
Mu muryango w’abagendanyi ba Yezu (la Compagnie de Jésus ou les Jésuites mu gifaransa), mu ntara yabo y’ubutumwa y’Uburundi n’Urwanda, ku
w’Imana igenekerezo rya 18 Myandagaro 2024, birirwanye akanyamuneza ku
bw’umugendanyi wa Yezu mugenzi wabo Emmanuel Ndorimana yatewe iteka n’Imana
ry’ukumusangiza ubusaserdoti n’Umwana wayo Yezu Kristu.
Patiri Emmanuel Ndorimana akaba yaratiwe na
Nyenicubahiro Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa, Umwepiskopi Mukuru wa Diyoseze
Nkuru ya Bujumbura, ishengero isinzi ry’aba-Jésuites rikoranye, mu nkuka
y’imisa yaherejwe mu ngoro y’Imana yitiriwe Umushaha Mweranda wa Yezu iri
kw’ishure ryisumbuye ryitiriwe Mutima-Mweranda ry’i Bujumbura (Lycée du Saint
Esprit).

Uwo Mwepiskopi w’Ekleziya y’i Bujumbura, imbere y’uko
yatira uwo yagira aterwe iteka ryo kwinjira mw’ibanga ry’ubusaserdoti busuku,
yaramutekereye ijambo rishingiye ku bisomwa vyeranda vyo kuri iyo Dominika,
ry’ukwama azirikana ubutumwa buhambaye yaronse bwo gufasha igihugu c’Imana
kubeshwaho n’Umukate w’Ubuzima budahera. Yagize ati: «Ubusaserdoti bwawe
buragutumbereza ngaho: kuba umusaserdoti abeshwaho n’Ukaristiya, kandi afasha n’abandi
kubeshwaho n’Ukaristiya.»
Yaribukije ko Ukaristiya ari yo irema ubumwe nyabwo,
umusaserdoti na we akaba ashinzwe kuja kwigisha, kugira ngo abantu babe mu
bumwe. Gusa ngo yigishije vyonyene, abantu ntibaronke ubwo bukomezi buva muri
Ukaristiya, ubwo bumwe ngo ntibuzogira ishingiro.
«Ukaristiya ni yo irema ubumwe nyabwo, umuvukano
nyawo, n’urukundo rw’ukuri mu bantu; Ukaristiya ni yo kandi itanga ubuzima
buhoraho; urama rero uriko urahanura iyi si, ngo yoye kwigenza nk’ikiburabwenge,
gihitamwo amayira y’agaheza, ha guhitamwo amayira y’ubuzima buri muri
Ukaristiya», ni kwo yashimangiye avuga, mu mpanuro yamuhaye.
Akaba yaramwemereye guhava amusabira, kugira ngo
Ignace w’i Loyola mweranda, umuvunyi w’umuryango wabo, azokwame amwama hafi,
maze ubwo busaserdoti yagira agabane buzobere umuhezagiro abo bazobana bose, n’abo
azorangurirako ubutumwa bose.

Igihe kigeze, abisabwe n’uwuserukira umuryango
w’abagendanyi ba Yezu mu ntara y’ubutumwa y’Uburundi n’Urwanda, Patiri Fabien Kasigwa,
yaratiye rero mw’ibanga ry’ubusaserdoti Diyakoni Emmanuel Ndorimana.
Patiri Fabien Kasigwa na we, kw’izina ry’umuryango
w’aba-Jésuites, araheza yuhira mu ry’Umwepiskopi, ko hejuru y’ivyo
Nyenicubahiro Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa yamwatuyeko, yokwongerako kwama
na ntaryo yiragiza Umuvyeyi Bikira-Mariya. Mbere yaciye agirako amwaturirako
igisabisho co kumuragiza uwo Muvyeyi w’abatumwa n’uw’Ekleziya.
Mu gusiguye igituma yumva ata n’ikindi yovuga atari
ukumuragiza uwo Muvyeyi, Patiri Fabien Kasigwa yaribukije ukuntu umuco
w’ikirundi n’ikinyarwanda ukundisha abantu abavyeyi babo, ko ata kiruta
umuvyeyi. Ati: «No mu kwemera ni ko bimeze: turakunda kandi tukiyambaza Bikira Mariya
Umuvyeyi w’Imana n’Umuvyeyi wacu; nta co tumunganya naco kuko ni Umuvyeyi w’Ekleziya,
Umuvyeyi inema z’imana zikomokako, Umuvyeyi ugira abantu inama nziza, Umuvyeyi ukwiye
gukundwa».
Akaba yamusavye kumukunda no kumwiyambaza, kuko ngo
niyamwisunga, azomufata ukuboko, akamushikana aho atokwishikana: ngo azomubera
akarorero mu buhanuzi; ngo mu gutunganya ubutumwa Umwepiskopi n’umukuru w’umuryango
bazomuha, ngo arashobora kuzohura n’ivyo atumva, canke yumve ivyo atari azi ko
bibaho, ngo ntibizomutere ubwoba, ahubwo azibuke ko na Bikira-Mariya
vyamushikiye, agasiguza umumalayika Gabriyeli agira ati: «Ivyo bizoshoboka
bite? Bikarangira birangutse». Ati: «Nawe, ufashijwe n’Imana yagutoye, uzohora
ubona inyishu y’ibibazo yibaza n’ivyo abakristu bamubaza!» Akaba yaramwipfurije
kuba umusaserdoti adahuruduka.

Patiri Emmanuel Ndorimana, mwene André Bacamurwanko na
Immaculée Ndimurukubo (batakiriho), avuka muri Paruwase ya Kiremba, muri
Diyoseze ya Ngozi. Uwo musaserdoti mushasha, mw’ijambo yashikirije, ntiyahengeshanije
gushimira umuryango wasigaranye ubutumwa bwo kumurera mu gishingo c’abavyeyi,
n’abandi bose bagize uruhara ngo ashike ku ntambwe y’ubusaserdoti.
Mu ntahe yiwe, yavuze umuhamagaro wiwe mu kumuzamwo,
n’ico yumva uzomushikanako, kirengeye ubusaserdoti busanzwe. Yavuze ko
wamujemwo ari mu misa, akumva inyigisho y’umusaserdoti wo muri Paruwase y’iwabo,
agaca yiha intumbero yo gushikira ubweranda. Ngo ni aho rero yumva ko n’ubundi
intumbero yiwe atarayishikira.
Ni na co gituma abandanya asaba inema yo kukora ineza
no kwirinda inabi, mu kwinjira mu busaserdoti na ho ngo akaba yashaka gufasha n’abandi
kugira gutyo, kugira ngo bazosangire ubuzima budahera, kumwe na Yezu
yabacunguye. Ku bwiwe rero ngo mu kwatirwa mu busaserdoti akaba yumva ico yahawe
ari impamba izomushoboza gushika kuri iryo hangiro, akaba kandi ngo
yabikengurutse cane, yongera aterereza igisabisho.
Umuryango w’Abagendanyi ba Yezu Patiri Emmanuel Ndorimana
yatiwemwo mu busaserdoti ni umwe mu miryango ya vuba cane mu miryango
y’abamisiyonari y’Ekleziya Katolika. Washinzwe mu mwaka w’1540, mu gihugu
c’Ubutaliyano, ushinzwe na Ignace w’i
Loyola mweranda. Ubutumwa bwabo bushingiye ku gushingira intahe Imana no
kumenyesha Inkuru nziza ya Kristu no kuzanira imishaha urukiza biciye mu
bikorwa no mu ngiro.
Mu Burundi no mu Rwanda, barangurira ubutumwa mu
bisata vy’indero mu mashure, mu kuremesha abagendana umugera wa SIDA n’abageze
mu za bukuru, no mu gufasha impunzi. Mu Burundi, bakaba bafise umubano mu
gisagara ca Bujumbura, kw’ishure ryisumbuye ryitiriwe Mutima Mweranda ryo mu
Gihosha, be no mu kigo nkomezamutima Emmaüs, ahari ikigo ca kaminuza ya Leta
c’i Kiriri. Umwepiskopi Mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura akaba ashima
ubutumwa bwabo, yongera abipfuriza kugwira no mu yandi madiyoseze.
Michel Nibitanga, CEDICOM
Aleluya.
Ko mwazukanye na Kristu, rondere ivyiza vy’ijuru,
aho Kristu avyagiye iburyo bw’Imana.
Aleluya.
Â
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (17, 20-26)
Muri irya misi,
Yezu yariko arasenga, ahanga ijuru. Avuga ati: «Si abigishwa banje basa
nsabiye, nsabiye n’abazonyemera kubera ijambo ryabo, ngo babe bose umwe, nk’uko
wewe Dawe uri muri jewe nanje muri wewe, nibabe muri twebwe na bo nyene, isi
yemere ko wantumye. Narabahaye ubuninahazwa wampaye, ngo babe umwe nk’uko turi
umwe: jewe mbe muri bo nawe muri jewe, maze babe umwe rwose, ubumwe bwabo
bwuzure, kandi isi imenye ko wantumye kandi ko wabakunze nk’uko wankunze. Dawe,
abo wampaye, nshaka ko aho ndi, na bo bohabana nanje, maze barabe ubuninahazwa
wampaye kuko wankunze isi itararemwa.
Dawe utunganye, isi ntiyakumenye, jeho yamara narakumenye, aba na bo
baramenye ko wantumye. Narabamenyesheje izina ryawe kandi nzoribahishuka. Maze
urukundo wankunze rube muri bo, nanje nyene mbe muri bo.»