
Ku wa Gatandatu igenekerezo rya 14 Nyakanga 2024, wari umusi
wiharije muri Diyoseze Nkuru ya Bujumbura, aho abanyediyoseze, Umwepiskopi
Mukuru, Nyenicubahiro Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa, yari aramutse
abugururira umwaka w'ubutumwa 2024-2025 yongera aratanga ubwahuro ku maparuwase
no mu bindi bisata vy’ubutumwa bwa Diyoseze, mu birori vyabereye muri Paruwase
mvyeyi ya Diyoseze, Paruwase Katedrale Regina Mundi.

Uwo mwaka yawuguruye ku
civugo kigira kiti: «Dukomeze Ekleziya
Muryango mu kugira ubumwe n'urukundo no mu gusangira neza ivyo Imana iduha».
Ni mu gihe uwo Mwepiskopi yari aramutse ahimbariza rimwe imisi mikuru itatu: guhimbaza
umusi mukuru wiwe wo kwinjira icese mu mwaka wa yubile y’imyaka 25 amaze yatiwe,
gushemeza Umusaraba mweranda, be no kwugurura rero uwo mwaka mushasha w’ubutumwa.
Ku bwa Nyenicubahiro
Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa, ico civugo kirahambaye cane, kuko ngo ari co
kigize intimatima ya Ekleziya abakristu bo muri Diyoseze abereye umwungere bahamagariwe
kwubaka no gukomeza, kugira ngo ibe koko umunyu n’umuco w’isi mu kuba yo nyene
ubwayo intangarugero nziza.
Ngaha yaribukije ko akaranga
ka Ekleziya Katolika ari uko ibwirijwe kugirwa n’ibiremwa bishasha, birangwa n’ubumwe
n’urukundo ku bw’ukwemera kwavyo, maze ubwo bumwe n’urwo rukundo bigaserukira
mu buryo abantu basangira neza ibishobora gusangirwa vyose.
Kukaba nka kwo, mu ntango za
Ekleziya, ngo abari basangiye ukwemera bari basangiye n’itunga; ngo baramutse
bagurishije ivyo batunze canke ivyimburawa baragabura ikiguzi, umwe umwe
akaronka ivyo akeneye. Kuko nta wagira ngo ivyo atunze ni ivyiwe wenyene,
yamara vyari ivya bose.
Nyenicubahiro Musenyeri
Gerevazi Banshimiyubusa ati: «Guhuza
umutima n’umushaha ni vyo bishobora gutuma abantu bashobora gusangira nk’abavukanyi».
Yarashimitse cane ku nkenerwa y’ijambo ry’ugusangira, ry’ugusabikanya,
ugusangira vyo kuraba ico umuntu yoha mugenzi wiwe ngo basabikanye, atari bimwe
vy’uguca abona ivyo abandi bazana ngo ni kwo gusangira.

Uguhinduka yavyerekeje kuri
bose, baba abakristu, abari mu ntwaro, eka abarundi bose. Gusa yaravuze ahantu
iryo jambo rigoreye, no ku rugero rw’igihugu, vyinshi bishobora kubuza abarundi
ubumwe n’urukundo, guhuza imishaha n’imitima, gutyo rero bikaba bibabujije
gusangira neza nk’abavukanyi: amacakubiri afatiye ku moko, ku miryango, ku migambwe,
ku madini, ku gatumba n’ibindi; indyane zerekeye amatongo; inkurikizi z’ubwicanyi
n’ihorohori biri mu mitima y’abarundi bamwe bamwe; abigungirako amatungo y’igihugu
bikabuza abantu ko bahuza imitima, n’ibindi.
Mbere Umwepiskopi Mukuru
yamenyesheje ko urwo ubutumwa buri muri ca civugo, Diyoseze izobwicarira mu
myaka ibiri yose, kubera ko ku bwiwe yumva ari bwo bugize intimatima y’ivyo
abanyediyoseze bo nyene bisabiye mu nama ya mbere y’umuryango wa Diyoseze yakoranye
mu mwaka w’2012 inyuma y’intambara hagati ya bene Burundi, igasozerwa mu mwaka
w’2019 hatangazwa ivyayivuyemwo.

Ubumwe n’urukundo, uturanga shingiro tw’inyigisho z’Ekleziya
Ubumwe si ikintu gishasha mu
buzima bw’abarundi, kuko mu ntango za buri mwaka hama hahimbazwa mu gihugu umusi
mukuru w’ubumwe bw’abarundi, ku wa 5 Ruhuhuma, umusi mukuru washinzwe wemejwe
mu matora ku bice 90%, amatora yabaye mu mwaka w’1991.
Ariko n’ubwo uwo musi mukuru
uhimbazwa mu gihugu, abantu ntibasiba kwumva imyidogo ko ubwo bumwe bugifise
agahaze, baravye ukuntu ibimenyetso vy’ugucanamwo bitigeze bihengeshanya
kwibonekeza. Iki civugo n’ubutumwa bwa Ekleziya y’i Bujumbura bije rero hageze,
kuko yiyemeje gufata iya mbere mu kuva mu majambo gusa, igashira ibintu mu
ngiro. Ni na ho ukunywana n’ukubana mu mahoro bizoheza bigashoboka.
Na none n’ijambo ry’Imana
Ekleziya yisunga rirerekana ko ubumwe ari ko karanga k’Ubutatu Bweranda twemera;
ni na co cipfuzo ca Yezu, aho yasabira Ekleziya yiwe ati: «Ese bose boba umwe!»
(Yohani 17,21).
Aleluya, aleluya.
Yeruzalemu, igine Umukama,
ni we arungikira isi ijambo ryiwe.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (17, 11-19)
Muri irya misi, Yezu yariko aragenda i Yeruzalemu, aca ku rubibe rwa Samariya n’Ubugalile. Ariko araca mu mihana yaho, hakaba abantu cumi barwaye imibembe baza bagana iyo yari ari. Bashira ijwi hejuru bakiri kure, bati: «Yezu, Mwigisha, tugirire ikigongwe!» Na we ngo ababone, arababwira ati: Nimugende mwiyereke abaherezankuka.»  Na bo bashitse mu nzira, babona bakize.
Umwe muri bo rero ngo abone yakize, aca asubira inyuma, aza arishongora aninahaza Imana; ashitse imbere ya Yezu; akubita ibipfukamiro hasi amukurira ubwatsi. Kandi uno yari Umunyasamariya. Yezu rero arabaza ati: «Mbega, ntibakize bose uko bari icumi? Nta wundi yoboneka ngo agaruke aninahaze Imana, atari uwo munyankiko! Araheza amubarira ati: «Va hasi, ugende; ukwemera kwawe kuragukijije.»