
Abatumwa bo muri Paruwase Anna Mweranda yo ku Musaga, ku musi wa gatatu igenekerezo rya 23 Gitugutu 2024, baragize igikorwa co gushikiriza inyigisho nkomezakwemera mu mibano rukristu yo muri iyo Paruwase, igikorwa gifatwa nk’ico kumenyesha Inkuru Nziza ya Yezu Kristu.
Ni igikorwa catunganijwe
n'abarongoye imibano rukristu, bafatanije n'umuryango Katolika w'abanaguwe muri
mutima mweranda muri iyo Paruwase, iyo nyigisho ikaba yatanzwe ku mugoroba; ni ho
abo batumwa bakwiragira mu mibano yegeranirijwe mu migwi 14, bagiye kumenyesha
iyo Nkuru Nziza.

Iyo nyigisho nkomezakwemera yari
ishimikiye kw'ijambo ngenderwako rigira riti: «Nimukundane nk'uko nanje
nabakunze» (Yoh.13,34), iryo jambo na na ryo ubwaryo rikaba ryari rishimikiye
ku civugo ca Diyoseze c'uyu mwaka, «Dukomeze Ekleziya Muryango mu kugira ubumwe
n'urukundo no mu gusangira neza ivyo Imana iduha».
Nk’uko umuntu yashobora kubibona, iyo
nyigisho yatanzwe, Yezu yarininahaje muri iyo migwi yose uko ari 14, kuko iyo
nyigisho yakiriwe n'igishika cinshi, kandi yaritabwe cane. Abanyamibano barakengurutse
cane iyo nyigisho, bakaba mbere barasavye ko inyigisho nk'izo zoja
ziratunganywa kenshi, n'ibiburiburi zigatangwa nka rimwe mu mezi atatu.
Ico abigisha bavuga ko babonye ni uko ngo vyibonekeza ko abakristu bo mu mibano rukristu bafise inyota nyinshi yo kumenyeshwa Inkuru Nziza.

Gusa muri iyo mibano hitaba cane cane abatamakazi
benshi; abagabo ni bake cane, abakiri bato bobo ni imparugwa. Bakaba basaba ko
hoba uguhimiriza urwaruka n'abagabo, kugira ngo na bo bikebuke, baje mu mibano
rukristu.
Aleluya, aleluya.Akirane ubwitonzi rya jambo ryatewe muri mwebwe, ni ryo rizokiza imitima yanyu. Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (11, 28-30)
Muri irya misi, Yezu yavuze aya majambo ati: «Nimuze mwebwe mwese murushe kandi muremerewe, nzobaruhurira. Nimwemere inganji yanje, mukunde n’ivyo nigisha, kuko ndi umwitonzi kandi nkicisha bugufi bivuye ku mutima; ni ho muzoronkera akoyoko k’imitima yanyu. Ni ivy’ukuri, inganji yanje ntiremereye, na vyo ivyo nzobashinga ntibizobavuna.»