
Nyenicubahiro Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa, Umwepiskopi Mukuru wa Diyoseze
Nkuru ya Bujumbura, ku musi wa Gatandatu igenekerezo rya 14 Nyakanga 2024, yaramukanye
akanyamuneza ko guhimbaza umusi mukuru wiwe wo kwinjira mu mwaka wa yubile y’imyaka
25 y’ukwatirwa mw’ibanga ry’ubwepiskopi.
Ibirori bikaba vyarabereye mu nkuka y’imisa y’ubukengurutsi yaherejwe muri
Paruwase mvyeyi ya Diyoseze, Paruwase Katedrale Regina Mundi, yama ihuza
abanyediyoseze mu misi mikuru nk’iyo. Ni mu gihe yari aramutse yugurura umwaka
w’ubutumwa 2024-2025 yongera atanga n'ubwahuro bw’ukwugurira uwo mwaka mu
maparuwase no mu bisata bitandukanye vy’ubutumwa bwa Diyoseze.

Mu kugaragaza ako kanyamuneza, Nyenicubahiro Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa yavuze ko ahimbawe cane kw’iteka Umukama
yamuteye ryo kumushira ku rugero rw’abasubirizi b’abatumwa. Yarashimiye Nyenubweranda
Papa yamuteye iteka akamugena muri iryo banga, be n’umuserukizi wiwe mu
Burundi, Nyenicubahiro Musenyeri Dieudonné Datonou, yari yateye iteka ivyo ivyo
birori, be kandi n’uwamwatiye muri iryo banga, Musenyeri Stanislas Kaburungu.
Abandi yavuze ko ku musi nk’uwo atokwibagira, hambavu y’abavyeyi n’abagenzi
n’uruhara bagize mu buzima bwiwe, yaributse umuhisi Musenyeri Yohakimu Ruhuna
yamwakiriye mw’iseminari nkuru gushika ku rugero rw’ubudiyakoni, Musenyeri
Yozefu Nduhirubusa yamwubitseko ibiganza mu busaserdoti, na Musenyeri Berchimas
Mperere yamumenyereje mu nama y’abepiskopi nk’icariho gikuru ciwe i Muyinga.
Yarashimye vy’umwihariko Diyoseze ya Ngozi yamwakiriye mu bwepiskopi
akahamara imyaka 18, be na Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, aho yemeza ko asa n’uwashitse
yisanga: ngo abo barangurana ubutumwa bamwakiriye neza, kandi bamubanira neza,
bakongera bakamufasha muri vyinshi. Akaba yarashimiye abanyediyoseze ya
Bujumbura ukuntu bakirana ukwemera ubutumwa abashikiriza.

Mu bari bateye iteka ivyo birori harimwo kandi n’abepiskopi batari bake
mu bagize inama y’abepiskopi Katolika b’i Burundi (CECAB). Hariho kandi n’icegera
c’umukuru w’igihugu c’Uburundi, Umukuru w’igihugu c’Uburundi yaserukiwe muri
ivyo birori n’Umushikiranganji
Eka n’umwe muri abo bepiskopi Katolika b’i Burundi, umwepiskopi w’i Muyinga,
Nyenicubahiro Musenyeri Joachim Ntahondereye, kw’izina ry’umukuru w’inama y’abepiskopi
Katolika b’i Burundi CECAB, yaramukeje kuri iyo myaka amaze muri iryo banga,
yongera aramukengurukira, kuko ngo yabaye kirumara mu nama y’abepiskopi, haba
aho yari umukuru wayo, haba no mu bindi bihe. Yamenyesheje mbere ko n’inyubakwa
bafise i Kiriri ari we bayikesha mu kububahura no mu kubaronkera incuti
zibunganira. Akizera ko umwaka wose w’igisabisho uzokabura ivyiyumviro bishasha
vyiza.

Uwundi yamukeje ni uwaserukiye abanyamuryango wa Diyoseze, Musenyeri
Anatole Ruberinyange. Mu kumwereka ukuntu bamwishimiye, akaba yaratumiriye
abanyediyoseze gushimira Imana yamubahaye ngo ababere Umwungere mukuru, yongera
abasaba kumuvugiriza impundu. Yarashimye ko mu butumwa bwiwe yafatiye ku
vyiyumviro vy’abakristu bagaragaje mu nama ya mbere y’umuryango wa Diyoseze, mu
kurondera ko bija mu ngiro akaba yarabishize mu ndinganizo y’ubutumwa bwa
Diyoseze bw’imyaka itanu, ubu bakaba bashitse ku mwaka ugira uwa kane.
Nyenicubahiro Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa yavutse ku wa 9 Myandagaro
1952, i Gisuru. Ni umwe mu bepiskopi Katolika b’i Burundi. Yatiwe mw’ibanga ry’ubwepiskopi
mu mwaka w’2000 i Muremera muri Diyoseze ya Ngozi, hari kw’igenekerezo rya 16
Nyakanga, yatiwe na Musenyeri Stanislas Kaburungu yahavuye akorera mu ngata.
Yarabaye Umwepiskopi wa Diyoseze ya Ngozi (2002), imbere yo kugenwa na
Nyenubweranda Papa ngo abe Umwepiskopi Nkuru ya Bujumbura, asubiriye
Nyenicubahiro Musenyeri Evariste Ngoyagoye yari yemerewe na Papa akatuhuko k’iza
bukuru. Ubutumwa bw’umukuru w’inama y’abepiskopi Katolika b’i Burundi
yaburanguye kuva mu mwaka w’2011 gushika 2017. Ku wa 24 Ntwarante 2018 ni ho
yagenwa ngo abe Umwepiskopi Mukuru wa Diyoseze ya Bujumbura, abereye Umwungere
gushika n’ubu.
Twifatanye n’Umwungere wacu mu mwaka w’igisabisho kidasanzwe, tumusabire
ku Mukama ngo aronke inema zose akeneye mu gihe asigaje muri iryo banga, Rugiravyose
amukomereze inema y’ubwenge, ubwitonzi n’ubuyobozi, kugira ngo ubutumwa bw’ubusubirizi
bw’abatumwa aburangure neza, kandi agire ikiganza ciza co kugamburukirwa n’abasaserdoti
n’igihugu cose Umukama yamuragije, agishikane ku bweranda no ku gutagatifuzwa
binengesereye.
Aleluya, aleluya.
Yeruzalemu, igine Umukama,
ni we arungikira isi ijambo ryiwe.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (17, 11-19)
Muri irya misi, Yezu yariko aragenda i Yeruzalemu, aca ku rubibe rwa Samariya n’Ubugalile. Ariko araca mu mihana yaho, hakaba abantu cumi barwaye imibembe baza bagana iyo yari ari. Bashira ijwi hejuru bakiri kure, bati: «Yezu, Mwigisha, tugirire ikigongwe!» Na we ngo ababone, arababwira ati: Nimugende mwiyereke abaherezankuka.» Na bo bashitse mu nzira, babona bakize.
Umwe muri bo rero ngo abone yakize, aca asubira inyuma, aza arishongora aninahaza Imana; ashitse imbere ya Yezu; akubita ibipfukamiro hasi amukurira ubwatsi. Kandi uno yari Umunyasamariya. Yezu rero arabaza ati: «Mbega, ntibakize bose uko bari icumi? Nta wundi yoboneka ngo agaruke aninahaze Imana, atari uwo munyankiko! Araheza amubarira ati: «Va hasi, ugende; ukwemera kwawe kuragukijije.»