
Ku wa Gatanu igenekerezo rya 1 Munyonyo 2024, ku musi mukuru w'aberanda bose, abahurikiye mu mivukano y’urwaruka rw’umuco (fraternité jeunesse lumière) bo muri Paruwase Ana Mweranda yo ku Musaga biriwe mu kanyamuneza ko kwinjira icese muri y'imyaka 25 iyo mivukano imaze itanguye.
Karabaye
n’akaryo ko kurungika mu butumwa abasuku bashasha bagiye gusukurira iyo mivukano
muri uyu mwaka w’ubutumwa w’2024-2025.

Ibirori babitanguriye ku gukengurukira Imana mu nkuka y’imisa yaherejwe
ku gihe c'isaha zine n'igice (10h30) irongoweÂ
na patiri Alexandre Gashirahamwe ajejwe imihari n’imigwi y'ubutumwa muri
paruwase, ari na we yaciye arungika mu butumwa abo basuku bashasha.
Inyuma y'inkuka y'imisa, urwaruka
rwose ruri mu mivukano yo muri iyo Paruwase, ruri kumwe na patiri Alexandre Gashirahamwe,
kumwe kandi n’umusuku arongoye ku rwego rwa Paruwase abahurikiye mu muryango w’abanaguwe
muri Mutima-Mweranda, hamwe n'abagiye gusukurira iyo mivukano, ndetse n'abahoze
bayirongoye, barahuriye hamwe mu nyubakwa ya paruwase, bariginana bongera barakenguruka
ivyiza Imana yakoze iciye kuri bo.

Uwugiye kurongora imivukano, Stève,
azofashanya na Tite kuyisukurira, mu kiyago twagiriraniye, yaribukije ingene iyo
mivukano y’umuco yatanguye. Yavuze ko mu mwaka w'1999 ari ho haba inyigisho
z'abanagurwa muri Mutima Mweranda mu kigo «Foyer de charité» c’i Bujumbura
urwaruka rwakurikiranye izo nyigisho rumaze kunagurwa muri Mutima Mweranda
ntirwashimye kuvyigumizamwo rwaciye ruja mu ma paruwase atandukanye kumenyesha
inkuru nziza.
Muri Paruwase Ana Mweranda, umuvukano
wa mbere, uwa Kabiri, uwa Gatatu n’uwa kane yatanguye mu mwaka wa 2000. Uwa
gatanu watanguye mu mwaka wa 2006. Uwa gatandatu n'uw'indwi yatanguye mu mwaka
wa 2016. Uw’umunani yatanguye mu mwaka wa 2022. Iy'icenda yatanguye mu mwaka wa
2023. Yarangije yemera ko jeunesse lumière igiye kumenyesha inkuru nziza
murundi rwaruka rutaramenya Imana.
Uwundi yatuyagiye ni umusuku w’iyo
mivukano ku rwego rwa Paruwase, aho abari mu rwaruka rw’umuco yabashimiye ku
nyifato nziza bafise, yongera abasaba kuguma ku co bahisemwo, kuko ngo bahisemwo
neza.

Mu kurangiza Patiri Alexandre Gashirahamwe
na we nyene yaragize ico avuga, aho yashimiye cane urwaruka arongera, yongera
ashimira n'abavyeyi babaha uruhusha bakaja gukora ubutumwa. Yarangije yemerera
urwaruka ko azorugenderera cane mu mivukano, akazohera mu y'icenda, akabandanya
n’iya mbere, iy'umunani, iya kabiri, iyi ndwi, iya gatatu, iya gatandatu n’iya
kane, akazohereza ku ya gatanu.
Pascaline Mugisha, Paruwase Musaga
Aleluya, aleluya.Akirane ubwitonzi rya jambo ryatewe muri mwebwe, ni ryo rizokiza imitima yanyu. Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (11, 28-30)
Muri irya misi, Yezu yavuze aya majambo ati: «Nimuze mwebwe mwese murushe kandi muremerewe, nzobaruhurira. Nimwemere inganji yanje, mukunde n’ivyo nigisha, kuko ndi umwitonzi kandi nkicisha bugufi bivuye ku mutima; ni ho muzoronkera akoyoko k’imitima yanyu. Ni ivy’ukuri, inganji yanje ntiremereye, na vyo ivyo nzobashinga ntibizobavuna.»