
Urutonde rw’abasaserdoti bagize Ekleziya
y’i Bujumbura mu mwaka w’ubutumwa 2024-2025 rwarashinzwe n’Umwepiskopi mukuru w’iyo
Diyoseze Nkuru, Nyenicubahiro Musenyeri Gerevazi Banshimiyubusa, ku wa 02
Gitugutu 2024.
Ku rutonde rw’abashinzwe ubutumwa mu maparuwase, fyonda ngaha: urwandiko ruriko abasaserdoti bashinzwe ubutumwa mu maparuwase.
Ku rutonde rwa bamwe muri bo bashinzwe kandi ubutumwa mu bindi bisata vy’ubuzima bw’Ekleziya y’i Bujumbura, fyonda ngaha: urwandiko ruriko abasaserdoti bashinzwe ubutumwa mu bisata bitandukanye vya Diyoseze na mpuzamadiyoseze.
Ku basaserdoti amazina yabo ataboneka
kuri urwo rutonde, mushobora kurabira mu gitabu kirimwo urutonde rwose
rwiyaguye rw’abasaserdoti bo mu Burundi (annuaire ecclésiastique du Burundi).
Abo na bo ni nk’abasaserdoti bakukira Diyoseze ariko ubu bari mu makungu kurangurirayo
ubutumwa butandukanye, abandi mu vyigwa, abandi na bo mu migenderanire n’abamisiyonari,
be n’abakorana n’imiryango y’abihebeye Imana mu butumwa bwiharije bujanye n’akarangabutumwa
k’iyo miryango.
Aleluya, aleluya.
Yeruzalemu, igine Umukama,
ni we arungikira isi ijambo ryiwe.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (17, 11-19)
Muri irya misi, Yezu yariko aragenda i Yeruzalemu, aca ku rubibe rwa Samariya n’Ubugalile. Ariko araca mu mihana yaho, hakaba abantu cumi barwaye imibembe baza bagana iyo yari ari. Bashira ijwi hejuru bakiri kure, bati: «Yezu, Mwigisha, tugirire ikigongwe!» Na we ngo ababone, arababwira ati: Nimugende mwiyereke abaherezankuka.» Na bo bashitse mu nzira, babona bakize.
Umwe muri bo rero ngo abone yakize, aca asubira inyuma, aza arishongora aninahaza Imana; ashitse imbere ya Yezu; akubita ibipfukamiro hasi amukurira ubwatsi. Kandi uno yari Umunyasamariya. Yezu rero arabaza ati: «Mbega, ntibakize bose uko bari icumi? Nta wundi yoboneka ngo agaruke aninahaze Imana, atari uwo munyankiko! Araheza amubarira ati: «Va hasi, ugende; ukwemera kwawe kuragukijije.»