
Abahurikiye mu mugwi w’abatambiramana
b'indirimbo z’igiswahili witirwe Umweranda Anuarite bo muri Paruwase Guido
Maria Conforti yo mu Kamenge, ku w'Imana igenekerezo rya 17 Munyonyo 2024 barahimbaje
yubile y'imyaka 25 uwo mugwi umaze urangura ubutumwa.
Mu guhimbaza iyo yubile, abo batambiramana bahereye ku
nkuka y'imisa ya kane yaherejwe na Patiri Jean Bosco Nsengiyumva arangurira
ubutumwa mu kigo c'urwaruka co mu Kamenge.

Iyo nkuka y'imisa yatangujwe
n'urugendo rwarimwo abatambiramana bakiri mu butumwa, abahoze muri uwo mugwi,
kumwe n'abavyeyi barereye muri uwo mugwi, urwo rugendo rukaba rwahereye ku gasengero k'amahoro n'ikigongwe ko
kuri iyo Paruwase, rugenda rugana mw’isengero
nkuru ya Paruwase.
Muri iyo nkuka y’imisa, abo batambiramana, abavyeyi hamwe n'abahoze muri uwo mugwi bakengurukiye Umukama ku vyiza yakoreye uwo mugwi, bakaba barakengurutse mu gushikanira Imana bagaragaza umunezero bafise, uwo musaserdoti na we araheza arabakeza, na cane cane abakiri muri uwo mugwi, yongera abasaba kugumya ibanga.
Inkuka y'imisa irangiye, baciye babandanyiriza ibirori vy’ukwiginana mu nyubakwa ya Paruwase yagenewe imisi mikuru, inyubakwa yitiriwe Fransisco Xaveri Mweranda, ari na ho havugiwe amajambo atandukanye y’uwo musi mukuru.
Ivyo birori vyari vyitabiriwe n’abatanguje
imigwi y'abavuga ururimi rw'igiswahili muri iyo Paruwase, hamwe n'abakukuruke
batanguje uwo mugwi. Vyari vyatewe iteka kandi Patiri Rénovat Bikorimana ajejwe
imihari n'iyindi migwi y’ubutumwa, hamwe n'umukristu ayoboye imihari n'imigwi y’ubutumwa
muri iyo Paruwase.

Twobamenyesha ko uwo mugwi wabonye
izuba mu mwaka w’1999, aho barondera ababigisha kwiyereka mu ndirimbo z'ururimi
rw'igiswahili bava mu yandi maparuwase, abo batambiramana bakaba biyereka mu
misa y'igiswahili gusa, imisa izwi nk’iya gatatu mu ziherezwa ku musi w’Imana.
Gusa muri uwo mugwi harimwo
abahungu n'abakobwa bakiri bato gusa, kuko nk’iyo umuhungu akuze baca
bamurungika mu mugwi w'abakorezi, hakaba ari ho abandanyiriza ubutumwa kuko
bafise n'intambo imwe mu kwiyereka, umwigeme na we akaja mu baririmbiramana
canke mu yindi migwi y’ubutumwa canke imihari aba yipfuza. Urubanza rukaba
rwarangiye mu kanyamuneza nta ngere
Marleine Mpawenimana, Paruwase
Kamenge
Aleluya, aleluya.
Umukiza wacu Yezu Kristu yaratsinze urupfu;
yarabonesheje ubuzima n’umuco,
mu kudushikiriza Inkuru nziza.
Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Luka (11, 15-26)
Muri irya misi, Yezu yari yirukanye ishetani ngo ive mu muntu w’ikiragi. Mugabo bamwe mu bari aho bagira bati: «Yirukana amashetani kubwa Belizebuli, umwami w’amashetani.» Abandi na bo, kugira ngo bamugeze, bamubwira bati: «Twereke ikimenyetso kivuye mw’ijuru.»
We rero yari azi ico biyumvira, ababwira ati: «Ubwami bwose budashira hamwe
buzohona, amazu na yo agwaneko. Ko mugize ngo nirukana amashetani kubwa
Belizebuli, none shetani niyaba iriko irirwanya, ubwami bwayo buzorama bute?
Ngasangwa nanje nirukana amashetani kubwa Belizebuli, abana banyu bayirukanisha
iki? Ni co gituma bazobabera bo nyene abacamanza. Yamara ngasangwa nirukana
amashetani ku bubasha bw’Imana, Ubwami bw’Imana bwabashikiriye.
Iyo umugabo akomeye, ari n’umuheto, akararira urugo rwiwe, ivyiwe
ntakibikakaza. Ariko haramutse haje uwumurusha inguvu akamutsinda, aca amwaka
wa muheto yari yishimiye, kandi ivyo amwambuye agaca abitanga.
Uwo tudashize hamwe aranyaka, uwo twimburira kubiri arasesagura.
Iyo shetani y’ibiterasoni ivuye mu muntu, irayerera mu bunoge, irondera aho yoruhukira, ariko ntihabone. Iraheza rero ikavuga iti: Nza kwisubirira mu nzu yanje navuyemwo. Igarutse, isanga ata nkomakomyi, isukuye kandi isikuye. Ikagenda noneho kuzana ibindi bishetani indwi biyisumwa ububi; vyinjiye bikayigumanamwo, maze bikunyuka, ububi wa muntu bukaruta ubwa mbere.»