
Ku musi w'Imana igenekerezo rya 8
Kigarama 2024, umusi Ekleziya yahimbazako umusi mukuru wa Bikira uwasamwe ata gicumuro,
uwo musi mukuru warahimbajwe vy’umwihariko muri Paruwase Buhonga yitiriwe
uwasamwe ata gicumuro, aho yari iramutse ihimbaza isabukuru y'imyaka 122
iheze ijambo ry'Imana risamirana muri
muri iyo Paruwase. Ni mu gihe ari na we yaragijwe iyo Paruwase.

Ibirori nyezina vyatanguriye mu nkuka
y’imisa yaherejwe ku gihe c'isaha zine, irongowe na Patiri mukuru, Patiri
Maurice Simon Pierre Ciza, ari kumwe na Patiri Jules na Patiri Aimable basanzwe
barangurira ubutumwa muri iyo Paruwase.
Patiri mukuru, afatiye ku
bizirikanwa muri kino gihe c'ubushikiro, yaribukije
abakristu ukuntu Imana yakoze igikorwa c'agatangaza mu kubagira umuryango wayo
no mu gushima guca mu muntu muto muto, ikamugira mukuru mu bandi. Ngo ni kwo ngo
vyagenze kuri Bikira Maria.
Patiri Maurice Simon Pierre Ciza
ati: «Ijambo ry'Imana rishikira umuntu aciye bugufi, rikaza kugorora vyose, rikaringaniza
vyose: ububeshi, ishari, inda mbi, ubwishime...!» Yaribukije kandi yuko uko
Yohani Baptiste yashikirijwe ijambo ry'Imana, ari na kwo na misiyoni ya Buhonga
yashikirijwe ijambo. Akaba yaripfurije abakristu kuba beranda nk’uko Paulo
mweranda yavyiphurije abanya Filipi.

Mu guhimbaza iyo sabukuru y’imyaka
122, Karabaye n'akaryo ko kwegeranya agatererano kazofasha kubandanya inzu
y'uburaro bw’abasaserdoti, kongera karaba n’akaryo kandi ko kurungika mu butumwa
abaserukira abandi mu buzima bwa Paruwase muri uyu mwaka w'ubutumwa w’2024-2025.
Tubibutse ko Paruwase Buhonga yatanguye mu mwaka w’1902, itangujwe n'abapatiri bera batatu, bari kumwe n'umufurera. Abo na bo bakaba bari barungitswe na Musenyeri François Gerboin yari afise icicaro mu gihugu ca Tanzaniya. Inkuru nziza baje kwigisha yabaye nk’umuco w'inyenyeri irasira i Buhonga ikaboneshereza imibano yose.
Iyo Paruwase igira iya gatatu mu zatanguriye izindi mu Burundi, inyuma ya Paruwase Muyaga na Mugera, ikaba iherereyeÂ
Aleluya.
Ko mwazukanye na Kristu, rondere ivyiza vy’ijuru,
aho Kristu avyagiye iburyo bw’Imana.
Aleluya.
Â
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Yohani (17, 20-26)
Muri irya misi,
Yezu yariko arasenga, ahanga ijuru. Avuga ati: «Si abigishwa banje basa
nsabiye, nsabiye n’abazonyemera kubera ijambo ryabo, ngo babe bose umwe, nk’uko
wewe Dawe uri muri jewe nanje muri wewe, nibabe muri twebwe na bo nyene, isi
yemere ko wantumye. Narabahaye ubuninahazwa wampaye, ngo babe umwe nk’uko turi
umwe: jewe mbe muri bo nawe muri jewe, maze babe umwe rwose, ubumwe bwabo
bwuzure, kandi isi imenye ko wantumye kandi ko wabakunze nk’uko wankunze. Dawe,
abo wampaye, nshaka ko aho ndi, na bo bohabana nanje, maze barabe ubuninahazwa
wampaye kuko wankunze isi itararemwa.
Dawe utunganye, isi ntiyakumenye, jeho yamara narakumenye, aba na bo
baramenye ko wantumye. Narabamenyesheje izina ryawe kandi nzoribahishuka. Maze
urukundo wankunze rube muri bo, nanje nyene mbe muri bo.»