
Abahurikiye mu mugwi w’abatambiramana
b'indirimbo z’igiswahili witirwe Umweranda Anuarite bo muri Paruwase Guido
Maria Conforti yo mu Kamenge, ku w'Imana igenekerezo rya 17 Munyonyo 2024 barahimbaje
yubile y'imyaka 25 uwo mugwi umaze urangura ubutumwa.
Mu guhimbaza iyo yubile, abo batambiramana bahereye ku
nkuka y'imisa ya kane yaherejwe na Patiri Jean Bosco Nsengiyumva arangurira
ubutumwa mu kigo c'urwaruka co mu Kamenge.

Iyo nkuka y'imisa yatangujwe
n'urugendo rwarimwo abatambiramana bakiri mu butumwa, abahoze muri uwo mugwi,
kumwe n'abavyeyi barereye muri uwo mugwi, urwo rugendo rukaba rwahereye ku gasengero k'amahoro n'ikigongwe ko
kuri iyo Paruwase, rugenda rugana mw’isengero
nkuru ya Paruwase.
Muri iyo nkuka y’imisa, abo batambiramana, abavyeyi hamwe n'abahoze muri uwo mugwi bakengurukiye Umukama ku vyiza yakoreye uwo mugwi, bakaba barakengurutse mu gushikanira Imana bagaragaza umunezero bafise, uwo musaserdoti na we araheza arabakeza, na cane cane abakiri muri uwo mugwi, yongera abasaba kugumya ibanga.
Inkuka y'imisa irangiye, baciye babandanyiriza ibirori vy’ukwiginana mu nyubakwa ya Paruwase yagenewe imisi mikuru, inyubakwa yitiriwe Fransisco Xaveri Mweranda, ari na ho havugiwe amajambo atandukanye y’uwo musi mukuru.
Ivyo birori vyari vyitabiriwe n’abatanguje
imigwi y'abavuga ururimi rw'igiswahili muri iyo Paruwase, hamwe n'abakukuruke
batanguje uwo mugwi. Vyari vyatewe iteka kandi Patiri Rénovat Bikorimana ajejwe
imihari n'iyindi migwi y’ubutumwa, hamwe n'umukristu ayoboye imihari n'imigwi y’ubutumwa
muri iyo Paruwase.

Twobamenyesha ko uwo mugwi wabonye
izuba mu mwaka w’1999, aho barondera ababigisha kwiyereka mu ndirimbo z'ururimi
rw'igiswahili bava mu yandi maparuwase, abo batambiramana bakaba biyereka mu
misa y'igiswahili gusa, imisa izwi nk’iya gatatu mu ziherezwa ku musi w’Imana.
Gusa muri uwo mugwi harimwo
abahungu n'abakobwa bakiri bato gusa, kuko nk’iyo umuhungu akuze baca
bamurungika mu mugwi w'abakorezi, hakaba ari ho abandanyiriza ubutumwa kuko
bafise n'intambo imwe mu kwiyereka, umwigeme na we akaja mu baririmbiramana
canke mu yindi migwi y’ubutumwa canke imihari aba yipfuza. Urubanza rukaba
rwarangiye mu kanyamuneza nta ngere
Marleine Mpawenimana, Paruwase
Kamenge
Aleluya, aleluya.
Umukama yavuze ati: «Ewe Toma, wemeye kuko umbonye.
Hahiriwe abazokwemera ata co barinze kubona.»
Aleluya.
Â
Ivyo dusoma mu Nkuru Nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (20, 19-31)
Imisi umunani iheze, Yezu araza
Ku mugoroba w’uyo musi ari wo mubarwa wa mbere w’indwi, mu nzu yarimwo abigishwa, bari bakinze inzugi ku gutinya Abayuda. Niho rero Yezu yaza, ahagarara hagati muri bo, ababwira ati: «Nimugire amahoro!» Avuze atyo, abereka ibiganza vyiwe n’urubavu rwiwe. Abatumwa ngo babone Umukama, barahimbarwa.
Yongera ababwira ati: «Nimugire amahoro! Kumwe Data yantuma, nanje ni ko
ndabatumye.» Ababwiye ivyo, arabahuha ati : « Nimuronke Mutima Mweranda. Abo
muzorekurira ibicumuro, bazoba babirekuriwe, abo muzobigumizako na bo,
bizobagumako.»
Aho Yezu yaza, Toma, umwe wo muri bamwe Cumi na babiri, ari we bita Didimo,
ntiyari muri bo. Abandi bigishwa bamubwiye bati: «Twabonye Umukama», abishura
ati: «Ntiboneye mu biganza vyiwe intoboro za ya misumari, ngo nshire urutoke mu
ntoboro zayo, n’urushi mu rubavu rwiwe, sinzokwemera.»
Imisi umunani iheze, abigishwa basubira guteranira muri ya nzu, na Toma bari
kumwe. Yezu araza, inzugi zugaye, ahagarara hagati muri bo ati: «Nimugire
amahoro!» Hanyuma abwira Toma ati: «Shira urutoke ngaha: ng’ibi ibiganza vyanje;
zana urushi rwawe kandi urushire mu rubavu rwanje: ureke rero kuba ikigaba, ariko
wemere.»
Toma amwishura ati: «Mukama wanje, Mana yanje!» Yezu na We amwishura ati:
«Ewe Toma, wemeye kuko umbonye: hahiriwe abazokwemera ata co barinze kubona.»
Hari n’ibindi bimenyetso vyinshi bitanditswe muri iki gitabu Yezu yagiriye imbere y’abigishwa biwe. Ivyo rero vyanditswe ngo mwemere ko Yezu ari Kristu Umwana w’Imana, kugira kandi ngo muvyemeye, muronke ubuzima kw’izina ryiwe.