
Ekleziya yo mu Bufaransa yaragize akanyamuneza ku mpera
y’umusi w’Imana igenekerezo rya 08 Kigarama 2024, aho abakristu bo ku mugwa mukuru
w’ico gihugu basubiriye kwinjira bushasha icese mw’isengero mvyeyi ya Diyoseze
Nkuru yabo y’i Paris (Cathédrale Notre-Dame de Paris). Ivyo birori bikaba
vyashoboje abakristu bashika 2500 kwijira muri iryo hema ry’Imana n’abantu ry’aho
i Paris. Ni  inyuma y’imyaka 5 yari iheze
risambutse, ritongowe n’umuriro.
Kuva ku mugoroba wo ku wa Gatandatu, akanyamuneza kari
kaja katanguye kuboneka ku maso y’abanye-Paris; karasanganira umuntu agiseruka
mw’ibarabara rya Arcole rigana kw’isengero Notre-Dame, abantu bijandajandira
buke buke, bamwemwamwemwa, umenga n’akavura kariko karagwa ntibakumva.
Uko amasaha y’inkuka y’imisa yegereza ni kwo agacerere
kaja karatangura kwibonekeza. Ururirimbo «Gihugu
c’Imana, gisagara ca Emmanuel» («Peuple de Dieu, cité de l’Emmanuel» rurasamirana,
na rwo urugendo rweranda ruratanguta, rurimwo abasaserdoti, ruyobowe na
Nyenicubahiro Musenyeri Olivier Ribadeau-Dimanche, ayoboye isengero myeyi ya
Diyoseze, Katedrale. Ni na we yarongoye iyo nkuka y’imisa yo ku w’Imana, ku
mugoroba.
Mu batumire harimwo n’Umukuru w’igihugu c’Ubufaransa, n’abandi
bakuru b’ibihugu batari bake b’i Buraya, kumwe n’abandi banyavyubahiro, muri
make abatumire bashika ku 1.500, baje bazananye mu mihingo itandukanye y’isi.
Uwo Mwepiskopi mukuru, mw’ijambo ryiwe ry’ikaze, ati:
«Inyuma y’imyaka 5, ngiyi rero Notre-Dame irasubiriye kwakira indihagizi z’imitima
y’abaza ngaha kuhishikanira ku Mukama». Araheza asaba abari aho gukengurukira
Imana n’amashemezo. Mu migirwa, harimwo n’uguhezagira Altari nyeranda. Bamwe mu
bakristu ukumva bavuga aho bari bati: «Ese ukuntu bibereye kwibonera ubuzima busubiriye
kunaguka muri paruwase yacu Notre-Dame.»
Tubibutse ko mu mwaka w’2019 ari ho isengero Katedrale
Notre-Dame y’i Paris yafatwa n’umuriro. Hari ku mugoroba ushira ijoro ryo ku wa
15 Ndamukiza, himirije umusi mukuru wa Pasika. Iyo sengero yari imaze imyaka
yababa 1000, kuko yari yarubatswe mu mwaka w’1163. Ifise uburebure bw’imetero
110, n’ubwaguke bw’imetero 13, ku maduga y’imetero 10, n’umunara w’imetero 93.
Abahinga mu vy’ukuzimya bashika 400 ni bo bari bafashije,
ivyashoboye kugira ibintu birokoye. Nta bantu bapfuye canke ngo hagire
abakomereka. Imilliyoni 13 z’abantu buri mwaka ni zo zahora ziza kuraba
ivyabaye. Ziri mu baterereye ngo iyo sengero isanurwe.
Aleluya, aleluya.Akirane ubwitonzi rya jambo ryatewe muri mwebwe, ni ryo rizokiza imitima yanyu. Aleluya.
Ivyo dusoma mu Nkuru nziza ya Yezu Kristu nk’uko yashikirijwe na Matayo (11, 28-30)
Muri irya misi, Yezu yavuze aya majambo ati: «Nimuze mwebwe mwese murushe kandi muremerewe, nzobaruhurira. Nimwemere inganji yanje, mukunde n’ivyo nigisha, kuko ndi umwitonzi kandi nkicisha bugufi bivuye ku mutima; ni ho muzoronkera akoyoko k’imitima yanyu. Ni ivy’ukuri, inganji yanje ntiremereye, na vyo ivyo nzobashinga ntibizobavuna.»