
Abahurikiye mu mugwi
w'abaririmbiramana witiriwe umweranda Fransisko w'i Assize wo kw’ishure tabariro
rya Nkuba muri Paruwase Magara, ku w'Imana igenekerezo rya 6 Gitugutu ni ho bahimbaje
umusi mukuru w'umuvunyi wabo ku ncuro ya mbere.
Ibirori vyahereye mu gihimbazo cinjiye ku gihe c'isaha zitatu z'igitondo kiyobowe n'umumenyeshamana mukuru wo kw’ishure tabariro rya Nkuba, Mwarimu Léonce Nintunze. Uwo mumenyeshamana yabwiye abakristu bari aho babona abo baririmbiramana mu kanyamuneza ko ari uko bafise umusi mukuru, araheza rero aca abasigurira uwo musi mukuru uwo ari wo.
Mwarimu mukuru Léonce Nintunze yamenyesheje ko bariko barahimbaza bongera bibuka umweranda batoyeko umuvunyi, Francisco w'i
Assize. Yaciye
atumirira abakristu, cane cane abo baririmbirama kumufatirako akarorero keza.

Umusuku w’umugwi w’abo baririmbiramana, Onesphore Ntakarutimana, na we nyene yarafashe ijambo, aho yavuze ivy’ukuntu uguhimbaza umusi mukuru w'umuvunyi kuri bo ari ikintu gishasha, kuko ngo babikoze ku ncuro ya mbere.
Ngaha yarasiguye ko igituma
ari ubwa mbere babikoze ari uko batahora babikora, kuko wasanga imigwi y’abaririmbiramana
atari yose ifise abavunyi. Nk’abo muri uwo mugwi ngo bagiye kwinjira muri urwo
rutonde aho haziye indinganizo ya Diyoseze y'uko imigwi y’abaririmbiramana yose
ibwirizwa kuba ifise abavunyi yisunga mu butumwa. Mu mugwi witiriwe Francisco
w'i Assize hakaba rero ngo haciye umwaka umwe gusa batoye uwo mweranda kubabera
umuvunyi.
Onesphore Ntakarutimana yaravuze
kandi n’icatumye mu mugwi wabo bahitamwo uwo mweranda mu bandi benshi ari uko
bashimishijwe n'ibikorwa vyiza yakoze amaze guhindukirira Imana: ukwubaka
amasengero, ugutanguza imiryango y'abihebeye Imana, be n’ugushima kwifata rworo
no gufasha abakene n'abagowe. Uwo musuku w’uwo mugwi w’abo baririmbiramana akaba
yaciye atumirira abaririmbiramana ndetse n'abakristu kwisunga uwo mweranda mu
rugendo barimwo rwo kuja mw'ijuru.

Inyuma y'igihimbazo, ibirori
vy’ukwigina uwo muvunyi vyabandanyirije mu kibanza bari bateguye mu bigo vy’ishure
tabariro rya Nkuba, baraheza basangirira hamwe inzimano zari zateguwe, harashikirizwa
n'amajambo atandukanye.
Benshi mu bagiye barafata
amajambo baragaragaje ubukengurutsi kuri urwo rubanza rw'iteka uwo mugwi wakoze
uwo musi, bongera barasabikanya na kahise k’uwo mugwi, be n’ubuzima n'ubutumwa
bwaranguwe n'uwo mugwi. haratanzwe kandi n'impanuro z'ukwigenza neza no gukunda
umugwi n'ubutumwa ku baririmbiramana b’uwo mugwi.
Fransisko w'i Assize
mweranda yari umutaliyano w'umukatorika yabayeho mu myaka ya 1189-1226. N’ubwo
mu buto bwiwe vyashitse akagira ingeso zitari zibereye, ariko mu nyuma yarahinduwe
n'ijambo ry'Imana, aca arayiyegurira gose. Yararanguye vyinshi vyiza, na cane
cane ukwicisha bugufi, ugukorera Imana n’ugufasha aboro mu kubatabaza
ivyobunganira mu bukene n'ubworo bwabo.
Umusi mukuru wa Fransisko
w'i Assize mweranda, muri Ekleziya usanzwe uhimbazwa kw'igenekerezo rya 4
Gitugutu uko umwaka utashe, ariko mu mugwi w’abaririmbiramana bamutoyeko
umuvunyi bo kw’ishure tabariro rya Nkuba muri Paruwase Magara bahisemwo kuwuhimbaza
ari ku musi w'Imana, kuberara ko isango nyezina ryahuriranye n’umusi w’ibikorwa
hagati mu ndwi, ku musi wa gatanu.
Twobamenyesha ko mu
kugerageza kugendera iragi ry'umweranda Fransisko w'i Assize ryo kwunganira
aboro, abo baririmbiramana b’umugwi witiriwe umweranda Fransisko w'i Assize wo
kw’ishure tabariro rya Nkuba bari bategekanije agafashanyo bashikirije
abatishoboye bashika 6 batowe mu mibano igize iryo shure tabariro rya Nkuba, kakaba
kari kagizwe n'ibifungurwa. Ni mu ntumbero yo gusangira na bo ivyo Imana
yabahaye.
Honoré Ndayiragije, Paruwase
Magara
Aleluya,
aleluya.
Imana ni Yo yatumye abantu b’isi buzura na Yo muri Kristu,
ikongera
ikadushiramwo ijambo ry’ubwo bwuzure.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na na Matayo (18, 15-20)
Mugenzawe agukundiye, uzoba umurokoye
Muri irya misi,
Yezu
yabwiye abigishwa biwe ati: «Mugenzawe agucumuyeko, genda umuhanure muri umwe
n’umwe; agukundiye, uzoba umurokoye. Akwankiye, jana n’uwundi umwe canke
babiri, kugira ngo ijambo rivugwe imbere y’ivyabona bibiri canke bitatu.
Akaramuka atabumviye na ho, ubibwire umuryango. Niyanka kwumvira umuryango,
uramuraba nk’umupagani canke umutozakori.
Ni ivy’ukuri ndabibabwiye: ico muzoboha kw’isi cose kizoba kiboshwe no mw’ijuru, ico muzobohora kw’isi cose kizoba kibohowe no mw’ijuru. Ndabibabwiye kandi: abantu babiri hano kw’isi bashize hamwe bagasaba, ico basavye cose, Dawe wo mw’ijuru azokibaha. Kuko aho babiri canke batatu bakoraniye kw’izina ryanje, mba ndi hagati yabo.»