
Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, ibicishije
ku gisata cayo CDAL kijejwe ubutumwa bw’abalayike, yaratunganije ihwaniro ry’imisi
ine ryo muri uyu mwaka w’2024, kuva ku wa mbere igenekerezo rya 12 gushika ku
wa Kane igenekerezo rya 15 Myandagaro. Iryo hwaniro ribera mu kibanza citiriwe
«Igicaniro c’urukundo» (Foyer de charité), rikaba ryuguruwe na Nyenicubahiro
Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa, Umwepiskopi Mukuru w’iyo Diyoseze.

Muri ibi bihe vya none vyuzuye ibibuza
akanyamuneza urwaruka bidasanzwe, Ekleziya y’i Bujumbura iriko iruremesha ngo
rugarukane umwizero ku Mukama, ku civugo ngenderwako kigira kiti: «Akanyamuneza n’umwizero dusanga mu
masakramentu». Ni ihwaniro rihuza urwaruka ruhurikiye mu mihari n’imigwi y’ubutumwa
bw’Ekleziya Katoloka n’urutayirimwo, rwaje ruzananye mu maparuwase atandukanye agize
iyo Diyoseze. Mu bavyeyi bari baje gushigikira urwo rwaruka hakaba harimwo n’icegera
c’umukuru w’igihugu c’Uburundi, Prosper Bazombanza, n’umutambukanyi wiwe.
Nyenicubahiro Musenyeri Gerevazi na we,
mu Nkuka y’imisa yo kwugurura iryo hwaniro, yarahaye intumbero urwo rwaruka ku
kuntu iryo hwaniro rwogira ico ruryungukiyemwo canke ruryunguranyemwo cerekeye
ubuzima. Yavuze ko ihwaniro nk’iryo ryama ari akaryo keza k’uko bahura hagati
yabo, mu myaka bagezemwo, bakaganira, bakaremeshanya; umwe wese akagira ico
abariye uwundi, ico amwunguye, n’ico yungutse.
Yagize ati: «Ntihaze rero hagire abava
ngaha bataronse akaryo ko kuganira n’abandi, kuko boba bahovye! Rero kaje kabe
akaryo keza k’uko mwoganira, kandi muganira ivyubaka, ibibubaka, ntimuganire
ibibasambura, canke ngo bibatume mugira umutima mubi.» Akaba yarabipfurije ko
ivyo boganirira mu kibanza yise «Igicaniro c’urukundo» («Foyer de charité» mu
gifaransa, kuko ari kwo hitwa) vyoba ibiganiro bijanye n’urukundo rubateza
imbere mu buzima bwabo.
Ariko kandi, hejuru ya vyose, ihwaniro nk’iryo
ngo ni akaryo keza ko guhura n’Imana mu buryo budasanzwe. Ni co gituma
ivyipfuzo n’ibisabisho vy’uwo Mwepiskopi Mukuru ngo vyari ivy’uko ata n’umwe
yova ngaho adahuye n’Imana, ngo baganire, Imuyagire, na we ayiyagire, bagire
ico bapfunditse cerekeye ubuzima. «Muracariko murarondera ubuzima, kazoza kanyu
mukaragize iyo Mana yabaremye, ikaba yabahaye gushika ngaha uyu musi», ni ko
yabahanuye.

Mu gisata CDAL ca Diyoseze Nkuru ya
Bujumbura kijejwe ubutumwa bw’abalayike, mu kiyago na Patiri Janvier
Nizigiyimana, yagarutse ku kuntu mu masakramentu Yezu yashinze urwaruka ruharonka
akanyamuneza, gutyo rero rukaba rukwiye kugira umwizero wa kazoza. Kukaba nka
kwo, ngo hari vyinshi cane vyerekana ko urwo rwaruka rufise inyota yo guhura n’Imana,
ariko ngo rugahura n’ibirubuza akanyamuneza, rukihebura.
None ibibuza akanyamuneza urwaruka rwo
muri Diyoseze Nkuru ya Bujumbura ni ibiki, rukeneye kuremeshwako? Aphémie
Niyukuri na Richard bo muri Paruwase yo mu Buterere, be na Erson Ntunzwenimana
wo muri Paruwase ya Rushubi, baratwiganiye ibitesha akanyamuneza urwaruka rw’aho
baherereye, n’umwizero biteze muri iryo hwaniro.
Bimwe mu vyo bavuze ni ivy’uko abavyeyi
baha umwitwarariko muke abana, ntibabarereshe indero runtu na rukristu ikenewe,
maze bano bagakurana ingeso mbi, ahandi na ho bagasamazwa n’ibitabereye bica ku
mbuga ngurukanabumenyi no ku mboneshakure, bamwe mbere bagaheba amashure. Baravuze
kandi no kwishora mu biyayuramutwe, mu busuma no mu busambanyi, bibononera
imibiri n’imitima, bamwe mbere bikanabahitana. Nk’abaje muri iryo hwaniro
bakaba barigiriye inama yo kwegera urundi rwaruka, ngo barushire umwizero
baronkejwe, bongere barusabire.

Mwomenya ko ku rutonde rw’ivyari
bitegekanijwe harimwo inyigisho nkomezakwemera ku kuntu muri Ekleziya Katolika
ari ho hatangirwa amasakramentu azana akanyamuneza, inyigisho ku kwitaba ijwi
ry’Umukama, yunganirwa n’iy’ukwitegurira kwubaka rukistu, inyigisho ku buhinga
bwa none mu vy’ukwemera n’amasakramentu, be n’inyigisho ku kuntu Imana yiyereka
abantu, mu bo yiyereka hakaba harimwo n’urwaruka.
Ha mbavu y’inyigisho, hariho kandi n’imyanya
yo gusenga, gushengerera Yezu mw’Ukaristiya, Inkuka z’imisa, kuronswa akanya ko
kubaza ku vyo badatahura vyerekeye ukwemera kw’Ekleziya Katolika, be no guhura
bakayaga, nk’uko Umwepiskopi yabivuze, kandi bagashingiranira intahe,
bakanagiriranira ivyiza. Tubamenyeshe kandi ko n’ihwaniro ryo ku rwego rw’igihugu
ryaheruka kuba, rikaba ryabereye muri Diyoseze ya Ruyigi.
Michel Nibitanga, CEDICOM
Aleluya, aleluya. Mpumura, Mukama, niho nzokwihweza ivyiza vy’agatangaza vy’amategeko yawe. Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (17, 14-20)
Muri irya misi, Yezu n’abigishwa biwe bari bashikiriye ishengero ry’abantu, haza umwe apfukama imbere yiwe asaba ati: «MuKama, girira imbabazi umwananje, yafashwe n’amashetani kandi arasinzikaye, uri aho yisutse mu ziko, uri aho yitaye mu mazi. Namushiriye abigishwa bawe, ntibashoboyekumukiza.» Yezu yishura ati: «Ewe bwoko bw’intemera, nzogumana namwe gushika ryari? Nzobarinda gushika ryari? Munzanire hano.» Yezu arayibwiriza, iraheza shetani iva muri nya mwana, ubwo nyene aca arakira.
Hanyuma rero, abigishwa bihereranya Yezu, bamubwira bati: «Igituma tutashoboye
kuyirukana ni iki?» Yezu arabishura ati: «Ni uko mwemera buhoro. Ndababwiye
ivy’ukuri, iyo muba mufise ukwemera kungana agatete ka sinapi, mwobariye uwo
musozi muti: Va aha, genda hariya, wogiyeyo. Nta na kimwe cobananiye.»