OPM >
Akamo k’igisata c’ibikorwa vya Papa vyo kumenyesha Inkuru Nziza ku rwaruka rwo muri Paruwase Musaga
Itariki: 10/10/2024Ababisomye 530 Vyamenyekanishijwe na : NIBITANGA Michel
Urwaruka rumenyesha Inkuru Nziza ni umugwi w'ubutumwa wunganira ibikorwa vya Papa vyo gukwiza hose Inkuru Nziza ya Yezu Kristu, uhurikiyemwo urwaruka rwose rwabatijwe ruri hagati y'imyaka 15 na 30

Mu ntumbero yo gutanguza umugwi w'urwaruka rumenyesha Inkuru Nziza muri muri Paruwase Ana mweranda yo ku Musaga, igisata kijejwe kumenyekanisha ibikorwa vya Papa mu Burundi caragiraniye ikiganiro n’imikangara y’Imana n’urwaruka rwo muri iyo paruwase, ku w’Imana igenekerezo rya 6 Gitugutu 2024, ku civugo c'uyu mwaka kigira kiti: «Rwaruka, shingira intahe ukwemera kandi  kumenyeshe bose».

Ico kiganiro caremeshejwe n’intumwa z’abasaserdoti bajejwe ubwo butumwa muri Diyoseze Nkuru ya Bujumbura. Izo ntumwa zari zirongowe na Patiri Antoine Sabushatse ajejwe kumenyekanisha ibikorwa vya Papa mu bana no mu rwaruka muri iyo Diyoseze, ari na we yararongoye imisa ya kabiri.

Uwo ajejwe kumenyekanisha ibikorwa vya Papa mu bana no mu rwaruka muri iyo Diyoseze Nkuru ya Bujumbura yari kumwe na Patiri Agapit Nindorera ajejwe kumenyekanisha ibikorwa n'ubutumwa vya Papa mu ngo n'imiryango, akaba ari na Patiri mukuru wa paruwase yo mu Kinindo, bashigikiwe na patiri mukuru wa Paruwase Ana Mweranda, Patiri Sept Désiré Remesha, na Patiri Emmanuel Kadende, be na Patiri Juste Nsengiyumva.


Urwaruka rumenyesha Inkuru Nziza ya Yezu Kristu

Inyuma y'iyo misa ni ho ico kiganiro caremeshejwe. Patiri mukuru wa paruwase Ana Mweranda yaciye atumira urwaruka rwose muri rusangi rwo muri iyo paruwase, kuva ku rufise imyaka 15 gushika kuri 30 mu kiganiro cerekeye urwo rwaruka.

Mu batumiwe harimwo ahanini urwaruka rujejwe kumenyesha hose ibikorwa vya Papa, bita mu gifaransa «Jeunesse missionnaire», urwaruka ruhurikiye mu mihari n’imigwi y’ubutumwa, abakorezi, hamwe n'ingo n'imiryango ukwabo.

Inyigisho ku rwaruka zatanzwe na Patiri Antoine Sabushatse, ari kumwe na Mama Christiane Twagirayezu aserukira umuryango w’ababikira bene Tereziya mu karere k’ubutumwa bw’umuryango w’abo babikira, Uburundi buherereyemwo.

Patiri Antoine Sabushatse yarabwiye urwo rwaruka bimwe mu bikorwa abari mu mugwi w'urwaruka rumenyesha Inkuru Nziza bitwararika: ugukabura mu rwaruka umutima wo kumenyesha Inkuru Nziza, ukurangura ibikorwa vy'urukundo n'ikigongwe, ugushengerera Yezu mw'Ukaristiya, ugufasha abakristu bahereye mu mibano mito mito, ukuronderera abagenzi Yezu bamenyesha Inkuru Nziza, n'ibindi vyinshi. Akaba yaciye abasigira udupapuro turiko ibikorwa vyose urwaruka rumenyesha Inkuru Nziza rwokwitwararika.

Hasozereye n'intahe ya mama Christiane Twagirayezu ingene yagiye kumenyesha Inkuru Nziza mu gihugu ca Cameroun, igihugu gihurikiyemwo abisilamu benshi cane. Yamenyesheje ko ubwitonzi n’uguca bugufi ari vyo vyamufashije gushobora kumenyesha Inkuru Nziza ya Yezu Kristu muri ico gihugu, cane cane mu bikorwa no mu kwigisha gusenga urwaruka ruri mu mashure.


Abavyeyi bamenyesha Inkuru Nziza ya Yezu Kristu

Mu kanya urwo rwaruka rwo ku Musaga rwariko ruronka inyigisho, hariko haraba ikindi kiganiro ku bavyeyi, gitangwa na Patiri Agapit Nindorera, ari kumwe na mama Mariya Karara wo mu muryango w'ababikira bene Mariya. Ico kiganiro cari gishimikiye ku gushikiriza Inkuru Nziza ya Yezu Kristu bahimbaza mu kwezi kw'icumi.

Patiri Agapit yamenyesheje abavyeyi ko abubakanye, umwe wese afise ingero yiwe (umugabo canke umugore). Vyongeye, Imana ngo ni yo itorera umugenzi uwundi ngo bubakane. Yagize ati: «Ukwubaka rukristu ni umuhamagaro, ukuba umuvyeyi na ryo ni ibanga n'iteka rihambaye Imana itera abavyeyi.»

Uwo musaserdoti yaramenyesheje kandi imice itatu mu gisata cibikorwa vya Papa mu Burundi vy’ukumenyesha Inkuru Nziza, iyo mice na yo ikaba ari iyi ikurikira: igisata c’urwaruka rumenyesha Inkuru Nziza ya Yezu Kristu (Jeunesse missionnaire mu gifaransa), igisata c’ingo n'imiryango imenyesha Inkuru Nziza, be n’igisata c’abarwaye bamenyesha Inkuru Nziza ya Yezu Kristu.

Yabandanije ameyesha ko igisata c’ingo n'imiryango imenyesha Inkuru Nziza ya Yezu Kristu gitangurira mu bikorwa abavyeyi bajejwe mu buzima bwa misi yose no kwitwararika gusabira ubwo butumwa. Abavyeyi ngo bategerezwa: kuba itara riboneshereza bose, mu kibano; kwitwararika indero y'abana; gusabira abamisiyonari bitanga mu kumenyesha inkuru nziza; guhimbarwa no gukorera Imana; gutanga amashikanwa yo gukenguruka mu vyo Imana yaduhaye.


Abihebeye Imana bamenyesha Inkuru Nziza ya Yezu Kristu

Mama Karara na we, ikiganiro yagitanze ku butumwa bwo kumenyesha Inkuru Nziza mu bihebeye Imana no mu ngo n'imiryango, akaba yarabamenyesheje ico bokora. Yagize ati: «Ukwihebera Imana biva ahanini mu muryango, bigashigikirwa n’ibisabisho abavyeyi baba bagiye barashikiriza Imana.» Ku bwiwe, ico abavyeyi basavye bari mu muryango Imana iraheza ikacumva, kandi ikacishura.

Na we nyene yarashinze intahe ukuntu amaze kwihebera Imana yahavuye aja gukorera ubutumwa mu gihugu ca Tanzaniya, eka mbere no mu bindi bihugu. Gusa ngo ntivyamworoheye na gatoyi kubera imico n'imigenzo be n'ururimi atari amenyereye. Ariko aremeza neza ko igisabisho c'abavyeyi camuherekeje hose. Avuga ko uwugiye mu butumwa mu mahanga yemera kuba umwe n'abo asanzeho, akagenda uramenyera buhoro buhoro. Akaba yarasavye abavyeyi gusabira abana babo no kubahimiriza kumenyesha Inkuru Nziza.

Tubamenyeshe ko urwaruka rumenyesha Inkuru Nziza ari umugwi w'ubutumwa bwo kumenyesha Inkuru Nziza wunganira ibikorwa vya Papa vyo gukwiza hose Inkuru Nziza ya Yezu Kristu, uhurikiyemwo urwaruka rwose rwabatijwe ruri hagati y'imyaka 15 na 30. Abahoze mu mikangara y'Imana barenza imyaka 14 ni bo baza imbere, kuko baba basanzwe bamenyereye ubwo butumwa, hamwe rero n'urundi rwaruka rwose ruvyifuza.

Intumbero y'uwo mugwi na yo ikaba ari ugukabura n’ukumenyesha mu rwaruka umutima wo gukwiza hose Inkuru Nziza ya Yezu Kristu. Kugira ngo Inkuru Nziza imenyeshwe neza, itangurira hagati y'abubakanye, hanyuma mu bana, mu nyuma bakayimenyesha hanze bahereye mu kibano.

Mugisha Pascaline, Paruwase Musaga

Ivyiyumviro

Aleluya, aleluya.

Umukama yavuze ati: «Ewe Toma, wemeye kuko umbonye.

Hahiriwe abazokwemera ata co barinze kubona.»

Aleluya.

 

Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (20, 19-31)

Imisi umunani iheze, Yezu araza

Ku mugoroba w’uyo musi ari wo mubarwa wa mbere w’indwi, mu nzu yarimwo abigishwa, bari bakinze inzugi ku gutinya Abayuda. Niho rero Yezu yaza, ahagarara hagati muri bo, ababwira ati: «Nimugire amahoro!» Avuze atyo, abereka ibiganza vyiwe n’urubavu rwiwe. Abatumwa ngo babone Umukama, barahimbarwa.

Yongera ababwira ati: «Nimugire amahoro! Kumwe Data yantuma, nanje ni ko ndabatumye.» Ababwiye ivyo, arabahuha ati : « Nimuronke Mutima Mweranda. Abo muzorekurira ibicumuro, bazoba babirekuriwe, abo muzobigumizako na bo, bizobagumako.»

Aho Yezu yaza, Toma, umwe wo muri bamwe Cumi na babiri, ari we bita Didimo, ntiyari muri bo. Abandi bigishwa bamubwiye bati: «Twabonye Umukama», abishura ati: «Ntiboneye mu biganza vyiwe intoboro za ya misumari, ngo nshire urutoke mu ntoboro zayo, n’urushi mu rubavu rwiwe, sinzokwemera.»

Imisi umunani iheze, abigishwa basubira guteranira muri ya nzu, na Toma bari kumwe. Yezu araza, inzugi zugaye, ahagarara hagati muri bo ati: «Nimugire amahoro!» Hanyuma abwira Toma ati: «Shira urutoke ngaha: ng’ibi ibiganza vyanje; zana urushi rwawe kandi urushire mu rubavu rwanje: ureke rero kuba ikigaba, ariko wemere.»

Toma amwishura ati: «Mukama wanje, Mana yanje!» Yezu na We amwishura ati: «Ewe Toma, wemeye kuko umbonye: hahiriwe abazokwemera ata co barinze kubona.»

Hari n’ibindi bimenyetso vyinshi bitanditswe muri iki gitabu Yezu yagiriye imbere y’abigishwa biwe. Ivyo rero vyanditswe ngo mwemere ko Yezu ari Kristu Umwana w’Imana, kugira kandi ngo muvyemeye, muronke ubuzima kw’izina ryiwe.

Rondera
Urutonde rw'Imisa
I. VICARIAT DE SAINT MICHEL
1. PAROISSE CATHÉDRALE REGINA MUNDI
A. Messes
Samedi : 17h00 (en Français)
Dimanche : 6h00 (en Kirundi),  7h00 (en Kirundi),  8h15 (en Français),  10h00 (en Kirundi),  12h00 (parfois, possibilité d'une messe circonstancielle, en Kirundi), 17h00 (en Français)
B. Adoration
Mardi : toute la journée, à la Chapelle
Jeudi : toute la journée, à la Chapelle
Samedi : 6h45 à 8h00
2. PAROISSE SAINT MICHEL
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 06h15, 08h00, 10h00, 12h00 Kiswahili, 17h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
3. PAROISSE BUYENZI
A. Messes
6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h30 (en Kirundi), 16h30 (en Kirundi)
B. Adoration
Mercredi : 17h30
4. PAROISSE KANYOSHA
A. Messes
6h00, 7h45, 9h30 (Français), 11h15 et 16h00
B. Adoration
Jeudi : 18h00
Dimanche : 13h00 à 16h00
Premier vendredi du mois : toute la journée
5. PAROISSE KININDO
A. Messes
6h00, 7h30, 8h45, 10h30, 17h30
B. Adoration
Jeudi, toute la journée
6. PAROISSE MUSAGA
A. Messes
Samedi : 17h00
Dimanche : 6h10, 08h00, 10h30, 16h30
B. Adoration
Mardi : 12h00 à 16h00
Jeudi : 15h00 à 16h00
Vendredi : 12h00 à 14h00
7. PAROISSE NYAKABIGA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00 (en Kirundi), 8h00 (en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 17h00 (en Kirundi)
B. Adoration
Du lundi à vendredi : 7h00 à 16h45
8. PAROISSE RUZIBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 16h30
B. Adoration
Jeudi 15h et le 1er vendredi du mois
9. PAROISSE MUTANGA SUD
A. Messes
6h15, 08h15, 10h30, 17h00
Campus Mutanga : messe à 11h (en kirundi et en français alternativement)
B. Adoration
Mardi : toute la journée après la messe de 6h00
II. VICARIAT DE GIHOSHA
1. PAROISSE GIHOSHA
Messes de la semaine
Lundi - Samedi : 06h30
Dimanche : 6h00, 10h30, 16h00 ( en Kirundi) 08h15 en Français
Lundi à 18h00, messe en Français, suivie de l'adoration, jusqu'à 19h00.
Vendredi : Adoration à 17h30, suivie de l'Eucharistie en Français, à 18h30
2. PAROISSE BUTERERE
A. Messes
6h00, 8h00, 10h00, 16h30
B. Adoration
Jeudi : 15h00 à 17h15
Samedi : 5h30 à 6h20
3. PAROISSE GATUMBA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : 7h00 à 8h00
Deuxième lundi du mois : 17h30 à 19h00
4. PAROISSE KAMENGE
Messes
6h, 7h30, 9h00 (swahili),10h30,16h30
Gatunguru : 9h30
Nyabagere : 9h30
Muberure : 8h00, 10h00
Nyambuye : 8h00, 10h00
Gishingano : 8h00, 10h00
Buhayira : 9h30
Mbirira : 8h00
Adoration à la Paroisse
Jeudi 16h30 un jour par mois
5. PAROISSE KINAMA
A. Messes
06h00 (en Kirundi), 08h00(en Kiswahili), 10h00 (en Kirundi), 16h00 (en Kirundi)
Gahahe-Carama (en Kirundi) : 07h00 et 09h30
Gasenyi (en Kirundi) : 09h00
B. Adoration
Lundi à samedi de 7h00 à 19h00
6. PAROISSE NGAGARA
A. Messes
Samedi : 17h30
Dimanche: 6h00, 08h00, 10h00, 17h00
B. Adoration
Jeudi : 17h00 à 17h30
AUMONERIES ET CHAPELLES
1. PAROISSE CHRIST-ROI (AUMONERIE MILITAIRE)
A. Messes
8h15, 10h30
B. Adoration
-
2. AUMONERIE DE LA POLICE
A. Messes
API : 7h30 et 10h30
Socarti : 7h30, 10h30
Ex ENAPO : 8H30
1er GMIR (Buyenzi) : 10h30
2ème GMIR (Kanyosha) : 10h30
Socarti : Adoration, 1er mercredi du mois
3. CENTRE JEUNES KAMENGE
Messe
10h30 en français
4. SANCTUAIRE MONT SION GIKUNGU
Messes
6h00, 8h00,10h00 et 16h00
Adoration
Lundi à vendredi à partir de 7h00 jusqu'à 21h30
Dimanche de 13h00 à 18h00
4. PETIT SEMINAIRE KANYOSHA
Messe
Messe des séminaristes : 6h45
1ère Messe des fidèles : 8h30
2ème Messe des fidèles : 10h15
Adoration
Adoration du Saint Sacrement par les séminaristes et autres fidèles qui veulent : Dimanche à 18h15 à 19h00
III. VICARIAT DE BUHONGA
1. PAROISSE BUHONGA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 à 8h30
Jeudi de la troisième semaine du mois : toute la journée
2. PAROISSE JENDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche, 7h45, 10h00, 16h00
B. Adoration
Jeudi : toute la journée après la messe de 7h15
3. PAROISSE KARINZI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Du lundi au samedi : 6h00 à 6h30
4. PAROISSE MAGARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Dimanche : 7h00 à 7h30
5. PAROISSE MATARA
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 15h00
6. PAROISSE MAYUYU
A. Messes
8h00, 11h00
B. Adoration
Vendredi : 8h00 à 17h00
7. PAROISSE MUBIMBI
A. Messe
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00 à 10h00
8. PAROISSE MUTUMBA
Messes
7h30 et 10h00
Adoration
Jeudi à 14h00 sauf le 1er vendredi du mois (7h30)
9. PAROISSE RUGAZI
A. Messes
7h30, 10h30
Jeudi : 15h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
10. PAROISSE RUSHUBI
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 8h00
11. PAROISSE RUTONGO
A. Messes
7h30; 10h00
B. Adoration
-
IV. VICARIAT DE MURAMVYA
1. PAROISSE BUKEYE
A. Messes
Samedi : 16h00
Dimanche : 6h00 , 7h40, 9h30, 11h30
B. Adoration
Jeudi : 7h10 à 19h00
2. PAROISSE BUKWAVU
A. Messes
7h30, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 14h00 à 15h00
3. PAROISSE BUZIRACANDA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h30, 10h00
Mercredi : 17h30 (Messe en Français)
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5.PAROISSE GASURA
4. PAROISSE KIGANDA
A. Messes
Samedi : 11h00
 Lycee: 16h00
Dimanche : 7h00, 9h00, 11h00
B. Adoration
Jeudi : 16h00
Dimanche : 13h00
5. PAROISSE KIVOGA
A. Messes
6h30, 8h30, 10h30, 12h30
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
6. PAROISSE MUNANIRA
A. Messes
Samedi : 12h00
Dimanche : 7h15, 10h00
B. Adoration
Jeudi : 7h30 à 18h00
Premier vendredi du mois : 7h30 à 12h00
7. PAROISSE MURAMVYA
A. Messes
7h00, 8h30, 10h30
B. Adoration
Jeudi : toute la journée
8. PAROISSE RYARUSERA
A. Messes
8h00, 10h15
B. Adoration
Jeudi : après la messe de 6h30
Mwoba mufise ico mubaza?
Tanga
Twite za CEDICOM
Twite za Papa
Facebook ya CEDICOM
Abari kumurongo : 80
Centre Diocésain de Communication CEDICOM
Uburyo bwokutwakura
Bld Patrice Lumumba, 21, Bujumbura, Burundi
+257 22 22 05 00
+257 65 19 52 50
B.P. 690 BUJUMBURA BURUNDI
cedicom.buja@gmail.com
Kwiyandikisha kukurontswa inkuru
Baza ikibazo
©2026. CEDICOM Archidiocèse de Bujumbura Designed by : DS COMPANY
Tanga * Karitas (abatishoboye)* Ugufasha abaseminari n'abamenyeshamana* Ukwubaka amasengero kumashure* Ugushigikira abasaserdotiUburyo bwo gufashaKoresha konte za DiyosezeMu marundi : Interbank Burundi : 701-02790-0152(Diocèse de Bujumbura)Mu ma dolari : BRB : 3302/493 (Archidiocèse BUJA/USD) Swift Code : BRBUBIBIMu ma Euro : BRB : 3320/368 (Archidiocèse de Buja/EURO) Swift Code : BRBUBIBI