
Ku musi w'Imana igenekerezo rya 1
Nyakanga 2024, muri paruwase Matara harabaye ibirori vyo kwakira Patiri Mukuru
mushasha, Patiri Léon Nizigama, hamwe no gusezera Patiri Mukuru yahahora,
Patiri Tito Ndayishimiye, yarungitswe mu bundi butumwa.
Ivyo birori vyatanguriye ku nkuka y’imisa
yatanguye ku gihe c’isaha zine (10h00) z’agatondo, irongowe na Patiri Mukuru
mushasha, Patiri Léon Nizigama, na ho inyuma y’iyo nkuka y’imisa, ibirori
bibandanyiriza ku kwiginana hagati y’abo basaserdoti n’abakristu baserukira
abandi, eka mbere n’abihebeye Imana barangurira ubutumwa muri iyo paruwase.

Patiri mukuru yahahora, Patiri Tito
Ndayishimiye, mw’ijambo yashikirije, yarakiriye uwuje kumukorera mu ngata, Patiri
Léon Nizigama. Yabandanije ashimira abanyeparuwase bose basangiye ubutumwa mu
kiringo cose yari amaze muri iyo paruwase.
Uwo musaserdoti yaribukije abo
bakristu ko atari uwa mbere yaje muri iyo paruwase kandi akagenda, kandi ko
atibaza ko ari n’uwa nyuma, ari na ho yafatiye mu kubibutsa ko paruwase ari
umuryango wabo, araheza aca abasaba kubandanya bakomeza ubutumwa, kugira ngo
hazogere igihe abantu bazoja baraza bava irya n’ino baza gutangarira Matara.

Tubamenyeshe ko Patiri Tito Ndayishimiye, ubundi butumwa agiyemwo ari ubw’imihari n’imigwi kw’ishure rikuru ry’i Muramvya. Mw’iparuwase azohaba ahereza inkuka z’imisa, kwunganira Patiri mukuru no gutanga amasakramentu, ariko ahanini ubutumwa abufise mw’ishure.
Ubwo butumwa, aho i Muramvya bwahora burangurwa na Patiri Léon Nizigama nyene, yunganira umusaserdoti ayoboye iryo shure. Ni na ho nyene Patiri mukuru mushasha wa Paruwase Matara aje azananye.
Révérien Niyongabo, Paruwase MataraAleluya,
aleluya.
Imana ni Yo yatumye abantu b’isi buzura na Yo muri Kristu,
ikongera
ikadushiramwo ijambo ry’ubwo bwuzure.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na na Matayo (18, 15-20)
Mugenzawe agukundiye, uzoba umurokoye
Muri irya misi,
Yezu
yabwiye abigishwa biwe ati: «Mugenzawe agucumuyeko, genda umuhanure muri umwe
n’umwe; agukundiye, uzoba umurokoye. Akwankiye, jana n’uwundi umwe canke
babiri, kugira ngo ijambo rivugwe imbere y’ivyabona bibiri canke bitatu.
Akaramuka atabumviye na ho, ubibwire umuryango. Niyanka kwumvira umuryango,
uramuraba nk’umupagani canke umutozakori.
Ni ivy’ukuri ndabibabwiye: ico muzoboha kw’isi cose kizoba kiboshwe no mw’ijuru, ico muzobohora kw’isi cose kizoba kibohowe no mw’ijuru. Ndabibabwiye kandi: abantu babiri hano kw’isi bashize hamwe bagasaba, ico basavye cose, Dawe wo mw’ijuru azokibaha. Kuko aho babiri canke batatu bakoraniye kw’izina ryanje, mba ndi hagati yabo.»