa muheto yari yishimiye, kandi ivyo amwambuye akaja arabigaba.
«Uwo tudashize hamwe aranyanka, uwo twimburira kubiri arasesagura.»